ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 94 rup. 220-rup. 221 ing. 1
  • Baronka impwemu nyeranda

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Baronka impwemu nyeranda
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Barindīrira i Yeruzalemu
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yiyereka abantu amajana imbere ya Pentekoti
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Kubatizwa mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu Nyeranda
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Kuyoborwa n’impwemu y’Imana mu kinjana ca mbere no muri iki gihe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 94 rup. 220-rup. 221 ing. 1
Abantu bari i Yeruzalemu baratangara bumvise abigishwa ba Yezu bariko barabavugisha mu ndimi zabo

ICIGWA CA 94

Baronka impwemu nyeranda

Haciye imisi cumi Yezu asubiye mw’ijuru, abigishwa biwe bararonse impwemu nyeranda. Hari kuri Pentekoti yo mu 33 kandi abantu bo mu turere dutandukanye bari baje i Yeruzalemu kuri uwo musi mukuru. Abigishwa nka 120 bari bakoraniye mu cumba co hejuru. Bagiye babona ikintu gitangaje: ku mutwe w’umwumwe wese haraje ikintu kimeze nk’urubeya, baca batangura kuvuga izindi ndimi! Muri iyo nzu haciye humvikana urwamo nk’urw’umuyaga w’igihuhusi.

Abantu bari baje i Yeruzalemu bavuye mu bindi bihugu barumvise urwo rwamo, baca birukayo kuraba ibibaye. Baratangaye bumvise abigishwa bariko bavuga indimi zabo. Bavuze bati: ‘Aba bantu ni ab’i Galilaya! None bashoboye gute kuvuga indimi zacu?’

Petero n’izindi ntumwa baciye bahagarara imbere y’abo bantu. Petero yarababwiye ko Yezu yishwe n’uko Yehova yamuzuye. Yaciye ababwira ati: ‘Ubu Yezu ari mw’ijuru i buryo bw’Imana kandi yaturungikiye impwemu nyeranda yari yaradusezeraniye. Ni co gituma mubona ibi bitangaro.’

Abantu barashimye ivyo Petero yababwiye, baca bamubaza bati: ‘None dukore iki?’ Yababwiye ati: ‘Nimuhebe ivyaha vyanyu hama mubatizwe mw’izina rya Yezu. Na mwebwe muzoronka ingabire y’impwemu nyeranda.’ Kuri uwo musi, abantu nka 3.000 barabatijwe. Kuva ico gihe, abigishwa baciye batangura kwongerekana cane i Yeruzalemu. Intumwa zibifashijwemwo n’impwemu nyeranda, zarashinze ayandi mashengero kugira zishobore kwigisha abandi ivyo Yezu yabategetse.

«Niwavuga ku mugaragaro n’akanwa kawe yuko Yezu ari Umukama, kandi ukizera mu mutima wawe yuko Imana yamuzuye mu bapfuye, uzokizwa.»​—Abaroma 10:9

Ibibazo: Ni ibiki vyabaye kuri Pentekoti yo mu 33? Ni kubera iki abantu benshi babatijwe?

Ivyakozwe 1:15; 2:1-42; 4:4; Yohani 15:26

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika