Ikigabane ca 27
Uburyo bwo Kuronka Imfashanyo mu Gusenga
1. Ni imfashanyo iyihe iva ku Mana dukeneye; kandi tuyironka dute?
KUGIRA NGO ABAKIRISU birinde kugwa mu kosho k’iyi si mbi, barakeneye imfashanyo izanwa n’ugusenga. Yezu yavuze ati: “Data wo mw ijuru azoha impwemu yera abayimusavye.” (Luka 11:13, NW) Turakeneye kwiga Ijambo ryayo hamwe no kwifatanya n’ishirahamwe ryayo. Ariko kugira ngo turonke iyo mpwemu yera dutegerezwa kuyisaba.
2. (a) Gusenga ni ukuvuga iki? (b) Ni uburyo ubuhe butandukanye bwo gusenga? (c) Ni kuki gusenga bifise akamaro?
2 Gusenga ni ugukebukana n’Imana wicishije bugufi. Kurashobora kuba ari nk’ukuyisaba ikintu, kuyikengurukira canke kuyishemeza. (1 Ngoma 29:10-13) Kugira ngo tugiranire ubucuti na Data wo mw ijuru, dutegerezwa kwama tumuyāgira tudahengeshanya mu gusenga. (Abaroma 12:12; Abanyefeso 6:18) Inguvu ziwe akoresha duhabwa iyo tuzisavye, zishobora kuturemesha tugakora ivyo agomba, n’aho Shetani n’iyi si yayo bishobora kutugora canke kutwosha nabi. — 1 Ab’i Korinto 10:13; Abanyefeso 3:20.
3. (a) Imana ishobora kuduha intege zo kugira iki? (b) Uburyo bumwe gusa butuma dukomeza ubucuti dufitaniye n’Imana ni ubuhe?
3 Hari aho woba uriko unigana vyeruye kugira ngo ute akamenyero canke imigenzo idashimisha Imana. Niba ari uko, saba imfashanyo kwa Yehova; n’umwiture mu gusenga. Uko ni ko intumwa Paulo yabigenjeje hanyuma yandika ati: “Nshobozwa vyose n’uwumpa inkomezi.” (Ab’i Filipi 4:13; Zaburi 55:22; 121:1, 2) Raba ivyo umugore yahevye ingeso y’ubusambanyi yavuze: “Ni we musa ashobora kugufasha guheba iyo ngeso. Utegerezwa gucudika na Yehova; kandi nta bundi buryo bwo kumushikīra atari ugusenga.”
4. Umugabo umwe yashoboye ate guheba itabi?
4 Hari uwovuga ngo ‘jewe nama nsaba imfashanyo ku Mana kenshi, ariko ntibirashoboka ko nirinda gukora ivyaha.’ Abanywi b’itabi baramaze kuvuga ivyo. Hari igihe bābaza umwe muri bo bati: “Mbega wewe uhora usenga ryari?” Yishuye ati: “Ku mugoroba imbere yo kuja kuryama; mu gitondo igihe mvyutse; kandi n’igihe naniwe kwihangana nkanywa itabi, mpora mbwira Yehova ko mbabajwe n’ivyo mpejeje kugira.” Mugenziwe amubwira ati: “Igihe ukeneye imfashanyo y’Imana koko, ni igihe wegereje kunywa itabi, si ko? Aho ni ho rero ukwiye gusaba Yehova kugira ngo akuremeshe.” amaze gukwirikiza iyo mpanuro yararonse imfashanyo aca araheba kunywa itabi.
5. (a) Ukwiye kugira iki kugira ngo ukorere Imana nk’uko bikwiye? (b) Ni igiki cerekana ko kenshi guheba imigenzo mibi bibabaza?
5 Ivyo si ukuvuga ko gusenga; kwiga Ijambo ry’Imana canke kwifatanya n’ishirahamwe ryayo riboneka, bizotuma woroherwa mu gukora ibigororotse. N’aho nyene bisaba kwigora; egome, indwano yeruye, mbere n’ukubabara ukababara. (1 Ab’i Korinto 9:27) Akamenyero kabi gashobora gutuma umuntu amogorera ikibi. Guheba icaha rero mu bisanzwe birababaza. Uremeye kubabara utidoga kugira ngo ukore ibigororotse? — 1 Petero 2:20, 21.
AMASENGESHO IMANA YUMVA
6. (a) Ni kuki benshi bitaborohera gusenga? (b) Dukeneye iki kugira ngo amasengesho yacu yumvirwe?
6 Abantu benshi babona ko bitoroshe gusenga. Umugore umwe yarahishutse aravuga ati: “Bintera ubute kwambambira uwo ntabona.” Kubera ko ata muntu n’umwe yabonye Imana, dukeneye ukwizera kugira ngo yumve ugusenga kwacu. Dukeneye kwemera ko Yehova ariho koko, kandi ko ashobora gukora ivyo tumusavye. (Abaheburayo 11:6) Tugize ukwizera nk’uko; kandi twegereye Imana n’umutima utarimwo uburyarya, ntidushobora gukeka ko itazodufasha. (Mariko 9:23) Nuko nyene, na wa mugabisha w’abasoda b’abaroma Koroneliyo n’aho atari mw ishirahamwe ry’Imana, igihe yayisabana umutima utarimwo uburyarya yaramwumviye. — Ivyakozwe n’intumwa 10:30-33.
7. (a) Amasengesho ashimisha Imana amera gute? (b) Ni amasengesho ayahe Imana idashobora kwumviriza?
7 Hari bamwe batoroherwa n’ugutora amajambo bakoresha; ariko ivyo ntibikwiye kubabuza kuyāgira Imana mu gusenga. Ntidukekereze, irazi ivyo dukeneye, kandi ntizobura gutegera ico dushaka kuvuga. (Matayo 6:8) Iyumvīre nawe: ni ijambo irihe ry’umwana rigushimisha cane — ijambo ry’ishimwe ry’ubwana yivugiye we nyene, canke iryo abariwe n’uwundi? Ni nk’uko nyene, na Data wo mw ijuru ashima imvugo isanzwe, itarimwo uburyarya twivugiye twebwe nyene. (Yakobo 4:6; Luka 18:9-14) Amajambo ahinguwe cane canke imvugo idini yiharije ntibikenewe. N’abavugira hejuru mu gusenga canke bagakoresha amajambo yatoranijwe kugira ngo batangaze abantu; kandi bakaja barayasubiramwo n’uburyarya bwinshi ntibūmviriza. — Matayo 6:5, 7.
8. (a) Ni igiki cerekana ko Imana ishobora kwumva umuntu asenga yinumiye? (b) Bibiliya irerekana uko dukwiye kwifata mu gusenga canke aho dukwiye gusengera?
8 N’aho wosenga winumiye, Imana irashobora kwumva. Igihe Nehemiya yasenga atyo, Imana yarishuye ugutakamba kwiwe; na Hana ni uko nyene. (Nehemiya 2:4-8; 1 Samweli 1:11-13, 19, 20) N’uburyo umuntu yokwifata mu gusenga na vyo nyene nta kamaro kanini bifise. Ushobora gusenga wifashe uko ugomba kwose; igihe cose kandi aho hose uri. Ariko Bibiliya yerekana ko kwicisha bugufi nko kwunamika umutwe canke gupfukama bikwiye rwose. (1 Abami 8:54; Nehemiya 8:6; Daniyeli 6:10; Mariko 11:25; Yohani 11:41) Kandi Yezu yerekanye ko igihe umuntu asenga ari wenyene, akwiye kwiherēra. — Matayo 6:6.
9. (a) Amasengesho yacu yose dutegerezwa kuyatura nde; kandi kuki? (b) Kugira ngo amasengesho yacu yemerwe n’Imana, dutegerezwa kuyacisha kuri nde?
9 Gusenga na bwo ni uburyo bwo kwerekana ko uri umusavyi w’Imana. Ni co gituma amasengesho yacu dutegerezwa kutayatura uwundi muntu uwo ari we wese, atari Umuremyi wacu Imana Yehova. (Matayo 4:10) Bibiliya yerekana ko abakirisu bategerezwa kwegēra Imana baciye kuri Yezu, we yatanze ubuzima bwiwe kugira ngo ivyaha vyacu bihanagurwe. Ivyo ni ukuvuga ko dutegerezwa gusenga mw izina rya Yezu. — Yohani 14:6, 14; 16:23; Abanyefeso 5:20; 1 Yohani 2:1, 2.
10. (a) Abo amasengesho yabo adashimisha Imana ni bande? (b) Ni igiki cane cane dusabwa gushitsa kugira ngo Imana yumve amasengesho yacu?
10 None amasengesho yose arahimbara Imana? Bibiliya ivuga iti: “Uwica ugutwi ngo ntiyumve ivyagezwe, n’ugusenga kwiwe na kwo kuba igisesema.” (Imigani 28:9; 15:29; Yesaya 1:15) Ni twaba rero dushaka ko Imana itwumvira, igikenewe cane ni ugukora ivyo igomba, ntiturenge amategeko yayo. Ahandi ho, Imana ntizotwumviriza nk’uko umugororotsi adashobora gutega ugutwi iradiyo, igihe yoba iriko ivuga ibiterasoni. Bibiliya ivuga iti: “Kandi ico dusaba cose tugihabwa na yo, kuko twitondera ivyagezwe vyayo, tugakora ibishimwa imbere yayo.” — 1 Yohani 3:22.
11. Gukora ibihwanye n’ivyo dusaba ni ukuvuga iki?
11 Ni ukuvuga rero ko dutegerezwa gukora ibihwanye n’ivyo dusaba. Akarorero, vyoba ari bibi gusaba ko Imana igufasha guheba itabi canke urumogi, hanyuma ugaca uja kubigura. Canke ntawosaba Yehova ngo amufashe guheba ingeso y’ubusambanyi, hanyuma agasoma ibitabu vy’ubushegabo, canke akaja kurorēra isenema canke iteleviziyo yerekana ivy’ubushakanyi. Uwoba ahurumbira gutera akamri na we, ntiyosaba Imana ngo imufashe abihebe, hanyuma akaja ku kibuga basiganirwako, canke ahandi hantu nk’aho bariko baterera urusimbi. Kugira ngo Imana yumvirize amasengesho yacu, bikwiye ko tuyereka mu vyo dukora ko ivyo dusaba biva ku mutima.
12. (a) Ni ibiki dushobora gusaba mu masengesho yacu? (b) Kugira ngo gusenga kwacu guhimbare Imana, ni ibiki dutegerezwa kumenya?
12 Ni ibintu ibihe none bitwerekeye twebwe nyene, dushobora gushira mu masengesho dutura Yehova? Mu vy’ukuri; ico cose cerekeye ubucuti bwacu n’Imana kirakwiye gushirwamwo; tutibagiye amagara yacu hamwe n’ukurera abana. (2 Abami 20:1-3; Abacamanza 13:8) Intumwa Yohani yanditse iti: “Iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ivyo igomba, iratwumva.” (1 Yohani 5:14) Igikuru rero ni uko ivyo dusaba vyoba bihuye n’ivyo Imana igomba. Ivyo ni ukuvuga ko ubwa mbere na mbere dukwiye kwiga kugira ngo tumenye ivyo Imana igomba. (Imigani 3:5, 6) Igihe rero mu gusenga twitwararika ivyo Imana igomba; ivyacu ntibibe ari vyo dushira imbere, amasengesho yacu Yehova arayākira. Birakwiye ko imisi yose twama dushimira Yehova, kubera ivyiza atugirira. — Yohani 6:11, 23; Ivyakozwe n’intumwa 14:16, 17.
13. (a) Yezu yerekanye ko ari ibiki bitegerezwa gushirwa imbere mu masengesho yacu? (b) Ni ibiki bidahambaye cane twoshira mu masengesho yacu?
13 Yezu yarahaye abigishwa biwe isengesho ry’akarorero, ribereka amasengesho Imana ishima uko ameze. (Matayo 6:9-13) Iryo sengesho ryerekana ko izina ry’Imana; ubwami bwayo hamwe n’irangūrwa ry’ivyo igomba ngaha kw isi nk’uko bigirwa mw ijuru, bikwiye gushirwa imbere. Hanyuma ni ho ngira ngo twosaba ivyo dukenye twebwe nyene; nk’imfungurwa za buri musi, guharirwa ivyaha vyacu no gukizwa inyosha mbi hamwe na wa mubisha Shetani.
GUSABIRA ABANDI
14. Bibiliya yerekana ite akamaro ko gusabira abandi?
14 Yezu yaratanze akarorero kerekana akamaro ko gusabira abandi. (Luka 22:32; 23:34; Yohani 17:20) Intumwa Paulo yari izi akamaro ka bene ayo masengesho, ni co gituma yāma asaba ko bamusabira. (1 Ab’i Tesalonike 5:25; 2 Ab’i Tesalonike 3:1; Abaroma 15:30) Igihe yari mu ngoyi yanditse ibi bikurikira: “Nizigiye yuko muzompabwa kubw’amasengesho yanyu.” (Filemoni 22; Abanyefeso 6:18-20) Kubera ko Paulo yaciye abohorwa, ivyo vyerekana akamaro k’amasengesho bātuye Imana bamusabira.
15. Ni ibiki dushobora gusabira abo dukunda?
15 Na Paulo nyene yarasabiye abandi. Raba ivyo yanditse: “Twama tubasabira imisi yose, kugira ngo Imana yacu ibone ko yabahamagaye mubikwiye.” (2 Ab’i Tesalonike 1:11, NW) Irindi shengero na ryo yaribariye ati: “Dusaba Imana ngo ntihagire ikibi na kimwe mukora, . . . ariko ngo mukore ibimeze neza cane.” (2 Ab’i Korinto 13:7, NW) Ni vyo koko birabereye gukurikira akarorero ka Paulo, tugasaba ibintu vyumvikana dusabira abo dukunda. Ni ivy’ukuri, “igihe ukwambaza kw’umugororotsi kuriko kurangūra igikorwa cakwo, kugira ububasha bwinshi.” (NW) — Yakobo 5:13-16.
16. (a) Kugira ngo turonke imfashanyo dukeneye twosenga ryari? (b) Ni kuki ata teka rinini riruta gusenga?
16 Hari umukozi wa Yehova yāma abaza uwo yigisha Bibiliya ati: “Hari ikindi gihe uhora usenga ndetse igihe tugira inyigisho ya Bibiliya rimwe mu ndwi?” Kugira ngo turonke imfashanyo dukeneye, dukwiye kuyāgira Yehova mu gusenga kenshi. (1 Ab’i Tesalonike 5:17; Luka 18:1-8) Imenyereze kuyāgira Yehova wicishije bugufi nk’uko yoba ari umugenzi ukunda kandi wizigiye. Mu vy’ukuri ni iteka irihe rinini nk’iryo: gushobora kwitura Umwami mukuru agaba isi yose, we yumva ivyo asabwa, kandi uzi ko akwumviriza! — Zaburi 65:2.
[Ifoto ku rup. 227]
Ufashwe n’inyota y’itabi wogira iki — wosenga canke woheba ukarinywa?
[Ifoto ku rup. 229]
Wewe urasaba imfashanyo hanyuma ugaca wisuka mu bintu bishobora gutuma ukora nabi?
[Ifoto ku rup. 230]
Uhora usenga uri wenyene, canke usenga gusa igihe uri kumwe n’abandi?