ICIGWA CA 15
Abakunzi b’Imana Bakora Ivyiza
Iyo ufise umukunzi ushima kandi wubaha, uragerageza kumera nka we. Bibiliya ivuga ngo “[Yehova] ni mwiza, aragororotse.” (Zaburi 25:8) Kugira ngo tube abakunzi b’Imana, dutegerezwa kuba abantu beza kandi bagororotse. Bibiliya ivuga iti: “Mwīgāne Imana, nk’abana ikunda. Kandi mugendere mu rukundo.” (Abanyefeso 5:1, 2) Ngubu uburyo bumwebumwe bwo kubigira:
Fasha abandi. “Tugirire bose neza.”—Ab’i Galatiya 6:10.
Kora cane. “Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza, kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye.”—Abanyefeso 4:28.
Guma udahumanye ku mubiri no ku mutima. “Twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri, n’ubg’umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.”—2 Ab’i Korinto 7:1.
Girira abo mu rugo iwanyu ibiranga urukundo n’icubahiro. “Umuntu wese akunde umugore wiwe nk’uko yīkunda; umugore na we ni yubahe [cane] umugabo wiwe. Bana, mwumvire abavyeyi banyu.”—Abanyefeso 5:33–6:1.
Garagariza abandi urukundo. “Dukundane: kuk’urukundo ruva ku Mana.”—1 Yohana 4:7.
Ubaha amategeko y’igihugu. “Umuntu wese n’agamburukire [intwaro] . . . Muhe bose ivyo bakwiye: abahabga ikori mubahe ikori.”—Abaroma 13:1, 7.