ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/10 rup. 7-12
  • Wewe Uzoba Umwizerwa nka Eliya?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wewe Uzoba Umwizerwa nka Eliya?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Agasuzumo Nyamarorerwa k’ivy’Ubumana
  • ‘Eliya Umuhanuzi’ Aracaza?
  • Bafise Umutima wa Eliya
  • Abizerwa mu Bigeragezo
  • Ba Umwizerwa nka Eliya
  • Yarahojejwe n’Imana yiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Yarahojejwe n’Imana yiwe
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Vyoba bishika ukumva uri wenyene ufise n’ubwoba?
    Niwigishe abana bawe
  • Yaraburaniye ugusenga gutyoroye
    Niwigane ukwizera kwabo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/10 rup. 7-12

Wewe Uzoba Umwizerwa nka Eliya?

“Nzobarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w’Uhoraho uhambaye kand’uteye ubgoba utarashika.”—MALAKI 4:5.

1. Ni akaga nyabaki kashitse Isirayeli imaze imyaka 500 mu Gihugu c’Isezerano?

“IGIHUGU gitemba amata n’ubuki.’ (Kuvayo 3:7, 8) Ico ni co Yehova Imana yahaye Abisirayeli amaze kubabohoza akabakura mu buja bwo mu Misiri mu kinjana ca 16 B.G.C. Ariko ehe! Ibinjana bitanu birarenganye, hanyuma none bwa bwami bugizwe n’imiryango cumi bwa Isirayeli bukākiwe n’ikigoyi gikaze. Biragoye kuronka icatsi gitoto na kimwe. Ibitungwa biriko bipfa, hakaba haheze imyaka itatu n’igice ata mvura ikoroka. (1 Abami 18:5; Luka 4:25) Mbega ubwo butindi buva ku ki?

2. Ni igiki cakweze ako kaga kateye Isirayeli bwa hanga?

2 Ubuhuni ni bwo buteye ako kaga. Umwami Ahabu yarenze ku Vyagezwe vy’Imana, arongora umuganwakazi Yezebeli w’Umunyakanani, hanyuma aramwemerera ngo yinjize insengo y’ivya Bayali muri Isirayeli. N’ikibi kuruta, yubakiye urusengero iyo mana y’ikinyoma i Samariya, umugwa mukuru. Emwe, Abisirayeli bakwegakwegewe mu kwemera yuko insengo y’ivya Bayali izobazanira ivyimburwa umurengera! Nk’uko Yehova yabûye ariko, ubu bageramiwe n’ ‘uguhona bagashira mu gihugu cabo ciza.’—Gusubira mu Vyagezwe 7:3, 4; 11:16, 17; 1 Abami 16:30-33.

Agasuzumo Nyamarorerwa k’ivy’Ubumana

3. Ni gute umuhanuzi Eliya yerekeza ubwenge ku ngorane nyayo ya Isirayeli?

3 Ikigoyi gitanguye, Eliya umuhanuzi mwizerwa w’Imana abwira Umwami Ahabu ati: “Ndahiye uguhoraho kw[a Yehova], Imana y’Abisirayeli, ari we nyene nsavye, yukw ata kime kizotonda cank’imvura ngw ikoroke mur’iyi myaka, atari jewe mbivuze.” (1 Abami 17:1) Amaze kwibonera ukuri kw’agaterabwoba kw’iryo vumerwa, uwo mwami atatira Eliya ku bwo kuzana amagorwa kuri Isirayeli. Ariko Eliya asubizayo yuko Ahabu n’inzu yiwe ari bo bakwiye gutatirwa kubera ubuhuni bwabo bw’ukuba abasenga Bayali. Kugira ico kibazo gishirwe mu buryo, uwo muhanuzi wa Yehova ahimiriza Umwami Ahabu gukorakoraniriza Isirayeli yose ku Musozi Karumeli hamwe na ba bahanuzi 450 ba Bayali be n’abahanuzi 400 ba wa mugogo mutagatifu. Ahabu n’abatwarwa biwe bateranira ngaho, kumbure bizigiye yuko ako karyo kaja kurangiza uruzuba. Ariko Eliya yerekeza ubwenge ku kibazo gikomeye kuruta. Arabaza, ati “Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino? Asangw[a Yehova] ari we Mana, ni mumukurikire; na ho nyene ni yaba Bayali, abe ari yo mukurikira.” Abisirayeli ntibazi ico bari buvuge.—1 Abami 18:18-21.

4. Kugira ikibazo c’ivy’Ubumana kije mu buryo, ni iciyumviro giki Eliya atanga?

4 Abisirayeli bamaze imyaka n’iyindi bagerageza kuvanga insengo ya Yehova n’ivya Bayali. Kugirango ikibazo c’ivy’Ubumana gishirwe mu buryo, Eliya buno atanga iciyumviro ngo habe uguhiga. We aja gutegura imasa ikiri nto yo gutangako ikimazi, iyindi na yo itegurwe n’abahanuzi ba Bayali. Eliya maze avuga ati: “Muheze mutakambire izina ry’imana yanyu, nanje ndatakambira izina ry[a Yehova]. Maz’Imana iza kwishurisha kurekura umuriro, iza kuba ari yo Mana.” (1 Abami 18:23, 24) Ibaze umuriro uva mw ijuru mu kwishura isengesho!

5. Ivy’uko insengo y’ivya Bayali ataco imaze bishirwa ku kabarore gute?

5 Eliya atera akamo abahanuzi ba Bayali ngo batangure. Bategura imasa yo gutangako ikimazi hanyuma bayirambika ku gicaniro. Bicumbagiza irya n’ino ya nya gicaniro, basenga bati “Ewe Bayali, n’utwumvire!” Ivyo birabandanya “uhereye mu gitondo ugashitsa mu mashōka.” “Ni mushire ijwi hejuru,” ari Eliya abasomborotsa. Bayali itegerezwa kuba yahubiye ku kintu cihutirwa, canke “kumbure irasinziriye [ba]kwiye kuyikangura!” Vuba ba bahanuzi ba Bayali bafatwa n’ubusazi. Ehe! Bikebaguza intambi, amaraso na yo akicuka abava mu bikomere. Kandi ese urwo rwamo ruhari igihe 450 bose basemerera uko ijwi ryabo ryakabaye! Ariko nta nyishu.—1 Abami 18:26-29.

6. Ni umwiteguro muki Eliya agira ngo habe isuzumwa ry’ivy’Ubumana?

6 Ubu na ho haramukiwe Eliya. Yubaka busha igicaniro ca Yehova, aca umufurege amakikura yaco, hanyuma agira neza ca kimazi. Maze asukisha amazi ku nkwi no kuri ca kimazi. Imibindi cumi n’ibiri minini minini y’amazi isukwa kuri ca gicaniro gushika aho wa mufurege ubwawo wuzura. Ibaze ka rekaturore kahibereye uko Eliya asenga, ati: “Ewe [Yehova], Mana ya Aburahamu na Isaka na Isirayeli, uyu musi bimenyekane kw ari wewe Mana mu Bisirayeli, nanje ko nd’umusavyi wawe, kandi ko nkoze ibi vyose kubg’ijambo ryawe. Unyumvire se, ewe [Yehova], unyumvire kugira ngw aba bantu bamenye kw ari wewe Mana, ewe [Yehova], kandi kw ari wewe ugarukana imitima yabo.”—1 Abami 18:30-37.

7, 8. (a) Yehova yishura gute isengesho rya Eliya? (b) Ni igiki gishitswa n’ivyabereye ku Musozi Karumeli?

7 Mu kwishura isengesho rya Eliya, ‘umuriro wa Yehova uca uratibuka uvuye mw ijuru, utongora ca kimazi ciwe, za nkwi, ya mabuye, n’umukungugu, wongera urigata na ya mazi yari mu mufurege.’ Ba bantu barubama, baravuga, bati “[Yehova] ni we Mana, [Yehova] ni we Mana!” (1 Abami 18:38, 39) Ubu na ho Eliya agira ikintu c’agakura. Abwiriza ati: “Ni mufate abo ba kamenyi ba Bayali, ntihagire ūcika n’umwe.” Bamaze kuririkirwa ku mugezi Kishoni, ibicu vyirabura bikwira ijuru. Amaherezo, umucuncubuko w’imvura urangiza rwa ruzuba!—1 Abami 18:40-45; gereranya na Gusubira mu Vyagezwe 13:1-5.

8 Mbega umusi w’agakomeye! Yehova atahukanye intsinzi muri ako gasuzumo gahambaye k’ivy’Ubumana. Vyongeye, ivyo bintu bibaye bihindukiza imitima y’Abisirayeli benshi, isubira ku Mana. Muri ubwo buryo no mu bundi nyene, Eliya aba ahinyuje ko ari umuhanuzi w’umwizerwa, kandi ubwiwe arangura uruhara mu vy’ubuhanuzi.

‘Eliya Umuhanuzi’ Aracaza?

9. Ni ibiki vyavuzwe mu buhanuzi muri Malaki 4:5, 6?

9 Mu nyuma, biciye kuri Malaki, Imana yarabuye iti: “Umve nzobarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w[a Yehova] uhambaye kand’uteye ubgoba utarashika. Uwo ni we gisāngānya azosāngānya imitima ya ba se n’iy’abana; kugira ngo noye kuzoza ngatera isi umuvumo.” (Malaki 4:5, 6) Eliya yabayeho hasigaye imyaka nk’500 ngo ayo majambo yaturwe. Kubera ko ubwo bwari ubuhanuzi, Abayuda bo mu kinjana ca mbere G.C. bari bategereje ko umuzo wa Eliya ubushitsa.—Matayo 17:10.

10. Eliya yabûwe yari nde, kandi tubimenya dute?

10 None uwo Eliya yoje yari nde? Akaranga kiwe karahishuwe igihe Yezu Kirisitu yavuga ati: “Uhereye mu gihe ca Yohana Umubatizi ugashitsa n’ubu barabandanira ubgami bgo mw ijuru, ababandana babunyakurisha ubuhizi. Kukw abavugishwa n’Imana bose bāvugishijwe, bo n’ivyagezwe, gushitsa igihe ca Yohana, kandi ni mwaba mugomba kuvyemera, uwo ni we Eliya yavuzwe kw azoza.” Egome, Yohani Umubatizi yari we ameze nka Eliya. (Matayo 11:12-14; Mariko 9:11-13) Umumarayika yari yabwiye se wa Yohani, Zakariya, yuko Yohani yogize “umutima wa Eliya n’ubushobozi bgiwe” n’uko ‘yoteguriye Yehova igisata gitunganije.’ (Luka 1:17) Ibatisimu Yohani yatanga yari ikimenyetso c’icese c’uko umuntu yigaye ivyaha yakoze arenga ku Vyagezwe, ari na co cari gushikana Abayuda kuri Kirisitu. (Luka 3:3-6; Ab’i Galatiya 3:24) Igikorwa Yohani yakora rero ‘cararonse igisata gitunganije citeguriye Yehova.’

11. Kuri Pentekote, ni igiki Petero yavuze ku vyerekeye ‘umusi wa Yehova,’ kandi washitse ryari?

11 Igikorwa ca Yohani Umubatizi nka we “Eliya” carerekanye yuko hari ‘umusi wa Yehova’ wari wegereje. Ukwegereza kw’uwo musi aho Imana yoteye abayanka hanyuma ikaziguriza igisata cayo, kwaravuzwe kandi n’intumwa Petero. Yaradomye urutoke ku vy’uko ibintu vy’igitangaro vyabaye kuri Pentekote yo mu 33 G.C. vyari isohora ry’ubuhanuzi bwa Yoweli bwerekeye ugusukīrwa kw’impwemu y’Imana. Petero yarerekanye yuko ivyo vyoshitse imbere y’ “uwo musi mukuru rurangiranwa w[a Yehova].” (Ivyakozwe 2:16-21; Yoweli 2:28-32) Mu 70 G.C. ni ho Yehova yasohoza Ijambo ryiwe mu gutuma ingabo zigizwe n’Abaroma zishitsa urubanza yaciye, kw ihanga ryiyamye Umwana wiwe.—Daniyeli 9:24-27; Yohana 19:15.

12. (a) Ni ibiki Paulo na Petero bavuze ku vyerekeye ‘umusi wa Yehova’ uriko uza? (b) Ni kuki hariho ikintu cotegerejwe gushika nk’uko vyagereranijwe n’igikorwa ca Eliya?

12 Ariko rero, hari ikindi cari kuza inyuma ya 70 G.C. Intumwa Paulo yarafatanije ‘umusi wa Yehova’ uriko uraza n’ukuhaba kwa Yezu Kirisitu. Intumwa Petero yavuze ivy’uwo musi mu bijanye n’ “ijuru risha n’isi nsha” bikiri ivya kazoza. (2 Ab’i Tesalonike 2:1, 2; 2 Petero 3:10-13) Uragumiza ku muzirikanyi yuko Yohani Umubatizi yakoze igikorwa gisa n’ica Eliya imbere y’uko uwo ‘musi wa Yehova’ uza mu 70 G.C. Ivyo vyose bifatiwe hamwe vyarerekanye ko hari ikindi kintu cobaye, nk’uko vyerekanwa n’igikorwa Eliya yari yakoze. Ico ni igiki?

Bafise Umutima wa Eliya

13, 14. (a) Ni ibiki mu mirimo ya Eliya bihuye n’ivyo mu y’Abakirisu basīzwe bo muri iki gihe? (b) Ni igiki abahuni ba Kirisitendomu bagize?

13 Igikorwa ca Eliya nticari gifise ibihuye na co mu mirimo ya Yohani Umubatizi honyene, ariko kirabifise no mu y’Abakirisu basizwe muri iki gihe kigoye kijana kuri wa ‘musi wa Yehova’ uriko uraza. (2 Timoteyo 3:1-5) Kubera ko bakoresha umutima n’ubushobozi vya Eliya, ni abavugizi b’abagumyabanga b’ugusenga kw’ukuri. Kandi ese ukuntu ivyo vyabaye nkenerwa! Inyuma y’ugupfa kw’intumwa za Kirisitu, harabayeho ubuhuni bw’ukuva mu Bukirisu bw’ukuri, nk’uko nyene insengo y’ivya Bayali yasagamvye muri Isirayeli yo mu gihe ca Eliya. (2 Petero 2:1) Abavuga ko ari Abakirisu batanguye kuvanga Ubukirisu n’inyigisho be n’imigenzo vy’idini y’ikinyoma. Nk’akarorero bemeye inyigisho ya gipagani kandi inyuranye n’Ivyanditswe, y’uko ngo umuntu afise ubugingo budahwera. (Umusiguzi 9:5, 10; Ezekiyeli 18:4) Abahuni ba Kirisitendomu bararetse gukoresha izina ry’Imana y’ukuri imwe rudende, Yehova. Mu gishingo c’ivyo, bariko basenga Ubutatu. Baremeye kandi umugenzo usa n’ivya Bayali w’ukwunamira ibishusho vya Yezu na nyina wiwe, Mariya. (Abaroma 1:23; 1 Yohana 5:21) Ariko ntivyahereye aho.

14 Kuva mu kinjana ca 19 no kubandanya, indongozi z’amakeleziya ya Kirisitendomu batanguye gukekeranya ku vyerekeye ibihimba vyinshi vya Bibiliya. Nk’akarorero, bariyamye inkuru yo mw Itanguriro ivuga ivy’irema, bunamira ivyiyumviro vy’ihindagurika, bayita ngo ni iya “gisiyansi.” Ivyo vyaciye biba ibiteye kubiri n’inyigisho za Yezu Kirisitu n’intumwa ziwe. (Matayo 19:4, 5; 1 Ab’i Korinto 15:47) Nka kumwe kwa Yezu n’abamukurikiye ba mbere ariko, Abakirisu basizwe impwemu kino gihe barashigikira inkuru ya Bibiliya y’ivy’irema.—Itanguriro 1:27.

15, 16. Mu buryo bunyuranye na Kirisitendomu, ni bande bironkeye ibigaburwa bidahengeshanya vy’imfungurwa z’ivy’impwemu, kandi bigaca mu nzira iyihe?

15 Aho isi yinjira mu ‘gihe c’iherezo,’ ikigoyi co mu vy’impwemu carakâkiye Kirisitendomu. (Daniyeli 12:4; Amosi 8:11, 12) Mugabo nya mugwi mutoyi w’Abakirisu basizwe warironkera ibigaburwa bidahengeshanya vy’imfungurwa z’ivy’impwemu zitangwa n’Imana “igihe kigeze,” nk’uko nyene Yehova yaraba ivy’uko Eliya afungurirwa mu gihe ca ca kigoyi co mu misi yiwe. (Matayo 24:45; 1 Abami 17:6, 13-16) Abo basuku bizerwa b’Imana, abo kera bari bazwi ko ari abatohoji ba Bibiliya bo mu mahanga yose, mu nyuma bararonse rya zina mvavyanditswe, Ivyabona vya Yehova.—Yesaya 43:10.

16 Eliya yabayeho akurikiza izina ryiwe, irisobanura ngo “Imana Yanje Ni Yehova.” Bwa ntashankuru yemewe y’abasuku ba Yehova bo kw isi, Umunara w’Inderetsi wamye ukoresha izina ry’Imana umudahindagura. Nkako, insohore yawo ya kabiri (Myandagaro 1879) yaraseruye ukwemera ata mazinda yuko ico kinyamakuru uwugifashe mu mugongo ari Yehova. Ico kinyamakuru hamwe n’ibindi bisohokayandikiro vy’Ishirahamwe Watch Tower birashira ku kabarore inyigisho ziteye kubiri n’Ivyanditswe za Kirisitendomu n’imice yindi igize Babiloni Hahambaye, ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma, vyongera bishigikira ivy’uko Ijambo ry’Imana, Bibiliya, ari iry’ukuri.—2 Timoteyo 3:16, 17; Ivyahishuwe 18:1-5.

Abizerwa mu Bigeragezo

17, 18. Yezebeli yakiriye gute ukuririkwa kw’abahanuzi ba Bayali, ariko Eliya yafashijwe gute?

17 Uko abakuru b’amadini bakiriye ukwo gushirwa ku kabarore, kwari nka kumwe kwa Yezebeli aho yumviye ko Eliya yishe abahanuzi ba Bayali. Yarungikiye ubutumwa uwo muhanuzi mwizerwa wa Yehova, aragana kumwicisha. Ukwo ntikwari uguhiga ataco kumaze, kuko Yezebeli yari amaze kugandagura abatari bake mu bahanuzi b’Imana. Kubera ubwoba, Eliya yahungiye amaja mu bumanuko bushira uburengero bwa Berisheba. Asigaho umufasha wiwe, yongera kwunguruza aja mu bugaragwa, asenga asaba gupfa. Mugabo Yehova ntiyari yahevye umuhanuzi wiwe. Umumarayika yarabonekeye Eliya kugira amufashe kwitegurira urugendo rurerure rw’ukuja ku Musozi Horebu. Gutyo yararonse ibimutunga muri nya rugendo rw’imisi 40 rw’ibirometero birenga 300. I Horebu, Imana yavuganye na we hanyuma y’ibintu biteye akoba biranga ububasha mu muyaga ukomeye, ikinyamugigima, n’umuriro. Yehova ntiyari muri ivyo bigaragazo. Ivyo kwari ukwiserura kw’impwemu yera yiwe, ari yo nguvu nkorakazi. Maze Yehova avuganana n’umuhanuzi wiwe. Ibaze ingene ivyo bintu vyibonewe vyakomeje Eliya. (1 Abami 19:1-12) Bite hamwe twebwe, cokimwe na Eliya, twocika nk’abatinya igihe duhigiwe n’abansi b’ugusenga kw’ukuri? Ivyamubayeko bikwiye kudufasha gutegera yuko Yehova adata abantu biwe.—1 Samweli 12:22.

18 Imana yarerekanye neza yuko Eliya yari agifise igikorwa co gukora bwa muhanuzi. Vyongeye, naho Eliya yiyumvira yuko yari we muntu rudende asenga Imana y’ukuri muri Isirayeli, Yehova yaramweretse yuko abantu 7 000 batari bunamiye Bayali. Imana maze yararungitse Eliya imusubiza ku gikorwa yari ashinzwe. (1 Abami 19:13-18) Cokimwe na Eliya, twoshobora guhigwa bukôko n’abansi b’insengo y’ukuri. Twoshobora guterwa n’uruhamo rukaze, nk’uko Yezu yari yarabibuye. (Yohana 15:17-20) Rimwe na rimwe, dushobora gutekerwa n’ubwoba. Ariko rero, turashobora kuba nka Eliya, uwaronse ibimukura amazinda biva ku Mana hanyuma maze akagumako bimwe vy’ukwizerwa, mu busuku bwa Yehova.

19. Ni ibiki vyabaye ku Bakirisu basīzwe mu gihe c’Intambara ya I y’Isi Yose?

19 Biturutse ku ruhamo rukaze mu gihe c’Intambara ya I y’Isi Yose, Abakirisu basīzwe bamwebamwe baragize ubwoba hanyuma barasigaho gukwiririza. Barahuvye mu kwiyumvira yuko igikorwa cabo kw isi cari caheze. Ariko Imana ntiyabahevye. Ahubwo, yaragize ikigongwe irabatunga, nk’uko nyene yaronkeje ibifungurwa Eliya. Nka kumwe kwa Eliya, abasīzwe b’abizerwa baremeye ugukosorwa kuva ku Mana hanyuma barasubirana, babona kwongera gukora. Amaso yabo yarahumuriwe agateka gakomeye k’ugukwiririza ubutumwa bw’Ubwami.

20. Muri iki gihe, ni agateka akahe katewe ba mwizerwa nka Eliya?

20 Mu buhanuzi yatanze bwerekeye ukuhaba kwiwe, Yezu yaracishijemwo ivy’igikorwa nzinguzamubumbe cononosowe imbere y’umuhero w’uru runkwekwe rubi rw’ibintu. (Matayo 24:14) Muri iki gihe, ico gikorwa kiriko gishishikarwa n’Abakirisu basīzwe hamwe na bagenzi babo amamiliyoni biteze ubuzima bwo kw isi y’iparadizo. Ukurangura igikorwa co gukwiririza Ubwami gushika kirangiye ni agateka katewe gusa ba mwizerwa nka Eliya.

Ba Umwizerwa nka Eliya

21, 22. (a) Ni igikorwa ikihe Abakirisu basīzwe baja imbere muri iki gihe? (b) Igikorwa c’ugukwiririza kiriko gishitswa hakoreshejwe imfashanyo nyabaki?

21 Nya masigarira makeyi y’Abakirisu nyakuri basīzwe yarakoresheje umwete nk’umwe wa Eliya arashitsa ibanga ajejwe ry’ukubungabunga inyungu zo kw isi z’Umwami yimye, Yezu Kirisitu. (Matayo 24:47) Kandi ubu haraciye imyaka isaga 60 Imana ikoresha abo basīzwe kugira baje imbere igikorwa c’uguhindura abantu abigishwa bagizwe n’abantu yahaye ca cizigiro c’agatangaza c’ubuzima buhoraho kw isi y’iparadizo. (Matayo 28:19, 20) Ese ukuntu ayo mamiliyoni bashobora gukenguruka kubona abo basīzwe basigaye ari bakeyi ugereranije, ubu bîtaho amabanga bashinzwe, bakabigirana umwete n’ukwizerwa!

22 Ico gikorwa c’ugukwiririza Ubwami gishitswa n’abantu b’abanyagasembwa, bakabihabwa gusa n’inkomezi Yehova aha abamwishimira biciye mw isengesho. “Eliya yar’umuntu ameze nkatwe,” ivyo bikavugwa n’umwigishwa Yakobo igihe yavuga akarorero uwo muhanuzi yatanze k’ivy’ugusenga kugirango yerekane inguvu z’isengesho ry’umugororotsi. (Yakobo 5:16-18) Eliya nantaryo ntiyama avuga ubuhanuzi canke akora ibitangaro. Yari afise inyiyumvo n’ubugoyagoye vya kimuntu nk’uko tubifise, ariko yarasukuriye Imana nk’umwizerwa nyene. Ko natwe dufashwa n’Imana ikaba kandi idukomeza, turashobora kuba abizerwa nka Eliya.

23. Ni kuki dufise impamvu nziza z’ukuba abizerwa n’ukutiziguruka?

23 Turafise impamvu nziza y’ukuba abizerwa n’ukutiziguruka. Ibuka yuko Yohani Umubatizi yakoze igikorwa gisa n’ica Eliya imbere yuko ‘umusi wa Yehova’ waduka mu 70 G.C. Abakirisu basīzwe bakoresheje umutima n’ubushobozi vya Eliya, barakora igikorwa nk’ico catanzwe n’Imana, mw isi yose uko ingana. Ivyo birerekana neza yuko wa ‘musi wa Yehova’ uhambaye wegereje.

Wokwishura Ute?

◻ Ubumana bwa Yehova bwatangiwe igihinyuza gute ku Musozi Karumeli?

◻ ‘Eliya uwari kuza’ yari nde, kandi yakoze ibiki?

◻ Ni gute Abakirisu basīzwe bo mu gihe ca none berekanye yuko bafise umutima wa Eliya?

◻ Ni kuki bishoboka ko tuba abizerwa nka Eliya?

[Uruzitiro ku rup. 12]

Eliya Yaduze mw Ijuru Irihe?

“HANYUMA [Eliya na Elisa] bariko baragenda bayāga, bagize bartya, umukogote w’umuriro n’amafarasi y’umuriro birabatandukanya; Eliya adūganwa mw ijuru n’agashururu.”—2 Abami 2:11.

Ngaha ijambo “ijuru” risobanura iki? Iryo jambo rimwe na rimwe ryerekeye aho Imana n’abana bayo ba kimarayika baba, ho mu buryo bw’impwemu. (Matayo 6:9; 18:10) “Ijuru” rishobora kandi kuvuga iri hangāre riboneka. (Gusubira mu vyagezwe 4:19) Bibiliya kandi irakoresha iryo jambo yerekeza ku kirere kiri hejuru y’isi, aho inyoni zigurukira n’imiyaga igahuhutira.—Zaburi 78:26; Matayo 6:26.

None muri ayo majuru ni irihe umuhanuzi Eliya yaduzemwo? Uko biboneka, yarimuwe acishijwe mu kirere c’isi hanyuma ashirwa mu kandi karere k’uyu mubumbe. Eliya yari akiri kw isi hashize imyaka, kuko yandikiye ikete Umwami Yehoramu w’i Buyuda. (2 Ngoma 21:1, 12-15) Ivy’uko Eliya ataduze ngo aje aho Yehova Imana atuye ho mu buryo bw’impwemu mu nyuma vyaremejwe na Yezu Kirisitu, uwamenyesheje ati: “Nta wadūze mw ijuru, atar’uwamanutse ava mw ijuru, ni we Mwana w’umuntu wo mw ijuru,” ni ukuvuga Yezu ubwiwe. (Yohana 3:13) Inzira ija mu buzima bwo mw ijuru yugururiwe abantu banyagasembwa ari bwo bwa mbere inyuma y’ugupfa, ukuzuka n’ukuduga [mw ijuru] kwa Yezu Kirisitu.—Yohana 14:2, 3; Abaheburayo 9:24; 10:19, 20.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika