ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • pe ikig. 25 rup. 208-216
  • Uri uw’Iyi Si ya Shetani, Canke uw’Isi Nshasha y’Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uri uw’Iyi Si ya Shetani, Canke uw’Isi Nshasha y’Imana?
  • Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ISI YA SHETANI NI IKI?
  • UMUNTU YOKWIRINDA ATE NGO NTAHARURWE MU B’IYI SI?
  • Uraba maso Shetani ashaka kukurotsa!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Shetani Ni Nde?
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Nitumenye umwansi wacu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Umwansi w’Ubuzima Budashira
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
pe ikig. 25 rup. 208-216

Ikigabane ca 25

Uri uw’Iyi Si ya Shetani, Canke uw’Isi Nshasha y’Imana?

1. Ni igiki cemeza ko uri uw’isi nshasha y’Imana koko?

WEWE URI uw’isi nshasha itunganye y’Imana kandi wipfuza ko yoshika? Wewe uranka Shetani kandi wipfuza ko iyi si yayo yohera? Hari aho ivyo bibazo bibiri wovyishura uti egome. Ivyo birahagije none? Abākēra ni bo bivugiye bati imvugo irutwa n’ingiro. Ni waba wizigiye isi nshasha y’Imana, uzovyerekana mu buryo wigenza. — Matayo 7:21-23; 15:7, 8.

2. (a) Abami babiri dushobora gukorera ni bande? (b) Ni igiki cerekana ko turi abashumba canke abasuku b’umwe muri bo?

2 Ikitoharirirwa co, ni uko imigenzo yawe ishobora gushimisha umwe gusa mu bami babiri. Ni waba udakorera Imana Yehova, ukorera Shetani wa mubisha. Kugira ngo ntitubigire ivy’ukujajura, reka turabe iki Canditswe ca Bibiliya: “Ntimuzi yuko mubandanije kwishikana ku muntu nk’abashumba kugira ngo mumwumvire, muba abashumba biwe kubera ko mumugandukira?” (Abaroma 6:16, NW) Wewe wumvira nde? Uko wishura kwose, ni waba ukurikira inzira y’ukugabitanya y’iyi si, ntushobora kuba uriko ukorera Imana y’ukuri Yehova.

ISI YA SHETANI NI IKI?

3. (a) Bibiliya yerekana ko uwuganza iyi si ari nde? (b) Igihe Yezu yariko arasaba, yerekanye ate itandukaniro riri hagati y’isi n’abigishwa biwe?

3 Yezu yise Shetani “umutware w’iyi si.” Intumwa Yohani na yo yavuze ngo “isi yose iri mu bushobozi bwa wa mubisha.” (Yohani 12:31; 1 Yohani 5:19, NW) Raba neza, igihe Yezu yariko arasenga, abigishwa biwe ntiyabavanze n’ab’iyi si: “Ndabasabira (abigishwa biwe), sinsabira ab’isi . . . Si ab’isi nk’uko nanje ntari uw’isi.” (Yohani 17:9, 16; 15:18, 19) Ivyo rero bica bigaragaza ko abakirisu b’ukuri bategerezwa kwitandukanya n’isi.

4. (a) “Isi” ivugwa muri Yohani 3:16 ni iyihe? (b) “Isi” abigishwa ba Yezu bategerezwa kuvamwo ni iyihe?

4 Igihe Yezu yavuga “isi” yashaka kuvuga iki? Muri Bibiliya, ijambo “isi” rimwe rimwe ryerekana abantu bose. Imana yatumye Umwana wayo ngo atange ubuzima bwiwe, bube incungu y’iyi si y’abantu. (Yohani 3:16) Ariko Shetani yarakumakumye abantu, irabategura kugira ngo barwanye Imana. Ni co gituma iyi si ya Shetani ari abantu bāringanijwe, batari mw ishirahamwe riboneka ry’Imana. Iyo si nyene ni yo abakirisu b’ukuri bategerezwa kuvamwo. — Yakobo 1:27.

5. Umuce w’iyi si uhambaye ni uwuhe; kandi Bibiliya iwugereranya n’iki?

5 Isi ya Shetani — abantu biwe yateguye — bagabuwemwo imice itandukanye ifitaniye isano rwose. Umuce uhambaye muri iyo ni idini y’ikinyoma. Muri Bibiliya, idini y’ikinyoma igereranywa na “maraya w’agahebuza,” canke umusambanyi yitwa “babiloni hahambaye.” Bibiliya yerekana ko uwo maraya ari inganji y’isi yose, kubera ko ari “igisagara kiganza abami bo kw isi.” (Ivyahishuriwe Yohani 17:1, 5, 18) Ni igiki none cemeza ko Babiloni hahambaye ari inganji y’amadini kw isi?

6, 7. (a) Ni igiki cemeza ko Babiloni Hahambaye ari inganji y’amadini? (b) Ni ubucuti ubuhe idini y’ikinyoma ifitaniye n’intwaro z’abantu?

6 Kubera ko “abami bo kw isi” bavugwa ko ‘basambana’ na we, uyo maraya ntashobora kuba ari inganji y’intwaro mw isi. Kandi kubera ko [“abadandaza b’ingenzi”] bari kw isi yose bahagarara kure bakiyambagura kubera ugusangangurwa kwaco, ico gisagara ntigishobora kuba inganji y’ubudandaji. (Ivyahishuriwe Yohani 17:2; 18:15) Ariko icerekana cane cane ko ari inganji y’amadini, ni aka kajambo kari muri Bibiliya, ngo “amahanga yose yarayovye kubera ubupfumu bwaco.” — Ivyahishuriwe Yohani 18:23, NW.

7 Ikindi cerekana ko Babiloni hahambaye ari inganji y’amadini, ni ubucuti uwo maraya afitaniye n’“igikōko.” Muri Bibiliya, ibikōko nk’ivyo bigereranya intwaro z’abantu. (Daniyeli 8:20, 21) Uyo maraya, avugwa ko “yicaye ku gikōko gisa n’agahama, . . . gifise imitwe indwi n’amahembe cumi.” Aho rero yariko aragerageza kuyobora ico “gikoko,” ni ukuvuga intwaro zo kw isi. (Ivyahishuriwe Yohani 17:3) Mu vyabaye vyose, birazwi neza ko amadini yamye yisuka mu vy’intwaro, mbere kenshi akazibwiriza n’ivyo zikora. Mu vy’ukuri “yaraganje abami bo kw isi.” — Ivyahishuriwe Yohani 17:18.

8. Uwundi muce ukomeye w’iyi si ya Shetani ni uwuhe; kandi Bibiliya iwugereranya n’iki?

8 Izi ntwaro z’iyi si na zo ni uwundi muce ukomeye w’isi ya Shetani. Nk’uko twamaze kubivuga, muri Bibiliya zigereranywa n’ibikōko. (Daniyeli 7:1-8, 17, 23) Ivyo Yohani yeretswe hanyuma aravyandika, ni vyo vyerekana ko izo ntwaro zimeze nk’ibikōko, zihabwa ubushobozi na Shetani: “mbona igikōko ciburuka kiva mu kiyaga, gifise amahembe cumi n’imitwe indwi. . . Ca gisato kigiha ububasha bwaco.” (Ivyahishuriwe Yohani 13:1, 2; 12:9) Ikindi kandi cemeza ko ubwo bwami canke izo ntwaro ari umuce w’iyi si ya Shetani, ni igihe Shetani yagerageza Yezu, ishaka kubumuha bwose. Shetani ntiyoshoboye gutanga izo ntwaro, iyo itaba izigaba ikaziganza. — Matayo 4:8, 9.

9. (a) Uwundi muce w’iyi si ya Shetani uvugwa mu Vyahishuriwe Yohani 18:11 ni uwuhe? (b) Ni igiki uwo muce ugira; kandi utuma abantu bagira iki cerekana ko Shetani iwuahagarikiye?

9 Uwundi muce utari muto w’iyi si ya Shetani, ni ishirahamwe ry’ubudandaji ririmwo umwina n’agahahazo, rivugwa mu Vyahishuriwe Yohani 18:11 (NW), ngo “abadandaza b’ingenzi.” Abo badandaza batera abantu inambu yo gutunga ibintu bahingura n’aho boba batabikeneye; mbere nk’igihe batabifise borushirizaho kumererwa neza. Ivyo babigize, abo badandaza b’umwina bafata ibifungurwa bakabipfungira mu bigega, bagatuma abantu ibihumbi n’ibihumbi bicwa n’inzara kubera ko bakōkōwe. Ahandi na ho, ibirwanisho bishobora guca inganda bigahonya abantu bose birahingurwa, hanyuma bikagurishwa. Iryo shirahamwe ry’ubudandaji rya Shetani; idini y’ikinyoma hamwe n’izi ntwaro ziriho, bitera rero ubugunge, ubugarariji hamwe n’indwano ziteye ubwoba.

10, 11. (a) Akandi gace karanga isi ya Shetani ni akahe? (b) Bibiliya idukebura ite ngo twitaramure mu bigirwa n’abari muri ako gace?

10 Ababa kuri iyi si, nk’uko bāteguwe na Shetani wa mubisha ni babi, kandi bārononekaye. Ivyabo binyuranye n’amategeko y’Imana atunganye, kandi vyuzuyemwo imigenzo y’ubuhumbu bw’ubwoko bwose. Akandi gace rero k’isi ya Shetani, twovuga ko ari ubushegabo canke imigenzo mibi y’abantu. Ni co gituma intumwa Paulo na Petero bābūriye abakirisu, ngo bitaramure mu migenzo mibi y’abanyamahanga. — Abanyefeso 2:1-3; 4:17-19; 1 Petero 4:3, 4.

11 N’intumwa Yohani na yo nyene yarashimitse mu kubwira abakirisu ko bokwama barikanuye, kugira ngo barwanye ukwipfuza ibibi bo n’imigenzo y’ivy’isoni nke biri muri iyi si. Yanditse ati: “Ntimugakunde isi canke ibiri mw isi. Umuntu ni yakunda isi, ugukunda Data wa twese ntikuzoba kuri muri we. Kuko ikiri mw isi cose, ari ivyipfuzo vy’umubiri, n’ivyipfuzo vy’amaso, [hamwe no kurata ubutunzi,] bitanduruka kuri Data wa twese ariko vyanduruka mw isi.” (1 Yohani 2:15, 16) Umwigishwa Yakobo na we ati: ‘umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yigize umwansi w’Imana.’ — Yakobo 4:4.

UMUNTU YOKWIRINDA ATE NGO NTAHARURWE MU B’IYI SI?

12, 13. (a) Yezu yerekanye ate ko abakirisu bategerezwa kuba mw isi? (b) Bishoboka bite ko umuntu aba mw isi ariko ntabe uwayo?

12 Igihe cose iyi si ya Shetani izoba ikiriho, abakirisu bategerezwa kuba muri yo. Ivyo Yezu yavyerekanye igihe yariko arasaba Se ati: “Singusaba ngo ubakure mw isi.” Ariko kandi ku vyerekeye abigishwa biwe yongerako ati: “Si ab’isi.” (Yohani 17:15, 16) Bishoboka bite ko umuntu yoba mw isi ya Shetani, ariko ntabe uwayo?

13 Uba mu bantu bagize ishirahamwe ry’iyi si. Muri bo harimwo abasambanyi, ab’umwina, n’abandi bakora ibibi. Ushobora gukora akazi uri kumwe na bo, ushobora kujana na bo kw ishuri, gusangira na bo canke mugahurira mu bikenurwa ivyo ari vyo vyose. (1 Ab’i Korinto 5:9, 10) Mbere utegerezwa kubakunda nk’uko Imana na yo ibakunda. (Yohani 3:16) Ariko umukirisu w’ukuri ntashobora gukunda ibibi bakora; gutora ingeso zabo; gukora ibibi bakora canke gufata imigambi iraba ivy’ubuzima nk’iyabo. Ntiyisuka kandi mu vy’amadini yabo yōnonekaye, canke mu vy’intwaro zabo. N’aho vyoba ari ngombwa ngo akore mu vy’ubucuruzi kugira ngo aronke icorirenza, aririnda kunyuruza; kandi ntahahamira amaronko ngo abe ari yo amuraza ishinga. Kubera ko we ari uw’isi nshasha y’Imana, aririnda abagenzi babi baba muri iyi si ya Shetani. (1 Ab’i Korinto 15:33; Zaburi 1:1; 26:3-6, 9, 10) Abigenjeje atyo, yitwa rero ko aba mw isi ya Shetani ariko atari uwayo.

14. Nimba uri uw’isi nshasha y’Imana, ni irihe tegeko rya Bibiliya uzoba wubashe?

14 None weho bite? Wipfuza kuba uw’isi ya Shetani? Canke uri uw’isi nshasha y’Imana? Nimba uri uw’isi nshasha y’Imana, uzoba witandukanije n’isi, hamwe n’idini yayo y’ikinyoma. Uzoba wubashe iri tegeko: “Bantu banje, ni muveyo (muri Babiloni Hahambaye).” (Ivyahishuriwe Yohani 18:4, NW) Ariko kuva muri Babiloni Hahambaye: inganji y’idini y’ikinyoma iganza iyi si, si ukwirinda kugezayo ikirenge gusa; mugabo kandi ni ukwirinda ico cose cotuma uharūrwa mu bahimbaza imisi mikuru y’amadini y’iyi si. — 2 Ab’i Korinto 6:14-18.

15. (a) Aho guhimbaza ivuka rya Yezu, ni umusi mukuru uwuhe abakirisu bātegetswe guhimbaza? (b) Ni igiki cerekana ko bidashoboka ko Yezu yoba yavutse mu gihe c’imbeho n’urubura? (c) Ni kuki igenekerezo rya 25 Kigarama ryatowe ngo ribe ari ryo bahimbarizako ivuka rya Yezu?

15 Noweli ni umusi mukuru w’idini uhambaye muri iki gihe. Ariko inkuru z’ivyabaye zerekana ko utigeze uhimbazwa n’abakirisu ba mbere. Kirisitu ntiyabariye abigishwa biwe guhimbaza ivuka ryiwe, ahubwo yavuze icibutso c’urupfu rwiwe. (1 Ab’i Korinto 11:24-26) Ikizwi co, ni uko igenekerezo rya 25 Kigarama atari ryo Yezu yavukiyeko. Ntivyoshobotse ko riba ari ryo avukirako, kandi Bibiliya yerekana ko igihe yavuka, abungere bari bakiri kugisha. Ntivyari gushoboka ko barāra hanze muri ico gihe c’imbeho n’urubura. (Luka 2:8-12) Nk’uko igitabu The World Book Encyclopedia kibisigura, uwo musi wa 25 Kigarama watowe ngo ube ari wo bahimbarizako ivuka rya Yezu, kubera ko “Aborama bari baramaze kuwugira umusi mukuru w’imana Saturune; umusi bāhimbaza ivuka ry’izuba.”

16. (a) Ni umusi mukuru uwuhe wundi w’idini, ukomoka ku bapagani? (b) Ni kuki bikwiye rwose ko abakirisu b’ukuri badahimbaza Noweli canke Pasika?

16 Mu bihugu bimwe bimwe vyo muri Amerika y’ubumanuko, Pasika hamwe n’indwi ntagatifu ni imisi mikuru y’idini ihambaye. Abisirayeli kera barahimbaza Pasika; icibutso c’umusi bāva mu Misiri. Muri iki gihe, amadini y’abiyita abakirisu ahimbaza iyindi Pasika; icibutso c’ukuzuka kwa Yezu. Ariko Pasika nk’iyo, abakirisu ba mbere ntayo bāhimbaza. Iyo na yo nyene ikomoka ku misi mikuru y’abapagani. Akarorero, mu congereza bayita Easter (ijambo rivuye mw izina ry’ikigirwamana Astarté). Raba ivyo igitabu The Encyclopædia Britannica kivuga: “Mw isezerano risha, nta n’ikanda ry’ivy’uguhimbaza umusi mukuru wa Pasika (bene iyo) ririmwo.” Hari ico bitwaye none ni yaba Pasika na Noweli atari imisi mikuru y’abakirisu, ariko yakomotse ku bapagani bāsenga ibigirwamana? Intumwa Paulo yakebuye abavanga ukuri n’ikinyoma iti: “Umwambiro muke, ututumbisha irobe ryose.” (Ab’i Galatiya 5:9) Yabariye bamwe bamwe mu bakirisu ba mbere ko ari bibi guhimbaza imisi mikuru yari yashinzwe n’Ivyagezwe vya Musa, hanyuma Imana irayikura kubera abakirisu. (Ab’i Galatiya 4:10, 11) Raba rero ukuntu bikwiye rwose ko abakirisu b’ubu birinda guhimbaza imisi mikuru Imana itigeze ishinga; ariko yadutse mw idini y’ikinyoma.

17. (a) Ikibi kiri mu misi mikuru y’ugushemeza ba rurangiranwa, canke guhayagiza igihugu ni igiki? (b) Bibiliya yerekana ko umukirisu akwiye kuyibona ate?

17 Iyindi misi mikuru y’iyi si, ni iy’ugushemeza ba rurangiranwa; hamwe n’iy’uguhayagiza igihugu canke amashirahamwe amenyekana kw isi yose. Ariko Bibiliya iratubuza guha abantu icubahiro kingana no kubasenga; canke guhanga amaso amashirahamwe yashinzwe n’abantu, ngo aturangūrire ivyo Imana yonyena ishobora kurangūra. (Ivyakozwe n’intumwa 10:25, 26; 12:21-23; Ivyahishuriwe Yohani 19:10; Yeremiya 17:5-7) Nuko rero, imisi mikuru yo guhayagiza umuntu canke ishirahamwe ry’abantu, iranyuranye n’ivyo Imana igomba; umukirisu rero akwiye kuyīkinga. — Abaroma 12:2.

18. (a) Ni ibihe bintu vyahinguwe n’amaboko bihabwa icubahiro kingana n’ukubisenga? (b) Itegeko ry’Imana rivuga iki ku vyerekeye guha ikintu icubahiro kingana n’ukugisenga?

18 Hari ibintu vyinshi vyahinguwe n’amaboko, bategeka ko abantu babiha icubahiro canke babisenga. Bimwe bihinguwe mu cuma canke mu giti; ibindi na vyo ni igitambara bāshoneyeko canke bacapako ikintu kiri mw ijuru canke ngaha kw isi. Hari aho abakuru b’igihugu bashinga itegeko rivuga ko umuntu wese ategerezwa guha ikintu nk’ico icubahiro kingana n’ukugisenga. Ariko itegeko ry’Imana rivuga ko abasavyi bayo badashobora kugira ivyo. (Kuvayo 20:4, 5; Matayo 4:10) Igihe ibintu nk’ivyo vyāshika, abasavyi b’Imana bāgize iki?

19. (a) Umwami w’i Babiloni yategetse ko umuntu wese agira iki? (b) Abakirisu bakwiye gukurikira akarorero ka bande?

19 Mu gihugu Babiloni ca kera, Umwami Nebukadinezari yarashinze igishusho kinini c’inzahabu, hanyuma ategeka ko umuntu wese acikubita imbere. Arabandanya ati: ‘uwo wese avyanka, araza gutabwa mw itanure rihinda umuriro.’ Bibiliya itwiganira ko imisore itatu y’abaheburayo; Shadaraki, Meshaki na Abedinego, yanse kugira ivyo Umwami yari yategetse. Kuki? Kubere ko uko kwari ugusenga, na yo ikaba yasenga Imana Yehova yonyene gusa. Imana yarashimye ivy’iyo misore yagize, ica irayirokora mu burakari bw’umwami. Nkako munyuma Nebukadinezari yaratahuye ko abo basavyi ba Yehova batabangamiye reta, aca ashinga itegeko ryo kubakingira ngo bishire bizane. (Daniyeli 3:1-30) Ntutangajwe n’ukwizigirwa kw’iyo misore? Ntiwokwerekana nawe ko uri uw’isi nshasha y’Imana koko, mu kwubaha amategeko yayo yose? — Ivyakozwe n’intumwa 5:29.

20. Ni inzira izihe Shetani icamwo kugira ngo itwoshe kurenga amategeko y’Imayerekeye kwirinda ubushakanyi?

20 Birumvikana ko Shetani idashaka ko dukorera Yehova, ishaka ko tuyikorera yo nyene. Ni co gituma igerageza kutwigarurira kubera ko izi ko twamaze kuba abashumba canke abasuku b’uwo tugandukira. (Abaroma 6:16) Shetani yosha abantu gusambana canke kurenga ibigo, iciye mu nzira nyinshi; nk’iteleviziyo, isenema, intambo zitandukanye hamwe n’ibitabu vy’ubushirasoni. Ariko ivyo biranyuranye n’amategeko y’Imana. (Abaheburayo 13:4; Abanyefeso 5:3-5) Uwo wese yamogoreye izo ngeso, aca agaragaza ko ari uw’iyi si ya Shetani.

21. Ni imigenzo iyihe yindi uwayimogoreye aba agaragaje ko ari uw’iyi si ya Shetani?

21 Hariho izindi ngeso Shetani yatumye zikundwa n’abantu kandi zinyuranye n’amategeko y’Imana. Kuborerwa ni imwe muri zo. (1 Ab’i Korinto 6:9, 10) Iyindi na yo, ni ukunywa ibitera gushanyuka; nk’urumogi, marijuwana, heroyine, eka n’itabi nyene, mu kurondera umunezero. Ivyo birahumanya kandi bironona umubiri. Uwubikoresha wese, arenga ku cagezwe c’Imana kivuga giti: “Twiyuhagire ubuhumane bwose bwo ku mubiri no ku mutima.” (2 Ab’i Korinto 7:1) Kutumura itabi kuronona n’amagara y’abo bose umwotsi waryo wirukiramwo; ni co gituma abarinywa barenga itegeko ry’Imana, rivuga ko umukirisu ategerezwa gukunda mugenziwe. — Matayo 22:39.

22. (a) Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye amaraso? (b) Ni kuki guterwa amaraso mu vy’ukuri ataho bitandukaniye no kuyarya? (c) Ni igiki cerekana ko ‘kureka amaraso’ ari ukwirinda ngo ntakwinjiremwo na gato?

22 Akandi kamenyero abantu benshi bafise mu mihingo myinshi yo kw isi, ni ukurya amaraso. Usanga rero ibikōko bitakerewe neza biribwa, canke bakareza ubuseri bakaburya. Ijambo ry’Imana rirabuza rwose kurya amaraso. (Itanguriro 9:3, 4; Abalewi 17:10) Guterwa amaraso ko bite? Hari abantu biyumvīra ko guterwa amaraso ataco bisa bisana no “kurya.” Igihe umurwayi ari intere atagishobora gutaramura umunwa, muganga none ntakunda gutegeka ko bamugaburira bakoresheje uburyo bakoresha mu gutera umuntu amaraso? Bibiliya itubwira ngo: “Tureke . . . amaraso.” (Ivyakozwe n’intumwa 15:20, 29) Ivyo ni ukuvuga iki? Nk’uko muganga akubujije inzoga, yoba ashaka kuvuga ngo ntuyikoze mu kanwa, ariko bayigutere mu mitsi? Birumvikana ko atari uko! Ni uko n’ivy’amaraso biri; ‘kuyareka’ ni ukutayinjiza mu mubiri na gato.

23. (a) Ni ingingo iyihe ukwiye gufata? (b) Ni igiki kizokwerekana ingingo wafashe iyo ari yo?

23 Bikwiye ko wereka Yehova ko uri uw’isi yiwe nshasha, utari uw’iyi si. Ivyo bisaba ko ufata ingingo yo kumukorera, ugakora ivyo agomba. Ntube nyamujiryanino nk’uko Abisirayeli bari bameze mu gihe ca kera. (1 Abami 18:21) Menya ko ni waba utariko ukorera Yehova, uriko ukorera Shetani. Urashobora kuvuga ko uri uw’isi nshasha y’Imana; ariko imigenzo yawe yo ivuga iki? Kuba uw’isi nshasha y’Imana ni ukwirinda imigenzo yose Imana yanka, itazoba iri muri iyo si yayo y’ubutungane.

[Ifoto ku rup. 209]

Isi Yezu atasabiye; bisubiye abigishwa biwe bakitandukanya na yo ni iyihe?

[Amafoto ku rup. 211]

Muri Bibiliya, idini y’ikinyoma igereranywa na maraya yaborewe; intwaro z’iyi si na zo yicayeko, zigereranywa n’igikōko co mw ishamba

Imigenzo mibi ni agace karanga iyi si ya Shetani. Ishirahamwe ry’ubudandaji ririmwo umwina na ryo nyene ni umuce utari muto w’iyi si

[Ifoto ku rup. 213]

Kubera ko igihe c’ivuka rya Yezu abungere bari bakiri kugisha barara hanze, ntivyoshoboka ko yoba yavutse ku wa 25 Kigarama

[Ifoto ku rup. 214]

Abasavyi b’Imana bāranse gusenga igishusho cari cashinzwe n’umwami. Weho wogira iki ibintu nk’ivyo bigushikiye?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika