Kuba Mukene Ariko Utunze—Bishoboka Bite?
Harashize ibinjana umuntu w’inkerebutsi asenze ngo ntahave acika mukene. Ni kuki yasavye mwen’ukwo? Kuko yatinya yuko ubukene bwohava butuma haba udutima n’ibikorwa vyohanamira ubucuti afitaniye n’Imana. Ivyo biribonekeza muri aya majambo yavuze, ngo “Ungaburire ivyo kurya dukwiranye: . . . noye kuba mworo, ngahava niba, ngatukisha izina ry’Imana yanje.”—IMIGANI 30:8, 9.
IVYO vyoba none bisobanura yuko bidashoboka ko umuntu mukene akorera Imana ari umwizerwa? Eka da! Muri kahise hose abasuku ntaharurwa ba Yehova Imana baragumije ukutadohoka kuri we naho hari amagume azanwa n’ubukene. Yehova na we arakunda abamwizigira kandi akabaronsa ivyo bakeneye.
Abizerwa ba Kera
Intumwa Paulo ubwiwe yarashikirwa n’ibihe vy’ugukena. (2 Ab’i Korinto 6:3, 4) Yaranadondoye ‘ishengero rinini’ ry’ivyabona b’imbere y’Ubukirisu, bamwe muri bo bakaba “bāyerera bambaye insāto z’intama n’iz’impene, [mu gihe] bāri baburaniwe, . . . bāyerera mu bugaragwa no mu bisozi no mu masenga no mu vyobo.”—Abaheburayo 11:37, 38; 12:1.
Umwe muri abo bizerwa yari umuhanuzi Eliya. Mu kiringo c’uruzuba rwamaze imyaka itatu n’igice, Yehova yaramuronkeje ibifungurwa adahorereza. Ubwa mbere, Imana yatumye ibikona bizanira uwo muhanuzi umutsima n’inyama. (1 Abami 17:2-6) Mu nyuma, mu buryo bw’igitangaro, Yehova yaragumijeho ikigega c’ifu n’amavuta umupfakazi umwe yaja arayoramwo agaburira Eliya. (1 Abami 17:8-16) Ivyo bifungurwa ntivyari bihambaye namba, ariko vyaragumije ubuzima bwa nya muhanuzi, nya mugore n’umuhungu wiwe.
Yehova yaranatunze wa muhanuzi mwizerwa Yeremiya mu gihe ivy’ubutunzi vyari bigoye. Yeremiya yararokotse ikikuzwa rya Yeruzalemu ryagizwe n’Abanyababiloni, igihe abantu bategerezwa “[ku]rya umutsima ku rugero, bahagaritse umutima.” (Ezekiyeli 4:16) Amaherezo, muri ico gisagara ikigoyi carakaze cane gushika aho abagore barya inyama z’abana babo. (Gucura Intimba 2:20) Naho nyene Yeremiya yari apfunzwe ahorwa ugukwiririza kwiwe ata bwoba, Yehova yararavye ivy’uko “umutsima” awuhabwa uko bukeye “gushitsa ah’imitsima yose yahebūriwe mu gisagara.”—Yeremiya 37:21.
Nuko Yeremiya, cokimwe na Eliya, yari afise utwo kurya duke. Ivyanditswe ntibitubwira ico Yeremiya yakunda yarya n’incuro yarya aho umutsima umariye kurangira i Yeruzalemu. Yamara, turazi yuko Yehova yamutunze n’uko yarokotse ico gihe giteye ubwoba c’ikigoyi.
Muri iki gihe, ubukene buriho mu mihingo yose y’isi. Nk’uko bivugwa n’Ishirahamwe Mpuzamakungu, aho ubukene bwatse indaro kuruta ni muri Afirika. Inkuru iva mu biro ntangamakuru vya O.N.U. yavuze mu 1996 iti: “N’imiburiburi ica kabiri c’Abanyafirika bose, ni abakeneshejwe.” Naho ivy’ubutunzi birushiriza kugora, hariho igitigiri kidasiba kuduga c’Abanyafirika bakurikiza ingingo za Bibiliya mu buzima, bakaba kandi basukurira Imana ari abizerwa, bizigiye badakeka ko izobatunga. Rimbura uturorero tumwetumwe two mu karere kamwe k’isi yacu idurumbanye.
Ukuguma Turi Inzirabugunge
Mikaheli,a uwuba muri Nijeriya, ni umurimyi afise abana batandatu atunga. Agira ati “Kuba inzirabugunge biragoye igihe utagira amahera yo gutunga urugo rwawe.” Ati “Yamara iyo nohejwe kugunga, ndiyibutsa Abanyefeso 4:28, hamwe hagira hati ‘Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza.’ Nuko rero iyo ntubiranye n’inyosha mbi ndibaza, nti ‘None ayo mahera noba nayakoreye?’ ”
“Nk’akarorero,” Mikaheli akongerako, “igihe nariko ngendagenda mu nzira umusi umwe, narabonye isakoshi ikoroka ivuye inyuma kw ipikipiki. Sinari nshoboye guhagarika uwo munyapikipiki, niho nandura nya sakoshi ngasanga yuzuye amahera! Nkoresheje ibiranzi biri muri iyo sakoshi, naratoye inayo hanyuma ndayimusubiza.”
Ukurwanya Umubabaro w’Akabonge
Umugabo wo muri Afirika yo mu Buraruko yitegereje ibi: “Ubukene [bumeze] nk’ukuba wafatiwe mu kinogo kirekire, ugashobora kubona umuco n’abantu bigendagendera, ariko utagira ijwi ryo gusemerera ngo utabaze, canke ingazi yo kunanagira ngo uveyo.” Bitangaje buhoro kubona ubukene bukunda gutuma umuntu yumva ababaye uw’akabonge, eka aherewe! N’abasuku b’Imana barashobora kubona amatungo y’abandi bagatangura kwiyumvira yuko ubuzima burangwa ukutadohoka ari ubw’ubusa. (Gereranya na Zaburi 73:2-13.) Inyiyumvo mwen’izo umuntu yozinesha ate?
Petero, uwo muri Afirika y’Uburengero, yakukurutse amaze imyaka 19 mu kazi ka Reta. Ubu atunzwe ahanini n’agapansiyo gatoyi. Uwo Petero agira ati “Iyo nshikiwe n’ugucika intege ndiyibutsa ivyo nasomye muri Bibiliya no mu bisohokayandikiro vy’Ishirahamwe Watch Tower. Uru runkwekwe rushaje ruri mu kuvaho, tukaba turindiriye urunkwekwe rwiza cane.
“Vyongeye, ndiyumvira 1 Petero 5:9 havuga hati: ‘Mumurwanye [Shetani] mufise ukwizera gushikamye, muzi yukw imibabaro ihwanye n’iyanyu ishitswa kuri bene Data bari mw isi.’ Nuko rero si jewe jenyene nshikirwa n’ingorane. Izo nyibutsa ziramfasha kwikuramwo ivyiyumviro bica intege kandi bitera umubabaro w’akabonge.”
“Bisubiye,” Petero akongerako, “Yezu yarakoze ibitangaro vyinshi igihe yari kw isi, ariko nta n’umwe yigeze agira umutunzi mu vy’umubiri. Ni kuki none nokwitega ko angira umukungu?”
Ububasha bw’Isengesho
Ukwiyegereza Yehova Imana mw isengesho ni ubundi buryo bw’ukurwanya ukwiyumvira kwihébuza. Igihe Mariya yacika umwe mu Vyabona vya Yehova mu 1960, abo mu rugo iwabo baramutaye. Narirya atabiriwe akaba kandi ubu ageze mu myaka 50 y’amavuka, ni ntamagara kandi afise bike cane mu vy’umubiri. Mugabo rero, ni umunyamwete mu gikenurwa ca gikirisu.
Mariya avuga ati: “Igihe numvise ncitse intege, nja kwa Yehova mw isengesho. Ndazi yuko ata n’umwe ashoboye kumfasha kumusumvya. Narize yuko iyo wizigiye Yehova, aragufasha. Nama nantaryo nibuka aya majambo y’Umwami Dawidi, ayo dusanga muri Zaburi 37:25 ngo: ‘Uhereye nkiri muto, none ndashāje, ariko sinigeze kubona umugororotsi yahebge, cank’uruvyaro rwiwe rusēgerereza ivyo kurya.’
“Ndavoma kandi indemesho mu vyabaye ku bavukanyi n’abavukanyikazi bankurira bafise kamere y’ivy’impwemu bivugwa mu Munara w’Inderetsi. Yehova Imana yarabafashije, gutyo nkamenya ko na jewe azokomeza kumfasha. Arahezagira akazi mfise gaciye bugufi k’ugucuruza fufu [ubududu], hanyuma nkaraba uko ngira kugirango nshitse ivyo nkenera buri musi. Rimwe na rimwe iyo bingoye kuronka uduhera na dukeyi hanyuma nkibaza ico nogira, Yehova ararungika umuntu angabira amahera akavuga, ati ‘Muvukanyikazi, akira utu sewawa.’ Yehova ntaho arigera ampemukira.”
Agaciro k’Ukwiga Bibiliya
Ivyabona vya Yehova baraha agaciro ukwiga Ijambo ry’Imana Bibiliya, kandi muri bo abakene ntibabuze. Yohani uwumaze imyaka 60 y’amavuka akora bwa mutsimvyi (umukwiririji w’Ubwami w’igihe cose), akaba n’umusuku w’ubukenuzi mw ikorane. Aba mu nyubakwa y’umusaka y’igorofa imwe isangiwe n’ingo 13. Icumba abamwo ni agace k’ikolidoro y’inzu yo munsi, kagabuwe n’ibibahobaho. Muri co harimwo inyegamo zibiri zishaje be n’imeza irundanzeko ivyifashisho vy’ukwiga Bibiliya. Aryama ku mukeka.
Yohani yahora aca nk’idolari ku musi agurishije imikate, ariko aho iyinjinzwa ry’ingano riburijwe, yarahomvye ubwo buryo bw’ukwibeshaho. Avuga ati: “Rimwe na rimwe nsanga ibintu ari amananiza, ariko ndakomeza gukora ubutsimvyi. Yehova ni we anyitungira. Ndakora igikorwa nshoboye kuronka cose kandi siniyegeka ku muntu n’umwe ngo antunge canke angaburire, naho abavukanyi mw ikorane ari rufasha cane. Baramfasha kurondera akazi, kandi rimwe na rimwe bakangabira amahera.
“Ndarondera umwanya wo gusoma Bibiliya n’ibisohokayandikiro vy’Ishirahamwe Watch Tower. Niga mu masaha ya kare yo mu gitondo igihe inzu itekanye hanyuma ngasoma handihato mw ijoro igihe cose tuba dufise umuyagankuba. Ndazi yuko mbwirizwa kuguma ku kwiga kwanje kwa bwite.”
Ukumenyereza Abana ngo Bazoronke Ubuzima
Daniyeli ni umupfakare afise abana batandatu. Mu 1985 yarakuwe mu kazi yari amazemwo imyaka 25, ariko yaronse igikorwa c’ukugurisha ibintu mu mangazini. Agira ati “Ubuzima buragumiye urugo mu vy’ubutunzi.” Ati “Ubu dushobora gufungura rimwe ryonyene ku musi. Igihe kimwe twamaze imisi itatu tutarya. Ico twari dushoboye gusa kwari ukunywa amazi kugira tugume turi bazima.”
Daniyeli asukura bwa mukurambere mw ikorane. Agira ati “Sinigera ngisha amakoraniro ya gikirisu, kandi ngumana vyinshi nkora mu bigabu vya gitewokarasi.” “Igihe cose hari igikorwa co gukora iruhande y’Ingoro y’Ubwami, ndaraba neza ngo mbe ari ho ndi. Igihe ibintu bigoye, ndiyibutsa amajambo Petero yabwiye Yezu, ayashizwe mu nyandiko muri Yohana 6:68, ngo: ‘Tuje kwa nde ga Mugenzi?’ None ndetse gusukurira Yehova, noba ngiye he? Amajambo ya Paulo dusanga mu Baroma 8:35-39 na yo nyene aranyuzuzamwo umwiyemezo kubera yerekana ko ata kintu na kimwe kizodutandukanya n’urukundo rw’Imana na Kirisitu. Ako ni ko gatima ninjiza mu bana banje. Simpengeshanya kubabwira yuko dutegerezwa kutigera tuva kuri Yehova.” Umwete wa Daniyeli, ushizwe hamwe n’ukwiga Bibiliya kw’urugo kudahorereza, waragize akosho keza ku bana biwe.
Agatima k’Ugutanga
Umuntu yohava yiyumvira yuko abari mu bukene buherejeko bisa n’ibitobashobokera guterēra mu vy’amahera kugira bateze imbere inyungu z’Ubwami. Ariko ivyo si ko bimeze. (Gereranya na Luka 21:1-4.) Ivyabona bamwebamwe muri Ghana, abo usanga ahanini batunzwe n’uburimyi bw’ibibumbarugo, barashira ku ruhande igihimba c’itongo ryabo ngo gikoreshwe mu guteza imbere inyungu z’Ubwami bw’Imana. Igihe ivyimburo vy’ico gisatu c’itongo ryabo bigurishijwe, amahera akoreshwa gusa ku bw’iyo ntēgo, bikaba birimwo n’ugutanga intererano ku Ngoro y’Ubwami yaho y’Ivyabona vya Yehova.
Yowana, uwuba muri Afirika yo Hagati, ni umutsimvyikazi. Kugira ngo abungabunge umugabo wiwe w’ikimuga hamwe n’abandi bantu bane bahatungiwe, acuruza imikate. Igihe ikorane akukira ryakenera intebe ndende z’Ingoro y’Ubwami, urugo rwa Yowana rwafashe ingingo y’ugutangako ingabirano amahera yose bari bafise mu nzu. Ivyo vyatumye basigara ataco bafise. Bukeye bwaho ariko, hari umuntu yarishe ideni amaranye igihe kirekire, batari bavyiteze, abaha amahera bari barahebuye ko batokwigeze baronka!
Yowana ni umunyarweze kandi nta gahinda agira bidakwiriye ku vyerekeye amahera. “Ndasigurira Yehova ivyanje uko vyifashe mw isengesho, hanyuma maze ngasohoka nkaja mu gikenurwa co mu ndimiro. Turazi yuko hari icizigiro gito c’uko haba ibihe vyiza muri uru runkwekwe rw’ibintu. Yamara, turatahura yuko Yehova azoturonsa ivyo dukeneye.”
Ukuranga Ubwira
Ivyabona vya Yehova bagenekerezwa n’urukundo bafitaniye. (Yohana 13:35) Abafise amahera barafasha Abakirisu bagenzi babo bari mu bukene. Kenshi ivyo biza bwa mpano, rimwe na rimwe na ho bwa mfashanyo hamwe n’akazi.
Mariko, uwuba muri Kongo, arwaye imibembe. Iyo mibembe yarapfumpfumiranije amano yiwe n’intoke ziwe. Mu gutambuka, araheza akishimikiza ibibando. Igihe Mariko yafata ingingo y’ugusukurira Yehova, yatanguye kugira amahinduka maninimanini mu buzima bwiwe. Aho gusabiriza ibifungurwa nk’uko yari yahoze abigira, yatanguye kwironderera ivyiwe. Yaranafyatuye amatafari mabisi, ari na yo yagurisha.
Nanzi ubumuga bwiwe, Mariko yarakomeje gukorana ubwira. Yahavuye agura itongo, aryubakamwo inzu iciye bugufi. Uno musi, Mariko asukura bwa mukurambere w’ikorane kandi akubahwa neza mu gisagara abamwo. Ubu arasahiriza abandi bantu bakenye.
Nkako nyene, henshi usanga akazi gasa n’akadashobora kuboneka. Hari Umukirisu w’umukurambere asukurira kuri bimwe mu biro vy’ishami vy’Ishirahamwe Watch Tower muri Afirika yo Hagati yanditse ati: “Abavukanyi benshi hano nta kazi bafise. Bamwe usanga ubwabo bagerageza kwiremera ubuzi, ariko ivyo biragoye. Benshi bibwiye ngo kubera ko bagiye kubona amakuba naho bokora ibiki, bazogira ivyo bahevye mu vy’umubiri ari abakenuzi b’abatsimvyi. Benshi iyo bagize ivyo, basanga bahundwa imigisha myinshi kuruta igihe boba bafise akazi bahemberwa inticantikize canke batanahemberwa namba.”
Yehova Aratunga Abantu Biwe
Yezu Kirisitu yavuze ibimuraba ati: “Imbgebge ziri n’imyobo, n’ibiguruka mu kirēre biri n’ivyāri; arik’Umwana w’umuntu we ntagira ah’arambika umusaya.” (Luka 9:58) Intumwa Paulo na we nyene yanditse ngo: “Gushitsa n’ubu twishwe n’inzara n’inyota, twambaye ubusa, dukubitwa ibipfunsi, tubura uburagamo.”—1 Ab’i Korinto 4:11.
Yezu na Paulo bompi bacaguye kubaho bafise uburyo bubayabaye mu vy’ubutunzi kugirango bashobore gukurikirana igikenurwa cabo mu buryo burushirije kuba ubwuzuye. Abakirisu benshi bo mu gihe ca none ni bakene kubera ko ata kundi bari bugire. Ariko rero, barakurikiza ingingo za Bibiliya mu buzima kandi bakaronderana umwete gusukurira Imana. Barazi yuko bakundwa cane na Yehova uko babona ukuri kw’aya majambo asubiza umutima mu nda Yezu yavuze, ngo “Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose [vy’umubiri] muzovyongerwa.” (Matayo 6:25-33) Si ivyo gusa, abo basuku b’Imana bigorewe barafise ikimenyamenya c’uko ‘umugisha wa Yehova utungisha.’—Imigani 10:22.
[Akajambo k’epfo]
a Amazina masubirizi arakoreshejwe muri iki kiganiro.
[Ifoto ku rup. 6]
Ukwiga Bibiliya kurahabwa agaciro n’abantu hirya no hino kw isi