ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 23
  • Indoto za Farawo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Indoto za Farawo
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • “None ugusobanura si ukw’Imana?”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Yehova ntiyigeze yibagira Yozefu
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Vyoba birashika ukagira ishari? Benewabo na Yozefu vyarabashikiye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yozefu Atabwa mw Ibohero
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 23

INKURU YA 23

Indoto za Farawo

IMYAKA ibiri irahera Yozefu ari mw ibohero, umwe atanga ibinyobwa ataramwibuka. Umusi umwe Farawo arota indoto zibiri zikomeye cane, aca yibaza ico zishaka kuvuga. Murabe nguyo arasinziriye. Bukeye ahamagara abantu biwe b’abanyabwenge arazibarotorera, ariko barananirwa kuzimusobanurira.

Umwe atanga ibinyobwa aca aribuka Yozefu. Abwira Farawo ati: ‘Igihe nari mw ibohero narabonye umuntu yogusobanurira izo ndoto.’ Buno nyene Farawo atumako Yozefu ava mw ibohero.

Farawo arotorera Yozefu ati ‘Nabonye inka indwi nziza nziza zivyibushe, mbona n’izindi indwi zonze cane. Izonze zica zirya izivyibushe.

‘Mu ndoto zigira kabiri, nabonye imishi indwi yuzuye intete inaze ku giti kimwe, mbona n’iyindi indwi y’ibihumbwa yakabiranye. Iyo y’ibihumbwa ica imira imwe yuzuye intete.’

Yozefu abwira Farawo ati: ‘Izo ndoto zose zifise insobanuro imwe. Izo nka indwi zivyibushe n’iyo mishi indwi yuzuye intete, ni imyaka indwi. Izo nka indwi zonze n’iyo mishi indwi y’ibihumbwa, ni iyindi myaka indwi. Hazohera imyaka indwi hari agahimbo, hanyuma hahere iyindi indwi hari amapfa.’

Yozefu aca abwira Farawo ati: ‘Tora umuntu w’incabwenge, umushinge akazi ko gutororokanya ivyokurya mu myaka indwi y’agahimbo. Ni ho abantu batazokwicwa n’inzara muri iyo myaka indwi y’amapfa izokurikira.’

Farawo arabishima cane, aca atora Yozefu ngo atororokanirize ivyokurya mu bigega. Yozefu aba mukuru, aba igisongerezi ca Farawo mu Misiri.

Hashize imyaka umunani; hari mu gihe c’amapfa, Yozefu abona abagabo baje iwe. Urazi abo ari bo? Eee! ni ba bandi bakuru biwe 10! Se wabo Yakobo yabatumye mu Misiri, kubera ko amapfa yateye i Kanani. Yozefu arabamenya, ariko bo ntibamumenya. Urazi igituma? Ni uko yari yarakuze aba umugabo, kandi akaba yambaye izindi mpuzu.

Yozefu aca aribuka ko igihe yari akiri umwana, yarose benese baza kumwunamira. Uribuka ko ivyo wamaze kubisoma? Yozefu aca aramenya ko Imana ari yo yamutumye mu Misiri, kandi ko yagize neza. Wibaza ko Yozefu aza kugira iki none? Reka turabe.

Itanguriro 41:1-57; 42:1-8; 50:20.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika