ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 68 rup. 162-rup. 163 ing. 1
  • Elizabeti aronka umwana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Elizabeti aronka umwana
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • «Bari abagororotsi imbere y’Imana»
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Uwo gutegura inzira avuka
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ubutumwa bubiri buvuye ku Mana
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Umuteguzi w’Inzira Avuka
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 68 rup. 162-rup. 163 ing. 1
Zakariya amenyesha incuti n’abagenzi ko umwana wiwe yitwa Yohani

ICIGWA CA 68

Elizabeti aronka umwana

Hari umuherezi yitwa Zakariya n’umugore wiwe Elizabeti baba hafi y’i Yeruzalemu. Ico gihe hari haciye imyaka 400 uruzitiro rw’i Yeruzalemu rusubiye kwubakwa. Bari bamaze imyaka myinshi babana, ariko nta kana bari bafise. Umusi umwe Zakariya yariko arashikanira Imana imibavu ku rusengero, umumarayika Gaburiyeli aca aramubonekera. Zakariya yaratinye ariko Gaburiyeli amubwira ati: ‘Ntutinye. Nje kukubwira inkuru nziza ivuye kuri Yehova. Umugore wawe azovyara umuhungu kandi uze umwite Yohani. Hari igikorwa kidasanzwe Yehova ashaka ko azokora.’ Zakariya yaciye amubaza ati: ‘Ivyo novyemezwa n’iki? Jewe n’umugore wanje turashaje ntidushobora kuvyara.’ Gaburiyeli yamwishuye ati: ‘Imana ni yo yantumye kubikubwira. Rero ko utavyemeye, ntuzosubira kuvuga gushika uwo mwana avutse.’

Uwo musi Zakariya yaratevye mu rusengero. Igihe yasohoka, abari bamurindiriye hanze barashatse kumenya icamutebeje. Ariko Zakariya ntiyashobora kuvuga. Ico ashaka kuvuga yacerekana akoresheje amaboko. Baciye batahura ko yari yaronse ubutumwa buva ku Mana.

Elizabeti yahavuye atwara inda hama avyara umuhungu nk’uko nyene wa mumarayika yari yabivuze. Incuti n’abagenzi baraje kuraba uwo mwana. Bararyohewe cane. Elizabeti yababwiye ati: ‘Yitwa Yohani.’ Na bo bati: ‘Mu muryango wanyu nta n’umwe yitwa Yohani. Mwite Zakariya nka se.’ Ariko Zakariya yaciye yandika ati: ‘Yitwa Yohani.’ Ubwo nyene Zakariya yaciye asubira kuvuga! Amakuru y’uwo mwana yaramenyekanye i Yudaya hose, bituma abantu bibaza bati: ‘Uwu mwana niyakura azoba umuntu ki?’

Impwemu nyeranda yaciye iza kuri Zakariya, aca avuga ati: ‘Yehova nashemezwe. Yasezeraniye Aburahamu ko azoturungikira umucunguzi, ari we Mesiya. Yohani azoba umuhanuzi kandi azotegurira inzira Mesiya.’

Mariya incuti ya Elizabeti na we nyene yarashikiwe n’ibintu bidasanzwe. Reka tubirabe mu kigabane gikurikira.

«Ku bantu ivyo ntibishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka.»​—Matayo 19:26

Ibibazo: Gaburiyeli yabwiye iki Zakariya? Ni igikorwa ikihe Yohani yokoze?

Matayo 11:7-14; Luka 1:5-25, 57-79; Yesaya 40:3; Malaki 3:1

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika