ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gf icig. 15 rup. 24-25
  • Abakunzi b’Imana Bakora Ivyiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abakunzi b’Imana Bakora Ivyiza
  • Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Ivyo bijanye
  • Ingene mwohimbarwa mu rugo
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Abagize umuryango bokora iki kugira babane neza?
    Abagize umuryango bokora iki kugira babane neza?
  • Impfunguzo Zibiri Zituma Umubano w’Ababiranye Urama
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Umubano wo mu Rugo Uhimbara Imana
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
Ibindi
Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
gf icig. 15 rup. 24-25

ICIGWA CA 15

Abakunzi b’Imana Bakora Ivyiza

Iyo ufise umukunzi ushima kandi wubaha, uragerageza kumera nka we. Bibiliya ivuga ngo “[Yehova] ni mwiza, aragororotse.” (Zaburi 25:8) Kugira ngo tube abakunzi b’Imana, dutegerezwa kuba abantu beza kandi bagororotse. Bibiliya ivuga iti: “Mwīgāne Imana, nk’abana ikunda. Kandi mugendere mu rukundo.” (Abanyefeso 5:1, 2) Ngubu uburyo bumwebumwe bwo kubigira:

Fasha abandi. “Tugirire bose neza.”—Ab’i Galatiya 6:10.

Kora cane. “Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza, kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye.”—Abanyefeso 4:28.

Guma udahumanye ku mubiri no ku mutima. “Twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri, n’ubg’umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.”—2 Ab’i Korinto 7:1.

Girira abo mu rugo iwanyu ibiranga urukundo n’icubahiro. “Umuntu wese akunde umugore wiwe nk’uko yīkunda; umugore na we ni yubahe [cane] umugabo wiwe. Bana, mwumvire abavyeyi banyu.”—Abanyefeso 5:33–6:1.

Garagariza abandi urukundo. “Dukundane: kuk’urukundo ruva ku Mana.”—1 Yohana 4:7.

Ubaha amategeko y’igihugu. “Umuntu wese n’agamburukire [intwaro] . . . Muhe bose ivyo bakwiye: abahabga ikori mubahe ikori.”—Abaroma 13:1, 7.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika