ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 29 rup. 74-rup. 75 ing. 2
  • Yehova atora Yosuwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova atora Yosuwa
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yosuwa Aba Indongozi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo Yosuwa Yibutse
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Yosuwa 1:9: “Gira umutima rugabo kandi ukomere”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yosuwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 29 rup. 74-rup. 75 ing. 2
Abaherezi bariko barajabuka uruzi Yorodani bareruye isandugu y’isezerano

ICIGWA CA 29

Yehova atora Yosuwa

Yosuwa ariko arasoma umuzingo urimwo Amategeko

Musa yari hafi gupfa, akaba yari amaze imyaka myinshi ayobora Abisirayeli. Yehova yamubwiye ati: ‘Si wewe uzokwinjiza Abisirayeli mu Gihugu c’isezerano. Ariko nzokikwereka gusa.’ Musa yaciye abwira Yehova ngo atore uwundi muntu yoyobora Abisirayeli. Yehova yamubwiye ati: ‘Genda ubwire Yosuwa ko ari we azobayobora.’

Musa yarabwiye Abisirayeli ko yari mu gupfa be n’uko Yehova yari yatoye Yosuwa ngo abe ari we azobinjiza mu Gihugu c’isezerano. Musa yaciye abwira Yosuwa ati: ‘Ntutinye. Yehova azogufasha.’ Haciye igihe gitoyi, Musa yaraduze ku musozi Nebo. Ari ng’aho, Yehova yaramweretse igihugu yari yarasezeraniye Aburahamu, Izahaki na Yakobo. Musa yapfuye afise imyaka 120.

Musa ariko arashinga igikorwa Yosuwa imbere y’umuherezi n’abandi bagabo

Yehova yabwiye Yosuwa ati: ‘Nimujabuke uruzi Yorodani, mwinjire i Kanani. Nzogufasha nk’uko nafashije Musa. Uzokwame usoma amategeko yanje buri musi. Ntutinye, ntugire ubwoba. Genda ukore ivyo ndagutegetse vyose.’

Yosuwa yararungitse abagabo babiri ngo baje kuraba uko igisagara ca Yeriko kimeze. Mu kigabane gikurikira, tuzobona ingene vyagenze bashitseyo. Bagarutse, bavuze ko hari hageze ko binjira i Kanani. Bukeye, Yosuwa yarabwiye abantu bose ngo batekere ibintu. Yaciye abwira abaherezi bari bateruye isandugu y’isezerano ngo baje imbere, abe ari bo batangura gushika ku ruzi Yorodani. Uruzi rwari rwuzuye. Ariko abaherezi bagihonyoza ikirenge mu mazi, uruzi rwaciye rureka gutemba amazi aca arakama! Abaherezi baragiye gushika hagati na hagati y’aho uruzi rwaca bahagararaho. Abisirayeli bose baciye bajabuka. Ico gitangaro gishobora kuba carabibukije ivyo Yehova yari yarakoze ku kiyaga Gitukura.

Inyuma y’imyaka myinshi, Abisirayeli bari bagiye bashika mu Gihugu c’isezerano. Bari gushobora kwubaka amazu n’ibisagara, bagatera imizabibu n’ivyamwa. Cari igihugu gitemba amata n’ubuki.

«Yehova azokwama akuyobora aguhaze no mu gihugu cumye.»​—Yesaya 58:11

Ibibazo: Ni nde yayoboye Abisirayeli Musa amaze gupfa? Ni ibiki vyabaye ku ruzi Yorodani?

Guharura 27:12-23; Gusubira mu vyagezwe 31:1-8; 34:1-12; Yosuwa 1:1–3:17

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika