ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 75
  • Isôko ry’Ubuhirwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isôko ry’Ubuhirwe
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Yezu yerekana isôko ry’agahimbare
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ni nde amuha ububasha bwo gukora ibitangaro?
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Akarira Abafarizayo
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Bamugirirako Ibihari
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 75

Ikigabane ca 75

Isôko ry’Ubuhirwe

MU GIHE Yezu yarangura igikorwa ciwe i Galilaya, yarakoze ibitangaro, ubu na ho arongera kubikora i Yudaya. Nk’akarorero, arirukana mu muntu idayimoni yari yaramubujije kuvuga. Ishengero ry’abantu rirajorerwa, ariko ibineguro bivyura kwa kumwiyamiriza nyene kwavyurwa i Galilaya. Bivugisha bati: “Beyezebuli, umukuru w’abadayimoni, ni we amushoboza gusenda abadayimoni.” Abandi bashaka ikimenyamenya gihambaye kuruta kiva kuri Yezu, cerekana uwo ari we, baranagerageza kumugeza mu kumusaba ikimenyetso kiva mw’ijuru.

Yezu amenya ivyo bariko bariyumvira, abamunegura i Yudaya abaha ya nyishu nyene yaha ab’i Galilaya. Ababwira ko ubwami bwose bwigabaguye ubwabwo buzotemba. Araheza ababaza ati: “Na Satani, namba yitandukanije ubgiwe, ubgami bgiwe buzorama bute?” Arereka abamunegura yuko bishize ahatemba, mu kuvuga ati: “Arik’urutoke rw’Imana ni rwaba ari rwo runshoboza gusenda abadayimoni, noneh’ubgami bg’Imana burabashikiriye.”

Abitegereza ibitangaro Yezu akora bakwiye kuvyakira nka kumwe kwa ba bandi babona Musa akora igitangaro, ibinjana vyinshi imbere yaho. Baratangaye bati: “Ibi bitewe n’urutoke rw’Imana.” “Urutoke rw’Imana” ni rwo kandi rwasaruye ya Mabwirizwa Cumi ku bisate vy’amabuye. Vyongeye, “Urutoke rw’Imana”​—ni ukuvuga impwemu yera yayo, ari yo nguvu ikora—ni yo ishoboza Yezu kwirukana amadayimoni no gukiza abarwaye. Kubera ico rero, Ubwami bw’Imana vy’ukuri bwashikiriye abo bamunegura, kuko Yezu Umwami yagenywe w’ubwo Bwami ari aho nyene hagati yabo.

Maze Yezu atanga ikigereranirizo c’uko ububasha afise bw’ukwirukana amadayimoni ari ikimenyamenya c’ububasha afise kuri Shetani, nka kurya umuntu arushirije gukomera aza hanyuma agatsinda umuntu yari abanze ikirwanisho acunze ikirimba ciwe. Aranasubiramwo ca kigereranirizo yabwira abantu i Galilaya cerekeye impwemu ihumanye. Nya mpwemu irava mu muntu, ariko igihe aho ivuye nya muntu adaciye ahuzuza ibintu vyiza, iyo mpwemu iragaruka iri kumwe na zindi indwi, hanyuma uko nya muntu aheza akamera kukunyuka kuruta uko yari ari kare.

Umugore umwe muri iryo sinzi, bugingo ariko yumviriza izo nyigisho, yumva atewe kuvuga n’ijwi ryumvikana ati: “Hahirwa inda yakuvyaye, n’amabere yakwonkeje.” Kubera ko icipfuzo c’umugore w’Umuyuda wese cari ic’ukuvyara umuhanuzi, na canecane Mesiya, birumvikana ko uwo mugore atobuze kuvuga ivyo. Biboneka ko uwo mugore yiyumvira ko Mariya ari we yobaye ahiriwe bidasanzwe kubera ko ari we nyina wa Yezu.

Ariko rero Yezu akosora uwo mugore ningoga na ningoga ku biraba isôko nyakuri ry’ubuhirwe. Amwishura ati: “Cane-cane hahirwa abumva ijambo ry’Imana bakaribungabunga.” Yezu ntaho yigeze ashaka kuvuga ko nyina wiwe, Mariya, akwiye guterwa iteka ridasanzwe. Ahubwo, yerekanye yuko ubuhirwe nyakuri buronkerwa mu kuba umusuku w’umwizerwa w’Imana, si mu bucuti bunaka bw’amaraso canke mu bintu umuntu aba yarashitseko.

Nk’uko yabigize i Galilaya, Yezu kandi abandanya ahambarira abantu i Yudaya kubera barondera ikimenyetso kiva mw’ijuru. Ababwira yuko ata kimenyetso kizotangwa kiretse ikimenyetso ca Yona. Yona yacikiye ikimenyetso kuri ya misi itatu yamara mu nda y’igifi no kuri kwa kwigisha kwiwe ashize amanga, ari vyo vyatumye Abanyaninewe bashikwa ku mutima bakigaya. Yezu aravuga ati: “Kandi rāba, ūruta Yona ari hano.” Wa mwamikazi w’i Sheba na wene yaratangajwe cane n’ubwenge bwa Salomo. Yezu avuga kandi ati: “Kandi rāba, ūruta Salomo ari hano.”

Yezu arasigura yuko igihe umuntu adometse itara atarishira mu mwobo canke ngo aryubikeko igisimbo, ahubwo arishira ku gitereko kugira ngo abantu bashobore kubona umuco. Kumbure ariko aramenyesha yuko ukwigisha n’ugukora ibitangaro imbere y’abo bantu b’ibikomantare mu bamwumviriza vyogereranywa n’ukunyegeza umuco w’itara. Amaso ya mwene abo bantu bamwitegereza ntaremuruye, ni ukuvuga ko adahanga ikintu neza. Ni co gituma ibitangaro akora bidashika ku ntumbero vyari bigenewe.

Yezu yari ahejeje kwirukana idayimoni, akaba kandi yatumye umuntu w’ikiragi avuga. Ivyo vyari bikwiye gutuma abantu b’amaso aremuruye canke ahanga ikintu neza bashemeza ico gikorwa c’ubuninahazwa bwinshi hanyuma bakamenyekanisha inkuru nziza! Yamara kubera abo baneguzi, ivyo si vyo bishika. Niho Yezu aca asozera avuga ati: “Nuko wirābe yuk’umuco uri muri wewe atar’umwiza. Kand’umubiri wawe wose ni waba uri n’umuco, ata gice na kimwe gifise umwiza, wose uzoba uri n’umuco, nk’uk’ukwaka kw’itara kuboneshereza.” Luka 11:14-36; Kuvayo 8:18, 19; 31:18; Matayo 12:22, 28.

▪ Aho Yezu akirije umuntu, abantu bavyakiriye gute?

▪ “Urutoke rw’Imana” ni iki, kandi ni mu buryo ki Ubwami bw’Imana bwari bwashikiriye abumviriza Yezu?

▪ Isôko ry’ubuhirwe nyakuri ni irihe?

▪ Umuntu ashobora ate kugira ijisho riremuruye?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika