Gitugutu
Ku wa gatatu, 1 Gitugutu
Ubukerebutsi buva mw’ijuru . . . bwiteguriye kugamburuka.—Yak. 3:17.
Vyoba bishika bikakugora kugamburuka? Umwami Dawidi vyaramushikiye, akaba ari co gituma yasenze Imana ati: «[Nunshiremwo] icipfuzo co kukugamburukira.» (Zab. 51:12) Dawidi yarakunda Yehova. Naho ari ukwo, vyarashika bikamugora kugamburuka, kandi natwe ni ukwo. Uti kubera iki? Ubwa mbere, twarazwe impengamiro yo kugambarara. Ubugira kabiri, Shetani aguma agerageza kutwosha ngo tugambararire Yehova, nk’uko na we yagambaraye. (2 Kor. 11:3) Ubugira gatatu, dukikujwe n’isi irangwa n’agatima ko kugambarara, ni ukuvuga «impwemu ikorera mu bantu bagambarara.» (Ef. 2:2) Dutegerezwa kwihata kugira turwanye impengamiro yacu yo gukora icaha no kugira turwanye akosho ko kugambarara Shetani be n’iyi si bitugirako. Dutegerezwa rero kwihata kugira tugamburukire Yehova be n’abo yahaye ubukuru. w23.10 6 ing. 1
Ku wa kane, 2 Gitugutu
Wabitse umuvinyu uryoshe gushika ubu.—Yoh. 2:10.
Igitangaro Yezu yakoze co guhindura amazi umuvinyu kitwigisha iki? Kiratwigisha ibijanye no kwicisha bugufi. Yezu ntiyiyemeye kubera ico gitangaro. Mbere mu bintu vyose yakoze, ntiyigeze yiyemera. Ahubwo yaremera yicishije bugufi ko abikesha Se wiwe. (Yoh. 5:19, 30; 8:28) Nitwigana Yezu tukicisha bugufi, ntituzokwiyemera kubera ibintu dushoboye gukora. Nimuze ntitwirate ubwacu, ahubwo twirate kuba dufise agateka ko gukorera iyo Mana ihimbaye. (Yer. 9:23, 24) Turakwiye guha Yehova iteka abereye. Nkako, ni igiki twokwishoboza Yehova atadufashije? (1 Kor. 1:26-31) Igihe twicisha bugufi, ntitwiratira ibintu tuba twakoreye abandi. Kumenya ko Yehova abona ivyo dukora kandi ko abiha agaciro, birahagije. (Gereranya na Matayo 6:2-4; Heb. 13:16) Ata gukeka, igihe twiganye Yezu tukicisha bugufi, birahimbara Yehova.—1 Pet. 5:6. w23.04 4 ing. 9; 5 ing. 11-12
Ku wa gatanu, 3 Gitugutu
Ntimugume muraba ivyanyu gusa, ariko murabe n’ivy’abandi.—Flp. 2:4.
Intumwa Paulo ayobowe n’impwemu, yaremesheje abakirisu kuguma bitwararika ivy’abandi. Twoshira mu ngiro gute iyo mpanuro igihe turi mu makoraniro? Mu kwibuka ko n’abandi bakeneye kwishura cokimwe natwe. Iyumvire iki kintu: Hamwe woba uriko urayaga n’abagenzi bawe, woba woshima kuguma wiharije ijambo? Oya nawe nu! Woshima ko bajamwo mu kiyago. Muri ubwo buryo nyene, twipfuza guha abantu benshi bashoboka akaryo ko kwishura mu makoraniro. Bumwe mu buryo bwiza cane bwo kuremesha abavukanyi na bashiki bacu, ni kubaha akaryo ko guserura ukwizera kwabo. (1 Kor. 10:24) Rero, dutanze insasanuro ngufi, abandi bararonka akanya kiyongereye ko kwishura. Mbere n’igihe utanga insasanuro ngufi, niwirinde kuvuga ivyiyumviro vyinshi. Hamwe wovuga ivyiyumviro vyose biri mu ngingo, abandi ntiboheza ngo baronke ivyo bavuga. w23.04 22-23 ing. 11-13
Ku wa gatandatu, 4 Gitugutu
Nkora vyose ku bw’inkuru nziza, kugira ndayisangire n’abandi.—1 Kor. 9:23.
Turakwiye kwibuka ko bihambaye ko tubandanya gufasha abandi, na canecane mu kubabwira inkuru nziza. Mu gikorwa co mu ndimiro, turakwiye guhuza n’uko ibintu biba vyifashe. Duhura n’abantu batemera bimwe, bafise inyifato zitandukanye, kandi bo mu mico itandukanye. Kubera ko intumwa Pawulo yahuza n’uko ibintu vyaba vyifashe, turashobora kugira ivyo tumwigiyeko. Yezu yagenye Pawulo ngo abe “intumwa ku mahanga.” (Rom. 11:13) Ivyo vyasaba ko Pawulo abwira inkuru nziza Abayuda, Abagiriki, abize, ba nyarucari, abanyacubahiro be n’abami. Kugira Pawulo akore ku mutima abantu batandukanye gutyo, yacitse “vyose ku bantu b’uburyo bwose.” (1 Kor. 9:19-22) Afatiye ku mico yabo, kahise kabo no ku vyo bemera, yaca amenya ingene ababwira inkuru nziza. Na twebwe turashobora kurushiriza kuroranirwa mu ndimiro, hamwe twokwiyumvira uburyo bwiza twofasha abandi kandi tugahuza n’uko ibintu vyifashe. w23.07 23 ing. 11-12
Ku wa mungu, 5 Gitugutu
Umushumba w’Umukama ntakwiye kurwana, ahubwo akwiye kuba umuntu yengenga kuri bose.—2 Tim. 2:24.
Umuntu yitonda ntaba afise intege nke, ahubwo aba afise inkomezi. Bisaba inguvu nyinshi kugira ngo umuntu agume atekanye igihe ari mu bintu bitoroshe. Ubwitonzi ni kimwe mu vyo «impwemu yama.» (Gal. 5:22, 23) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «ubwitonzi», rimwe na rimwe ryerekeza kw’ifarasi y’inyeshamba yamenyerejwe kubana n’abantu. Naho iyo farasi yatekereza yagumana inkomezi zayo. None tweho twoshobora gute kuba abantu bitonda, ariko kandi bafise inkomezi? Ivyo ntitwovyishoboza. Icobidushoboza, ni ugusenga Imana tuyisaba impwemu yayo kugira ngo idufashe gutsimbataza iyo kamere. Hariho abantu benshi babishoboye. Ivyabona vya Yehova benshi barishuranye ubwitonzi ababarwanya maze ivyo birashinga intahe nziza.—2 Tim. 2:24, 25. w23.09 14 ing. 3
Ku wa mbere, 6 Gitugutu
[Narasenze] Yehova . . . kandi yarampaye ico namusavye.—1 Sam. 1:27.
Mu bintu biteye ubwoba intumwa Yohani yeretswe, yarabonye abakurambere 24 mw’ijuru bariko barasenga Yehova. Barashemeje Imana, bavuga ko ari yo ibereye kuronka “ubuninahazwa n’iteka n’ububasha.” (Ivyah. 4:10, 11) Abamarayika b’abizigirwa na bo nyene barafise imvo nyinshi zituma bashemeza Yehova bakongera bakamwubaha. Babana na we mw’ijuru kandi baramuzi neza. Baribonera kamere ziwe mu vyo akora vyose. Baravye ivyo Yehova akora, baca bamushemeza. (Yobu 38:4-7) Mu masengesho na twebwe dutura, turakwiye gushemeza Yehova, tukamubwira igituma tumukunda n’igituma tumwubaha. Igihe uriko urasoma Bibiliya canke uriko urayiga, nugerageze kuraba kamere za Yehova zigushimisha cane. (Yobu 37:23; Rom. 11:33) Nuce umubwira ingene zigukora ku mutima. Turashobora kandi gushemeza Yehova kubera ukuntu atwitaho akongera akitaho umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose.—1 Sam. 2:1, 2. w23.05 3-4 ing. 6-7
Ku wa kabiri, 7 Gitugutu
Mugende nk’uko bibereye abakorera Yehova.—Kol. 1:10.
Mu 1919, Babiloni Akomeye yaratakaje ububasha yari ifise ku basavyi b’Imana. Muri uwo mwaka, “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” yaratanguye gukora kugira ngo afashe abantu b’umutima nziraburyarya guca muri iyo “Nzira y’Ubweranda” yari ihejeje kwugururwa. (Mat. 24:45-47; Yes. 35:8) Ibikorwa bijanye no gutegura iyo nzira vyari vyarakozwe n’abantu b’abizigirwa bo muri kahise, vyarafashije abari batanguye kugendera muri iyo nzira kurushiriza kumenya imigambi ya Yehova. (Imig. 4:18) Vyarabafashije no kubaho bisunga ivyo Yehova abasaba. Yehova ntiyari yiteze ko abasavyi biwe baca bagira amahinduka yose akenewe. Ahubwo yagiye arabatyorora intambwe ku yindi. Ese ukuntu twese tuzonezerwa igihe tuzoba dushobora guhimbara Imana mu vyo dukora vyose! Ibarabara ryose rirakenera kubungabungwa. Kuva mu 1919, igikorwa co kubungabunga ya “Nzira y’Ubweranda” carabandanije, mu ntumbero yo gufasha abantu benshi bashoboka kuva muri Babiloni Akomeye. w23.05 17 ing. 15; 19 ing. 16
Ku wa gatatu, 8 Gitugutu
Sinzokwigera ndaguta.—Heb. 13:5.
Abagize Inama Nyobozi ubwabo, baramenyereza ababafasha mu makomite atandukanye y’Inama Nyobozi. Muri iki gihe, abo bafasha bariko bararangura neza ibikorwa bihambaye mw’ishirahamwe rya Yehova. Bariteguriye neza kubandanya igikorwa co kwitwararika intama za Kristu. Uwa nyuma mu barobanuwe niyajanwa mw’ijuru amakuba akomeye ari mu guhera, ugusenga kw’ukuri kuzobandanya ng’aha kw’isi. Abasavyi b’Imana bazoguma bashikamye kubera ko bazoba bayobowe na Yezu Kristu. Ego ni ko ico gihe bazoterwa n’urunani rw’amahanga, ari rwo Bibiliya yitwa Gogi w’i Magogi. (Ezk. 38:18-20) Ariko rero ico gitero c’akanya gato nta co kizoshikako. Ntikizobuza abasavyi ba Yehova kuguma bamusenga. Azobarokora ata kabuza. Mu vyo Yohani yeretswe, yarabonye «isinzi rinini» ry’abagize izindi ntama za Kristu. Yohani yabwiwe ko abagize iryo «sinzi rinini» bari barenganye ya «makuba akomeye.» (Ivyah. 7:9, 14) Ego cane, Yehova azobarokora. w24.02 6 ing. 13-14
Ku wa kane, 9 Gitugutu
Ntimuzimye umuriro w’impwemu.—1 Tes. 5:19.
Twokora iki ngo turonke impwemu nyeranda? Turashobora kuyisaba mw’isengesho, tukiga Ijambo ry’Imana ryahumetswe tukongera tukifatanya n’ishirahamwe ryayo riyobowe n’impwemu yayo. Ivyo bituma dutsimbataza “ivyo impwemu yama.” (Gal. 5:22, 23) Abantu bonyene Imana iha impwemu yayo ni abaguma bafise ivyiyumviro bidahumanye kandi bigenza neza. Imana ntiyobandanya kuduha impwemu yayo hamwe twoguma twiyumvira ibintu bihumanye tukongera tukigenza nabi. (1 Tes. 4:7, 8) Kugira ngo tugume turonka impwemu nyeranda, dutegerezwa kandi ‘kudakengera ubuhanuzi.’ (1 Tes. 5:20) Muri uwo murongo “ubuhanuzi” busobanura ubutumwa Imana iduha biciye ku mpwemu yayo, ushizemwo ubwerekeye umusi wa Yehova be n’ubw’uko tubayeho mu bihe vyihutirwa. Ntitwigiza kure uwo musi mu kwiyumvira ko Harumagedoni izoza tutakiriho. Ahubwo turawugumiza hafi mu bwenge, mu kuguma twigenza neza no mu kuguma dukora “ibikorwa vyerekana ko [tw]ihebera Imana.”—2 Pet. 3:11, 12. w23.06 12 ing. 13-14
Ku wa gatanu, 10 Gitugutu
Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi.—Imig. 9:10.
None twokora iki hamwe twobona giturumbuka ishusho y’ibiterasoni mu kuma kacu? Ubwo nyene dukwiye guca tureka kuyiraba. Ikizobidufashamwo ni ukwibuka ko igihambaye kuruta ibindi vyose ari ubucuti dufitaniye na Yehova. Mbere n’amashusho muri rusangi adafatwa nk’ay’ibiterasoni, arashobora kuvyura inambu y’umubiri. Kubera iki none twoyirinda? Kubera ko tutipfuza gutera intambwe n’imwe naho yoba ntoyi, yodushikana ku gukora ubusambanyi mu mutima wacu. (Mat. 5:28, 29) Umukurambere umwe yitwa David wo muri Tayilande avuga ati: “Mpora nibaza nti: ‘Naho amashusho yoba aterekana ibiterasoni mu buryo bugaragara, Yehova yoba yohimbarwa hamwe noguma ndayaraba?’ Kwiyumvira gutyo biramfasha kuyirinda.” Gutinya gukora ibintu bidahimbara Yehova biradufasha gufata ingingo nziza. “Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi.” w23.06 23 ing. 12-13
Ku wa gatandatu, 11 Gitugutu
Nimugende bantu banje mwinjire mu vyumba vyanyu.—Yes. 26:20.
Ivyo “vyumba” birashobora kwerekeza ku mashengero turimwo. Mu gihe ca ya makuba akomeye Yehova adusezeranira kuzodukingira nitwaguma twifatanije n’abavukanyi bacu. Ni co gituma muri iki gihe tudakwiye gusa kwihanganira abavukanyi na bashiki bacu ahubwo dukwiye no kubakunda. Ico kintu ni ntahara kugira tuzorokoke! “Umusi uhambaye wa Yehova” uzoba ari umusi utoroshe ku bantu bose. (Zef. 1:14, 15) N’abasavyi ba Yehova bazohura n’ingorane. Ariko nitwitegura guhera ubu tuzoguma dutekanye twongere dufashe n’abandi. Tuzokwihanganira ingorane iyo ari yo yose izodushikira. Abo dusangiye ukwizera nibashikirwa n’ingorane tuzokora uko dushoboye kwose kugira tubafashe mu kubagaragariza ikibabarwe no mu kubaronsa ivyo bakeneye. Vyongeye tuzoguma twiyegereje abavukanyi na bashiki bacu kubera tuzoba twarize kubakunda. Yehova azoca aduha impera yo kwiberaho ibihe bidahera mw’isi itazoba ikirangwamwo ivyago n’imibabaro.—Yes. 65:17. w23.07 7 ing. 16-17
Ku wa mungu, 12 Gitugutu
[Yehova a]zotuma mushikama, [a]bakomeze, [a]tume mushinga imizi.—1 Pet. 5:10.
Akenshi Ijambo ry’Imana rivuga ko abantu b’intahemuka ari abanyabubasha. Ariko rero ntibamye bumva ko ari abanyenkomezi. Nk’akarorero, mu bihe bimwebimwe umwami Dawidi yarumva “akomeye nk’umusozi”, ariko mu bindi bihe “agahagarika umutima.” (Zab. 30:7) Naho Samusoni yari afise inkomezi zidasanzwe ahabwa n’impwemu y’Imana, yari azi ko adafise inguvu ziva ku Mana “yoca agira inguvu nk’iz’abandi bose.” (Abac. 14:5, 6; 16:17) Abo bagabo b’abizigirwa bari bakomeye kubera Yehova ari we yabaha ububasha. Intumwa Pawulo yariyemereye ko na we nyene yari akeneye inkomezi ziva kuri Yehova. (2 Kor. 12:9, 10) Yari afise ingorane z’amagara. (Gal. 4:13, 14) Rimwe na rimwe, na we nyene vyaramubera urugamba gukora iciza. (Rom. 7:18, 19) Vyongeye, vyarashika akagira amaganya kandi agahagarika umutima ku vyoshobora kumushikira. (2 Kor. 1:8, 9) N’aho ari ukwo, igihe Pawulo yaba agoyagoya ni ho yagira ububasha. Uti gute? Yehova yaramuhaye inkomezi yari akeneye kugira yihanganire ingorane yari arimwo. w23.10 12 ing. 1-2
Ku wa mbere, 13 Gitugutu
Yehova . . . araba mu mutima.—1 Sam. 16:7.
Bishitse tukumva umengo nta co tumaze, turakwiye kwibuka ko Yehova ari we ubwiwe adukwegera kuri we. (Yoh. 6:44) Aratubonamwo ivyiza twebwe ubwacu tudashobora kubona, kandi arazi umutima wacu. (2 Ngo. 6:30) Igihe rero atubwiye ko turi n’agaciro, turakwiye kuvyemera. (1 Yoh. 3:19, 20) Bamwe muri twebwe, imbere y’uko tumenya ukuri, usanga twarakoze ibintu bishobora gutuma tuguma twicuza. (1 Pet. 4:3) Mbere n’abamaze igihe ari abakirisu b’intahemuka baguma barwanya impengamiro yo gukora icaha. Weho bite? Vyoba bishika ukiyagiriza? Nimba bigushikira, numenye neza ko n’abasavyi ba Yehova b’intahemuka vyabashikiye. Nk’akarorero, intumwa Pawulo yaracitse intege igihe yazirikana ku bicumuro yari yarakoze. (Rom. 7:24) Ego ni ko Pawulo yari yarigaye ibicumuro vyiwe yongera arabatizwa. Naho ari ukwo, yaguma abona ko yari «uwo hasi cane mu zindi ntumwa», be n’uko yari umucumuzi w’«agahebuza.»—1 Kor. 15:9; 1 Tim. 1:15. w24.03 27 ing. 5-6
Ku wa kabiri, 14 Gitugutu
Abantu baheba inzu ya Yehova.—2 Ngo. 24:18.
Icigwa kimwe twigira ku ngingo mbi umwami Yehowasi yafashe, ni uko dukwiye guhitamwo abagenzi bazotugirako akosho keza, ni ukuvuga abagenzi bakunda Yehova kandi bipfuza kumunezereza. Ntidukwiye kuronderera abagenzi mu bo tunganya imyaka gusa. Niwibuke ko Yehoyada yaruta kure n’iyo Yehowasi. Ku bijanye no guhitamwo abagenzi, niwibaze uti: “Boba bamfasha kurushiriza kwizera Yehova? Boba bandemesha kubaho nisunga ingingo ngenderwako z’Imana? Ibiyago vyabo vyoba bishingiye kuri Yehova no ku kuri kw’agaciro yaturonkeje? Boba bubahiriza ingingo ngenderwako z’Imana? Boba bambwira ivyo nipfuza kwumva gusa, canke barubahuka no kunkosora igihe mba nahuvye?” (Imig. 27:5, 6, 17) Tuvugishije ukuri, nimba abagenzi bawe badakunda Yehova, abo nta bagenzi barimwo. Ariko nimba abagenzi bawe bakunda Yehova, abo bumireko kuko bazogufasha.—Imig. 13:20. w23.09 9 ing. 6-7
Ku wa gatatu, 15 Gitugutu
Jewe ndi Alufa na Omega.—Ivyah. 1:8.
Mu ndome z’ikigiriki, alufa ni rwo rutangura, omega na rwo rugasozera. Mu kwidondora ko ari «Alufa na Omega», Yehova aba ashaka kwerekana ko iyo atanguye ikintu, agikora gushika agisozereye. Yehova amaze kurema Adamu na Eva, yababwiye iti: «Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyiganze.» (Ita. 1:28) Ico gihe, ni nk’aho Yehova yari avuze ngo «Alufa.» Yaratomoye umugambi yari afise, na wo ukaba wari uko hogeze igihe abakomoka kuri Adamu na Eva batagira akanenge kandi bagamburuka, bokwuzuye isi bakongera bakayihindura iparadizo. Ico gihe nicagera, ni nk’aho Yehova azoba avuze ngo «Omega.» Yehova ahejeje kurema «ijuru n’isi n’ibirimwo vyose», yaciye atanga icemeza. Yatanze ikimenyamenya c’uko umugambi afitiye isi n’abantu worangutse ata kabuza. Worangutse bimwe bishitse ku mpera y’umusi w’indwi.—Ita. 2:1-3. w23.11 5 ing. 13-14
Ku wa kane, 16 Gitugutu
Nimutunganye inzira ya Yehova! Nimucire Imana yacu ibarabara rikuru kandi rigororotse mu bugaragwa.—Yes. 40:3.
Naho urwo rugendo rutoroshe rwo kuva i Babiloni uja muri Isirayeli rwofashe nk’amezi ane, Yehova yabasezeraniye ko ibintu vyoshoboye kubabera intambamyi vyokuwe mu nzira. Abayuda b’intahemuka bobo, babona ko naho urwo rugendo rwasaba kwitanga no kugira ivyo bahevye, gusubira muri Isirayeli vyarimwo akarusho gakomeye. Umuhezagiro nyamukuru bokwironkeye, wari uko bosubiye gusenga Yehova. Nta rusengero rwa Yehova na rumwe rwarangwa i Babiloni. Nta gicaniro cariyo Abisirayeli botangiyeko ibimazi basabwa n’Itegeko rya Musa, eka nta n’abaherezi bariyo boshikanye ivyo bimazi. Ikigeretseko, abasavyi ba Yehova bari inkehwa ubagereranije n’abapagani babamwo baterekwa Yehova canke ingingo ngenderwako ziwe. Abayuda ibihumbi n’ibihumbi rero batinya Imana, bari bashashaye gusubira mu gihugu iwabo kugira basubizeho ugusenga kw’ukuri. w23.05 14-15 ing. 3-4
Ku wa gatanu, 17 Gitugutu
Mubandanye kwigenza nk’abana b’umuco.—Ef. 5:8.
Kugira ngo tugume twigenza «nk’abana b’umuco», turakeneye gufashwa n’impwemu nyeranda y’Imana. Kubera iki? Kubera ko bitoroshe kuguma turi abantu batanduye muri iyi si yataye ubuntu. (1 Tes. 4:3-5, 7, 8) Impwemu nyeranda irashobora kudufasha kurwanya ivyiyumviro vy’iyi si, ushizemwo amafilozofiya be n’ivyiyumviro vy’abantu biteye kubiri n’ivyiyumviro vy’Imana. Impwemu nyeranda irashobora no kudufasha kwama «ubwoko bwose bw’ukumera neza n’ubugororotsi.» (Ef. 5:9) Kimwe mu vyodufasha kuronka impwemu nyeranda, ni ugusenga tuyisaba. Yezu yavuze ko Yehova «[azo]ha impwemu nyeranda abayimusaba.» (Luka 11:13) Vyongeye, igihe duhuriye hamwe n’abandi ku makoraniro kugira ngo dushemeze Yehova, na ho nyene turaronka impwemu nyeranda. (Ef. 5:19, 20) Kubaho tuyoborwa n’impwemu nyeranda y’Imana biratuma tubaho mu buryo buhimbara Yehova. w24.03 23-24 ing. 13-15
Ku wa gatandatu, 18 Gitugutu
Mugume musaba, muzohabwa. Mugume murondera, muzoronka. Mugume mudodora, muzokwugururirwa.—Luka 11:9.
Woba ukeneye kuba umuntu yihangana? Nusenge ubisaba. Ukwihangana ni kimwe mu vyo impwemu yama. (Gal. 5:22, 23) Turashobora rero gusaba Yehova impwemu nyeranda, tukamusaba ngo adufashe gutsimbataza ivyo iyo mpwemu yama. Iyo turi mu bintu bisaba ko twihangana, “tuguma dusaba” impwemu nyeranda kugira idufashe kwihangana. (Luka 11:13) Turashobora no gusaba Yehova ngo adufashe kubona ibintu nk’uko abibona. Tumaze gusenga, dukwiye gukora uko dushoboye kwose tukihangana buri musi. Uko tuzorushiriza gusenga dusaba ukwihangana kandi tukihatira kuba abantu bihangana, ni ko iyo kamere izoshinga imizi mu mitima yacu, tugasigara turi abantu bihangana. Kuzirikana ku burorero bwo muri Bibiliya na vyo nyene birafasha. Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’abantu bihanganye. Tuzirikanye ubwo burorero, twoshobora kumenya uburyo twokwerekana ko twihangana. w23.08 22 ing. 10-11
Ku wa mungu, 19 Gitugutu
Muterere insenga zanyu murobe.—Luka 5:4.
Yezu yarahumurije intumwa Petero ko Yehova yomushigikiye. Yezu amaze kuzuka, yaratumye Petero be n’izindi ntumwa baroba ayandi mafi ku gitangaro. (Yoh. 21:4-6) Nta nkeka ko ico gitangaro cakuye amazinda Petero ko Yehova yoshoboye kumuronsa ivyo akeneye ku mubiri. Birashoboka ko Petero yaciye yibuka amajambo Yezu yavuze yuko Yehova yoronkeje ivya nkenerwa abaguma «[ba]banza kurondera Ubwami.» (Mat. 6:33) Ivyo vyatumye Petero ashira imbere igikorwa co kwamamaza, aho gushira imbere igikorwa co kuroba. Ku musi wa Pentekoti yo mu 33, yarashinze intahe abigiranye umutima rugabo, arafasha abantu ibihumbi kwemera inkuru nziza. (Ivyak. 2:14, 37-41) Mu nyuma yarafashije Abasamariya n’Abanyamahanga kwemera Kristu. (Ivyak. 8:14-17; 10:44-48) Emwe, Yehova yarakoresheje Petero mu buryo budasanzwe kugira ngo azane abantu b’uburyo bwose mw’ishengero rya gikirisu! w23.09 20 ing. 1; 23 ing. 11
Ku wa mbere, 20 Gitugutu
Nimutamenyesha iyo ndoto n’insobanuro yayo, bazobahimbagura.—Dan. 2:5.
Nk’inyuma y’imyaka ibiri Abanyababiloni batikije Yeruzalemu, umwami Nebukadinezari wa Babiloni yararose indoto iteye ubwoba yerekeye igishusho amahero. Uwo mwami yabwiye incabwenge ziwe zose, harimwo na Daniyeli, yuko yozishe ziramutse zitamubwiye ivyo yarose n’insobanuro yavyo. (Dan. 2:3-5) Daniyeli yategerezwa kugira ico akoze ningoga kugira abantu benshi ntibahatikirire. Yaciye «yinjira aho umwami ari, amusaba umwanya kugira azomubwire insobanuro y’iyo ndoto.» (Dan. 2:16) Ivyo vyasavye umutima rugabo n’ukwizera. Nta na hamwe muri Bibiliya herekana ko Daniyeli yari amaze gusobanura indoto. Yasavye bagenziwe «ngo basenge Imana yo mw’ijuru kugira ibagirire imbabazi ku bijanye n’iryo banga.» (Dan. 2:18) Yehova yarishuye ayo masengesho. Yarafashije Daniyeli gusobanura iyo ndoto ya Nebukadinezari, ivyo bituma Daniyeli na bagenziwe barusimba. w23.08 3 ing. 4
Ku wa kabiri, 21 Gitugutu
Uwuzoba yihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.—Mat. 24:13.
Nurabe ivyiza biva ku kwihangana. Iyo twihanganye, turarushiriza guhimbarwa no kwumva dutekanye. Ukwihangana rero kurashobora gutuma turushiriza kumererwa neza mu bwenge no ku mubiri. Kwihangana biratuma imigenderanire tugiranira n’abandi iba myiza kuruta. Ishengero ryacu rirarushiriza kwunga ubumwe. Igihe hagize uwudusomborotsa, kuba duteba gushavura birashobora gutuma ibintu bitunyuka. (Zab. 37:8, akajambo k’epfo; Imig. 14:29) N’ikiruta vyose, tuba twiganye Data wa twese wo mw’ijuru, bigatuma turushiriza kwunga ubucuti na we. Emwe, kwihangana ni kamere nziza kandi y’ingirakamaro! Naho bitama vyoroshe kwihangana, Yehova arashobora kudufasha kubandanya gutsimbataza iyo kamere. Uko turindira twihanganye isi nshasha, twohera amazinda ko «ijisho rya Yehova riri ku bamutinya, barya barindiriye urukundo rwiwe.» (Zab. 33:18) Nimuze twese twiyemeze kuguma twambaye ukwihangana. w23.08 22 ing. 7; 25 ing. 16-17
Ku wa gatatu, 22 Gitugutu
Ukwizera kwonyene iyo kudafise ibikorwa, kuba gupfuye.—Yak. 2:17.
Yakobo yavuze ko umuntu ashobora kuvuga ko afise ukwizera mugabo ntabigaragaze mu bikorwa. (Yak. 2:1-5, 9) Vyongeye, Yakobo yaravuze ibijanye n’umuntu abona “mwenewacu canke mushiki wacu adafise ivyo yambara canke ibifungurwa” mugabo ntagire ico amufashije. Naho uwo muntu yavuga ko afise ukwizera, ukwo kwizera ntiyakwerekanira mu bikorwa. Rero nta co kwari kumaze. (Yak. 2:14-16) Yakobo yavuze ko Rahabu ari akarorero k’umuntu yari afise ukwizera kujana n’ibikorwa. (Yak. 2:25, 26) Rahabu yari yarumvise ivyerekeye Yehova, aratahura ko Yehova yari ashigikiye Abisirayeli. (Yos. 2:9-11) Yarerekanye ukwizera mu bikorwa, akingira ba Bisirayeli babiri bari bagiye gusuma urusaku i Yeriko, ngo ntibicwe. Ivyo vyatumye uwo mugore adatunganye kandi atari Umwisirayeli yitwa umugororotsi nka Aburahamu. Akarorero ka Rahabu karerekana ko bihambaye ko ukwizera kwacu kujana n’ibikorwa. w23.12 5 ing. 12-13
Ku wa kane, 23 Gitugutu
Ese mwoshinga imizi mukaba n’abafashe ku mushinge.—Ef. 3:17.
Twebwe abakirisu, ntiturondera gusa ibintu vy’ishimikiro vyo muri Bibiliya. Turipfuza cane kumenya «mbere n’ibintu vyimbitse vy’Imana», dufashijwe n’impwemu yayo nyeranda. (1 Kor. 2:9, 10) Ubona gute utanguye kugira ubushakashatsi bwotuma urushiriza gukunda Yehova? Nk’akarorero, urashobora kugira ubushakashatsi ku kuntu Yehova yerekanye ko akunda abasavyi biwe ba kera, n’ukuntu ivyo vyerekana ko nawe agukunda. Woshobora gusuzuma ingene Abisirayeli basenga Yehova maze ukabigereranya n’ukuntu abakirisu bamusenga muri iki gihe. Canke kumbure woshobora kwiga mu buryo bwimbitse ubuhanuzi Yezu yashikije mu buzima bwiwe no mu gikorwa yaranguye ng’aha kw’isi. Ukoresheje Index des publications des Témoins de Jéhovah canke Igitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova, ubwo bushakashatsi bwoshobora kukuryohera cane. Kwiga ukuri kwimbitse kwo muri Bibiliya birashobora gukomeza ukwizera kwawe, bikagufasha «[ku]menya Imana.»—Imig. 2:4, 5. w23.10 18-19 ing. 3-5
Ku wa gatanu, 24 Gitugutu
Na canecane, mukundane rwose kuko urukundo rupfuka ibicumuro vyinshi.—1 Pet. 4:8.
Ijambo ry’ikigiriki intumwa Petero yakoresheje ryahinduwe ngo «rwose» ritekeye iciyumviro co «kwagura.» Igice ca kabiri c’uwo murongo, cerekana ico ugukundana rwose bivamwo. Birapfuka ibicumuro vy’abavukanyi bacu, ni ukuvuga ko tubababarira. Tubitangire akarorero: Urukundo tworugereranya n’igitambara bapfukisha imeza. Mu gupfuka imeza ifise utunenge twinshi, umuntu aragisanza kikaguka cane gushika gipfutse utwo tunenge twose. Muri ubwo buryo nyene, igihe dukunda rwose abavukanyi bacu turabababarira amakosa yose badukorera, bikamera nk’aho twaguye rwose urukundo rwacu rugapfuka utunenge twabo twose, ari vyo «bicumuro vyinshi.» Urukundo dukunda abavukanyi na bashiki bacu rukwiye kuba rukomeye bihagije ku buryo tubababarira amakosa yabo, n’igihe biba bitoroshe gukora. (Kol. 3:13) Iyo tubabariye abandi tuba twerekanye ko urwo tubakunda rukomeye be n’uko twipfuza guhimbara Yehova. w23.11 10-11 ing. 13-15
Ku wa gatandatu, 25 Gitugutu
Shafani atangura kugisomera imbere y’umwami.—2 Ngo. 34:18.
Umwami Yosiya amaze gukura, yaciye atanguza igikorwa co gusanura urusengero rwa Yehova. Abariko barakora ico gikorwa, «[b]arubuye igitabu c’amategeko ya Yehova yatanzwe biciye kuri Musa.» Igihe bagisomera umwami, yaciye agira ico akoze kugira ngo ashire mu ngiro ivyavugwa muri ico gitabu. (2 Ngo. 34:14, 19-21) Woba wama usoma Bibiliya? Nimba wama ubigira, ubona biriko bigenda gute? Woba ugenda urabika imirongo ishobora kugufasha ku giti cawe? Igihe Yosiya yari afise imyaka nka 39, yarakoze ikosa ryahitanye ubuzima bwiwe. Yariyizigiye aho kurondera kuyoborwa na Yehova. (2 Ngo. 35:20-25) None ni icigwa ikihe tuhakura? Naho twoba tumaze imyaka ingana iki canke tumaze igihe kingana gute twiga Bibiliya, dutegerezwa kuguma turondera Yehova. Ivyo birimwo kwama tumusenga tumusaba ngo atuyobore, twiga Ijambo ryiwe no kwama twumvira impanuro duhabwa n’abakirisu bahumuye. Ivyo bizotuma twirinda gukora amakosa akomeye, maze turushirize kugira agahimbare.—Yak. 1:25. w23.09 12 ing. 15-16
Ku wa mungu, 26 Gitugutu
Imana irwanya abibona, mugabo ikagirira ubuntu buhebuje abicisha bugufi.—Yak. 4:6.
Bibiliya iravuga abakenyezi benshi b’intangakarorero bakunda Yehova kandi bakamukorera. Bari abakenyezi «batarenza urugero mu ngeso zabo» kandi «bizigirwa muri vyose.» (1 Tim. 3:11) Vyongeye, bashiki bacu barashobora kuronka mw’ishengero barimwo abakenyezi bahumuye bokwigana. Yemwe bashiki bacu mukiri bato, mwoba mubona abakenyezi bahumuye mwokwigana mw’ishengero? Nimwihweze kamere nziza bafise, muce muraba ukuntu mwobigana. Kamere ihambaye cane iranga abakirisu bahumuye ni ukwicisha bugufi. Umukenyezi yicisha bugufi aragiranira ubucuti bwiza na Yehova n’abandi bantu. Nk’akarorero, umukenyezi akunda Se wiwe wo mw’ijuru Yehova, aremera yicishije bugufi gushigikira intunganyo ijanye n’ubukuru yashize mw’ishengero no mu muryango.—1 Kor. 11:3. w23.12 18-19 ing. 3-5
Ku wa mbere, 27 Gitugutu
Abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite.—Ef. 5:28.
Yehova yiteze ko umugabo akunda umugore wiwe kandi akamuronsa ivyo akeneye mu vy’impwemu, mu vy’umubiri, akamubera n’umugenzi ashika. Gutsimbataza ubushobozi bwo kwiyumvira, kwubaha ab’igitsina-gore no kuba umwizigirwa, bizogufasha kuba umunega mwiza. Umaze kwubaka urwawe, hari aho wohitamwo kuvyara. Ni ibiki wokwigira kuri Yehova mu bijanye no kuba sebibondo mwiza? (Ef. 6:4) Yehova yarabwiye Umwana wiwe Yezu ko amukunda be n’uko amushima, kandi abivugira ku mugaragaro. (Mat. 3:17) Niwaronka abana, uritwararika kwama ubasubiriza umutima mu nda yuko ubakunda. Urama ubakeza ku bintu vyiza bakora. Ba sebibondo bigana Yehova barafasha abana babo kugira bazobe abagabo n’abagore bahumuye. Urashobora gutangura kwitegurira iryo banga mu kwitwararikana urukundo abo mu muryango wawe n’abo mw’ishengero. Wobigira kandi mu kubabwira ko ubakunda be n’uko ubashima.—Yoh. 15:9. w23.12 29 ing. 17-18
Ku wa kabiri, 28 Gitugutu
[Yehova] ni we atuma wiberaho utekanye.—Yes. 33:6.
Naho turi abasavyi ba Yehova b’abizigirwa, na twebwe turashikirwa n’ingorane tukongera tukarwara cokimwe n’abandi bantu. Biranashika abatatwerekwa bakaturwanya canke bakaduhama. Naho Yehova atadukingira izo ngorane zose, aradusezeranira kudufasha. (Yes. 41:10) Aradufasha kugumana umunezero, gufata ingingo nziza no kuguma turi intahemuka naho twoshikirwa n’ibintu bikomeye gute. Yehova adusezeranira kuduha ico Bibiliya yita «amahoro y’Imana.» (Flp. 4:6, 7) Ayo mahoro, ni ugutekana tugira mu mutima kubera ubucuti bwiza tuba dufitaniye na we. Ayo mahoro «a[ra]rengeye ugutahura kwose.» Nta co twoyagereranya. Vyoba birashika ugatakambira Yehova maze ugaca wumva uratekanye ku buryo nawe bigutangaza? Ico nyene ni co citwa «amahoro y’Imana.» w24.01 20 ing. 2; 21 ing. 4
Ku wa gatatu, 29 Gitugutu
Ngira nshemeze Yehova. Ngira nshemeze izina ryiwe ryeranda n’umutima wanje wose.—Zab. 103:1.
Urukundo abasavyi b’Imana bayikunda, ni rwo rutuma bashemeza izina ryayo n’umutima wabo wose. Umwami Dawidi yaratahura ko gushemeza izina rya Yehova ari ugushemeza Yehova ubwiwe. Izina rya Yehova rero rirafitaniye isano n’ukuntu ameze, ni ukuvuga kamere ziwe nziza be n’ibikorwa vyiwe vy’agatangaza. Dawidi yipfuza kudasiga iceyi izina ryeranda ry’uwo Muvyeyi wiwe no kurishemeza. Yashaka kurishemeza “n’umutima wiwe wose.” Abalewi na bo nyene barafata iya mbere mu gushemeza Yehova. Bariyemereye bicishije bugufi yuko ata majambo abereye bokwigera baronka yoshemeza izina ryeranda rya Yehova. (Neh. 9:5) Nta gukeka ko Yehova yanezerejwe no kubona bamushemeza bicishije bugufi kandi babikuye ku mutima. w24.02 9 ing. 6
Ku wa kane, 30 Gitugutu
Aho tugeze hose mu gutera imbere, tubandanye kugendera muri iyo nzira nyene mu rutonde.—Flp. 3:16.
Yehova ntaca abona ko ata co umaze ngo ni uko wananiwe gushika ku mugambi ukurengeye. (2 Kor. 8:12) Nukure icigwa ku biguciramwo. Nugume wibuka ivyo umaze gushikako. Bibiliya ivuga ko ‘Imana itari iyitagororotse ngo yibagire igikorwa cawe.’ (Heb. 6:10) Nawe rero ntukwiye kucibagira. Nuzirikane ku migambi umaze gushikako, kwaba ari ukugiranira ubucuti na Yehova, kubwira abandi ibimwerekeye, canke kubatizwa. Nk’uko nyene wateye imbere ugashika ku migambi wari warishingiye, urashobora kubandanya utera imbere ugashika ku mugambi ufise ubu. Yehova agufashije, urashobora gushika ku mugambi wawe. Uko ubandanya kwihatira gushika ku mugambi wishingiye mu vy’impwemu, nunezererwe kubona ingene Yehova agufasha akongera akaguhezagira. (2 Kor. 4:7) Niwumirako, uzokwironkera mbere imihezagiro myinshi kuruta.—Gal. 6:9. w23.05 31 ing. 16-18
Ku wa gatanu, 31 Gitugutu
Data ubwiwe arabakunda kubera mwankunze kandi mukemera ko naje nserukira Imana.—Yoh. 16:27.
Abo Yehova akunda, ararondera uburyo bwo kubabwira ko abashima. Bibiliya iratubwira incuro zibiri aho yabwiye Umwana wiwe Yezu ko yamukunda cane be n’uko yamushima. (Mat. 3:17; 17:5) Woba nawe wipfuza kwumva Yehova akubwira ko agushima? Naho Yehova atatuvugisha n’ijwi ryumvikana, aratuvugisha biciye kw’Ijambo ryiwe. Iyo dusomye ivyo Yezu yavuze mu Njili, turashobora kwumva ijwi rya Yehova ritubwira ko adushima. Yezu yari ameze neza na neza nka Se. Igihe rero dusomye aho Yezu yabwiye abigishwa biwe badatunganye ko abashima, dukwiye guca twiha ishusho Yehova ubwiwe ariko arabitubwira. (Yoh. 15:9, 15) Iyo dushikiwe n’ibigeragezo, ntibiba bisobanura ko Imana itakidushima. Ahubwo bituronsa akaryo ko kuyereka ko tuyikunda cane be n’uko tuyizigira.—Yak. 1:12. w24.03 28 ing. 10-11