ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lmd icig. 12
  • Umutima rugabo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umutima rugabo
  • Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Yezu yakoze
  • Twigira iki kuri Yezu?
  • Niwigane Yezu
  • Nufashe abo wigisha Bibiliya gutera imbere babatizwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Ingene twokwigisha umuntu Bibiliya agashika ku kubatizwa​—Igice ca kabiri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Ingene twokwigisha umuntu Bibiliya agashika ku kubatizwa​—Igice ca mbere
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • ‘Nimugende rero muhindure abantu abigishwa’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Ibindi
Nukunde abantu ubahindure abigishwa
lmd icig. 12

GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA

Yezu ariko aganiriza neza umugabo umwe apfukamye imbere yiwe n’abigishwa biwe.

Mrk. 10:​17-22

ICIGWA CA 12

Umutima rugabo

Icanditswe c’ishimikiro: «Nka kurya amavuta n’imibavu binezereza umutima, ni ko n’umugenzi aguha impanuro nziza amera.»—Imig. 27:9.

Ivyo Yezu yakoze

Yezu ariko aganiriza neza umugabo umwe apfukamye imbere yiwe n’abigishwa biwe.

IVIDEWO: Yezu ahanura umutware akiri muto w’umutunzi

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Mariko 10:​17-22. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1. Ni ivyiza ibihe Yezu ashobora kuba yarabonye kuri uwo mutware akiri muto?

  2. Kubera iki vyasavye urukundo n’umutima rugabo kugira Yezu ahanure uwo mugabo?

Twigira iki kuri Yezu?

2. Turakeneye kuvugana urukundo ariko tudomako kugira dufashe abo twigisha gutera imbere mu vy’impwemu.

Niwigane Yezu

3. Nufashe uwo wigisha kwishingira imigambi no kuyishikako.

  1. Nukoreshe ca gice kivuga ngo «Umugambi wokwishingira» kiri mu vyigwa vyose vy’igitabu Kwiberaho ibihe bidahera.

  2. Numufashe gutahura ivyo akwiye gukora kugira ashike ku migambi y’igihe gito n’iy’igihe kirekire.

  3. Niwame umukeza kw’iterambere agezeko.

4. Nurondere kumenya ibimubuza gutera imbere, maze umufashe kubitsinda.

  1. Niwibaze uti:

    • “Ni ibiki biriko birabuza uwo nigisha Bibiliya gutera imbere agana kw’ibatisimu?

    • “Nokora iki kugira ndamufashe?”

  2. Nusabe Imana umutima rugabo wo kubwira uwo wigisha ivyo akeneye gukora udaca ku ruhande, ariko ubigiranye urukundo.

5. Nuhagarike kwigisha abantu badatera imbere.

  1. Nurabe ko uwo wigisha yoba atera imbere mu kwibaza uti:

    • “Uwo nigisha yoba ashira mu ngiro ivyo ariko ariga?”

    • “Yoba yitaba amakoraniro kandi akabwira abandi ivyo yiga?”

    • “Nimba amaze ikiringo kitari gito yiga, yoba yipfuza kuba Icabona ca Yehova?”

  2. Nimba inyigisho ya Bibiliya idashaka gutera imbere:

    • Numuremeshe kuraba icoba kimubuza gutera imbere.

    • Numusigurire wigengesera igituma wipfuza guhagarika kwiga na we.

    • Numwereke ivyo akeneye gukora imbere y’uko musubira kwiga.

NURABE KANDI

Zab. 141:5; Imig. 25:12; 27:6; 1 Kor. 9:26; Kol. 4:​5, 6

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika