Ikigabane ca 24
Turōngōwe na ya Mabwirizwa Cumi?
1. Ni amategeko ayahe Musa yashikirije abantu?
NI AMATEGEKO AYAHE Imana Yehova ishaka ko twubaha? Ni ngombwa ngo tugendere mu yo Bibiliya yita “ivyagezwe vya Musa,” canke yita rimwe rimwe “ivyagezwe”? (1 Abami 2:3; Tito 3:9) Yitwa kandi “ivyagezwe vya Yehova,” kubera ko ari we yayashinze. (1 Ngoma 16:40) Musa ico yakoze ni ukuyashikiriza abantu gusa.
2. Ivyo vyagezwe vya Musa bigizwe n’iki?
2 Ivyo vyagezwe vya Musa, ni amategeko canke amabwirizwa arenga 600, tudakuyemwo na ya yandi 10 y’ishimikiro. Nk’uko Musa yavuze, [“Yehova] ababarira ngo murishitse, ni vyo vya vyagezwe cumi; avyandika ku bisate vy’amabuye bibiri.” (Gusubira mu vyagezwe 4:13; Kuvayo 31:18) Ni bande none Yehova yashikirije ivyo vyagezwe hamwe n’ayo mabwirizwa cumi? Yabishikirije abantu bose? Impamvu yatumye ashinga ivyo vyagezwe ni iyihe?
VYASHIKIRIJWE ABISIRAYELI, HARIHO IMPAMVU YABITEYE
3. Ikitwereka ko Ivyagezwe vyashikirijwe Abisirayeli gusa ni igiki?
3 Ivyagezwe ntivyashikirijwe abantu bose. Yehova yagize isezerano canke umwumvikano n’uruvyaro rwa Yakobo, ari rwo rwabaye ihanga ry’Abisirayeli. Ayo mategeko, Yehova yayashikirije iryo hanga gusa. Ivyo Bibiliya iravyerekana neza muri Gusubira mu vyagezwe 5:1-3; no muri Zaburi 147:19, 20.
4. Ni kuki Abisirayeli bāhawe Ivyagezwe?
4 Intumwa Paulo yabajije iti: “None Ivyagezwe ni ivy’iki?” Nkako, ni iyihe mpamvu yatumye Yehova ashikiriza Abisirayeli ivyagezwe? Paulo yishura ati: [“Kugira ngo ivyaha bije ku kabarore gushika uruvyaro rwari rwahawe umuhango rubonetse.] . . . Uko ni ko Ivyagezwe vyatubereye umurezi (canke umwigisha) aturera akadushikiriza Kirisitu.” (Ab’i Galatiya 3:19-24) Iyo mpamvu rero, kwari ugukingira n’ukuyobora ihanga ry’Abisirayeli, kugira ngo ryitegurire kwakira Kirisitu ni yaza. Inkuka nyinshi zāri zategekanijwe n’Ivyagezwe, zībutsa Abisirayeli ko ari abacumuzi bakeneye umucunguzi. — Abaheburayo 10:1-4.
“KIRISITU NI WE HEREZO RY’IVYAGEZWE”
5. Yezu amaze kuza kudupfira, Ivyagezwe vyaciye biba iki?
5 Birumvikana ko Kirisitu ari we yari uyo mucunguzi yatanzweko umuhango, nk’uko umumarayika yabitangaje igihe c’ivuka ryiwe. (Luka 2:8-14) Igihe rero Kirisitu yaza, ubuzima bwiwe butagira akanenge akabutangako inkuka, Ivyagezwe vyaciye biba iki? Vyaciye bihava. “Ntitukirerwa n’umurezi,” uko ni ko Paulo avuga. (Ab’i Galatiya 3:25) Ivyagezwe vyarakuweho, Abisirayeli bariruhutsa. Vyari vyagaragaje ko ari abanyavyaha, kubera ko kuvyitondera bimwe bishitse, bose vyari vyarabananiye. Raba uko Paulo avuga: “Kubw’incungu ya Kirisitu, twakuwe mu muvumo w’Ivyagezwe.” (NW) (Ab’i Galatiya 3:10-14) Ni co gituma Bibiliya ivuga kandi iti: “Kirisitu ni we herezo ry’Ivyagezwe.” — Abaroma 10:4 (NW); 6:14.
6. (a) Abisirayeli n’abatari bo bāmerewe bate kuva aho Ivyagezwe bihaviriye; kubera iki? (b) Ni ingingo iyihe Yehova yafatiye Ivyagezwe?
6 Ivyagezwe vyari nk’uruzitiro canke “uruhome,” ruri hagati y’Abisirayeli n’abandi bantu batāri barōngōwe na vyo. Ariko kubera ubuzima bwiwe yatanzeko inkuka, Kirisitu “yazimanganije . . . Ivyagezwe birimwo amabwirizwa ari yo mategeko yashinzwe, kugira ngo amahanga abiri (Abisirayeli n’abatari bo), ayafatanirize muri we nyene, ayagire umuntu umwe musha.” (NW) (Abanyefeso 2:11-18) Ku vyerekeye ingingo Imana Yehova yo nyene yafatiye Ivyagezwe vya Musa, dusoma ibi bikurikira: “Yaduhariye ibigabitanyo vyacu vyose ku buntu bwiwe, atako ahanagura na ca cete catwagiriza ari co ya mateka yashinzwe (gushiramwo n’amabwirizwa cumi) yaturega, (kubera ko yatsindisha Abisirayeli kubera ivyaha vyabo); ayakura mu nzira mu kuyakomērera ku giti c’umubabaro.” (Ab’i Kolosayi 2:13, 14, NW) Inkuka itagira agahonzi ya Kirisitu rero, ni yo yakuyeho Ivyagezwe.
7, 8. Ni igiki cemeza ko Ivyagezwe bitāri bigabuwemwo kubiri?
7 Hari abavuga ko Ivyagezwe bigabuwemwo kubiri: amabwirizwa cumi, n’ayandi mategeko asigaye. Bavuga ko ayo yandi mategeko ari yo yaheze, ngo ariko amabwirizwa cumi yo n’ubu aracariho. Ivyo si ivy’ukuri. Muri ya nyigisho Yezu yatanga ari ku musozi, ivyerekeye amabwirizwa cumi hamwe n’ayo mategeko yandi asigaye yabivugiye hamwe, ntiyabitandukanije. Aho rero yerekanye ko Ivyagezwe vya Musa bitagabuwemwo kubiri namba. — Matayo 5:21-42.
8 Raba kandi ivyo intumwa Paulo yanditse irōngōwe n’Imana: “Ariko noneho ntitukiganzwa n’Ivyagezwe.” Abayahudi bāri bāremuruwe ya mategeko yandi ageretse ku mabwirizwa cumi gusa? Haba n’intete, kubera ko Paulo asubizayo ati: “Ariko simba naramenye icaha, iyo ntakimenyeshwa n’Ivyagezwe; kuko ntaba naramenye ukwipfuza, iyo Ivyagezwe bitavuga ngo ‘ntukipfuze.’” (Abaroma 7:6, 7; Kuvayo 20:17) Kubera ko iryo bwirizwa ngo “ntukipfuze” ari irya nyuma muri ya yandi cumi,
birumvikana rero ko Abisirayeli bāri bāremuruwe amabwirizwa cumi na yo nyene.
9. Ni igiki cerekana ko n’itegeko ryerekeye isabato ya buri yinga na ryo nyene ryahavuye?
9 Ivyo ni ukuvuga ko n’ibwirizwa rya kane muri ya yandi cumi, ryerekeye guhimbaza umusi w’isabato uko indwi itashe na ryo nyene ryahavuye? Cane nyene. Ivyo Bibiliya ivuga mu b’i Galatiya 4:8-11 no mu b’i Kolosayi 2:16, 17, vyerekana ko abakirisu badafatwa n’itegeko Imana yashikirije Abisirayeli ryabasaba guhimbaza umusi w’isabato rimwe mu ndwi, hamwe n’iyindi misi mikuru yo mu mwaka. Ikindi cerekana ko guhimbaza umusi w’isabato buri yinga bidasabwa ku mukirisu, ni ivyanditswe mu Baroma 14:5.
AMATEGEKO ARABA UMUKIRISU
10. (a) Abakirisu baganzwa n’ivyagezwe ibihe? (b) Amategeko menshi muri ayo yavuye he; kandi ni kuki vyari bikwiye ko bayakura aho hantu?
10 Kubera ko abakirisu bataganzwa n’amabwirizwa cumi, ni ukuvuga ko ata tegeko na rimwe bakeneye kwubaha? Haba n’intete! Yezu yagize “isezerano risha,” rishimikiye ku nkuka nyayo ari bwo buzima bwiwe butagira agahonzi. Abakirisu binjiye muri iryo sezerano risha, bategerezwa rero kwubaha amategeko y’abakirisu. (Abaheburayo 8:7-13; Luka 22:20) Amategeko menshi muri ayo yavuye mu Vyagezwe vya Musa. Ivyo ntivyabaye ico gihe gusa. Ibintu nk’ivyo bihora biba igihe intwaro nshasha ifashe ubutegetsi mu gihugu. Ibwirizwa shingiro ry’intwaro ya mbere rirashobora gukurwaho, rigasubirirwa n’irindi, ariko iryo risha ugasanga rikoresha amategeko y’irya mbere atari make. Ni uko nyene biri, Ivyagezwe vyo mw isezerano rya mbere vyaraheze, ariko amategeko n’ingingo vy’ishimikiro vyarimwo, vyarabandanije gukora no mu gihe c’ubukirisu.
11. Ni amategeko ayahe canke inyigisho vyahawe abakirisu, bisa rwose na ya mabwirizwa cumi?
11 Ivyo usanga ari uko biri usomye amabwirizwa cumi ku rupapuro rutangura iki kigabane, hanyuma ukayagereranya n’aya mategeko hamwe n’izi nyigisho z’abakirisu bikurikira: “Yehova Imana yawe ni yo utegerezwa gusenga.” (Matayo 4:10, NW; 1 Ab’i Korinto 10:20-22) “Mwirinde ibigirwamana.” (1 Yohani 5:21; 1 Ab’i Korinto 10:14) “Data wa twese uri mw ijuru, izina ryawe ni ryubahwe (ntirisuzugurwe).” (Matayo 6:9, NW) “Bana, mwumvire abavyeyi banyu.”(Abanyefeso 6:1, 2) Kandi Bibiliya irerekana neza ko ubwicanyi; ubusambanyi; kwiba; kubesha hamwe n’ukwipfuza nabi, na vyo nyene binyuranye n’amategeko y’abakirisu. — Ivyahishuriwe Yohani 21:8; 1 Yohani 3:15; Abaheburayo 13:4; 1 Ab’i Tesalonike 4:3-7; Abanyefeso 4:25, 28; 1 Ab’i Korinto 6:9-11; Luka 12:15; Ab’i Kolosayi 3:5.
12. Itegeko ryerekeye isabato rishitswa gute n’abakirisu?
12 N’aho atari ngombwa ku bakirisu guhimbaza isabato ya buri yinga, iryo tegeko riri n’ico ritwigisha. Abisirayeli ni baba bāruhuka mu vy’umubiri, abakirisu bo baruhuka mu vy’umutima. Gute? Kubera ukwizera n’ukuyoboka, barata ingeso y’ukwikunda, nk’iyo ukugerageza kwishingira bo nyene ukugororoka kwabo. (Abaheburayo 4:10) Uko kuruhuka mu vy’umutima ntikugirwa rimwe mu ndwi, ariko kugirwa indwi yose. Iryo tegeko ryasaba Abisirayeli ko bafata umusi umwe bakawugira isabato ihebewe ivy’umutima, ryarababuza kuguma igihe cose bitwararitse ivy’inda zabo gusa. Gukurikiza iryo tegeko imisi yose mu buryo bw’umutima, ni inkinzo ikomeye idukingira kugwa mu mutego w’ivy’uguhahamira amaronko.
13. (a) Ni ivyagezwe ibihe abakirisu basabwa gushitsa; kandi babishitsa bate? (b) Ni itegeko irihe Yezu yerekanye ashimitse? (c) Ni itegeko irihe Ivyagezwe vya Musa vyose bihuriramwo?
13 Abakirisu rero basabwa “gushikana ivyagezwe vya Kirisitu,” aho bokwitondeye Amabwirizwa cumi. (Ab’i Galatiya 6:2) Yezu yaratanze amategeko menshi n’inyigisho zitari nke, tubikurikije twoba twitondeye ivyagezwe na we. Cane cane Yezu yarashimitse mu kwerekana akarorero k’urukundo. (Matayo 22:36-40; Yohani 13:34, 35) Me, gukunda abantu ni itegeko ry’abakirisu. Urukundo ni rwo shimikiro ry’Ivyagezwe vya Musa vyose nk’uko Bibiliya ibivuga iti: “Kuko Ivyagezwe vyose bihūrira muri iri jambo, ngo ‘mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.’” — Ab’i Galatiya 5:13, 14; Abaroma 13:8-10.
14. (a) Twize kandi tugakurikiza amategeko ava mu Vyagezwe vya Musa, bizotumarira iki? (b) Urukundo ruzotuma tugira iki?
14 Ivyagezwe vya Musa hamwe n’amabwirizwa cumi, vyose hamwe vyari amategeko atunganye ava ku Mana. Kandi n’aho muri iki gihe tutaganzwa n’Ivyagezwe, amategeko y’Imana abivamwo n’ubu aracadufitiye akamaro kanini. Tuyize kandi tukayakurikiza, tuzorushirizaho gukunda Umushingamateka mukuru Yehova Imana. Ariko ico dusabwa cane cane, ni ukwiga n’ukwitondera mu buzima bwacu, amategeko n’inyigisho vyashikirijwe abakirisu. Urukundo dufitiye Yehova ruzotuma tuganduka mu vyo adushakako vyose. — 1 Yohani 5:3.
[Uruzitiro ku rup. 203]
AMABWIRIZWA CUMI
1. “Jewe ndi Yehova Imana yawe . . . Utegerezwa kutagira izindi mana imbere y’inyonga zanje.
2. “Utegerezwa kutibazira igishusho, canke gukora ishusho y’ikintu na kimwe kiri hejuru mw ijuru, canke kiri hasi kw isi, canke kiri mu mazi musi y’isi. Utegerezwa kutavyikubita imbere canke ngo woshwe ubisabe . . .
3. “Utegerezwa kudafata izina rya Yehova Imana yawe nk’iritagira agaciro . . .
4. “Wibutse umusi w’isabato kugira ngo uwuhimbaze, utegerezwa gusukurira; kandi utegerezwa kurangūra imirimo yawe mu misi itandatu. Ariko umusi ugira indwi ni isabato ya Yehova Imana yawe. Utegerezwa kudakora igikorwa na kimwe; wewe ubwawe, canke umuhungu wawe, canke umukobwa wawe . . .
5. “Ubaha so na nyoko, kugira ngo imisi yawe ibe myinshi mu gihugu uhabwa na Yehova Imana yawe.
6. “Utegerezwa kutica.
7. “Utegerezwa kudasambana.
8. “Utegerezwa kutiba.
9. “Utegerezwa kutaba isura, wagiriza ikinyoma mugenzawe.
10. “Utegerezwa kutipfuza inzu ya mugenzawe. Utegerezwa kutipfuza umugore wa mugenzawe, canke umusuku wiwe, canke umusukukazi wiwe, canke impfizi yiwe, canke indogoba yiwe, canke ikintu ca mugenzawe ico ari co cose.” — Kuvayo 20:2-17, NW.
[Amafoto ku rup. 204, 205]
Ivyagezwe vyari nk’uruzitiro ruri hagati y’Abisirayeli n’abandi bantu