Igituma tutoshobora kuba banyamwigendako
“Babiri baruta umwe . . . Kuk’umwe ni yatemba mugenzi we azomuvyura”.—Umwami Salomo
WA MWAMI SALOMO wa Isirayeli ya kera yavuze ati: “Babiri baruta umwe, kuko baronka impēra kubg’ubutame bgabo. Kuk’umwe ni yatemba mugenzi we azomuvyura: arik’ūtemvye ari wenyene, adafise ikimuvyura, aba agowe” (Umusiguzi 4:9, 10). Uwo muntu w’inkerebutsi yihweza inyifato y’abantu arashimika rero ku vy’uko dukeneye ubugenzi be no ku kamaro ko kutigungira ukwacu. Ariko rero, ico nticari iciyumviro c’umuntu gusa. Ayo majambo Salomo yavuze yavuye ku bukerebutsi bw’Imana no ku guhumekerwa na yo.
Kwigungira ukwacu ntibiranga ubukerebutsi. Abantu barakeneraniye. Twese turakeneye inkomezi n’imfashanyo dushobora gukura ku bandi bantu. Umugani umwe wa Bibiliya uvuga uti: “Uwigungira ukwiwe aba arondera ivyo yiharije gusa, kand’arwanya inama nziza zose” (Imigani 18:1). Ntibitangaje rero kubona abahinga mu vy’ikibano baremesha abantu kwifatanya n’abandi be no kubitwararika.
Mu nama Porofeseri Robert Putnam atanga zo kunagura umubano mu bantu, acishamwo ivyo “gutsimbataza akosho ko kwizera Imana”. Ivyabona vya Yehova si agaseseshwarumuri muri ivyo kubera yuko baronkera uburinzi mu mashengero ameze nk’umuryango ari hirya no hino kw’isi. Mu buryo buhuye n’amajambo intumwa Petero yavuze, ‘barakunda umuryango wose w’abavukanyi’, bafise ‘ugutinya Imana’ kurangwa n’ukuyubaha (1 Petero 2:17). Ivyabona kandi baririnda kwigungira ukwabo hamwe n’ingaruka mbi bikwega kubera ko ibikorwa vyinshi vyiza bijanye n’ugusenga kw’ukuri bituma baguma bafasha bagenzi babo kwiga ukuri dusanga mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya.—2 Timoteyo 2:15.
Urukundo be n’ubugenzi vyarahinduye ubuzima bwabo
Ivyabona vya Yehova bagize umuryango wunze ubumwe aho usanga umwe wese mu bawugize afise uruhara ruhambaye. Nk’akarorero, rimbura ivya Miguel, Froylán na Alma Ruth, bakaba ari abantu batatu bari mu muryango umwe wo muri Amerika y’Epfo. Bavutse bafise ubumuga bw’amagufa butuma badakura neza. Uko ari batatu bagendera mu makinga y’ibimuga. None ukwifatanya n’Ivyabona kwahinduye gute ubuzima bwabo?
Miguel yigana ati: “Naraciye mu bihe vy’ingorane zikomeye, mugabo igihe natangura kwifatanya n’abasavyi ba Yehova, ubuzima bwanje bwarahindutse. Kwigungira ukwawe ni ingeramizi ikomeye. Kwifatanya n’abo dusangiye ukwemera ku makoraniro ya gikirisu, kuba kumwe na bo ku ndwi ku ndwi, vyaramfashije cane kugira akanyamuneza no gushira akanyota”.
Alma Ruth yongerako ati: “Narakunda kugira intimba ikomeye, nkagira agahinda kenshi. Mugabo maze kumenya ivyerekeye Yehova nariyumvisemwo yuko nshobora kugiriranira na we ubucuti bwa hafi. Ico carambereye ikintu c’agaciro kuruta ibindi vyose mu buzima. Umuryango wacu waradushigikiye cane, ivyo bikaba vyatumye turushiriza kwunga ubumwe”.
Se wa Miguel yaramwigishije gusoma no kwandika abigiranye urukundo. Miguel na we yaciye avyigisha Froylán na Alma Ruth. Ivyo vyari nkenerwa kugira ngo bakomere mu vy’impwemu. Alma Ruth avuga ati: “Kumenya gusoma vyaratugiriye akamaro cane kubera ko ico gihe twashobora kwigaburira mu buryo bw’impwemu mu gusoma Bibiliya n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo”.
Muri iki gihe, Miguel ni umukurambere mukirisu. Froylán amaze gusoma Bibiliya yose incuro icenda. Kuva mu 1996, Alma Ruth yaraguye umurimo arangurira Yehova aba umutsimvyi, ni ukuvuga umwamamaji w’Ubwami w’igihe cose. Avuga ati: “Bivuye ku muhezagiro wa Yehova narashitse kuri uwo mugambi, kubera nashigikiwe n’abavukanyikazi banje bakundwa batamfashije gusa kwamamaza ariko kandi bamfashije kwigisha biciye mu kurongora inyigisho 11 za Bibiliya nashoboye gutanguza”.
Akandi karorero keza katanzwe n’uwitwa Emelia, uwashikiwe n’isanganya rituma agendera mw’ikinga ry’ibimuga kubera yuko amaguru yiwe be n’uruti rw’umugongo vyari vyarononekaye. Ivyabona vya Yehova bo mu gisagara ca Megizike bariganye na we Bibiliya hanyuma abatizwa mu 1996. Emelia avuga ati: “Imbere y’uko menya ukuri, nashaka kwiyahura, sinari ncipfuza kubaho. Numva ata co maze na gato, nkarira ijoro n’umutaga. Ariko igihe nifatanya n’abasavyi ba Yehova, nariyumvisemwo urukundo rwa kivukanyi. Ukuntu banyitwararika birandemesha. Hari umukurambere umwe yambereye nka musaza wanje canke dawe. We hamwe n’abakozi b’ishengero bamwebamwe barantwara ku makoraniro no mu gikorwa co kwamamaza ndi mw’ikinga ryanje ry’ibimuga”.
José, uwabatijwe mu 1992 akaba Icabona ca Yehova, aribana. Afise imyaka 70 y’amavuka, akaba yakukurutse mu 1990. José yarakunda kugira intimba, mugabo umwe mu Vyabona amaze kumubwira inkuru nziza, yaciye atangura kwitaba amakoraniro ya gikirisu. Yararyohewe n’ivyo yahumvise be n’ivyo yahabonye. Nk’akarorero, yariboneye ko abavukanyi bakundana arongera arabona yuko bamwitwararika. Abakurambere hamwe n’abakozi b’ishengero bo mw’ishengero akukira ubu ni bo bamubungabunga (Ab’i Filipi 1:1; 1 Petero 5:2). Abo basangiye ukwemera ni “imfashanyo ikomeza” kuri we (Ab’i Kolosayi 4:11, NW). Baramutwara kwa muganga, bakamugendera i muhira, kandi baramushigikiye incuro zine zose yabazwe. Avuga ati: “Baranyitwararika. Ni umuryango wanje vy’ukuri. Ukuba kumwe na bo birandyohera”.
Ugutanga kuzana agahimbare nyakuri
Igihe Umwami Salomo yavuga ko “babiri baruta umwe”, yari ahejeje kuvuga ko guhereza inguvu umuntu afise zose mu vyo kwirundaniriza amatungo ari ivy’ubusa (Umusiguzi 4:7-9). Ivyo ni vyo neza na neza abantu benshi bahurumbira muri iki gihe, naho nyene ivyo bisobanura guheba ubucuti umuntu agiranira n’abo mu muryango be n’abandi.
Ako gatima k’umwina n’ubwikunzi katumye benshi bigungira ukwa bonyene. Ivyo ntivyabazaniye agahimbare canke ngo bitume bashira akanyota mu buzima, kubera ko umubabaro be n’ukwihebura bikunda gushikira abantu batwarwa na mwene ako gatima. Ibihushanye n’ivyo, inkuru zihejeje kwiganwa zirerekana ingaruka nziza ziva mu kwifatanya n’abakorera Yehova babitumwe n’urukundo bamukunda be n’urwo bakunda bagenzi babo. Ukwitaba amakoraniro ya gikirisu ubudahorereza, ugushigikirwa be n’ukwitwararikwa n’abakirisu bagenzi babo hamwe n’ugukorana umwete mu busuku vyarabaye ibintu bihambaye mu gufasha abo bantu gutsinda inyiyumvo mbi zijanye n’ukwigungira ukwabo.—Imigani 17:17; Abaheburayo 10:24, 25.
Kubera yuko dukeneraniye, ni ibisanzwe yuko gukorera ibintu abandi bituma dushira akanyota. Albert Einstein, uwo igikorwa ciwe cagiriye akamaro abandi, yavuze ati: “Agaciro k’umuntu . . . gakwiye kubonekera mu vyo atanga, si mu vyo ashoboye guhabwa”. Ivyo birahuje n’aya majambo yavuzwe n’Umukama wacu Yezu Kirisitu: “Gutanga kuzana [agahimbare], kuruta guhabga” (Ivyakozwe 20:35). Naho ari vyiza rero kugaragarizwa urukundo, ni ngirakamaro cane kandi kurugaragariza abandi.
Umucungezi w’ingenzi umwe amaze imyaka agendera amashengero kugira ngo ayasahirize mu vy’impwemu kandi yafashije abakirisu bafise uburyo bukeya kwubaka ibibanza vyo kwikoranirizamwo, aserura inyiyumvo ziwe muri ubu buryo: “Umunezero nkura mu gukorera abavukanyi banje no kubona mu maso habo huzuye ugukenguruka bituma mbandanya kurondera uturyo two gufasha. Nariboneye yuko ukwitwararika abandi ari rwo rupfunguruzo rwo kuronka agahimbare. Kandi ndazi yuko kubera turi abakurambere, dukwiye kuba ‘nk’aho kwikinga umuyaga . . . , nk’inzūzi z’amazi ahantu hagadutse, kandi nk’igitūtu c’igitandara kinini mu gihugu kiruhisha’”.—Yesaya 32:2.
Ewe kuntu biryoshe kubana mu bumwe!
Vy’ukuri harimwo inyungu nini be n’agahimbare nyakuri mu gufasha abandi no mu kugiriranira ubugenzi n’abasukurira Yehova. Umwanditsi wa Zaburi yikuguye ati: “Ewe kuntu ari vyiza kand’ar’ivy’igikundiro kw abavukana babana nya kubana [mu bumwe]!” (Zaburi 133:1). Ubumwe mu muryango ni ikintu gihambaye mu gushigikirana, nk’uko twabibonye kuri Miguel, Froylán, na Alma Ruth. Vyongeye ese ukuntu ari umuhezagiro kwunga ubumwe mu gusenga kw’ukuri! Intumwa Petero amaze guhanura abagabo n’abagore bakirisu, yanditse ati: “Ibisigaye, mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima”.—1 Petero 3:8.
Ubugenzi nyakuri burazana ivyiza vyinshi, mu kanyengetera no mu vy’impwemu. Igihe intumwa Paulo yandikira abo basangiye ukwemera, yabahimirije ati: “Muremeshe abarandutse imitima, muramire abanyantege nke, mwihanganire bose. . . . Mwame mukurikira iciza mu vyo mugiriranira no mu vyo mugirira abandi bose”.—1 Ab’i Tesalonike 5:14, 15.
Kubera ico, nurondere uburyo buboneka bwo gukorera abandi ivyiza. “[N]ugirire bose neza, cane-cane ab[o musangiye ukw]izera”, kubera ko ivyo bizotuma ubuzima bwawe burushiriza kugira ico buvuze koko kandi bitume ugira akanyamuneza (Ab’i Galatiya 6:9, 10). Yakobo umwigishwa wa Yezu yanditse ati: “Ni haba hariho mwene data uw’ari we wese yoba yambaye ubusa, agenda aburanirwa ku vyo kurya, maz’umwe muri mwebge akamubgira, ati Genda amahoro, ususuruke, uhāge; ariko ntimumuhe ivy’umubiri ukena, vyomara iki?” (Yakobo 2:15, 16). Inyishu y’ico kibazo ni ntaseswa. Dukwiye ‘kutiyumvira ivyacu gusa, ariko tukiyumvira n’ivy’abandi’.—Ab’i Filipi 2:4.
Uretse ko Ivyabona vya Yehova bafasha abandi mu vy’umubiri igihe bikenewe mu buryo budasanzwe canke igihe hadutse ivyago, barakora cane mu gufasha abantu nka bo mu buryo buhambaye rwose, na bwo bukaba ari ukwamamaza inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana (Matayo 24:14). Uruhara Ivyabona barenga 6.000.000 bagira mu kwamamaza ubwo butumwa butanga icizigiro n’impumurizo, ni ikimenyamenya c’uko bitwararika vy’ukuri abandi kandi babigiranye urukundo. Ariko rero, gutanga imfashanyo ivuye mu Vyanditswe vyeranda birafasha kandi gushitsa ikindi kintu abantu bakenera. Ico kintu ni igiki?
Gushitsa ikintu ntahara
Kugira ngo tugire agahimbare nyakuri, turakeneye kugiriranira n’Imana ubucuti bwiza. Hari uwavuze ati: “Kuba umuntu, ahantu hose no mu bihe vyose, kuva mu ntango gushika n’uyu musi, yumva afise icipfuzo gikomeye co kwambaza ikintu yemera ko kimurengeye kandi kimurusha ububasha, birerekana yuko ugusenga ari ikintu mvukanwa kandi gikwiye kwemerwa mu vya siyansi. . . . Dukwiye kugira akoba, gutangara no gutinya kurangwa ukwubaha iyo tubonye ukuntu abantu bo kw’isi yose barondera ikinyabuzima kirengeye vyose kandi bakacemera”.—Igitabu Man Does Not Stand Alone, canditswe na A. Cressy Morrison.
Yezu Kirisitu yavuze ati: “Hahirwa [“abazi ko bakeneye ivy’impwemu”, NW]” (Matayo 5:3). Abantu ntibumva bamerewe neza igihe babandanije kwitandukanya n’abandi. Ariko rero, kwitandukanya n’Umuremyi wacu vyovyo birateye akaga cane (Ivyahishuriwe 4:11). Kuronka ‘ubumenyi bwerekeye Imana’ no kubushira mu ngiro bikwiye kuba ikintu gihambaye mu buzima bwacu (Imigani 2:1-5). Kukaba nkako, dukwiye guhaza icipfuzo dufise c’ivy’impwemu, kubera ko tutoshobora kuba banyamwigendako ngo twitandukanye n’Imana. Ubuzima burangwa agahimbare kandi buzana impera koko bushingiye ku kugiriranira ubucuti bwiza na Yehova, we ‘asumba vyose akaganza isi yose’.—Zaburi 83:18.
[Ifoto ku rup. 5]
Miguel: “Naraciye mu bihe vy’ingorane zikomeye, mugabo igihe natangura kwifatanya n’abasavyi ba Yehova, ubuzima bwanje bwarahindutse”
[Ifoto ku rup. 5]
Alma Ruth: “Maze kumenya ivyerekeye Yehova nariyumvisemwo yuko nshobora kugiriranira na we ubucuti bwa hafi”
[Ifoto ku rup. 6]
Emelia: “Imbere y’uko menya ukuri, . . . numva ata co maze na gato”
[Ifoto ku rup. 7]
Kwifatanya n’abasenga b’ukuri biradufasha guhaza icipfuzo dufise c’ivy’impwemu