ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 30 rup. 74-rup. 75 ing. 9
  • Ubucuti buri hagati ya Yezu na Se

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubucuti buri hagati ya Yezu na Se
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Yishura Abamwagiriza
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Kirisitu ni we ubuhanuzi bushimikirako
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Yohani ashaka kwumva ico Yezu ubwiwe avuga
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • «Inzira, ukuri n’ubuzima»
    “Ingo unkurikire”
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 30 rup. 74-rup. 75 ing. 9
Abayuda bagiriza Yezu ko yarenze isabato

IKIGABANE CA 30

Ubucuti buri hagati ya Yezu na Se

YOHANI 5:17-47

  • IMANA NI SE WA YEZU

  • ASEZERANA KO HAZOBAHO IZUKA

Igihe Abayuda bagirije Yezu ngo yarenze kw’Isabato mu gukiza umuntu, abishura ati: “Dawe yagumye akora gushika n’ubu, na jewe nguma nkora.”​—Yohani 5:17.

Ivyo Yezu ariko arakora ntibihonyanga itegeko ry’Imana ryerekeye Isabato. Ariko yigana Imana mu gukora ibikorwa vyiza nk’ukwigisha n’ugukiza. Ku bw’ivyo Yezu abandanya gukora ibikorwa vyiza ku musi ku musi. Ariko rero iyo nyishu aha abariko baramwagiriza ituma bashavura cane bagaca bagerageza kumwica. None babitumwa n’iki?

Uretse ko bihenda mu kwiyumvira ko Yezu arenga kw’Isabato mu gukiza abantu, barababazwa cane n’uko Yezu avuga ko ari Umwana w’Imana. Babona ko arogose mu kuvuga ko Imana ari Se, nk’aho womenga Yezu ashaka kuvuga ko angana n’Imana. Yamara rero, Yezu ntatekerwa n’ubwoba, arababwira n’ibindi vyerekana ko hari ubucuti budasanzwe hagati yiwe n’Imana. Agira ati: “Se [ari]yumvamwo Umwana kandi akamwereka ibintu vyose we ubwiwe akora.”​—Yohani 5:20.

Se aratanga ubuzima, kandi yaravyerekanye muri kahise mu guha abantu ububasha bwo kuzura abapfuye. Yezu abandanya ati: “Nk’uko Se azura abapfuye akabagira bazima, ni ko n’Umwana agira bazima abo ashaka.” (Yohani 5:21) Mbega amajambo ahambaye atanga icizigiro! Mbere n’ubu Umwana ariko arazura abantu mu buryo bw’ikigereranyo. Ni co gituma Yezu agira ati: “Uwumva ijambo ryanje kandi akemera uwandungitse arafise ubuzima budahera, kandi ntaja mu rubanza, mugabo aba avuye mu rupfu akaja mu buzima.”​—Yohani 5:24.

Nta nkuru n’imwe ivuga ko gushika ubu Yezu arazura umuntu yapfuye, ariko aramenyesha abamurwanya ko ivyo bizoba. Agira ati: “Isaha igira igere, aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe bakazivamwo.”​—Yohani 5:28, 29.

Naho Yezu afise uruhara rudasanzwe, aratomora ko atangana n’Imana, ati: “Sinshobora gukora ikintu na kimwe ndavyigeneye; . . . [sind]ondera ukugomba kwanje, ahubwo ndondera ukugomba kw’uwandungitse.” (Yohani 5:30) Ariko rero, Yezu arasigura uruhara ruhambaye afise mu mugambi w’Imana, ivyo akaba atari bwigere abivuga icese. Uretse intahe ya Yezu ubwiwe, abamurwanya barafise n’ibindi bimushingira intahe. Yezu abibutsa ati: “Mwaratumye abantu kuri Yohani [Umubatizi], kandi yarashingiye intahe ukuri.”​—Yohani 5:33.

Abarwanya Yezu bashobora kuba bari bamaze imyaka ibiri bumvise ko Yohani yabwiye indongozi z’idini ry’Abayuda ivyerekeye uwariko araza inyuma yiwe, uwo bita “Umuhanuzi” na “Kristu.” (Yohani 1:20-25) Mu kubibutsa ingene bahoze bubaha uwo Yohani ari mw’ibohero, Yezu avuga ati: “Mu gihe gito mwaremeye kunezererwa cane umuco wiwe.” (Yohani 5:35) Yamara rero, arabaha ikimenyamenya mbere gikomeye kuruta ica Yohani Umubatizi.

Ababwira ati: ‘Ibikorwa nkora, [ushizemwo igitangaro co gukiza yari ahejeje gukora] biranshingira intahe yuko Data yantumye.’ Yezu yongerako ati: “Data yantumye, ubwiwe yaranshingiye intahe.” (Yohani 5:36, 37) Nk’akarorero, Imana yarashingiye intahe Yezu igihe yabatizwa.​—Matayo 3:17.

Emwe, abarwanya Yezu nta mvo n’imwe bafise yo kumwiyamiriza. Ivyanditswe bavuga ko basesangura biramushingira intahe. Yezu asozera ati: “Iyo [muba] mwemera Musa mwari kunyemera, kuko uwo yanditse ibinyerekeye. Mugabo nimba mutemera ivyo uwo yanditse, muzokwemera gute amajambo yanje?”​—Yohani 5:46, 47.

  • Kubera iki Yezu adahonyanze Isabato mu gukora ibikorwa vyiza kuri uwo musi?

  • Yezu adondora gute uruhara rudasanzwe afise mu mugambi w’Imana?

  • Ni ibimenyamenya ibihe vyerekana ko Yezu ari Umwana w’Imana?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika