ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g24 no. 1 rup. 10-12
  • Kubera iki abantu batubaha abo mu muryango?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki abantu batubaha abo mu muryango?
  • Be maso!—2024
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA KWUBAHA ABO MU MURYANGO BIHAMBAYE
  • IVYO WOKORA
  • IVYO IVYABONA VYA YEHOVA BARIKO BARAKORA
  • Ivyogufasha
    Be maso!—2020
  • Ibindi vyofasha umuryango
    Be maso!—2018
  • Nurabe kuri JW.ORG ubukerebutsi bwogufasha mu buzima bwa misi yose
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Ingene Wokwiyigisha
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Ibindi
Be maso!—2024
g24 no. 1 rup. 10-12
Umugabo yashavuye afise telefone igihe umugore wiwe ariko aragerageza kumuvugisha. Agahungu kabo kariko karabaraba.

Kubera iki abantu batacubaha abo mu muryango?

IGITUMA KWUBAHA ABO MU MURYANGO BIHAMBAYE

Iyo abagize umuryango bubahana, biratuma babana mu mahoro.

  • Igitabu kimwe (The Seven Principles for Making Marriage Work) kivuga ko igihe abubakanye bubahana, bituma bagaragarizanya urukundo «buri musi atari gusa mu bintu bininibinini, ariko no mu tuntu dutoduto.»

  • Ubushakashatsi bwerekana ko abana bigishijwe kwubaha abandi bumva ko hari ico bamaze, bakumvikana n’abavyeyi babo kandi ni gake bagira ingorane zo mu mutwe.

IVYO WOKORA

Nimuganire n’abo mu muryango ivyo mwokora. Ubwa mbere, nimwiyemeze ko abagize umuryango bose batahura ico bisobanura «kugaragaza icubahiro.» Ubwa kabiri, nimwandike ingeso vyitezwe ko abo mu muryango bose bagaragaza n’izo bakwiye kwirinda. Ubwa gatatu, uko mugize umuryango nimuganire ivyo mwanditse kugira ngo mwese mutahure ivyo mwokora kugira mugaragaze icubahiro.

«Imigambi y’umunyamwete ntibura kuroranirwa.»—Imigani 21:5.

Nube intangakarorero. Woba uhora utora amahinyu abagize umuryango kubera udukosa bakoze? Woba uhora unebagura ivyiyumviro bashikiriza? Woba uhora ubirengagiza igihe bakuyagira canke ukabaciramwo?

Impanuro: Nubone ko utegerezwa kwubaha uwo mwubakanye n’abana bawe, n’aho woba ubona umenga ntibabibereye.

«Mube aba mbere mu gutera iteka bagenzi banyu.»—Abaroma 12:10.

Niwubahe abandi naho woba utemera ivyo bavuze. Igihe uvugana n’abo mu muryango, niwirinde imvugo nk’izi «wewe wama» canke ngo «wewe ntiwigera.» Imvugo nk’izo zirababaza abandi kandi zituma akagorane gatoyi gakomera.

«Inyishu irimwo ubwitonzi ihwamika uburake, ariko ijambo ribabaza ritera ishavu.» —Imigani 15:1.

Umugore akiri muto ariko araraba ividewo kuri jw.org.

IVYO IVYABONA VYA YEHOVA BARIKO BARAKORA

Ivyabona vya Yehova bararemesha abagize umuryango kwubahana, ivyo akenshi bakabigira babicishije mu biganiro basohora, mu bitabu, mu dutabu no mu mavidewo. Ivyo vyose umuntu arashobora kubironka ata co arishe.

KU BUBAKANYE: Ibiganiro bivuga ngo Icofasha umuryango birashobora gufasha abagabo n’abagore . . .

  • kumenya gutegana yompi

  • kwirinda kuguba ukanka kuvugisha uwo mwubakanye

  • kureka gushwana

(Raba kuri jw.org ahavuga ngo «Icofasha umuryango»)

KU BAVYEYI: Ibiganiro bivuga ngo Icofasha umuryango birashobora gufasha abavyeyi kwigisha abana babo . . .

  • kugamburuka

  • gukora udukorwa two muhira

  • kuvugana urupfasoni no gushima

(Raba kuri jw.org ahavuga ngo «Kurera abana» na «Kurera imiyabaga»)

Nurabe kandi inyongera ivuga ngo «Ibibazo abavyeyi bibaza», mu gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1. (Raba kuri jw.org ahavuga ngo «Ibibazo abavyeyi bibaza»)

KU BAKIRI BATO: Igice co kuri jw.org kivuga ngo Imiyabaga n’abageze mu bigero kirimwo ibiganiro, amavidewo n’udukorwa vyofasha abakiri bato . . .

  • kwumvikana n’abavyeyi babo hamwe n’abo bavukana

  • kuganira n’abavyeyi babo babigiranye icubahiro ku mategeko babashingira

  • gutuma abavyeyi babo babizigira

(Raba kuri jw.org ahavuga ngo «Imiyabaga n’abageze mu bigero»)

Kuja ku rubuga rwa jw.org ni ku buntu. Ntibisaba kuriha, kwiyandikisha canke kuba umunywanyi, eka kandi ntibagusaba gutanga amakuru akwerekeye.

Joseph Ehrenbogen.

MENYA N’IBINDI

Igihe Joseph Ehrenbogen yubaka urwiwe yari inkazi kandi yari yariziziwe n’ibiyayuramutwe. Kugira ubone ingene kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova vyamufashije kuryohora ubuzima bwo mu rugo, nurabe kuri jw.org ikiganiro kivuga ngo «Ubu ndubaha abagore n’ubuzima bwanje.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika