ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gf icig. 18 rup. 30-31
  • Nube Umukunzi w’Imana Ibihe Bidahera!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nube Umukunzi w’Imana Ibihe Bidahera!
  • Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Ivyo bijanye
  • Nukorere Yehova ya Mana y’umwidegemvyo
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ingene tworonka umwidegemvyo nyakuri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Nureke Yehova akujane ku mwidegemvyo nyakuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Umwidegemvyo Abasenga Yehova Binovora
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
gf icig. 18 rup. 30-31

ICIGWA CA 18

Nube Umukunzi w’Imana Ibihe Bidahera!

Kugira ngo turonke umukunzi bisaba akigoro; no kugira ngo tuzigame umukunzi nyene bisaba akigoro. Utwigoro ugira ngo ucike umukunzi w’Imana kandi ugume uri we, tuzohezagirwa cane. Yezu yabwiye abamwemeye ati: “Ukuri kuzobaha kwidegemvya.” (Yohana 8:32) Ivyo bisigura iki?

Urashobora kwinovora umwidegemvyo ubu. Urashobora kwidegemvya ugakira inyigisho z’ikinyoma hamwe n’ibinyoma vyakwiragijwe na Shetani. Urashobora kwidegemvya ugakira umwiheburo wuzuye mu buzima bw’amamiliyoni y’abantu batazi Yehova. (Abaroma 8:22) Abakunzi b’Imana barakize mbere “ubgoba bg’urupfu.”—Abaheburayo 2:14, 15.

Urashobora kwinovora umwidegemvyo mw’isi nshasha y’Imana. Ese umwidegemvyo w’igitangaza ushobora kuzokwinovora muri kazoza! Mw’isi y’Iparadizo, hazobaho umwidegemvyo wo gukira intambara, indwara n’ubugizi bwa nabi. Tuzokira ubukene n’inzara. Tuzokira kandi ubusaza n’urupfu. Tuzokira ubwoba, agahahazo, n’akarenganyo. Ku vyerekeye Imana Bibiliya ivuga iti: “Upfumbaturura igipfunsi cawe ugahāza ukwifuza kw’ibiriho vyose.”—Zaburi 145:16.

Abakunzi b’Imana bazobaho ibihe bidahera. Ubuzima budahera ni ingabirano y’agaciro Imana izoha abo bose barondera kuba abakunzi bayo. (Abaroma 6:23) Iyumvire gatoyi ico ubuzima butagira iherezo bwoba busigura kuri wewe!

Uzoba ufise umwanya wo gukora ibintu vyinshi. Kumbure uzoshima kwiga gucuraranga. Canke kumbure uzoshaka kwiga gushushanya amashusho canke kuba umubaji. Hari aho woshima kwiga ivyerekeye ibikoko canke ibiterwa. Ushobora kuzoba ushaka kugira ingendo ngo ubone intara n’abantu batandukanye. Kugira ubuzima budahera bizotuma ivyo bintu vyose bishoboka!

Uzoba ufise umwanya wo kwironkera abakunzi benshi. Kubaho ibihe bidahera bizotuma ushobora kumenya abandi benshi bacitse abakunzi b’Imana. Uzoheza umenye ubuhanga bafise hamwe na kamere zabo nziza, kandi na bo nyene bazokubera abakunzi. Uzobakunda na bo bagukunde. (1 Ab’i Korinto 13:8) Kugira ubuzima butagira iherezo bizokuronsa umwanya wo kugiranira ubucuti n’umuntu wese kw’isi! N’ikirusha vyose kuba ciza, ubukunzi uzogiranira n’Imana buzoguma nantaryo burushiriza gukomera uko ibinjana bihera. Ese woba umukunzi w’Imana ibihe bidahera!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika