Ni Nde Azorokoka ‘Umusi wa Yehova’?
‘Mukwiye kumera mute mu bikorwa vy’ingendo vyeranda n’ukugira ibiranga ukwibanda ku Mana, murindira kandi mugumiza hafi mu muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova!’—2 PETERO 3:11, 12, NW.
1. Ni bande bakorana umutima n’ubushobozi vya Eliya?
YEHOVA IMANA yararobanuye mu bantu abazoba abaraganwa n’Umuhungu wiwe, Yezu Kirisitu, mu Bwami bw’ijuru. (Abaroma 8:16, 17) Mu gihe bakiri kw isi, Abakirisu basīzwe barakorana umutima n’ubushobozi nk’ivya Eliya. (Luka 1:17) Mu kiganiro gikurikirwa n’iki, twabonye ibintu bimwebimwe bihuye mu mirimo yabo n’imwe y’umuhanuzi Eliya. Ariko twovuga iki ku gikorwa c’umusubirizi wa Eliya, wa muhanuzi Elisa?—1 Abami 19:15, 16.
2. (a) Igitangaro ca nyuma Eliya yakoze cabaye ikihe, ica mbere ca Elisa na co? (b) Ni igihinyuza ikihe kihari c’uko Eliya atagiye mw ijuru?
2 Igitangaro ca nyuma cakozwe na Eliya cari kimwe c’ukugabura amazi ya rwa Ruzi Yorodani ayakubitishije umutamana akorana amabanga yiwe. Ivyo vyahaye Eliya na Elisa uburyo bwo kujabuka baciye kw isi yumutse. Igihe bariko bagendagenda baca ku ruhande rw’iburasirazuba rw’urwo ruzi, agashururu karajanye Eliya ahandi hantu kw isi. (Raba uruzitiro rw’umutwe uvuga ngo “Eliya Yaduze mw Ijuru Irihe?”) Icasigaye wari umutamana Eliya yarangurana amabanga yiwe. Igihe Elisa yawukoresha mu gukubita Yorodani, amazi yarwo yarasubiye kwigabura, bituma ashobora gusubira inyuma aciye kw isi yumutse. Ico gitangaro carerekanye neza yuko Elisa yari yacitse umusubirizi wa Eliya mu vy’uguteza imbere ugusenga kw’ukuri muri Isirayeli.—2 Abami 2:6-15.
Kamere zo mu vy’Imana Ni Ntahara
3. Ni igiki Paulo na Petero bavuze ku vyerekeye ukuhaba kwa Yezu n’ ‘umusi wa Yehova’?
3 Ibinjana inyuma y’imisi ya Eliya na Elisa, intumwa Paulo na Petero zashize hamwe ‘umusi wa Yehova’ woje n’ukuhaba kwa Yezu Kirisitu be n’ “ijuru risha n’isi nsha” vyociye bikurikira. (2 Ab’i Tesalonike 2:1, 2; 2 Petero 3:10-13) Kugira turokoke umusi uhambaye wa Yehova—igihe Imana ihonya abansi bayo igakiza igisata cayo—dutegerezwa kurondera Yehova no kugaragaza ukwicisha bugufi hamwe n’ukugororoka. (Zefaniya 2:1-3) Ariko hari kamere zimwezimwe ziyongeyeko zija kwiserura uko turimbura ibintu vyabaye birimwo umuhanuzi Elisa.
4. Ni uruhara ki umwete urangura mu busuku bwa Yehova?
4 Ukugirira umwete ubusuku bw’Imana ni ntahara niba dushaka kurokoka ‘umusi wa Yehova.’ Eliya na Elisa bari abanyamwete mu busuku bwa Yehova. Amasigarira y’Abakirisu basīzwe muri iki gihe barakoresha umwete nk’uwo nyene bagakorera Yehova ubusuku butagatifu kandi bakaja imbere mu gukwiririza inkuru nziza.a Guhera mu myaka yo hagati yo mu 1930, bararemesheje abo bose bemera ubutumwa bw’Ubwami kandi bizigira kubaho ibihe bidashira kw isi, kwiyegurira Yehova no kubatizwa. (Mariko 8:34; 1 Petero 3:21) Amamiliyoni baritavye neza iyo ndemesho. Bari bahoze bari mu mwiza wo mu vy’impwemu, vyongeye bari abapfuye mu vy’icaha, ariko ubu barize ukuri kw’Imana, barakīranye urweze icizigiro c’ubuzima buhoraho mw iparadizo yo kw isi, kandi ni abanyamwete mu busuku bwa Yehova. (Zaburi 37:29; Ivyahishuwe 21:3-5) Bivuye ku mwete bafise, ugukorana, ukwakirana kwabo hamwe n’ibindi bikorwa vyiza, bararuhurira cane abavukanyi ba Kirisitu bo mu vy’impwemu bakiri kw isi.—Matayo 25:31-46.
5. Ni kuki bihambaye cane ko umuntu agirira ibintu vyiza ‘abavukanyi’ ba Yezu, kandi ni akarorero akahe dufise ko mu gihe ca Elisa?
5 Abagirira ‘abavukanyi’ ba Yezu ivyiza kubera ko abo basīzwe ari abamukurikira, barafise icizigiro co kurokoka ‘umusi wa Yehova.’ Hari abubakanye babiri mu kagari ko muri Shunemu bahunzwe imigisha myinshi kubera ukugirira ubuntu n’ukwakira Elisa n’umufasha wiwe. Abo bubakanye nta gahungu bari bafise, umugabo akaba yari ashaje. Ariko Elisa yarasezeraniye uwo mugore w’Umunyashunemu yuko yokwibarutse umuhungu, kandi ivyo vyarashitse koko. Igihe uwo muhungu w’ikinege yapfa inyuma y’imyaka mikeyi, Elisa yaragiye i Shunemu hanyuma aramuzura. (2 Abami 4:8-17, 32-37) Mbega impera zirimwo vyinshi kubera ukwakira Elisa!
6, 7. Ni akarorero nyabaki Namani yatanze, kandi gasaniye he n’ivy’ukurokoka ‘umusi wa Yehova’?
6 Ukwicisha bugufi kurakenewe kugirango umuntu yemere ubuyobozi bushimikiye kuri Bibiliya buva ku ‘bavukanyi’ ba Kirisitu bafise icizigiro co kurokoka umusi wa Yehova. Wa mukuru w’ingabo z’Abasiriya w’umunyamibembe, Namani, yarinze kwerekana ukwicisha bugufi kugira akurikire inama agiriwe n’agakobwa k’Akisirayeli k’akanyagano ararondera gukizwa mu kuja i Bwisirayeli kubonana na Elisa. Elisa aho kuva mu nzu yiwe ngo abonane na Namani, yamurungikiye ubu butumwa: “Wiyuhagire muri Yorodani ibihetangabo ndwi, umubiri uraca usubira uko wahora, nawe uzoba uhumanutse.” (2 Abami 5:10) Ubwibone bwa Namani bwarashikiriwe, aca araraka, ariko mu nyuma yaricishije bugufi aragenda yidibika muri Yorodani incuro ndwi, “umubiri wiwe uhinduka nk’uw’umwana mutoya, arahumanuka.” (2 Abami 5:14) Imbere yo gusubira i muhira, Namani yafashe urugendo inzira yose asubira i Samariya gukurira ubwatsi umuhanuzi wa Yehova. Kubera ko Elisa yari yiyemeje kutungukira mu vy’umubiri ku bubasha butanzwe n’Imana, yarasohotse ngo abonane na Namani ariko nta maturo namba yemeye. Namani yicisha bugufi abwira Elisha ati: “Uhereye none [nta] kimazi nzokwosereza izindi mana canke ngo ndazihe ikindi kimazi ic’ari co cose, atar[i Yehova] wenyene.”—2 Abami 5:17.
7 Mu kwicisha bugufi bagakurikira impanuro iva mu Vyanditswe itangwa n’abasīzwe, amamiliyoni barahundwa imigisha myinshi cane muri iki gihe. Vyongeye, mu kugaragaza ukwizera inkuka y’incungu ya Yezu, abo bantu b’umutima uzira ubugunge baruhagiwe mu vy’impwemu. Ubu bifitiye agateka ko kuba incuti za Yehova Imana na Yezu Kirisitu. (Zaburi 15:1, 2; Luka 16:9) Kandi ukwibanda ku Mana kwabo hamwe no ku busuku bwayo bazobironkera impera mu gukingirwa bagakizwa ugutikira guhoraho kuri mu gushikira abacumuzi banyabwishime batigaya, muri wa ‘musi wa Yehova’ wegereza ningoga.—Luka 13:24; 1 Yohana 1:7.
“Ni Nde Aherereye ku Ruhande Rwanje? Yoba Nde?”
8. (a) Abazorokoka ‘umusi wa Yehova’ bafise agatima nyabaki ku vyerekeye ukugira igomba ry’Imana? (b) Yehu yahawe inshingwano nyabaki? (c) Ni ibiki vyari bushikire Yezebeli?
8 Abizigira kurokoka ‘umusi wa Yehova’ bategerezwa kandi kuba ari intisubirako mu vy’ukugira igomba ry’Imana. Eliya yarabuye ashize amanga itikizwa ry’urugo rwicanyi rw’Umwami Ahabu rusenga Bayali. (1 Abami 21:17-26) Ariko imbere y’uko ukwo kwicwa gushitswa, Elisa umusubirizi wa Eliya yabwirizwa kunonosora igikorwa kinaka kitari carangijwe. (1 Abami 19:15-17) Aho igihe kibereye ca Yehova kigereye, Elisa yabwirije umufasha ngo agende asīge Yehu umukuru w’ingabo ngo abe umwami mushasha wa Isirayeli. Inyuma y’ugusuka amavuta ku mutwe wa Yehu, iyo ntumwa yamubwiye iti: “Uku ni k[o Yehova] Imana y’Abisirayeli agize, ngw Akwimikishije amavuta ng’ube umwami w’abantu biwe b’Abisirayeli. Kandi ng’Uze wice ab’inzu ya Ahabu shobuja, ngo Kugira ngw ahōre Yezebeli amaraso y’abasavyi biwe b’abavugishwa, n’ay’abandi basavyi biwe bose yavishije. Ngo kand’ab’inzu ya Ahabu bose bazogesera.” Umwamikazi mubi Yezebeli yoterewe imbwa kandi ntahambwe mu buryo bw’urupfasoni.—2 Abami 9:1-10.
9, 10. Ijambo rya Eliya ryasohoye gute mu bihereranye na Yezebeli?
9 Abagabo ba Yehu baremeye ko ugusīgwa kwiwe gufise agaciro hanyuma bamenyesha ko ari we mwami mushasha wa Isirayeli. Yehu yarakoze umutisubirako, yirukanga i Yezireli gutangura igikorwa c’ukwica indongoramigwi bahunye b’insengo y’ivya Bayali. Uwa mbere yiyumvisemwo umwampi wa Yehu mu kwicwa yari umuhungu wa Ahabu, Umwami Yehoramu. Yagendeye kw ifarasi aja hanze y’igisagara kubaza ko Yehu yoba yari yazanywe n’urubanza rw’amahoro. “Amahoro ki, ubusambanyi bga nyoko Yezebeli n’uburozi bgiwe bikiri ngaho ar’isinzi?” biba ni vyo Yehu asubizayo. Kuri iryo, umwampi wa Yehu usogota umutima wa Yehoramu.—2 Abami 9:22-24.
10 Abagore bibanga Imana baririnda kumera nka Yezebeli, canke ibisa na we ivyo ari vyo vyose. (Ivyahishuwe 2:18-23) Igihe Yehu yashika i Yezireli, nya mugore yari yagerageje kwigira uwuteye igomwe. Yarungurukiye mw idirisha araba hasi, amuramukisha agahigo gahinyitse. Yehu yabajije abafasha b’uwo mugore, ati “Ni nde aherereye ku ruhande rwanje? Yoba nde?” Buno nyene, abakozi babiri canke batatu bo ku kirimba barunguruka hasi. Boba bari ku ruhande rwa Yehu? Yehu arahimiriza, ati “Ni mumukororere hasi.” Kuri iryo, bakora umutisubirako, bajugunya wa mubi Yezebeli hanze y’idirisha. Yaragananzwe, ngirango n’ibinono vy’ifarasi. Aho abantu baziriye kumuhamba, ‘ntibagize ico basangaho atari agahanga n’ibirenge n’ibiganza.’ Mbega isohora ry’agatangaza ry’ijambo Eliya yavuze, ngo “Imbga zizo[rya] umuvyimba wa Yezebeli”!—2 Abami 9:30-37.
Ugushigikira Ugusenga kw’Ukuri Bivuye ku Mutima
11. Yehonadabu yari nde, kandi ni gute yerekanye ko ashigikiye insengo y’ukuri?
11 Abizigiye kurokoka ‘umusi wa Yehova’ no kubaho ibihe bidashira kw isi bategerezwa gushigikira ugusenga kw’ukuri n’umutima wabo wose. Bategerezwa kuba bameze nka Yehonadabu, ari we Yonadabu, uwasenga Yehova atari Umwisirayeli. Igihe Yehu yariko akomeza gusohoza n’umwete inshingwano yiwe, Yehonadabu yashatse kwerekana ko abishima kandi abishigikiye. Niho yagenda gusanganira umwami mushasha wa Isirayeli, uwari yerekeye i Samariya kwica abasigaye bo mu nzu ya Ahabu. Aho Yehu aboneye Yehonadabu, abaza ati: “Mbeg’urafatanije nanje bivuye ku mutima, nk’uko nanje numva mfatanije nawe?” Inyishu nziza ya Yehonadabu yatumye Yehu aramvura ukuboko yākura Yehonadabu ngo aze mu mukogote wiwe w’intambara, avuga ati: “Ngo tujane, urābe ishaka mfitiye [Yehova].” Ata guteba, Yehonadabu yemera ako gateka k’ukwerekana ko ashigikiye uwica yasîzwe wa Yehova.—2 Abami 10:15-17.
12. Ni kubera iki Yehova asaba ukumwibandako wenyene anábifitiye uburenganzira?
12 Ugushigikira ugusenga kw’ukuri bivuye ku mutima nta gukeka birabereye, kuko Yehova ari we Muremyi na Segaba wa Vyose, uwusaba ukumwibandako wenyene, kandi aranabifitiye uburenganzira. Yabwirije Abisirayeli ati: “Ntukibāzire igishushanyo, cank’igisa n’ishusho y’ikintu na kimwe kiri hejuru mw ijuru, canke hasi kw isi, canke mu mazi yo mu biyaga; ntuz’uvyikubite imbere, ntuz’ubisabe, kuko jewe [Yehova] Imana yawe nd’Imana [isaba ukwibandwako yonyene].” (Kuvayo 20:4, 5) Abizigiye kurokoka ‘umusi wa Yehova’ bategerezwa kumusenga wenyene, ivyo bakabigira “mu mpwemu no mu kuri.” (Yohana 4:23, 24) Bategerezwa kuba bashikamiye insengo y’ukuri, nka kumwe kwa Eliya, Elisa, na Yehonadabu.
13. Nk’uko umutima wa Yehonadabu wari kumwe na Yehu, ni bande bemera icese Umwami wa kimesiya, kandi ivyo bavyerekana bate?
13 Inyuma y’ukwicwa kw’ab’inzu ya Ahabu, Umwami Yehu yarateye izindi ntambwe kugira agenekereze abasenga Bayali abo ari bo yongere ahonye iyo dini y’ikinyoma muri Isirayeli. (2 Abami 10:18-28) Muri iki gihe, wa Mwami Yezu Kirisitu wo mw ijuru yaragennywe ngo azokwice abansi ba Yehova hanyuma agarukire ukugaba n’ukuganza kwiwe. Nk’uko umutima wa Yehonadabu wari kumwe na Yehu, “ishengero ryinshi” ry’ “izindi ntama” za Yezu muri iki gihe baremera icese Kirisitu nka we Mwami wa kimesiya n’umutima wabo wose, kandi bagakorana n’abavukanyi biwe bo mu vy’impwemu bari kw isi. (Ivyahishuwe 7:9, 10; Yohana 10:16) Baratanga ikimenyamenya c’ivyo mu gukwirikiza idini y’ukuri no mu kugira uruhara rurangwa umwete muri ca gikenurwa ca gikirisu, bakagabisha abansi b’Imana ku vy’ ‘umusi wa Yehova’ uza wihuta.—Matayo 10:32, 33; Abaroma 10:9, 10.
Ibintu vy’Amarorerwa Bigiye Kuba Vuba Cane!
14. Ni ibiki biraririye gushikira idini y’ikinyoma?
14 Yehu yaragize ico akora kugira aherengeteze insengo y’ivya Bayali muri Isirayeli. Muri iki gihe turimwo, biciye kuri Yehu Mukuru, Yezu Kirisitu, Imana izozana ugutikizwa kwa Babiloni Hahambaye, ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma. Vuba tuzobona isohora rya ya majambo umumarayika yabwira intumwa Yohani ngo: “Ya mahembe cumi wabonye na ca gikōko bizokwanka uwo maraya [Babiloni Hahambaye], bizomu[yogeza], bimukobe, birye inyama ziwe, bimutongoze umuriro. Kukw Imana yashize mu mitima yabo gukora ivyo yagabiye, no guhūza inama, no gushira ca gikōko ku ngoma yabo, kugeza ah’amajambo y’Imana azoshikira.” (Ivyahishuwe 17:16, 17; 18:2-5) “Ya mahembe cumi” agereranya ibihugu binyabubasha vya gipolitike bifise ububasha bwa gisirikare, biganje kw isi. Naho ubu bifitaniye na Babiloni Hahambaye ubucuti burimwo ubusambanyi bwo mu vy’impwemu, igihe uno asigaranye ni kigufi. Uwo muce w’ivya politike w’isi uzotikiza idini y’ikinyoma, “ca gikōko” na co—Ishirahamwe Mpuzamakungu—kizogira uruhara nyamukuru kiri kumwe na “ya mahembe cumi” mu kumuyogeza.b Mbega akaryo ko gushemeza Yehova!—Ivyahishuwe 19:1-6.
15. Ni ibiki bizoshika nihageragezwa ivyo guhonya iyungungane ry’Imana ryo kw isi?
15 Umwami Yehu amaze gutera igitero insengo y’ivya Bayali, inzu yiwe ya cami yahindukirije ubwenge ku bansi ba Isirayeli ba gipolitike. Wa Mwami Yezu Kirisitu azokora ikintu nk’ico nyene. Ibihugu binyabubasha vya gipolitike bizosigara, mu nyuma y’ihomvagurwa ry’idini y’ikinyoma isa n’ivya Bayali. Munsi y’akosho ka Shetani umwe Diyabule, abo bansi b’ukugaba n’ukuganza kwa Yehova bazotera igitero giherejeko ngo bagerageze guhonya iyungungane ry’Imana ryo kw isi. (Ezekiyeli 38:14-16) Mugabo Yehova azokoresha Umwami Yezu Kirisitu abakubite hasi mu kubahonya kuri Harumagedoni, “[ya] ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose,” abe anonosoye kwa kugarukira ukugaba n’ukuganza kwa Yehova.—Ivyahishuwe 16:14, 16; 19:11-21; Ezekiyeli 38:18-23.
Ugusukurana Umwete nk’Uwa Elisa
16, 17. (a) Tumenya dute yuko Elisa yabaye umunyamwete gushika ku mperuka y’ubuzima bwiwe? (b) Dukwiye gukoza iki imyampi yerekeye ukuri?
16 Kugeza aho ‘umusi wa Yehova’ uzozanira iherezo ku runkwekwe rw’ibintu rubi rwose rwa Shetani, abasuku b’Imana bazoba abarindutsi n’abanyamwete nka Elisa. Turetse igikorwa ciwe c’ukuba umufasha wa Eliya, Elisa yasukuye ari wenyene bwa muhanuzi wa Yehova mu kiringo c’imyaka isaga 50! Kandi Elisa yarabaye umunyamwete kugera kw iherezo nyene ry’ubuzima bwiwe burebure. Gatoyi imbere y’urupfu rwiwe, yaragendewe n’umwuzukuru wa Yehu, Umwami Yehowasi. Elisa yamubwiye kurasira umwampi mw idirisha. Uwo mwampi warirukiye aho urashwe, hanyuma Elisa aritangaza, ati “N’umwampi w[a Yehova] w’intsinzi, ni wo mwampi wo kunesha i Siriya; kukw ari wewe uzorwanira n’Abasiriya muri Afeka gushitsa ah’uzobaherengetereza.” Bisabwe na Elisa, Yehowasi ubukurikira akubita isi imyampi yiwe. Mugabo ivyo yabigize ata mwete, akubita incuro zitatu zonyene. Elisa maze avuga yuko, bwa ngaruka yavyo, Yehowasi yohawe gusa intsinzi zitatu kuri Siriya, kandi ivyo ni vyo vyashitse. (2 Abami 13:14-19, 25) Umwami Yehowasi ntiyakubise hasi Abasiriya mu buryo bwuzuye, ‘ngo abaherengeteze.’
17 Amasigarira y’abasīzwe bo barakoresha umwete nk’uwa Elisa, bakaguma barwanya insengo y’ikinyoma. Bagenzi babo b’ivyizigiro vyo kw isi bariko bagira kuno nyene. Vyongeye, abizigiye bose kurokoka ‘umusi wa Yehova’ bagira neza kugumiza mu bwenge ya majambo y’umunyamwete Elisa yerekeye uguhushura isi. Nidufate imyampi yerekeye ukuri hanyuma tuyirasishe n’umwete—turasa dusubira—me, gushika Yehova avuze ko igikorwa tuyikoresha kinonosowe.
18. Dukwiye kwitaba dute amajambo yo muri 2 Petero 3:11, 12?
18 ‘Umusi wa Yehova’ vuba uzozana iherezo ku runkwekwe rw’ibintu rubi rw’ubu. Nitureke rero ubwacu dusunikwe n’amajambo nkomezamutima yavuzwe n’intumwa Petero. Uwo Petero aritangaza, ati ‘None, kw ivyo vyose bizoshonga birtyo, mukwiye kumera mute mu bikorwa vy’ingendo vyeranda n’ukugira ibiranga ukwibanda ku Mana, murindira kandi mugumiza hafi mu muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova!’ (2 Petero 3:11, 12, NW) Igihe agahimba ako ari ko kose k’uru runkwekwe kazoba kashongeshejwe n’umuriro w’uburake bw’Imana buseruwe biciye kuri Yezu Kirisitu, abo bizwi ko bafise ingendo igororotse be n’ukwibanda ku Mana, bazorusimba. Ubutyoroke bwo mu vy’ukwigenza runtu no mu vy’impwemu ni ntahara. N’urukundo tugirira abantu nkatwe ni kwo kw’ukwo, urwerekanwa mu kwitaba ivyo bakeneye, canecane mu buryo bw’impwemu biciye mu gikenurwa cacu ca gikirisu.
19. Dutegerezwa kugira iki kugirango turokoke ‘umusi wa Yehova’?
19 Amajambo uvuga n’ivyo ukora vyoba bikugenekereza ko uri umusuku mwizerwa kandi munyamwete w’Imana? Niba ari ukwo, urashobora kwikomezamwo icizigiro c’ukurokoka ‘umusi wa Yehova’ ukinjira mw isi nshasha y’Imana yasezeranywe. Egome, urashobora kwibonera ukurokoka niba ugirira iciza abavukanyi ba Yezu bo mu vy’impwemu kubera ko ari abamukurikira, nka kumwe ba bubakenye babiri b’Abanyashunemu bakira Elisa. Kugira urokoke, utegerezwa kandi kumera nka Namani, uwicishije bugufi akemera ico ategetswe gikomoka ku Mana, kandi agacika uwusenga Yehova. Niba wipfuza cane kubaho ibihe bidashira mw iparadizo yo kw isi, utegerezwa kwerekana ko ushigikiye insengo y’ukuri bivuye ku mutima, nk’uko Yehonadabu yabigize. Niho woshobora kuba mu basuku bizerwa ba Yehova bagiye vuba kwibonera isohora rya ya majambo ya Yezu ngo: “Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.”—Matayo 25:34.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba ibigabane 18 na 19 vy’igitabu “Que ton nom soit sanctifié”, casohowe na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc.
b Raba impapuro 254-6 z’igitabu Ufunuo—Upeo Wao Mtukufu U Karibu!, casohowe na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc.
Wokwishura Ute?
◻ Kamere zimwezimwe zikenewe kugira turokoke ‘umusi wa Yehova’ ni izihe?
◻ Ni akarorero nyabaki katanzwe n’abubakanye babiri b’Abanyashunemu mu gihe ca Elisa?
◻ Ni icigwa ikihe gishobora gukurwa kuri Namani?
◻ Ni gute dushobora gukurikira akarorero ka Yehonadabu?
◻ Muri 2 Petero 3:11, 12 hakwiye gukora iki kuri twebwe?