ICIGWA CA 17
Kugira ngo Ugumye Umukunzi, Utegerezwa Kuba Umukunzi
Ubukunzi bushimikiye ku rukundo. Uko wiga vyinshi kuri Yehova ni ko urukundo umufitiye ruzokwongerekana. Uko urukundo ufitiye Imana rwongerekana, ni ko icipfuzo ufise co kumukorera na co nyene kizokwongerekana. Ivyo bizotuma uba umwigishwa wa Yezu Kirisitu. (Matayo 28:19) Mu kwifatanya n’umuryango uhimbawe w’Ivyabona vya Yehova, urashobora kuba umukunzi w’Imana ibihe bitazohera. None utegerezwa gukora iki?
Utegerezwa kugaragaza urukundo ufitiye Imana mu kugamburuka amategeko yayo. “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora.”—1 Yohana 5:3.
Nukurikize ivyo wiga. Yezu yariganye inkuru ibitangira akarorero. Umuntu w’inkerebutsi yubatse inzu yiwe ku rutare. Umuntu w’ikijuju yubatse inzu yiwe ku musenyi. Igihe haza imvura y’igihuhusi ikomeye, ya nzu yubatswe ku rutare ntiyasenyutse, mugabo ya yindi yubatswe ku musenyi yaraguye irasenyagurika bimwe bikomeye. Yezu yavuze yuko abumva inyigisho ziwe kandi bakazikurikiza, bameze nk’uwo muntu w’inkerebutsi yubatse ku rutare. Ariko abumviriza inyigisho ziwe ntibazikurikize bameze nk’uwo muntu w’ikijuju yubatse ku musenyi. Wewe none ushaka kumera nk’uwuhe muri abo?—Matayo 7:24-27.
Ukwiyegurira Imana. Ivyo bisigura ko witura Yehova mw’isengesho hanyuma ukamubwira yuko ushaka gukora ivyo agomba, ibihe bidahera. Gukora ivyo Imana igomba bigaragaza ko uri umwigishwa wa Yezu Kirisitu.—Matayo 11:29.
Ukubatizwa. “[N]ubatizwe, wiyuhagire ivyaha vyawe, wambaze izina ryiwe.”—Ivyakozwe 22:16.
Nukorere Imana utiziganya. “Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye mu mutima, nk’abakorera Shobuja mukuru.”—Ab’i Kolosayi 3:23.