Icagezwe c’urukundo mu mitima
‘Nzoshira icagezwe canje imbere muri bo, no mu mitima yabo niho nzocandika’.—YEREMIYA 31:33.
1, 2. (a) Ni igiki tugiye kurimbura? (b) Yehova yiyerekanye gute ku Musozi Sinayi?
MU BIGANIRO bibiri vy’imbere y’iki, twarabonye yuko igihe Musa yamanuka avuye ku Musozi Sinayi, mu maso hiwe haca ibibatsi vyerekana ubuninahazwa bwa Yehova. Twaraciye kandi irya n’ino ivyerekeye wa mwitwikiro Musa yambara. Reka ubu na ho turimbure ikintu gifitaniye isano n’ivyo, kiri n’ico kivuze ku bakirisu muri iki gihe.
2 Igihe Musa yari kuri uwo musozi, Yehova yaramuhaye inyobozo. Abisirayeli bakoraniye imbere y’Umusozi Sinayi, Imana yarabiyeretse mu buryo bw’akumiza. “Ha[rabaye] imituragaro n’imiravyo, n’igicu c’igipfungu kizitanye kur’uwo musozi, humvikana n’ijwi ry’inzamba rirengēra cane; abantu bose bar’aho bashagaje bahinda agashitsi. . . . Uwo musozi Sinayi upfūndūka umwotsi wose, kuk’Uhoraho yamanutse, aje kuri wo ari mu muriro: umwotsi wawo upfūndūka nk’uw’itanure, umusozi wose utigita birengeje”.—Kuvayo 19:16-18.
3. Yehova yahaye Abisirayeli ya Mabwirizwa Cumi abicishije mu buryo ubuhe, kandi ni igiki iryo hanga ryahavuye ritahura?
3 Yehova yaravuganye n’Abisirayeli abicishije ku mumarayika, arabaha ivyahavuye vyitwa Amabwirizwa Cumi (Kuvayo 20:1-17). Gutyo, nta wari gukekeranya yuko ayo mabwirizwa yari yavuye kuri Mushoboravyose. Yehova yaranditse ayo mabwirizwa ku bisate vy’amabuye, ivyo Musa yahavuye amenagura aho aboneye Abisirayeli bariko barasenga imasa y’inzahabu. Yehova yarasubiye kwandika ayo mabwirizwa ku bisate vy’amabuye. Igihe Musa yamanuka afise ivyo bisate vy’amabuye, mu maso hiwe haraca ibibatsi. Ico gihe bose bahavuye batahura yuko ivyo vyagezwe vyari bifise ikintu kinini cane bivuze.—Kuvayo 32:15-19; 34:1, 4, 29, 30.
4. Ni kubera iki ya Mabwirizwa Cumi yari ahambaye cane rwose?
4 Nya bisate bibiri vyanditsweko ayo Mabwirizwa Cumi vyarashizwe mw’isandugu y’isezerano yari Ahera Cane h’ihema, iyo sandugu ikaba yahavuye ishirwa Ahera Cane h’urusengero. Amabwirizwa yari kuri ivyo bisate yaravuga ingingo ngenderwako rya sezerano ry’Ivyagezwe vya Musa ryari rishingiyeko, aba ari na yo yerekana ukuntu Imana yorongoye ihanga rya Isirayeli. Ayo mabwirizwa yaratanze ikimenyamenya c’uko Yehova yariko akorana n’ihanga rinaka, ihanga ryatoranijwe.
5. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe amabwirizwa Imana yahaye Isirayeli yerekana urukundo yabakunda?
5 Ayo mabwirizwa yarahishuye ibintu vyinshi ku vyerekeye Yehova, na canecane urukundo yakunda abantu biwe. Ese ukuntu yabaye ingabirano y’agaciro ku bayagamburutse! Incabwenge imwe yanditse iti: ‘Nta mategeko n’amwe agenga inyifato runtu yashinzwe n’abantu imbere yaho canke inyuma yaho yoshobora kwegereza ya Mabwirizwa Cumi yatangwa n’Imana, yoruha angana na yo, canke yoza ayaruta’. Ku biraba vya Vyagezwe vya Musa muri rusangi, Yehova yavuze ati: ‘Nimwanyumvira vy’ukuri, mukitondera isezerano ryanje, muzombera inyegu niharije, nitoranirije mu mahanga yose, kuko isi yose ari iyanje. Kandi muzombera ubwami, ubwoko bw’abaherezi, ihanga ryera’.—Kuvayo 19:5, 6.
Icagezwe canditswe mu mutima
6. Ni icagezwe ikihe cabonetse ko gifise agaciro kanini kuruta amabwirizwa yanditswe ku bisate vy’amabuye?
6 Egome, ayo mabwirizwa yatanzwe n’Imana yari afise agaciro kanini cane. Mugabo none, wari uzi ko abakirisu basizwe bafise ikintu c’agaciro kirengeye kure n’iyo amabwirizwa yanditswe ku bisate vy’amabuye? Yehova yari yaravuze ko yoshizeho isezerano rishasha ritameze nka rya sezerano ry’Ivyagezwe yagirana n’ihanga rya Isirayeli. Yavuze ati: ‘Nzoshira icagezwe canje imbere muri bo, mu mitima yabo ni ho nzocandika’ (Yeremiya 31:31-34). Yezu, wa Muhuza w’isezerano rishasha, ubwiwe ntiyahaye abayoboke biwe urutonde rw’amabwirizwa yanditse bokurikiza. Yarinjije icagezwe ca Yehova mu mizirikanyi no mu mitima y’abigishwa biwe biciye ku vyo yavuga no ku vyo yakora.
7. ‘Icagezwe ca Kirisitu’ cahawe bande ubwa mbere, kandi ni bande bahavuye bacemera?
7 Ico cagezwe citwa ‘icagezwe ca Kirisitu’. Ubwa mbere, nticahawe rya hanga rya Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri, ni ukuvuga bamwe bakomoka kuri Yakobo, ariko cahawe ihanga ryo mu buryo bw’impwemu ari ryo ‘Isirayeli y’Imana’ (Ab’i Galatiya 6:2, 16; Abaroma 2:28, 29). Isirayeli y’Imana igizwe n’abakirisu basizwe impwemu. Mu nyuma, “ishengero ryinshi” ry’abantu bava mu mahanga yose barondera gusenga Yehova ryahavuye ryifatanya na bo (Ivyahishuriwe 7:9, 10; Zekariya 8:23). Abagize iyo migwi yompi bagize “umukuku umwe” urongowe n’“umwungere umwe”, bakaba bemera ‘icagezwe ca Kirisitu’, kandi barareka kikaba ari co kibarongora mu vyo bakora vyose.—Yohana 10:16.
8. Ivyagezwe vya Musa vyari bitandukaniye he n’icagezwe ca Kirisitu?
8 Ivy’abakirisu biratandukanye n’ivya ba Bisirayeli bo mu buryo bw’umubiri. Abisirayeli bategerezwa gukurikiza Ivyagezwe vya Musa kubera ko baba bavukiye muri iryo hanga, ariko abakirisu bobo ni bo bihitiramwo kuguma bayoborwa n’icagezwe ca Kirisitu, kandi ibara ry’urukoba n’aho bavukiye nta co bivuze. Bariga ivyerekeye Yehova be n’inzira ziwe kandi baripfuza cane gukora ivyo agomba. Abakirisu basizwe, kubera yuko bafise icagezwe c’Imana “muri bo”, nk’aho coba canditswe “mu mitima yabo” tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, ntibagamburukira Imana kubera gusa ishobora guhana abayigambararira; eka mbere ntibayigamburukira kubera gusa bumva ko babwirizwa kubigira. Bagamburuka babitumwe n’ikintu gihambaye kuruta kandi gikomeye cane rwose kuruta. Vyongeye, abo mu zindi ntama na bo nyene baragamburuka kubera ko bafise icagezwe c’Imana mu mitima yabo.
Amabwirizwa ashingiye ku rukundo
9. Yezu yerekanye gute ko urukundo rwari co kintu nyamukuru amabwirizwa ya Yehova yari ashingiyeko?
9 Ikintu nyamukuru amabwirizwa ya Yehova n’amategeko yiwe ashingiyeko coshobora guserurwa mw’ijambo rimwe: urukundo. Urwo rukundo rwamye ari umuce uhambaye cane w’ugusenga gutyoroye, kandi ni ko bizokwama. Igihe Yezu bamubaza ibwirizwa ryasumba ayandi mu Vyagezwe iryo ari ryo, yishuye ati: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose”. Irya kabiri yavuze ryari iri: “Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda”. Yaciye avuga ati: “Kur’ayo mabgirizwa yompi ivyagezwe vyose n’amajambo y’abavugishwa n’Imana ni yo vyenenako” (Matayo 22:35-40). Gutyo, Yezu yarerekanye yuko Ivyanditswe vy’igiheburayo vyose uko vyakabaye vyari bishingiye ku rukundo, atari gusa vya Vyagezwe vyarimwo ya Mabwirizwa Cumi.
10. Tuzi gute yuko urukundo ari rwo icagezwe ca Kirisitu gishingiyeko?
10 Gukunda Imana na bagenzi bacu coba kandi ari co kintu ca cagezwe kiri mu mitima y’abakirisu gishingiyeko? Cane nyene! Icagezwe ca Kirisitu gisaba gukunda Imana, kandi kirimwo n’itegeko rishasha, iryo na ryo rikaba ari iry’uko abakirisu bakwiye kugiriranira urukundo rwo kwihebera abandi. Bategerezwa gukundana nk’uko Yezu yakunze abigishwa biwe akemera gutanga ubuzima bwiwe ku bwabo. Yigishije abigishwa biwe gukunda Imana no gukundana hagati yabo nk’uko yabakunze. Urwo rukundo rudasanzwe bagiriranira ni yo kamere nyamukuru iranga abakirisu b’ukuri (Yohana 13:34, 35; 15:12, 13). Yaranababwiye ko bakwiye gukunda abansi babo.—Matayo 5:44.
11. Yezu yerekanye gute urukundo akunda Imana n’abantu?
11 Yezu yaradusigiye akarorero katagira agahaze mu vy’ukugaragaza urukundo. Igihe yari ikiremwa c’impwemu c’ububasha mw’ijuru, yaremeye n’umutima ukunze akaryo yaronse ko guteza imbere inyungu za Se wiwe kw’isi. Uretse ko yatanze ubuzima bwiwe ari umuntu kugira ngo abandi bashobore kubaho ibihe bidahera, yaraneretse abantu ukuntu bakwiye kubaho. Yari umuntu yicisha bugufi, w’umutima mwiza kandi yiyumvira abandi, afasha abaremerewe n’abahahazwa. Vyongeye, yarabwiye abandi “amajambo y’ubu[zima] budashira”, arabafasha adahengeshanya kumenya Yehova.—Yohana 6:68.
12. Ni kubera iki bishobora kuvugwa yuko gukunda Imana no gukunda bagenzi bacu bijana?
12 Kukaba nkako, gukunda Imana no gukunda bagenzi bacu birajana. Intumwa Yohani yavuze ati: “Urukundo ruva ku Mana . . . . Umuntu ni yavuga, ati Nkunda Imana, akanka mwene Data wundi, aba ar’umubeshi. Kuk’ūdakunda mwene Data yabonye ntashobora gukunda Imana atābonye” (1 Yohana 4:7, 20). Yehova ni we sôko ry’urukundo akaba na we karorero ruheta k’urukundo. Ikintu cose akora agitumwa n’urukundo. Turakunda abandi kubera twaremwe mw’ishusho yiwe (Itanguriro 1:27). Dukunze bagenzi bacu, tuba twerekanye ko dukunda Imana.
Gukunda bisobanura kugamburuka
13. Niba dushaka gukunda Imana, ni igiki dutegerezwa kubanza gukora?
13 Dushobora gute gukunda Imana kandi tudashobora kuyibona? Ikintu ca mbere gihambaye cane umuntu yogira ni ukurondera kuyimenya. Ntidushobora vy’ukuri gukunda canke kwizigira umuntu tutazi. Gutyo, Ijambo ry’Imana rituremesha kurondera kumenya Imana mu gusoma Bibiliya, mu gusenga, no mu kwifatanya n’abamaze kumenya Imana kandi basanzwe bayikunda (Zaburi 1:1, 2; Ab’i Filipi 4:6; Abaheburayo 10:25). Za Njili zine ni ngirakamaro rwose muri ivyo kubera ko zihishura kamere ya Yehova nk’uko ibonekera mu buzima bwa Yezu Kirisitu no mu busuku bwiwe. Icipfuzo dufise co kugamburukira Imana no kwigana kamere yayo kirarushiriza gukomera uko turushiriza kuyimenya no gukenguruka urukundo yadukunze. Egome, gukunda Imana birimwo kuyigamburukira.
14. Ni kubera iki bishobora kuvugwa yuko ivyagezwe vy’Imana bitagoye?
14 Igihe dukunda abantu, turamenya ivyo bakunda n’ivyo banka, maze tukavyisunga mu buryo twigenza. Ntitwipfuza gukora ibintu bidahimbara abo dukunda. Intumwa Yohani yanditse ati: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora” (1 Yohana 5:3). Ntibigora kandi si vyinshi cane. Urukundo rurayobora inzira yacu. Ntidukenera gufata ku mutwe urutonde rurerure rw’amategeko yo kutuyobora mu kantu kose; urukundo dukunda Imana ni rwo rutuyobora. Nimba dukunda Imana, turahimbarwa no gukora ivyo igomba. Duca rero twemerwa n’Imana kandi tukahungukira, ubuyobozi iduha bukama nantaryo butuzanira ivyiza.—Yesaya 48:17.
15. Ni igiki kizotuvyurira umutima wo kwigana Yehova? Sigura.
15 Urukundo dukunda Imana ruratuvyurira umutima wo kwigana kamere zayo. Igihe dukunda umuntu, turashima kamere ziwe maze tukarondera kumera nka we. Rimbura ubucuti bwari hagati ya Yehova na Yezu. Bamaze kumbure imyaka amamiliyaridi bari kumwe mw’ijuru. Bari bafitaniye urukundo rugera kure kandi rutagira agahaze. Yezu yarasa neza na neza na Se wiwe wo mw’ijuru ku buryo yashoboye kubwira abigishwa biwe ati: “Ūbonye jewe aba abonye Data” (Yohana 14:9). Uko tumenya Yehova n’Umwana wiwe tukongera tukabashima, turavyurirwa umutima wo kumera nka bo. Urukundo dukunda Yehova hamwe n’imfashanyo iva ku mpwemu yiwe yera bizodushoboza “[kwiyambura] umuntu wa kera n’ibikorwa vyiwe, [tu]kambara umuntu musha”.—Ab’i Kolosayi 3:9, 10; Ab’i Galatiya 5:22, 23.
Urukundo rubonekera mu bikorwa
16. Urukundo dukunda Imana na bagenzi bacu, rubonekera gute mu gikorwa turangura co kwamamaza inkuru nziza no kwigisha?
16 Bwa bakirisu, turareka urukundo dukunda Imana na bagenzi bacu rukatuvyurira umutima wo kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Tubigenjeje gutyo, turahimbara Yehova Imana, we “[a]gomba kw abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri” (1 Timoteyo 2:3, 4). Gutyo turashobora kunezererwa n’ugufasha abandi kugira icagezwe ca Kirisitu mu mitima yabo. Turaryoherwa kandi no kwibonera ukuntu kamere zabo zihinduka kugira ngo zihuze n’iza Yehova (2 Ab’i Korinto 3:18). Vy’ukuri, gufasha abandi kumenya Imana ni yo ngabirano dushobora kubaha ifise agaciro kanini kuruta izindi zose. Abemera kuba abagenzi ba Yehova barashobora kuguma ari abagenzi biwe ibihe bidahera.
17. Ni kubera iki biranga ubukerebutsi gukunda Yehova na bagenzi bacu aho gukunda ibintu vy’umubiri?
17 Tuba mw’isi aho ibintu vy’umubiri bihabwa agaciro cane, bikanakundwa. Yamara, ibintu vy’umubiri si ivy’ibihe bidahera. Birashobora kwibwa canke bikononekara (Matayo 6:19). Bibiliya ituburira iti: “Isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira” (1 Yohana 2:16, 17). Egome, Yehova azokwamaho ibihe bidahera, kandi abamukunda bakongera bakamukorera na bo nyene bazokwamaho ibihe bidahera. Wumva none ibiranga ubukerebutsi atari ugukunda Imana kuruta kwiruka inyuma y’ibintu vyo mw’isi bizomara igihe gito gusa?
18. Umumisiyonari umwe yagaragaje gute urukundo rwo kwitanga?
18 Ababandanya kugaragaza urukundo barashemeza Yehova. Rimbura akarorero k’umumisiyonari yitwa Sonia akorera muri Senegali. Yarigana Bibiliya n’umugore yitwa Heidi, uwo na we akaba yari yaranduye umugera wa Sida awandujwe n’umugabo wiwe atizera. Umugabo wiwe amaze gupfa, Heidi yarabatijwe, mugabo bidatevye amagara yiwe yaramwankiye maze yinjira ibitaro bitewe n’indwara ya Sida. Sonia yigana ati: “Abakora kuri ivyo bitaro nta ko batagize, ariko bari bakeyi. Mu mashengero harasabwe abokwitanga bakaja kumwitwararika mu bitaro. Ijoro rigira kabiri yinjiye ibitaro, nagumye ku kirago iruhande y’igitanda ciwe ndamwitwararika gushika apfuye. Umuganga yamukurikirana yavuze ati: ‘Ingorane nyamukuru dufise ni uko n’incuti akenshi ziheba ababo igihe zimenye yuko barwaye Sida. Ni kubera iki none wewe wemera kwishira mu kaga ku bw’umuntu atari n’incuti yawe, mutava no mu gihugu kimwe, kandi mutanasangiye ibara ry’urukoba?’. Namusiguriye yuko kuri jewe, Heidi yari mwenewacu vy’ukuri, tukaba twari dufitaniye ubucuti nka kurya kw’abasangiye se na nyina. Kubera ubucuti bwari hagati yanje n’uwo mwenewacu mushasha, vyarampimbara kumwitwararika”. Uzi n’inkuru, Sonia nta co yigeze aba ngo ni uko yitwararikanye urukundo Heidi.
19. Dufise icagezwe c’Imana mu mitima yacu, ni akaryo akahe tudakwiye kugisha?
19 Mu basavyi ba Yehova hariyo uburorero bwinshi bw’abagaragaje urukundo rwo kwitanga. Abasavyi b’Imana bo muri iki gihe, nta rutonde rwanditse bafise rw’amabwirizwa rubaranga. Ahubwo, turibonera iranguka ry’ivyanditswe mu Baheburayo 8:10, ahagira hati: “Iri [ni] ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze: nzoshira ivyagezwe vyanje mu bgenge bgabo, no ku mitima yabo kandi ni ho nzovyandika, nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje”. Nimuze twame duha agaciro ico cagezwe c’urukundo Yehova yanditse mu mitima yacu, ntitugishe akaryo na kamwe ko kwerekana urukundo.
20. Ni kubera iki icagezwe ca Kirisitu ari itunga ntangere?
20 Ese ingene bitera umunezero gukorera Imana twifatanije n’umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose ugaragaza mwene urwo rukundo! Abafise icagezwe ca Kirisitu mu mitima yabo barafise itunga ry’agaciro ntangere muri iyi si itagira urukundo. Ntibahimbarwa gusa n’urukundo Yehova abakunda, ariko kandi barahimbarwa n’urukundo rukomeye rurangwa mu bavukanyi. “Ewe kuntu ari vyiza kand’ar’ivy’igikundiro kw abavukana babana nyakubana”! Naho Ivyabona vya Yehova baba mu bihugu vyinshi, bakavuga indimi zitandukanye, bakaba kandi bafise imico kama itandukanye, barafise ubumwe ntangere bwo mu vy’idini. Ubwo bumwe butuma batoneshwa na Yehova. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Aho [ni ukuvuga mu bantu bunze ubumwe mu rukundo] . . . Uhoraho ya[ha]gereye umugisha, ni wo bu[zima] bg’ibihe bidashira”.—Zaburi 133:1-3.
Woshobora kuvyishura?
• Ya Mabwirizwa Cumi yari ahambaye ku rugero rungana iki?
• Icagezwe canditswe mu mitima ni ikihe?
• Urukundo rugira uruhara uruhe mu ‘cagezwe ca Kirisitu’?
• Ni mu buryo butari bumwe ubuhe dushobora kugaragaza urukundo dukunda Imana na bagenzi bacu?
[Ifoto ku rup. 25]
Abisirayeli bari bafise amabwirizwa yanditse ku bisate vy’amabuye
[Amafoto ku rup. 26]
Abakirisu bafise icagezwe c’Imana mu mitima yabo
[Ifoto ku rup. 28]
Aha Sonia yari kumwe n’agakobwa ko muri Senegali kw’ihwaniro ry’intara ryo mu 2004