Intangamarara y’igihimba ca 14
Abakirisu bo mu ntango baramamaje inkuru nziza y’Ubwami gushika mu turere twa kure rwose tw’isi. Yezu yarababwiye aho bokwamamaza kandi yaratumye bashobora kwigisha abantu mu ndimi zabo. Ico cari igitangaro. Yehova yarabahaye ubutinyutsi n’ububasha bwo kwihanganira ibigeragezo bikomeye.
Yezu yareretse intumwa Yohani ubuninahazwa bwa Yehova. Mu rindi yerekwa, Yohani yarabonye Ubwami bwo mw’ijuru bunesha Shetani maze buramukuraho. Yarabonye Yezu ari Umwami, ari kumwe n’abantu 144.000 bamufasha kuganza. Yarabonye kandi isi yose yabaye iparadizo, abayiriko bose basenga Yehova mu mahoro n’ubumwe.