ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt rup. 2022-2023
  • B1 Ubutumwa bwo muri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • B1 Ubutumwa bwo muri Bibiliya
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyuma ya 4026 M.K.
  • Mu 1943 M.K.
  • Inyuma ya 1070 M.K.
  • Mu 29 N.K.
  • Mu 33 N.K.
  • Nko mu 1914 N.K.
  • Muri kazoza
  • Ubuhanuzi bwa kera buhambaye kuri wewe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Yehova arahishura umugambi wiwe
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Ivyo Imana yasezeranye biciye ku ntumwa zayo
    Ukwizera Nyakuri Kurashobora Gutuma Ubaho Uhimbawe
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
B1 Ubutumwa bwo muri Bibiliya

B1

Ubutumwa bwo muri Bibiliya

Integuro icapuwe

Yehova Imana arafise uburenganzira bwo gutegeka. Uburyo ategeka ni bwo bwiza kuruta ubundi bwose. Umugambi afitiye isi n’abantu uzoranguka.

Adamu na Eva bari mw’itongo rya Edeni, hafi yabo hari inzoka

Inyuma ya 4026 M.K.

«Ya nzoka» iravyura amakenga ku burenganzira Yehova afise bwo gutegeka n’ingene ategeka. Yehova aca asezerana ko azoshiraho «uruvyaro» canke «urubuto» ruzofyonyora iyo nzoka ari yo Shetani. (Itanguriro 3:1-5, 15, akajambo k’epfo) Ariko rero Yehova arareka hagaca igihe abantu bitegeka bayobowe na Shetani.

Aburahamu ariko arumviriza ivyo Imana imusezeranira

Mu 1943 M.K.

Yehova arabwira Aburahamu yuko «uruvyaro» rwasezeranywe ari we ruzokomokako.—Itanguriro 22:18.

Umwami Dawidi

Inyuma ya 1070 M.K.

Yehova arakura amazinda umwami Dawidi hanyuma umuhungu wiwe Salomo yuko «uruvyaro» rwasezeranywe ruzova mu muryango wabo.—2 Samweli 7:12, 16; 1 Abami 9:3-5; Yesaya 9:6, 7.

Igihe Yezu yabatizwa

Mu 29 N.K.

Yehova aratomora ko Yezu ari we «ruvyaro» rwasezeranywe, akaba ari we samuragwa w’ingoma ya Dawidi.—Abagalatiya 3:16; Luka 1:31-33; 3:21, 22.

Igihe Yezu yapfa

Mu 33 N.K.

Ya nzoka ari yo Shetani irakomeretsa rwa «ruvyaro» mu kwicisha Yezu. Yehova arazura Yezu maze akaja kuba mw’ijuru hanyuma akemera agaciro k’ubuzima bwiwe butagira agasembwa. Aho yari ashizeho umushinge wo kubabarirwa ibicumuro no kuronsa ubuzima budahera abakomoka kuri Adamu.—Itanguriro 3:15; Ivyakozwe 2:32-36; 1 Abakorinto 15:21, 22.

Ya nzoka Shetani ikororerwa kw’isi nk’uko vyavuzwe mu Vyahishuwe

Nko mu 1914 N.K.

Yezu arakororera kw’isi ya nzoka ari yo Shetani, ikagumizwa mu micungararo y’isi kumara igihe gito.—Ivyahishuwe 12:7-9, 12.

Yezu aganza isi ari ku ntebe y’ubwami mw’ijuru nk’uko vyavuzwe mu Vyahishuwe

Muri kazoza

Yezu arashira mw’ibohero Shetani imyaka 1.000 maze akamuzimanganya, akaba ari nk’aho amufyonyoye umutwe. Umugambi Yehova yari afitiye isi n’abantu uraranguka, izina ryiwe rigakurwako iceyi kandi bikagaragara ko ategeka neza gusumba abandi bose.—Ivyahishuwe 20:1-3, 10; 21:3, 4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika