ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/9 rup. 29
  • “Abagiriwe nabi kakaba akamizwe n’ingoma” bibukwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Abagiriwe nabi kakaba akamizwe n’ingoma” bibukwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • Rwaruka—Yehova ntazokwibagira igikorwa mukora!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/9 rup. 29

Reka abamamaji b’Ubwami batuyagire

“Abagiriwe nabi kakaba akamizwe n’ingoma” bibukwa

MU NTANGO z’umwaka wa 2001, Icabona ca Yehova w’imyaka 15 y’amavuka yitwa Haykaz, yaragendeye iyerekanwa ryataziriwe ngo “Abagiriwe nabi kakaba akamizwe n’ingoma”, i Bern mu Busuwisi, ryerekana ukuntu Abanazi bahamye Ivyabona vya Yehova. Haykaz ahejeje kuhagendera, yavuze ati: “Nari narumvise ukuntu Ivyabona vya Yehova bafashwe bunyamaswa bakongera bagacumukuzwa mu gihe c’intwaro y’Abanazi, ariko ubu bwāri bwo bwa mbere mbona ibitabu n’amafoto vyerekana inkuru y’imvaho y’ivyabaye ico gihe. Ivyerekanywe, amaraporo y’abantu biboneye urwo ruhamo be n’ivyavuzwe n’abatohozakahise vyāri aho hantu vyankoze ku mutima bimwe bishika kure kandi sinzokwigera ndavyibagira”.

Haheze igihe gitoyi, igihe Haykaz yashingwa igikorwa co kwandika raporo azoshikiriza abanyeshure bagenziwe mw’ishure ryisumbuye, yahisemwo umutwe w’ikiganiro uvuga ngo “Ivyabona vya Yehova: abagiriwe nabi n’Abanazi kakaba akamizwe n’ingoma”. Umwigisha wiwe yaremeye uwo mutwe w’ikiganiro mugabo abwira Haykaz ko akwiye gushiramwo n’amayagwa avuye mu bitabu bitari ivy’idini. Haykaz yaravyemeye anezerewe. Avuga ati: “Naranditse incamake y’ibitabu bimwebimwe nasuzumye bivuga ivyerekeye Ivyabona vya Yehova mu gihe c’Abanazi. Naradondoye kandi ukuntu nabonye rya yerekanwa ryataziriwe ngo ‘Abagiriwe nabi kakaba akamizwe n’ingoma’. Iyo raporo y’impapuro 43 yarimwo amashusho n’amafoto”.

Muri Munyonyo 2002, Haykaz yarashikirije raporo yiwe imbere y’abanyeshure bo kw’ishure yigako, abigisha, abo mu muryango be n’abagenzi. Mu nyuma hakurikiye ikiringo c’ibibazo n’inyishu, camuhaye akaryo ko gusigura ivyo yemera bishingiye kuri Bibiliya. Igihe umukobwa umwe yabaza Haykaz igituma yahisemwo uwo mutwe w’ikiganiro, yasiguye ko ibitabu vyinshi vya kahise bitavuga Ivyabona vya Yehova be n’uko yashatse ko abantu bamenya ukuntu Ivyabona baburaniye n’umutima rugabo ukwizera kwabo kwa gikirisu. Vyavuyemwo iki?

Haykaz yavuze ati: “Abanyeshure twigana barumiwe. Ntibari bazi ko Ivyabona vya Yehova uko bagize umugwi bahamwe bunyamaswa. Ikindi kandi, benshi ntibari bazi ko Ivyabona bari babohewe mu makambi y’itunatuniro y’Abanazi bambara ikimenyetso kibaranga c’inyabutatu isa n’umutugutu”.

Haykaz amaze gushikiriza ikiganiro ciwe, yararonse utundi turyo two kuyaga n’abanyeshure bigana no kuganira ivyerekeye impagararo ishingiye kuri Bibiliya Ivyabona vya Yehova bafise ku bijanye n’uguterwa amaraso, inzoga be no ku bijanye n’inyifato runtu. Haykaz yavuze ati: “Nta n’umwe mu bo twigana yantyekeje canke ngo antwengere mw’ijigo”. Ikigeretseko, ubu raporo yiwe ibitswe mu bubiko bw’ibitabu bw’ishure. Ivyo bizofasha gutuma impagararo irangwa umutima rugabo y’Ivyabona vya Yehova itaba akamizwe n’ingoma.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika