ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lmd icig. 11
  • Kwigisha mu buryo bworoshe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwigisha mu buryo bworoshe
  • Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Yezu yakoze
  • Twigira iki kuri Yezu?
  • Niwigane Yezu
  • Nufashe abo wigisha Bibiliya gutera imbere babatizwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Ingene twigisha abantu dukoresheje igitabu «Kwiberaho ibihe bidahera»
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Niwiyubare ku bijanye n’‘ubuhanga bwawe bwo kwigisha’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Twitegurire neza kwigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Nukunde abantu ubahindure abigishwa
lmd icig. 11

GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA

Yezu ariko yigisha umugwi w’abantu haruhande y’ikiyaga, bakaba bicaye ahantu hari amashurwe yimeza. Inyoni ziriko ziraguruka mu kirere.

Mat. 6:​25-27

ICIGWA CA 11

Kwigisha mu buryo bworoshe

Icanditswe c’ishimikiro: «[Muvuge] ibintu vyoroshe gutahura.»—1 Kor. 14:9.

Ivyo Yezu yakoze

Yezu ariko yigisha umugwi w’abantu haruhande y’ikiyaga, bakaba bicaye ahantu hari amashurwe yimeza. Inyoni ziriko ziraguruka mu kirere.

IVIDEWO: Yezu yerekana ukuntu Umuvyeyi wacu atwitwararika

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Matayo 6:​25-27. Nuce uzirikana kuri ibi bibazo:

  1. Yezu yerekanye gute ukuntu Yehova atwitwararika?

  2. Naho Yezu yari azi vyinshi ku vyerekeye inyoni, ni ikintu kimwe ikihe yibanzeko? Kubera iki ubwo bwari uburyo bwiza bwo kwigisha?

Twigira iki kuri Yezu?

2. Iyo twigisha mu buryo busanzwe, abantu baribuka ivyo twabigishije kandi tukabakora ku mutima.

Niwigane Yezu

3. Ntuvuge menshi. Aho kuvuga ibintu vyose uzi kuri ico cigwa, niwibande ku mayagwa ari muri ico gitabu. Uhejeje kubaza ikibazo, nurindire yishure. Nimba uwo wigisha atazi inyishu canke akishura ibinyuranye n’ivyo Bibiliya yigisha, numubaze utundi tubazo kugira umufashe kuzirikana. Amaze gutahura iciyumviro nyamukuru, nuce ubandanya.

4. Nufashe uwo wigisha guhuza inyigisho nshasha n’ivyo asanzwe azi. Nk’akarorero, imbere yo gutangura icigwa kivuga ivy’izuka, mwoshobora kwiyibutsa ivyo yize ku kuntu abapfuye bamerewe.

5. Nukoreshe neza ibigereranyo. Imbere yo gukoresha ikigereranyo, niwibaze uti:

  1. “Iki kigereranyo coba coroshe?”

  2. “Uwo nigisha yoba aza kugitahura bitamugoye?”

  3. “Coba kiza kumufasha kwibuka iciyumviro nyamukuru, aho kwibuka gusa ico kigereranyo?”

NURABE KANDI

Mat. 11:25; Yoh. 16:12; 1 Kor. 2:1

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika