ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lr ikig. 44 rup. 227-231
  • Abagenzi bacu bakwiye kuba bakunda Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abagenzi bacu bakwiye kuba bakunda Imana
  • Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ivyo bijanye
  • Arakiza impumyi akanafasha Zakayo
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu Yigishiriza i Yeriko
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Twohitamwo gute abagenzi beza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Urashobora kuba umugenzi wa Yehova
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
lr ikig. 44 rup. 227-231

Ikigabane ca 44

Abagenzi bacu bakwiye kuba bakunda Imana

ABAGENZI ni abantu dukunda kuganira no kumarana umwanya. Ariko birahambaye kugira abagenzi beza. None umugenzi mwiza kuruta abandi dushobora kugira wiyumvira ko ari nde?— Ni Yehova Imana.

Twoba vy’ukuri dushobora kuba abagenzi b’Imana?— Urumva, Bibiliya ivuga yuko Aburahamu, umugabo yabayeho kera, yari ‘umukunzi wa Yehova’ (Yakobo 2:23). Woba uzi igituma yari umukunzi wa Yehova?— Bibiliya yishura yuko Aburahamu yagamburukira Imana. Yaragamburuka n’igihe nyene yaba asabwe gukora ibintu bigoye. Rero, kugira ngo tube abagenzi ba Yehova, dutegerezwa gukora ibimuhimbara nk’uko nyene Aburahamu yabikora, nk’uko kandi na wa Mwigisha Ahambaye yama abikora.—Itanguriro 22:1-14; Yohana 8:28, 29; Abaheburayo 11:8, 17-19.

[Ifoto ku rup. 227]

Ni kubera iki Aburahamu yari “umukunzi w’Imana”?

Yezu yabwiye intumwa ziwe ati: “Mur’abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera” (Yohana 15:14, ni twe tubihiritse.). Kubera yuko ibintu vyose Yezu yabwiye abantu vyava kuri Yehova, Yezu yashaka kuvuga yuko abagenzi biwe ari abantu bakora ivyo Imana ibasaba gukora. Mu vy’ukuri, abagenzi ba Yezu bose bari abantu bakunda Imana.

Bamwebamwe mu bagenzi ba hafi ba wa Mwigisha Ahambaye bari intumwa ziwe, izo tubona ku rupapuro rwa 75 muri iki gitabu. Barafatana ingendo na Yezu bakongera bakamufasha igikorwa co kwamamaza. Yezu umwanya wiwe munini yawumaze ari kumwe n’abo bagabo. Barafungurira hamwe. Baraganirira hamwe ivy’Imana. Kandi barakorera hamwe n’ibindi bintu. Mugabo Yezu yari afise n’abandi bagenzi benshi. Baramarana umwanya bakongera bakanezeranwa.

Umuryango umwe Yezu yakunda kugendera waba mu gasagara ka Betaniya, mu micungararo y’igisagara ca Yeruzalemu. Woba wibuka abo muri uwo muryango?— Yari Mariya na Marita hamwe na musaza wabo Lazaro. Yezu yise Lazaro umugenzi wiwe (Yohana 11:1, 5, 11). Icatumye Yezu akunda abo muri uwo muryango kandi agashima kuba ari kumwe na bo, ni kubera yuko bakunda Yehova bakongera bakamukorera.

[Ifoto ku rup. 228]

Ni kubera iki Yezu yakunda kugendera abo muri uyu muryango igihe yaba agiye i Yeruzalemu? Woba uzi amazina yabo?

Ivyo ntibishaka kuvuga yuko Yezu atagirira umutima mwiza abantu badakorera Imana. Na bo nyene yarabakunda. Yaranaja iwabo agafungurira hamwe na bo. Ivyo vyatumye bamwe bavuga ko Yezu ari “incuti y’abatozakori n’abanyavyaha” (Matayo 11:19). Ikizwi coco, ni uko Yezu atagendera abo bantu bitumwe n’uko ashima ukuntu babayeho. Yabagendera kugira ngo abaganirire ivyerekeye Yehova. Yaragerageza kubafasha ngo bahinduke bave mu nzira mbi bagenderamwo baheze bakorere Imana.

[Ifoto ku rup. 229]

Ni kubera iki Zakayo yuriye iki giti?

Ivyo vyarashitse umusi umwe mu gisagara c’i Yeriko. Yezu yari aciye muri ico gisagara aja i Yeruzalemu. Muri ico gisagara hari abantu benshi, kandi muri bo harimwo umugabo yitwa Zakayo. Uwo mugabo yashaka kubona Yezu. Ariko Zakayo yari mugufi, kandi ntiyashobora kubona Yezu kubera abantu bari benshi. Ni co gituma yaciye abatanga imbere yurira igiti kugira ngo ashobore kubona Yezu arenganye.

Yezu ashitse kuri ico giti, araba hejuru maze avuga ati: “Ururuka vuba, kuk’uyu musi nkwiye kurāra i wawe”. Mugabo Zakayo yari umugabo w’umutunzi yari yarakoze ibintu bibi. None ni kubera iki Yezu yashaka kuja ku muntu nk’uyo?—

Si ukubera ko Yezu yashima ukuntu uwo mugabo yari abayeho. Yagiye kwa Zakayo kugira ngo amuyagire ivyerekeye Imana. Yarabonye ingene uwo mugabo yari yagize akigoro kugira ngo abone Yezu. Rero, Yezu yari azi yuko Zakayo yari gushobora kumutega ugutwi. Ako kari akaryo keza ko kumuyagira ivyerekeye ubuzima Imana ivuga ko abantu bakwiye kugira.

[Ifoto ku rup. 230]

Ni kubera iki Yezu yagendeye Zakayo, kandi Zakayo afata ingingo yo gukora iki?

None havamwo iki?— Zakayo aca akunda inyigisho za Yezu. Arababazwa n’uko yama yiba abantu, maze aca afata ingingo yo kubasubiza amahera yari yakuye muri ubwo busuma. Hanyuma aca aba umuyoboke wa Yezu. Inyuma y’aho, Yezu na Zakayo baca baba abagenzi.—Luka 19:1-10.

None nitwakurikiza akarorero ka wa Mwigisha Ahambaye, tuzogendera n’abantu batari abagenzi bacu?— Egome. Ariko ntituzobagendera tubitumwe n’uko dushima ukuntu babayeho. Kandi ntituzofatanya na bo mu bibi bakora. Tuzobagendera kugira ngo tu- bayagire ivy’Imana.

Ariko rero, abagenzi bacu somambike ni barya canecane dukunda kuba turi kumwe. Kugira ngo babe abagenzi beza bategerezwa kuba ari abagenzi Imana ishima. Bamwe bashobora kuba mbere batazi Yehova uwo ari we. Mugabo nimba bashaka kwiga ibimwerekeye, turashobora kubafasha. Maze nibakunda Yehova nk’uko natwe tumukunda, ico gihe turashobora kubagira abagenzi bacu somambike.

Hariho ubundi buryo bwo kumenya nimba umuntu yoshobora kuba umugenzi mwiza. Raba ibintu akora. Yoba akorera abandi ibintu bibi agaca yitwengera? Uwo si umugenzi mwiza. Si ko none?— Yoba yama yikwegera ingorane? Ntitwokwipfuza kwikwegera ingorane mu kwifatanya na we, si ko?— Canke yoba akora ibintu bibi n’ibigirankana maze akiyumvira ko azi ibintu kubera yuko batamufashe? Naho nyene uwo muntu ata wamufashe, Imana yoyo iba yabonye ivyo yakoze, si ko none?— Wibaza none ko abantu bakora ibintu nk’ivyo botubera abagenzi beza?—

Turakwinginze utore Bibiliya yawe. Reka turabe ico ivuga ku kuntu abo tugendana bashobora kuduhindura. Icanditswe kiri mu 1 B’i Korinto ikigabane ca 15, umurongo wa 33. Woba wagitoye?— Kivuga ngo: “Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza”. Ivyo bishaka kuvuga yuko mu gihe tugendanye n’abantu babi, natwe tuba babi. Ni ivy’ukuri kandi ko kugendana n’abantu beza bidufasha kugira ingeso nziza.

Nimuze ntituze twigere twibagira mu buzima bwacu wa Muntu ahambaye kuruta abandi bose ari we Yehova. Ntidushaka kwonona ubucuti dufitaniye na we, si ko none?— Ku bw’ivyo rero, dutegerezwa kuraba neza ko abagenzi bacu ari abakunda Imana gusa.

Akamaro ko kugira abagenzi beza karerekanwa muri Zaburi 119:115; Imigani 13:20; 2 Timoteyo 2:22; no muri 1 Yohana 2:15.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika