ICIGWA CA 16
Nugaragaze Urukundo Ufitiye Imana
Kugira ngo ugumane umugenzi, ukenera kuza uraganira na we. Uramwumviriza, na we akakwumviriza. Vyongeye urabwira abandi ibintu vyiza uzi kuri uwo mugenzi wawe. No mu vy’ukuba umukunzi w’Imana ni ko bimeze. Rimbura ico Bibiliya ivuga kuri ivyo:
Nuganire na Yehova uhozako mw’isengesho. “Mushishikare gusenga.”—Abaroma 12:12.
Soma Ijambo ry’Imana, Bibiliya. “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya.”—2 Timoteyo 3:16.
Igisha abandi ivyerekeye Imana. “Nuko ni mugende, muhindure [abantu bo mu] mahanga yose abigishwa, . . . mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.”—Matayo 28:19, 20.
Niwiyegereze abakunzi b’Imana. “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge.”—Imigani 13:20.
Za uritaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami. “Twiyumviraneko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza, . . . duhanūrane.”—Abaheburayo 10:24, 25.
Nufashe mu gushigikira igikorwa c’Ubwami. “Umuntu wese atange nk’ukw abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’atagōberewe, kukw Imana ikunda ūtanga anezerewe.”—2 Ab’i Korinto 9:7.