ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lmd icig. 10
  • Kwumira kw’ibanga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwumira kw’ibanga
  • Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Yezu yakoze
  • Twigira iki kuri Yezu?
  • Niwigane Yezu
  • Yigisha Nikodemu mw’ijoro
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Fasha abo wigisha Bibiliya babe abasavyi ba Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Yezu Yigisha Nikodemu
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ingene twokwigisha umuntu Bibiliya agashika ku kubatizwa​—Igice ca mbere
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Ibindi
Nukunde abantu ubahindure abigishwa
lmd icig. 10

GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA

Yezu na Nikodemu bariko baraganirira mu kigo mw’ijoro.

Yoh. 3:​1, 2

ICIGWA CA 10

Kwumira kw’ibanga

Icanditswe c’ishimikiro: «Twari twiyemeje kutabashikiriza gusa inkuru nziza y’Imana, mugabo tukabaha n’ubuzima bwacu bwite kuko twari dusigaye tubakunda cane.»—1 Tes. 2:8.

Ivyo Yezu yakoze

Yezu na Nikodemu bariko baraganirira mu kigo mw’ijoro.

IVIDEWO: Yezu yigisha Nikodemu

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Yohani 3:​1, 2. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1. Ni igiki gishobora kuba catumye Nikodemu ashima kuganira na Yezu mw’ijoro?—Raba Yohani 12:​42, 43.

  2. Kuba Yezu yaganirije Nikodemu mw’ijoro, vyerekana gute ko yari yiyemeje guhindura abantu abigishwa?

Twigira iki kuri Yezu?

2. Turerekana ko dukunda abantu mu kwiyemeza kubafasha gucika abigishwa ba Yezu.

Niwigane Yezu

3. Numwigishe ku mwanya n’ikibanza bimworohereza. Ashobora gushima umusi kanaka mu ndwi canke umwanya kanaka. Ni hehe homworohera kwigira? Ni aho akorera? I muhira iwe? Canke mu kibanza ca bose? Nimba bishoboka, nuhindure urutonde rwawe kugira mwige ku mwanya n’ikibanza bimworohera.

4. Nimwige mudasiba. Nimba utazoboneka, ntusivye inyigisho. Ahubwo raba ukundi wobigenza:

  1. Mwoshobora kwiga ikindi gihe muri iyo ndwi.

  2. Mwoshobora kwigira kuri telefone canke ku bundi buhinga bwa none (vidéoconférence).

  3. Woshobora gusaba uwundi mwamamaji akayobora iyo nyigisho.

5. Nusenge usaba kubona ibintu mu buryo bwiza. Nusabe Yehova agufashe kudaheba uwo wigisha naho vyoba bimugora kwiga adahorereza canke gushira mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya. (Flp. 2:13) Uwo wigisha ashobora kuba afise ivyiza vyinshi umubonako. Saba Yehova agufashe kuguma ubona ivyo vyiza.

NURABE KANDI

Imig. 3:27; Ivyak. 20:35; 2 Kor. 12:15

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika