ICIGWA CA 12
Bigenda Gute Iyo Umuntu Apfuye?
Urupfu ni igihushane c’ubuzima. Urupfu rumeze nk’itiro rinini. (Yohana 11:11-14) Abapfuye ntibashobora kwumva, kubona, kuvuga, canke kwiyumvira ikintu na kimwe. (Umusiguzi 9:5, 10) Idini y’ikinyoma yigisha yuko abapfuye baja mu karere k’impwemu kubanirayo na basekuruza babo. Ivyo si vyo Bibiliya yigisha.
Abapfuye ntibashobora kudufasha, kandi ntibashobora kutugirira nabi. Abantu barakunda kugira imihamuro bagatanga n’ibimazi biyumvira ko bizohimbara abapfuye. Ivyo ntibihimbara Imana, kubera ko bishingiye kuri kimwe mu binyoma vya Shetani. N’abapfuye ntibishobora kubahimbara, kubera ko batagira ubuzima. Ntidukwiye gutinya canke gusenga abapfuye. Dukwiye gusenga Imana yo nsa.—Matayo 4:10.
Abapfuye bazokwongera kubaho. Yehova azokangura abapfuye kugira ngo babe kw’isi y’iparadizo. Ico gihe kiracari ikizoza. (Yohana 5:28, 29; Ivyakozwe 24:15) Imana irashobora gukangura abapfuye ata ngorane, nka kurya nyene ushobora gukangura umuntu umukuye mw’itiro.—Mariko 5:22, 23, 41, 42.
Iciyumviro c’uko tudapfa ni ikinyoma cakwiragijwe na Shetani wa Mucokoranyi. Shetani n’abadayimoni biwe batuma abantu biyumvira yuko imishaha y’abapfuye ari mizima, be n’uko ngo iteza indwara n’izindi ngorane. Shetani irahenda abantu, rimwe na rimwe ikabahenda biciye mu ndoto no mu bimeze nk’ukubonekerwa. Yehova ariyamiriza abagerageza kuganira n’abapfuye.—Gusubira mu Vyagezwe 18:10-12.