Yehova atwitezeko ibiki?
“Mbega har’ikindi Uhoraho akugombako, atar[i] [“kugaragaza ubutungane”, “NW”], no gukunda kugira [“ubuntu”, “NW”], no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?”.—MIKA 6:8.
1, 2. Ni kubera iki abasavyi ba Yehova bamwebamwe boshobora gucika intege, ariko ni igiki cobafasha?
VERA ni umukirisu w’umwizerwa afise nk’imyaka 75 y’amavuka kandi afise amagara mabi. Avuga ati: “Rimwe na rimwe ndarabira mw’idirisha nkabona abavukanyi n’abavukanyikazi banje bakirisu bariko baramamaza inzu ku nzu. Birankoroza amosozi kubera ko nipfuza kuba ndi kumwe na bo, mugabo indwara zikaba zitankundira gukora vyinshi mu murimo wa Yehova”.
2 Woba umaze kwiyumva nk’ukwo? Ego ni ko, abakunda Yehova bose bipfuza kugendera mw’izina ryiwe no gushitsa ivyo asaba. Ariko bite hoho mu gihe tuguma turushiriza gukikwa n’amagara, mu gihe twitereye mu myaka, canke dufise amabanga yo mu muryango? Hari aho twosa n’abacika intege kubera mwene ivyo vyoba bitubuza gukora ibintu vyose umutima wacu wipfuza gukora mu murimo w’Imana. Nimba ukwo ari ko ivyacu vyifashe, nta mazinda ko tuza gusanga ukurimbura Mika ikigabane ca 6 n’ica 7 bituremesha cane. Ivyo bigabane birerekana yuko ivyo Yehova asaba bitegereka kandi yuko umuntu ashobora kubishitsa.
Ingene Imana ifata abasavyi bayo
3. Yehova afata gute Abisirayeli b’abagarariji?
3 Reka tubanze turabe muri Mika 6:3-5 maze tubone ingene Yehova afata abasavyi biwe. Wibuke yuko mu gihe ca Mika, Abisirayeli ari abagarariji. Naho ari ukwo, Yehova abigiranye imbabazi, ababwira akoresheje amajambo avuga ngo “Yemwe bantu banje”. Yehova atakamba ati: “Yemwe bantu banje, enda ni mwibuke”. Aho kubagiriza abaryagagura, agerageza kubakora ku mutima mu kubaza ngo “[Jewe] nabakoreye iki?”. Mbere abaremesha ‘kumwagiriza’, NW.
4. Akarorero Imana yatanze kerekeye ukugira imbabazi gakwiye gukora iki kuri twebwe?
4 Mbega akarorero Imana iduha! Ibigiranye imbabazi mbere Abisirayeli n’Abayuda b’abagarariji bo mu gihe ca Mika yabise “abantu banje” kandi ibabwira ikoresheje ijambo ngo “enda”. Birumvikana rero yuko dukwiye kugaragaza imbabazi n’ubugwaneza mu kuntu dufata abo mw’ishengero. Ego ni ko, kuri bamwebamwe vyoshobora kuba bitoroshe ko duhuza, canke bagashobora kuba bagoyagoya mu vy’impwemu. Ariko rero, nimba bakunda Yehova, dushaka kubafasha no kubagaragariza imbabazi.
5. Ni iciyumviro c’ishimikiro ikihe kiri muri Mika 6:6, 7?
5 Ubukurikira, nimuze tuzingurure muri Mika 6:6, 7. Mika arabaza urukurikirane rw’ibibazo bifasha kuzirikana, ati: “Mbega norengukana iki imbere y’Uhoraho, nkūnama imbere y’Imana isumba vyose? None nomurenguka imbere njanye ibimazi vyoshejwe, n’inyana zimaze umwaka? Mbeg’Uhoraho yohimbarwa n’amapfizi y’intama ibihumbi, cank’inzūzi z’amavuta ya elayo ibihumbi cumi? Notanga imfura yanje ku gicumuro canje, imbuto y’umubiri wanje nkayitanga ku caha c’umutima wanje?”. Emwe, ntibishoboka guhimbara Yehova “n’amapfizi y’intama ibihumbi, cank’inzūzi z’amavuta ya elayo ibihumbi cumi”. Mugabo hariho ikintu kanaka kizomuhimbara. Uti ico kintu ni igiki?
Dutegerezwa kugaragaza ubutungane
6. Ni ibintu bitatu ibihe Imana idusaba biri muri Mika 6:8?
6 Muri Mika 6:8, turamenya ivyo Yehova atwitezeko. Mika abaza ati: “Mbega har’ikindi Uhoraho akugombako, atar[i “ukugaragaza ubutungane”, NW], no gukunda kugira [“ubuntu”, NW], no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?”. Ivyo bisabwa bitatu birimwo ingene twiyumva, ingene twiyumvira n’ingene dukora ibintu. Dutegerezwa kwumva dufise umutima wo kugaragaza izo kamere, tukazirikana ku kuntu twozigaragaza, kandi tukagira ico dukoze kugira ngo tuzigaragaze. Nimuze turimbure ivyo bisabwa uko ari bitatu, kimwekimwe ukwaco.
7, 8. (a) “Kugaragaza ubutungane” bisobanura iki? (b) Ni ibikorwa vy’akarenganyo ibihe vyimonogoje mu gihe ca Mika?
7 “Kugaragaza ubutungane” bisobanura gukora ibigororotse. Uburyo Imana ikora ibintu ni co kintu tworabirako mu vy’ubutungane. Ariko rero, abo mu gihe ca Mika ntibagaragaza ubutungane, ahubwo bakora ivy’akarenganyo. Uti mu buryo nyabaki? Rimbura Mika 6:10. Ku mpera z’uwo murongo, abacuruzi bavugwa yuko bakoresha “ingero zitūvya”, ni ukuvuga ingero ntoya cane. Umurongo wa 11 wongerako yuko bakoresha “ibigeresho bihendana”. Kandi twisunze umurongo wa 12, “indimi zo mu kanwa kabo zirahendana”. Gutyo, ingero zitari zo, ibigeresho bitari vyo be n’imvugo z’ikinyoma bireze mw’isi y’ubudandaji yo mu gihe ca Mika.
8 Ibikorwa vy’akarenganyo ntibikorerwa mu buguriro gusa. Bireze no mu masentare. Muri Mika 7:3 herekana yuko “umuganwa ari n’ivyo yāka, umucamanza a[ga]ca ingurire”. Ibiturire birahabwa abacamanza kugira ngo baze bacire urwa ngondagonde abantu atakibagira. “Ūhambaye”, canke umunyagihugu afise akosho ku bandi, yifatanya mu bugizi bwa nabi. Mu vy’ukuri, Mika avuga yuko umuganwa, umucamanza be n’umuntu ahambaye ‘bajishira hamwe’ ibikorwa vyabo vy’ububisha, ni ukuvuga yuko bahuza inama.
9. Ubuyuda na Isirayeli bwasinzikajwe gute n’akarenganyo kagirwa n’ababisha?
9 Akarenganyo k’indongozi z’ababisha karasinzikaje Ubuyuda bwose na Isirayeli yose. Muri Mika 7:5 herekana yuko ukubura ubutungane kwatumye hataba ukwizigiranira hagati y’abakunzi, incuti somambike, mbere no hagati y’ababiranye. Ku murongo wa 6 havuga yuko vyatumye haba ubusimbirahamwe mu kibano, eka hagati y’incuti za hafi nk’abahungu na ba se, abakobwa na ba nyina bagakengerana.
10. Mu gihe ca none kirangwa n’akarenganyo, abakirisu bigenza gute?
10 Tuvuge iki muri iki gihe? Mbega none ibintu nk’ivyo si vyo twibonera? Cokimwe na Mika, dukikijwe n’ibintu birangwa n’ukubura ubutungane, agatima k’ukutizigiranira, be n’ugutituka kw’ubuzima bwo mu kibano be n’ubwo mu muryango. Yamara, kubera turi abasavyi b’Imana hagati y’iyi si itarangwamwo ukugororoka, ntitureka ngo agatima k’iyi si karangwa n’akarenganyo kanyengetere mw’ishengero rya gikirisu. Ahubwo riho, turihatira gushigikira ingingo ngenderwako z’ukuba inzirabugunge n’ukutadohoka, ivyo tukabigaragaza mu buzima bwacu bwa misi yose. Nkako, “[tura]gira ingeso nziza muri vyose” (Abaheburayo 13:18). Ntiwemera none yuko mu gihe tugaragaza ubutungane turonka imihezagiro myinshi iva mu kivukano kigaragaza ukwizigira nyakuri?
Ni gute abantu bumva ‘ijwi rya Yehova’?
11. Muri Mika 7:12 hariko haranguka gute?
11 Mika abura yuko naho hari akarenganyo, ubutungane buzoshika ku bantu b’ubwoko bwose. Uwo mumenyeshakazoza abura yuko abantu bazotororokanywa “uhereye ku kiyaga ugashitsa ku kindi, uhereye ku musozi ugashitsa ku wundi” kugira ngo bacike abasavyi ba Yehova (Mika 7:12). Muri iki gihe, mw’iranguka rya nyuma ry’ubwo buhanuzi, si ihanga rimwe kanaka ririko ryungukira ku butungane bw’Imana butagiramwo nkunzi, mugabo ni abantu bo mu mahanga yose (Yesaya 42:1). Ivyo biriko vyibonekeza gute?
12. Ni mu buryo nyabaki ‘ijwi rya Yehova’ ririko rirumvikana muri iki gihe?
12 Kugira ngo turonke inyishu, turimbure amajambo ya Mika twamaze kuvuga. Muri Mika 6:9 havuga hati: “Ijwi ry’Uhoraho rirasemerera, ribarira igisagara-kand’umunyabgenge azokwubaha izina ryiwe”. Ni gute abantu bo mu mahanga yose ‘bumva ijwi rya Yehova’, kandi ivyo bifitaniye isano gute no kugaragaza ubutungane? Ego ni ko, muri iki gihe abantu ntibumva ijwi nyajwi ry’Imana. Ariko rero, biciye ku gikorwa co kwamamaza turangurira kw’isi yose, ijwi rya Yehova abantu bo mu moko yose be no mu mice yose yo mu kibano bariko bararyumva. Ico bivamwo ni uko abumviriza ‘bubaha izina ry’Imana’. Nta nkeka ko tuba turiko dukora mu buryo buranga ubutungane n’urukundo mu gusukura turi abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete. Tumenyesheje izina ry’Imana umuntu wese ata kurobanura, tuba “[t]ugaraga[je] ubutungane”.
Dutegerezwa gukunda kugira ubuntu
13. Ni itandukaniro irihe riri hagati y’ubuntu-mvarukundo n’urukundo?
13 Ubukurikira, nimuze turimbure igisabwa kigira kabiri cavuzwe muri Mika 6:8. Yehova yitega ko “[d]ukunda kugira ubuntu”. Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “kugira ubuntu” rihindurwa kandi ngo “ubuntu-mvarukundo” canke “urukundo rudahemuka” (NW). Iyo mvugo “ubuntu-mvarukundo” isobanura ukurazwa ishinga n’abandi, ni ukuvuga ukubitwararikana imbabazi”. Ubuntu-mvarukundo buratandukanye na kamere y’urukundo. Uti gute? Urukundo ni ijambo ryagutse kuruta, rurashobora gukoreshwa mbere no ku bintu canke ku vyiyumviro. Nk’akarorero, Ivyanditswe bivuga ivyerekeye umuntu w’“inkunzi ya vino n’amavuta” be n’“ūkunda ubgenge” (Imigani 21:17; 29:3). Ariko rero, ubuntu-mvarukundo bwama nantaryo bwerekeza ku bantu, na canecane abasukurira Imana. Kubera ico, muri Mika 7:20 havuga ivyerekeye “[“ubuntu-mvarukundo”, NW] [bwagaragarijwe] Aburahamu”, umuntu yasukurira Yehova Imana.
14, 15. Ubuntu-mvarukundo bugaragazwa gute, kandi ni akarorero akahe kabugaragaza kavuzwe mu ngingo?
14 Nk’uko muri Mika 7:18 habivuga, uwo mumenyeshakazoza avuga yuko Imana “[i]himbarwa no kugira [“ubuntu-mvarukundo”, NW]”. Muri Mika 6:8, ntitubwirwa gupfa kugaragaza ubuntu-mvarukundo ahubwo tubwirwa gukunda iyo kamere. None ivyo vyanditswe tuvyigirako iki? Ubuntu-mvarukundo tubugaragaza n’umutima ukunze kandi ata gahato kubera yuko dushaka kubugaragaza. Cokimwe na Yehova, turaronka agahimbare canke umunezero mu kugaragariza ubuntu-mvarukundo abari n’ivyo bakeneye.
15 Muri iki gihe, ubuntu-mvarukundo mwene ubwo ni ikimenyetso kiranga abasavyi b’Imana. Rimbura akarorero kamwe gusa. Muri Ruheshi 2001, igihuhusi co mu ntara z’ubushuhe catumye haba isegenya rikomeye i Texas muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ryonona amazu ibihumbi n’ibihumbi dushizemwo n’amazu y’Ivyabona vya Yehova ashika ku majana. Kugira ngo bafashe abavukanyi babo b’abakirisu bari mu nkenero, Ivyabona bashika nko ku 10.000 baratanze umwanya wabo n’inguvu zabo n’umutima ukunze kandi ku buntu. Mu kiringo kirenga igice c’umwaka, abakora bavyishakiye barakoze bashirutse ubute, barakoresha imisi n’imisi, amajoro n’amajoro be n’impera z’imishamvu kugira ngo bubakire abavukanyi babo bakirisu Ingoro z’Ubwami 8 be n’amazu arenga 700. Abatashobora gukora mwene ico gikorwa baratanze ibifungurwa, ibikoresho n’amahera. Ni kubera iki none ivyo Vyabona ibihumbi n’ibihumbi bose baje gufasha abavukanyi babo? Ni kubera yuko “[ba]kunda kugira ubuntu”. Ese kandi ukuntu vyeza umutima kumenya yuko mwene ivyo bikorwa vy’ubuntu-mvarukundo bigaragazwa n’abavukanyi bacu bo kw’isi yose! Emwe, gushitsa igisabwa co “gukunda kugira ubuntu” si umuzigo, ahubwo ni umunezero!
Nugendane n’Imana wicishije bugufi
16. Ni ikigereranirizo ikihe gishimika ku vy’uko dukeneye kugendana n’Imana twicishije bugufi?
16 Igisabwa kigira gatatu dusanga muri Mika 6:8 ni “[u]kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi”. Ivyo bisigura kwemera aho tugeza be no kwisunga Imana. Tubitangire ikigereranirizo: iyumvire gatoyi agakobwa kagumije ukuboko kwa se wako igihe bariko baragendagenda mu gihuhusi. Nya gakobwa kaba kazi neza yuko kadafise inkomezi nyinshi, mugabo karizigira se wako. Natwe nyene dutegerezwa kumenya aho tugeza mugabo tukizigira Dawe wa twese wo mw’ijuru. None dushobora gute kuzigama ukwo kwizigira? Kimwe coco, ni mu kwama twibuka igituma biranga ubukerebutsi kuguma twiyegereje Imana. Mika aratwibutsa imvo zitatu: Yehova ni we Mucunguzi wacu, ni we Murongozi wacu kandi ni we Umukingizi wacu.
17. Ni gute Yehova yacunguye, akarongora akongera agakingira abasavyi biwe bo mu bihe vya kera?
17 Dukurikije ibiri muri Mika 6:4, 5, Imana ivuga iti: “Na[ra]badūganye [m]bakūra mu gihugu ca Egiputa”. Egome, Yehova yari Umucunguzi wa Isirayeli. Mu nyuma Yehova avuga ati: “[Na]rungi[tse] Mose na Aroni na Miriyamu”. Musa na Aroni barakoreshejwe mu kurongora iryo hanga, Miriyamu na we arongora abagore b’Abisirayeli mu ntambo yo kwigina intsinzi (Kuvayo 7:1, 2; 15:1, 19-21; Gusubira mu vyagezwe 34:10). Yehova yaratanze uburongozi akoresheje abasavyi biwe. Mu murongo wa 5, Yehova aributsa ihanga rya Isirayeli yuko yarikingiye abarirwanya, ari bo Balaki na Balamu, kandi yuko yarikingiye mu gice ca nyuma c’urugendo ryagize, uhereye i Shitimu h’i Mowabu ukageza i Gilugali mu Gihugu c’Isezerano.
18. Ni gute Imana itubera Umucunguzi, Umurongozi n’Umukingizi muri iki gihe?
18 Igihe tugendana n’Imana, iraturokora mw’isi ya Shetani, ikaturongora ikoresheje Ijambo ryayo n’ishirahamwe ryayo, kandi uko tugize umugwi, ikadukingira igihe dutewe n’abaturwanya. Gutyo, turafise imvo yumvikana ituma tugumya ukuboko kwa Dawe wa twese wo mw’ijuru uko tugendana na we mu gice ca nyuma c’urugendo rwacu cuzuye ibihuhusi, twerekeza ku kintu gihambaye kuruta ca Gihugu c’Isezerano ca kera, ni ukuvuga isi nshasha y’Imana irangwa n’ukugororoka.
19. Ni mu buryo ubuhe ukwicisha bugufi gufitaniye isano n’ukumenya aho tugeza?
19 Kugendana n’Imana twicishije bugufi biradufasha kubona uko ivyacu vyifashe ata kwihenda. Ivyo ni ukwo biri kubera yuko ukwicisha bugufi birimwo ukumenya aho tugeza. Ukugera mu zabukuru canke ugukikwa n’amagara vyoshobora gushingira akarimbi ivyo dushobora gukora mu murimo wa Yehova. Ariko rero, aho kureka ngo ivyo biduce intege, dukwiye kwibuka yuko Imana yemera utwigoro twacu be n’amashikanwa yacu ‘ikurikije ivyo dufise, si ivyo tudafise’ (2 Ab’i Korinto 8:12). Kukaba nkako, Yehova yiteze yuko tumukorera n’ubugingo bwacu bwose, tugakora ivyo dushobora bivanye n’ukuntu ivyacu vyifashe (Ab’i Kolosayi 3:23). Igihe dukora ivyo dushobora vyose mu murimo w’Imana tubigiranye ubwira n’umwete, iraduhezagira cane.—Imigani 10:22.
Agatima ko kurindira karazana imihezagiro
20. Ni ukumenya ibiki kwodufasha kugaragaza agatima ko kurindira nka kamwe ka Mika?
20 Kuronka umuhezagiro wa Yehova bituvyurira umutima wo kwigana inyifato ya Mika. Avuga ati: “[“Nzokwerekana agatima ko kurindira”, NW] Imana y’agakiza kanje” (Mika 7:7). None ayo majambo afitaniye isano gute n’ukugendana n’Imana kwacu twicishije bugufi? Kugira agatima ko kurindira, canke kwihangana, biradufasha kwirinda kwumva ducitse intege ngo ni uko umusi wa Yehova utarashika (Imigani 13:12). Tubivuze ata kurya umunwa, twese turacambirwa n’uko umuhero w’iyi si mbi uza. Ariko rero, uko indwi itashe hariho abantu ibihumbi n’ibihumbi bama batangura kugendana n’Imana. Kumenya ivyo bintu biraduha imvo nziza ituma tugaragaza agatima ko kurindira. Icabona umwe amaze igihe kirekire yavuze ku bijanye n’ivyo ati: “Nsubije amaso inyuma mu myaka irenga 55 maze mu gikorwa c’ukwamamaza, ndemera ntakeka yuko ata kintu na kimwe nahomvye mu kurindira Yehova. Ahubwo riho, narakingiwe ibintu bibi vyonshikiye”. Vyoba ari ukwo biri no kuri wewe?
21, 22. Muri Mika 7:14 hariko haranguka gute muri iki gihe cacu?
21 Nta gukeka ko kugendana na Yehova bituronsa ivyiza. Nk’uko tubisoma muri Mika 7:14, Mika agereranya abasavyi b’Imana n’intama zibera mu mutekano ziri kumwe n’umwungere wazo. Muri iki gihe, mw’iranguka rirushirije kuba rinini ry’ubwo buhanuzi, amasigarira ya Isirayeli yo mu vy’impwemu hamwe n’“izindi ntama” bararonka vy’ukuri umutekano bari kumwe n’Umwungere wabo bizigira, ari we Yehova. Baba “ukwabo mu kibira co hagati kuri Karumeli”, mu buryo bw’impwemu batandukanijwe n’iyi si irushiriza kuba iyidurumbanye ikongera ikarushiriza kubamwo ingeramizi.—Yohana 10:16; Gusubira mu vyagezwe 33:28; Yeremiya 49:31; Ab’i Galatiya 6:16.
22 Abasavyi ba Yehova barasagamvye, nk’uko kandi muri Mika 7:14 habibuye. Mu kuvuga ivyerekeye intama z’Imana ari bo basavyi bayo, Mika avuga ati: “Barishe i Bashani n’i Gileyadi”. Nka kurya nyene intama z’i Bashani n’i Gileyadi zarisha ku bwatsi butotahaye maze zikavyibuha, ni na kwo abasavyi b’Imana bo muri iki gihe basagamba mu vy’impwemu, uwo ukaba ari uwundi muhezagiro ku bagendana n’Imana bicishije bugufi.—Guharūra 32:1; Gusubira mu vyagezwe 32:14.
23. Ni icigwa ikihe twokura mu kurimbura Mika 7:18, 19?
23 Muri Mika 7:18, 19, uwo mumenyeshakazoza ashira ahabona icipfuzo Yehova afise co guharira abigaya. Umurongo wa 18 uvuga yuko Yehova “[a]harira ibigabitanyo” kandi yuko “[y]irengagiza igicumuro”. Nk’uko bivugwa mu murongo wa 19, “[a]zoterera ivyaha vyacu vyose i bgina mu kiyaga”. None ivyo twobikuramwo icigwa kimwe ikihe? Twoshobora kwibaza nimba twigana Yehova muri ivyo. Twoba none duharira abandi amakosa boshobora kudukorera? Mu gihe mwene abo bantu bigaye kandi bakarondera gutunganya ibintu, nta nkeka yuko tuzokwipfuza kugaragaza umutima ukunze Yehova afise wo guharira ivyaha agaherezako kandi ata kangonongono.
24. Wungukiye gute ku buhanuzi bwa Mika?
24 None twungukiye gute kuri uwo mwihwezo w’ubuhanuzi bwa Mika? Watwibukije yuko Yehova aha icizigiro nyakuri abamwiyegereza (Mika 2:1-13). Waturemesheje gukora ikintu cose gishoboka mu gushigikira ugusenga kw’ukuri kugira ngo dushobore kugendera mw’izina ry’Imana ibihe bidahera (Mika 4:1-4). Wadukuye kandi amazinda yuko uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, dushobora gushitsa ivyo Yehova asaba. Emwe, ubuhanuzi bwa Mika buradukomeza koko kugira tugendere mw’izina rya Yehova.
Wokwishura gute?
• Nk’uko bivugwa muri Mika 6:8, ni ibiki Yehova adusaba?
• Ni igiki gikenewe nimba dushaka “kugaragaza ubutungane”?
• Twokwerekana gute ko ‘dukunda kugira ubuntu’?
• ‘Kugendana n’Imana twicishije bugufi’ bisobanura iki?
[Amafoto ku rup. 21]
Naho mu gihe ca Mika harangwa ububisha, yarashikije ivyo Yehova asaba. Na wewe nyene urashobora kubishitsa
[Ifoto ku rup. 23]
Nugaragaze ubutungane mu gushinga intahe ku bantu bo mu mice yose yo mu kibano
[Amafoto ku rup. 23]
Niwerekane ko ukunda kugira ubuntu mu kwitwararika ivyo abandi bakeneye
[Ifoto ku rup. 23]
Nukore ivyo ushobora vyose kandi utahure wicishije bugufi yuko uri n’aho ugeza