IGICE CA 1
Kuva mu gihe ca ba sekuruza b’imiryango gushika mu gihe c’abacamanza
Integuro icapuwe
Inkuru zivugwa muri iki gice zabaye mu kiringo c’imyaka nka 2.200. Zitangurira kuri Henoki, sekuruza w’imiryango yabayeho igihe Adamu yari akiriho, zikagarukira ku muhanuzi Samweli, uwarobanuye umwami wa mbere wa Isirayeli. Harimwo n’inkuru z’abantu babaye uburorero mu kugaragaza umutima rugabo, nka Nowa, Aburahamu, Sara, Musa, Rahabu, Debora, na Gideyoni. Bamwe baremeye kugira ingendo ndende baca ahantu hateye akaga, abandi bararwana «intambara za Yehova.» Abo bose baragaragaje umutima rugabo barakora ibikorwa Imana yabo bikundira yabashinze.