Yesaya
58 «Semerera wivuye inyuma, ntiwitinye.
Duza ijwi ryawe nk’inzamba.
Menyesha abantu banje ubugarariji bwabo+,
n’abakomoka kuri Yakobo ibicumuro vyabo.
2 Bandondera uko bukeye uko bwije,
bakerekana ko bashaka kumenya inzira zanje,
nk’aho umenga ni ihanga ryamye rikora ibigororotse,
ritigeze riheba ubutungane bw’Imana yabo+.
Bansaba imanza zigororotse,
nk’aho umenga bashaka kwiyegereza Imana+, bakavuga bati:
3 “Kubera iki twisonzesha ntubibone+,
tukibabaza+ ntuvyiteho?”
4 Iyo mwisonzesheje muruhira gutongana no kurwana,
mugakubitana igipfunsi c’ububisha.
Ntimwokwisonzesha gutyo ngo mwitege ko ijwi ryanyu ryumvikana mw’ijuru.
5 Mbega ukwisonzesha nshima ni ukwo gukwiye kumera?
Woba ukwiye kuba umusi wo kwibabaza,
wo kwunamika umutwe nk’urukangaga,
no kuryama ku magunira no mu minyota?
Ivyo ni vyo wita ukwisonzesha n’umusi uhimbara Yehova?
6 Oya. Ukwisonzesha nshima ni uku:
Ni ugukuraho amapingu y’ububisha,
ukabohora imigozi y’ibiti vyo kwikoreza imizigo*+,
ukarekura abacinyizwa+,
ukavuna ibiti vyose vyo kwikoreza imizigo.
7 Ni ugusangira umukate wawe n’umuntu ashonje+,
ukazana mu nzu yawe abakene n’abatagira uburaro,
ukambika uwo ubonye ari gusa+,
ntiwirengagize mwenewanyu.
Ubugororotsi bwawe buzogendera imbere yawe,
ubuninahazwa bwa Yehova na bwo bugendere inyuma yawe bugukingire+.
9 Uzoheza uhamagare, jewe Yehova ndakwitabe.
Uzotabaza, mvuge nti: “Ndi hano!”
Niwareka kwikoreza abandi imizigo*,
ukareka gutunga agatoke no kuvuga amajambo ababaza+,
10 ugaha uwushonje ico nawe wipfuza+,
ugahaza abibabariye,
umuco wawe uzoheza ukayangane no mu mwiza,
umuzimagiza wawe umere nk’umuco wa sasita+.
11 Yehova azokwama akuyobora
aguhaze no mu gihugu cumye+.
Amagufa yawe azoyaha inguvu,
ube nk’umurima uvomerewe neza+,
nk’isoko ry’amazi ritigera rikama.
Uzokwitwa uwusanura inzitiro zasambutse*+,
n’uwusubiramwo amabarabara y’ahantu abantu bashobora kuba.
13 Niwubahiriza isabato, ukirinda* nturondere inyungu zawe bwite* ku musi wanje mweranda+,
isabato ukayita ikintu kiryoshe cane, umusi mweranda wa Yehova, umusi wo kwubahwa+,
ukayubaha aho kurondera inyungu zawe bwite canke kuvuga amajambo atagira mvura,
14 uzoheza rero wumve ko jewe Yehova ndyoshe cane.