ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • rk igice 8 rup. 20-21
  • Mesiya aseruka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mesiya aseruka
  • Ukwizera Nyakuri Kurashobora Gutuma Ubaho Uhimbawe
  • Ivyo bijanye
  • Mesiya ashika
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Bararindiriye Mesiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Umumarayika kwa Mariya
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivuka rya Yezu: Ukuntu rizana amahoro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Ukwizera Nyakuri Kurashobora Gutuma Ubaho Uhimbawe
rk igice 8 rup. 20-21

IGIHIMBA CA 8

Mesiya aseruka

HACIYE imyaka irenga 500 Daniyeli amenyesheje ibizoba, Gaburiyeli umumarayika w’Imana yarabonekeye umwigeme umwe w’isugi yitwa Mariya, uno akaba yakomoka ku Mwami Dawidi. Gaburiyeli yamubwiye ati: “Amahoro, wewe uwagiriwe ubutoni budasanzwe; Yehova ari kumwe nawe.” (Luka 1:28) Ariko rero, Mariya yaragize ubwoba. Mbega iyo ndamukanyo ya Gaburiyeli yasobanura iki?

Umumarayika Gaburiyeli yiyereka Mariya

Gaburiyeli yabwiye Mariya ko yovyaye Mesiya

Gaburiyeli yasiguye ati: “Ntutinye, Mariya, kuko wagize ubutoni ku Mana; kandi, ehe uzosama inda uvyare umuhungu, kandi uze umwite Yezu. . . . Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe, kandi . . . ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.” (Luka 1:30-33) Mbega inkuru nziza! Mariya yovyaye Mesiya, uno akaba ari we rwa “ruvyaro” rwari rumaze igihe kirekire rurindiriwe!

Umwaka wakurikiye, Yezu yaravukiye i Betelehemu. Muri iryo joro, umumarayika yamenyesheje abungere bo muri ako karere ati: “Ehe ndabamenyesha inkuru nziza y’akanyamuneza kenshi . . . kuko uno musi Umukiza yabavukiye, akaba ari Kristu Umukama, mu gisagara ca Dawidi.” (Luka 2:10, 11) Mu nyuma, umuryango wa Yezu warimukiye i Nazareti, akaba ari ho yakuriye.

Mu mwaka wa 29 G.C., wa mwaka nyene Mesiya yategerezwa kuboneka, Yezu yaratanguye gukorera Imana ari intumwa yayo, igihe yari afise “imyaka nka mirongo itatu.” (Luka 3:23) Abantu benshi bahavuye batahura yuko yari yarungitswe n’Imana. Bavuze bati: “Umuhanuzi akomeye yahagurukijwe muri twebwe.” (Luka 7:16, 17) Ariko none Yezu yigishije iki?

Yezu yarigishije abantu gukunda Imana no kuyisenga: Yavuze ati: “Yehova Imana yacu ni Yehova umwe, kandi utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose.” (Mariko 12:29, 30) Yavuze kandi ati: “Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.”—Luka 4:8.

Yezu yarahimirije abantu ngo bakundane: Yavuze ati: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Mariko 12:31) Yavuze kandi ati: “Ibintu vyose . . . mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira; nkako, ico ni co Itegeko n’Abahanuzi bisobanura.”—Matayo 7:12.

Yezu yarabwiye abandi ibijanye n’Ubwami bw’Imana abigiranye umwete: Yavuze ati: “Ntegerezwa kumenyesha . . . inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe.” (Luka 4:43) Ni kubera iki Ubwami bw’Imana buhambaye gutyo?

Ivyanditswe vyigisha yuko Ubwami bw’Imana ari intwaro yo mw’ijuru izotegeka isi. Yezu we Mesiya ni we Mwami wabwo yagenywe n’Imana. Daniyeli intumwa y’Imana yarabonye imbere y’igihe yuko Imana yohaye Mesiya “ubutware n’iteka n’ubwami” mw’ijuru. (Daniyeli 7:14) Ubwo Bwami buzotuma isi yose iba Iparadizo bwongere buhe abasavyi b’Imana impera y’ubuzima budahera. None iyo si yo nkuru nziza kuruta izindi zose?

Wokwishura gute?

  • Gaburiyeli umumarayika w’Imana yabwiye iki Mariya?

  • Ni ibiki vyari vyaravuzwe vyashitse mu mwaka wa 29 G.C.?

  • Yezu yigishije iki?

  • Ubwami bw’Imana ni iki, kandi buzokora iki?

Yezu ariko arigisha amasinzi y’abantu

Yezu ari we Mesiya, ni nde?

Izina “Mesiya” be n’izina “Kristu” yompi asobanura ngo “Uwarobanuwe,” ni ukuvuga uwagenywe n’Imana mu kibanza kinaka. Imana ni yo yahaye ubuzima Yezu ari we Mesiya. Imana ibicishije ku gitangaro gikomeye, yaratumye Yezu avyarwa na Mariya atarinze kugira se w’umuntu.

Ni kubera iki abantu benshi cane bizeye Yezu? Ng’izi impamvu nkeyi gusa:

  • Ivyo yigisha yabishingira ku Vyanditswe Vyeranda.

  • Inyigisho ziwe be n’akarorero yatanga vyarakwegera abantu bakunda ukuri n’ubutungane.

  • Yarakoze ibitangaro vyinshi biciye ku bubasha bw’Imana.

  • Yarashikije ibintu vyinshi vyari vyaravuzwe mu Vyanditswe Vyeranda.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika