ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kn34 rup. 1-4
  • Ni kuki ubuzima bwuzuye imbangamyi uku?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni kuki ubuzima bwuzuye imbangamyi uku?
  • Ni kuki ubuzima bwuzuye imbangamyi uku?
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IMBANGAMYI ZIKOMEYE ZIGUMA ZIRUSHIRIZA KUMERA NABI—KUBERA IKI?
  • Ni kuki imbangamyi zirushiriza kumera nabi?
  • AMADINI YO MURI IYI SI VYARAYANANIYE
  • Idini y’ukuri ntivyayinaniye
  • Iparadizo itarimwo ingorane si iy’ugukēka
  • Uburyo bwo gusenga bushimwa n’Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho!
    Idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho!
  • Umuhero woba uri hafi?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Uburyo bwo Gutora Idini y’Ukuri
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
Ni kuki ubuzima bwuzuye imbangamyi uku?
kn34 rup. 1-4

Inkuru z’Ubwami No. 34

Ni kuki ubuzima bwuzuye imbangamyi uku?

Vyoba bishoboka ko habaho iparadizo itarimwo ingorane?

IMBANGAMYI ZIKOMEYE ZIGUMA ZIRUSHIRIZA KUMERA NABI—KUBERA IKI?

Abantu nantaryo bamye bagira imbangamyi. Naho benshi bīyumvīra yuko ubuhinga bw’ivyuma bwa none bwoshoboye kuzishira mu buryo, imbangamyi zikomeye ziguma zirushiriza kumera nabi.

Ibibi Mvabugarariji: Bake ni bo bumva ko ata nkomanzi iyo bagendagenda mu mabarabara canke mbere iyo bicaye i muhira iwabo. Mu gihugu kimwe c’i Bulaya, hafi umuntu 1 kuri 3 yarakorewe ikibi mvabugarariji mu mwaka uherutse umwe.

Ibidukikije: Ubutosekare bw’akayaga, ubutaka, hamwe n’amazi, buguma burushiriza gukwiragira. Mu mahanga ari mu nzira y’amajambere, ica kane c’abantu nta mazi atarimwo umwanda bashobora kuronka.

Ubwinazi: Hariho abantu b’abinazi kandi bashonje benshi kuruta abo mu gihe ico ari co cose. Abarenga 90 kw ijana mu bihugu bimwe bimwe babayeho ari abinazi; 30 kw ijana kw isi yose mu boshobora kurangūra imirimo, imiliyoni hafi 800, ntibagira akazi canke bafise ak’intica ntikize—kandi ivyo bitigiri biguma vyongerekana.

Inzara: Wewe ubwawe niba wifitiye ivyo ufungura bihagije, amamiliyoni aguma yongerekana nta vyo bafise. Mu bihugu bitaratera imbere, abantu imiliyoni nka 13, cane cane abana, barapfa buri mwaka bivuye ku nzara.

Intambara: Ibihumbi amajana barishwe mu bukazi bushingiye ku moko buherutse kuba. Vyongeye muri iki kinjana ca 20, intambara zahitanye neza na neza abantu barenga imiliyoni ijana.

Izindi Mbangamyi: Kuri ivyo biri aho haruguru, gerekako ugusenyuka kw’ingo kuguma kurushiriza kumera nabi, abavyara ibitwarire benshi, abatagira uburāro bongerekana, ukunywa ibiyayuzi gukwiragira, ubushakanyi burandaranda. Uwahora ari umuharūrwa mu bagize Inama Mpanuzi Nkuru muri REZUB yaravuze ivy’ukuri ati: “Hariho ibimenyetso vyinshi koko vy’uko . . . isirimuka ryacitse umubore.” Mu kiringo c’imyaka 30 iherutse, abanyagihugu bo muri REZUB bōngerekanye 41 kw ijana, na vyo ibibi mvabugarariji bikaze vyaraduze bwampi ku 560 kw ijana, abana b’ibitwarire barongerekanye 400 kw ijana, ukwahukana 300 kw ijana, urugero-gererezo rw’imiyabaga yiyahura, rwararenze 200 kw ijana. Ni gutyo nyene ibintu vyifashe no mu yandi mahanga.

Ni kuki imbangamyi zirushiriza kumera nabi?

Umuremyi wacu aratanga inyishu. Ijambo ryiwe, ibi bihe vyuzuye imbangamyi rivyīta “[i]misi y’iherezo,” ikiringo hobaye hari “ibihe bigoye.” (2 Timoteyo 3:1) Imisi y’iherezo ry’ibiki? Urabona, Bibiliya iravuga ivy’“umuhero w’isi.”—Matayo 24:3.

Imbangamyi zo muri iki gihe zongerekana ni ikimenyamenya kirongorotse c’uko umuhero w’uru rufatane rw’ibintu uri hafi, gushiramwo n’umuhero w’ibibi hamwe n’ababikora. (Matayo 24:3-14; 2 Timoteyo 3:1-5; Ivyahishuriwe Yohana 12:7-12) Vuba Imana izobijamwo, irābe ko imbangamyi zo muri iki gihe zose zitorewe umuti bimwe bishitse.—Yeremiya 25:31-33; Ivyahishuriwe Yohana 19:11-21.

AMADINI YO MURI IYI SI VYARAYANANIYE

Ah’ugufasha gutorera umuti imbangamyi zo muri kino gihe, imfatane z’amadini yo muri iyi si zirazongerereza. Mu gihe c’intambara, Abagatolika barica Abagatolika, Abaporotisanti bakica Abaporotisanti—amamiliyoni. Si kera cane mu Rwanda, aho benshi ari abagatolika, abantu baricanye, ibihumbi amajana! (Rāba kw ishusho ibubamfu.)

Yezu yoba yari kuja mu ntambara afise inkoho canke umupanga akica abayoboke biwe kubera badasangiye na we ubwenegihugu? Nta mazinda, nta vyo yari kugira. “Ūkunda Imana,” Bibiliya ni ko ivuga, “akunde na mwene Data wundi.” (1 Yohana 4:20, 21) Amadini yo muri iyi si ivyo yarananiwe kubigira. “Bavuga yuko bazi Imana, ariko bayihakanisha ivyo bakora.”—Tito 1:16.

Ikindi na co, kubera ko nya madini y’isi adashigikiye vy’ukuri ingingo za Bibiliya z’ivy’ukwigenza runtu, araterēra mu kubisenya bimwe bibi kw isi-butaka yose.

Yezu yavuze yuko idini y’ikinyoma woyitandukanya n’iy’ukuri ‘urāvye ivyo yama’—urāvye ivyo abaharūrwa bo muri yo bagira. Yarongeye avuga ati: “Igiti cose kitama ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro.” (Matayo 7:15-20) Ijambo ry’Imana riratwihutisha ngo duhunge tuve mw idini yama ibibi, ari vyo bituma ihangwa n’isangangurwa.—Ivyahishuriwe Yohana 18:4.

Idini y’ukuri ntivyayinaniye

Idini y’ukuri “[y]ama ivyiza,” cane cane urukundo. (Matayo 7:17; Yohana 13:34, 35) Ni ikivukano ikihe cunze ubumwe c’Abakirisu mu mahanga yose cama gishira mu ngiro urukundo mwen’urwo? Ni bande banka kwica abo bisangiye idini canke uwo ari we wese wundi?—1 Yohana 3:10-12.

Ivyabona vya Yehova barazwi yuko bama ico ‘ciza.’ Hose kuri uyu mubumbe, mu bihugu birenga 230, ‘inkota zabo bārazivunjemwo amasuka.’ (Yesaya 2:4) Urwo bakunda abantu rubonekera kandi mu buryo bagamburuka imbwiriza ya Yezu y’ugukwiririza “[i]nkuru nziza” y’Ubwami bw’Imana kw isi yose. (Matayo 24:14, NW) Bitayeko bama bashira mu ngiro kandi bagakimbukira ivy’ukwigenza runtu biri ku nivo yo hejuru vyigishwa muri Bibiliya.—1 Ab’i Korinto 6:9-11.

Idini y’ukuri ntivyayinaniye. Yerekeza abantu kuri wa wundi Umwe gusa ashobora gutorera umuti imbangamyi z’ubwoko-bantu. Vuba, Uno iyi si yose uko ingana azoyigira nshasha. Uyo ni nde? (Tugusavye ngo urābe ku rupapuro rw’inyuma.)

Iparadizo itarimwo ingorane si iy’ugukēka

Iyaba wabishobora, ntiwotoreye umuti imbangamyi zose zibabaza ubwoko-bantu? Birumvikana ko wobigize! Twokwibaza none ko Umuremyi wacu yuzuye urukundo, agasangwa ni we wenyene afise ububasha n’urwevu vy’ugutorera umuti imbangamyi z’ubwoko-bantu, ivyo atobigira?

Bibiliya ihishura yuko ivy’abantu Imana izobijamwo iciye ku ntwaro yayo yo mw ijuru iri mu minwe ya Yezu Kirisitu. ‘Izokomvomvora’ intwaro zo kw isi zononekaye. (Daniyeli 2:44; Matayo 6:9, 10) Kubera iki? Umwandikamazaburi arishura abwira Imana, ati: “Bamenye yuko wewe, uwitwa [Yehova, NW] kw ari wewe [wenyene] Usumba vyose, ukaganza isi yose.”—Zaburi 83:18.

Ku muhero w’iyi si none, hazogira abarokoka? ‘Isi irikw irashira,’ ni Bibiliya ibivuga, “arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.” (1 Yohana 2:17) None abo barokotsi bazoba he ibihe bidashira? “Abagororotsi bazoragwa [isi-butaka], ba[y]ibemw’ibihe bidashira,” Bibiliya ni ko yishura.—Zaburi 37:9-11, 29; Imigani 2:21, 22.

Mw isi nshasha y’Imana, “urupfu ntiruzoba rukiriho, [n]’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho.” (Ivyahishuriwe Yohana 21:4) N’ibibi mvabugarariji, ubwinazi, inzara, indwara, intuntu, canke urupfu, ntibizoba bikiriho! Washaka, n’abapfuye nyene bazosubira kubaho! “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.” (Ivyakozwe n’intumwa 24:15) Isi na yo ubwayo izohindurwa iparadizo itari umugani.—Yesaya 35:1, 2; Luka 23:43.

Dutegerezwa kugira iki ngo twinovore ubuzima mw isi nshasha y’Imana? Yezu yavuze ati: “Ubu ni bgo [buzima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” (Yohana 17:3) Abantu amamiliyoni b’imitima nziraburyarya hose kw isi bariko baronka ubwo bumenyi. Butuma bashobora gutsinda imbangamyi nyinshi mu zo ubwabo bagira muri iki gihe, ariko igihambaye kuruta, burabashiramwo umwishimiro wuzuye w’uko imbangamyi zibarengeye badashobora gutorera umuti zizoshirwa mu buryo bimwe bitagira agahaze, mw isi nshasha y’Imana.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 2]

Ifoto ya OMS yafashwe na P. Almasy

[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]

Jerden Bouman/Sipa Press

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika