ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 45
  • Bajabuka Uruzi Yorodani

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bajabuka Uruzi Yorodani
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yehova atora Yosuwa
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Isandugu y’isezerano ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yosuwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Isegenya y’Isi Yose
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 45

INKURU YA 45

Bajabuka Uruzi Yorodani

EHE RABA! Abisirayeli bariko bajabuka Uruzi Yorodani! Amazi ari he none? Kubera ko muri ico gihe imvura igwa cane, bajabutse ruhejeje kwuzura. Ariko raba amazi yakamye! Bariko baca ahumutse, nka kumwe bajabuka Ikiyaga Gitukura! Amazi yose yaroye he? Reka turabe.

Hageze ko Abisirayeli bajabuka Uruzi Yorodani, Yehova abwira Yosuwa ngo abarire abantu ati: ‘Abaherezi barerure isandugu y’isezerano baja imbere. Bazopfa gukoza ikirenge mu mazi, amazi ace ahagarara.’

Abaherezi rero baterura isandugu y’isezerano batuja imbere, binjira mu mazi ya Yorodani. Umukuba wari ukaze, kandi ibenga ryari rinini. Ibirenge vyabo bishitse mu mazi, amazi aca arareka gutemba! Ico ni igitangaro! Yehova yari yagomereye amazi haruguru, uruzi ruca rurakama!

Abaherezi bareruye isandugu y’isezerano baja guhagarara hagati mu ruzi rwamaze gukama. Barabe ngabo ku gishushanyo. Abisirayeli bose baca ahumutse barajabuka Yorodani!

Yehova yari yabwiye Yosuwa ngo abantu bose ni bamara kujabuka, ace abwira abagabo bakomeye 12 ati: ‘Ni mwinjire mu ruzi harya abaherezi bahagaze, mutore amabuye 12, muyarunde aho muza kurara uno musi. Abana muzovyara ni bababaza, bati aya mabuye ni ay’iki? Muzobabwira muti: Amazi yarahagaze igihe isandugu y’isezerano ya Yehova yajabuka Yorodani. Ayo mabuye azobibutsa iki gitangaro!’ Yosuwa na we nyene ashinga amabuye 12 aho abaherezi bari bahagaze mu ruzi.

Munyuma Yosuwa abwira abaherezi bareruye isandugu y’isezerano ati: ‘Ni mujabuke.’ Bapfuye kuvayo, uruzi rusubira gutemba.

Yosuwa 3:1-17; 4:1-18.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika