ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gf icig. 16 rup. 26-27
  • Nugaragaze Urukundo Ufitiye Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugaragaze Urukundo Ufitiye Imana
  • Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Ivyo bijanye
  • “Imana ikunda uwutangana akamwemwe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Urashobora kuba umugenzi wa Yehova
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Imana Iragutumira ngo Ube Umukunzi Wayo
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Uvyibazako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
Ibindi
Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
gf icig. 16 rup. 26-27

ICIGWA CA 16

Nugaragaze Urukundo Ufitiye Imana

Kugira ngo ugumane umugenzi, ukenera kuza uraganira na we. Uramwumviriza, na we akakwumviriza. Vyongeye urabwira abandi ibintu vyiza uzi kuri uwo mugenzi wawe. No mu vy’ukuba umukunzi w’Imana ni ko bimeze. Rimbura ico Bibiliya ivuga kuri ivyo:

Nuganire na Yehova uhozako mw’isengesho. “Mushishikare gusenga.”—Abaroma 12:12.

Soma Ijambo ry’Imana, Bibiliya. “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya.”—2 Timoteyo 3:16.

Igisha abandi ivyerekeye Imana. “Nuko ni mugende, muhindure [abantu bo mu] mahanga yose abigishwa, . . . mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.”—Matayo 28:19, 20.

Niwiyegereze abakunzi b’Imana. “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge.”—Imigani 13:20.

Za uritaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami. “Twiyumviraneko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza, . . . duhanūrane.”—Abaheburayo 10:24, 25.

Nufashe mu gushigikira igikorwa c’Ubwami. “Umuntu wese atange nk’ukw abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’atagōberewe, kukw Imana ikunda ūtanga anezerewe.”—2 Ab’i Korinto 9:7.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika