Yehova ‘ahera kw’itanguriro akavuga ivy’iherezo’
“Mpēra kw itanguriro nkavuga ivy’iherezo, ngahēra no mu bihe vya kera nkavuga ibitaraba”.—YESAYA 46:10.
1, 2. Ni ikintu ikihe kidasanzwe mu bijanye n’itemba rya Babiloni, kandi ivyo vyerekana iki ku biraba Yehova?
NI MW’IJORO, ingabo z’abansi ziriko ziragenda zidakoma n’akatsi zica mu Ruzi Efurate, zikaba ziriko zigana aho zigiye gutera, ni ukuvuga i Babiloni ca gisagara gikomeye. Igihe zegereje irembo ry’ico gisagara, zirabona ikintu gitangaje cane. Emwe, zisanze irembo ry’uruzitiro rwa Babiloni, irigizwe n’inzugi zibiri amahanga, rirangaye! Zirava muri urwo ruzi, zikurira, maze zikinjira muri ico gisagara. Ngo abaramukanya barateba, ico gisagara mu kanya isase ng’ico kirafashwe. Bidatevye, Kuro kizigenza w’izo ngabo araganza ico gihugu camaze kwigarurirwa, mu nyuma na ho agasohora itegeko rirekura Abisirayeli bari mu bunyagano. Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari barajanywe inyagano barasubira iwabo kugira ngo basubizeho ugusenga Yehova i Yeruzalemu.—2 Ngoma 36:22, 23; Ezira 1:1-4.
2 Ivyo bintu vyabaye kuva mu 539 B.G.C. gushika mu 537 B.G.C., muri iki gihe biremezwa neza n’abatohozakahise. Ikintu kidasanzwe ku bijanye n’ivyo ni uko imyaka nka 200 imbere y’uko ivyo biba, vyari bisanzwe bizwi ko vyobaye. Yehova yarahumekeye umuhanuzi wiwe Yesaya kugira ngo adondore itemba rya Babiloni hagisigaye iyo myaka yose ngo bibe (Yesaya 44:24–45:7). Imana ntiyahishuye gusa ibintu bijanye n’ukwo gutemba kwa Babiloni vyobaye, ariko kandi yarahishuye n’izina rw’uwokwigaruriye ico gisagaraa. Yehova, ariko abwira Abisirayeli, abari ivyabona vyiwe muri ico gihe, yavuze ati: “Mwibuke ivyabanje kubaho kera; kukw ari jewe Mana, ata yindi; ni jewe Mana, nta yindi duhwanye. Mpēra kw itanguriro nkavuga ivy’iherezo, ngahēra no mu bihe vya kera nkavuga ibitaraba” (Yesaya 46:9, 10a). Vy’ukuri, Yehova ni Imana ishobora kumenya imbere y’igihe ibizoba.
3. Ni inyishu z’ibibazo ibihe tugiye kurimbura?
3 None Imana izi ivya kazoza ku rugero rungana iki? Yehova yoba azi imbere y’igihe ivyo umwumwe wese muri twebwe azokora? Ibizodushikira vyoba vyaramaze kwandikwa? Muri iki kiganiro no mu gikurikira, turaza kurimbura inyishu Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo be no ku bindi bifitaniye isano na vyo.
Yehova ni Imana y’ubuhanuzi
4. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bukomoka kuri nde?
4 Kubera yuko Yehova ashoboye kumenya imbere y’igihe ibizoba, yarahumekeye abasavyi biwe bo mu bihe vya Bibiliya kugira ngo bandike ubuhanuzi bwinshi budufasha kumenya imbere y’igihe ivyo yagabiye kuzokora. Yehova avuga ati: “Rāba ivya mbere birashitse, kandi ndabamenyesha n’ibisha; bitaraseruka ndabibabgira” (Yesaya 42:9). Umve ntuze ukuntu abasavyi b’Imana bahezagiwe!
5. Kumenya imbere y’igihe ivyo Yehova azokora bituma umuntu aca abwirizwa gukora iki?
5 Umuhanuzi Amosi adukura amazinda ati: “Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha”. Kuba abo basavyi bari bazi imbere y’igihe ibizoshika vyatuma bagira ico babwirizwa gukora. Raba akarorero gakomeye Amosi aca akoresha, mu kuvuga ati: “Intambge irīvuze, none ni nde atotinya?”. Nk’uko nyene igihe intambwe yivuze abantu n’ibikoko biri mu micungararo bica ubwo nyene bigira ico bikoze, ni ko n’abahanuzi nka Amosi baca batangaza badatevye ivyo Yehova yaba avumereye. “Umwami Uhoraho aravuze, none ni nde atovugishwa?”—Amosi 3:7, 8.
“Ijambo” rya Yehova ntiribura ‘gusozera’ ico ryavuze
6. Ni mu buryo ubuhe “imigabo” ya Yehova ijanye n’ugutemba kwa Babiloni yarangutse?
6 Yehova, abicishije ku muhanuzi wiwe Yesaya, yavuze ati: “Imigabo yanje izohama, kand’ivyo nzogomba vyose nzobishitsa” (Yesaya 46:10b). “Imigabo” y’Imana, ni ukuvuga igomba ryayo canke umugambi wayo ku biraba Babiloni, yari iy’uko Kuro ava i Buperesi akaza kwigarurira Babiloni maze akahasangangura. Yehova yatangaje uwo mugambi kera cane imbere y’uko uranguka. Nk’uko twamaze kubibona, uwo mugambi wararangutse neza na neza, mu mwaka wa 539 B.G.C.
7. Ni kubera iki dushobora kwizigira ko “ijambo” rya Yehova ryama risozerwa?
7 Hafi ibinjana bine imbere y’uko Kuro yigarurira Babiloni, Umwami Yehoshafati w’Ubuyuda yarahanzwe n’ingabo z’Abamoni n’Abanyamowabu zari zamukoraniye. Yasenganye ukwizigira ati: “Ewe Uhoraho, Mana ya ba sogokuruza, none si wewe Mana yo mw ijuru? Kandi si wewe ugaba abami bose b’abanyamahanga? Mu kuboko kwawe harimw’ububasha n’inkomezi, bituma ata woguhagarara imbere” (2 Ngoma 20:6). Yesaya yaraseruye ukwizigira nk’ukwo nyene igihe yavuga ati: “Uhoraho Nyen’ingabo kw ari we yabigabiye, ni nde yobihindura? Kand’ukuboko kwiwe ko kubānguye, ni nde yogupfunya?” (Yesaya 14:27). Haciye igihe, Umwami Nebukadinezari wa Babiloni asubiye kugira ubwenge inyuma y’ikiringo yamaze bwaratakaye, yaremeye icese yicishije bugufi ati: “Nta wushobora kubuza ukuboko [kw’Imana], canke kuyibaza, at’Ukora iki?” (Daniyeli 4:35). Yehova arakura amazinda abasavyi biwe ati: “Ijambo ryanje . . . ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba, rizosozera ico naritumye” (Yesaya 55:11). Turashobora kwizigira tudakeka yuko “ijambo” rya Yehova ryama rishika. Umugambi w’Imana wama uranguka ata kabuza.
“Umugambi w’ibihe bidahera” w’Imana
8. “Umugambi w’ibihe bidahera” w’Imana ni uwuhe?
8 Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’i Efeso, yaravuze yuko Imana ifise “umugambi w’ibihe bidahera” (Abanyefeso 3:11, NW). Uwo mugambi w’Imana si ikintu gusa yategekanije ido n’ido kuzokora, nk’aho umengo yoba yarabwirijwe gutegura mu buryo ntabanduka akantu kose ku bijanye n’ukuntu yowuranguye. Ahubwo riho, uwo mugambi werekeza ku mwiyemezo Yehova afise wo kurangura ivyo yageneye abantu n’isi mu ntango (Itanguriro 1:28). Kugira dutahure neza ukuntu umugambi wiwe utabura kuranguka, reka turimbure ubuhanuzi bwa mbere bwo muri Bibiliya.
9. Mw’Itanguriro 3:15 hajanye gute n’umugambi w’Imana?
9 Umuhango dusanga mw’Itanguriro 3:15 werekana ko inyuma y’aho Adamu na Eva bamariye gucumura, Yehova yaciye ashinga ko umugore wiwe w’ikigereranyo yovyaye urubuto, ni ukuvuga umwana w’umuhungu. Vyongeye, Yehova yarabonye imbere y’igihe icovuye mu nyankane yobaye hagati y’uwo mugore wiwe na Shetani no hagati y’urubuto rw’uwo mugore n’urwa Shetani. Naho Yehova yoretse Urubuto rw’uwo mugore wiwe rugakomeretswa ku gitsintsiri, igihe yashinze kigeze, urwo Rubuto na rwo rwokomerekeje ku mutwe iyo nzoka, ari yo Shetani wa Mucokoranyi. Mu kurindira, umugambi wa Yehova wagiye uratera imbere ata kiwutangira biciye ku miryango yacagurwa yagiye irakurikirana gushika Yezu abonetse bwa Mesiya yasezeranywe.—Luka 3:15, 23-38; Ab’i Galatiya 4:4.
Ivyo Yehova ashinga imbere y’igihe
10. Yehova yoba yarashinze kuva mu ntango ko Adamu na Eva bokoze icaha? Sigura.
10 Igihe intumwa Petero yariko avuga uruhara Yezu yaranguye mu mugambi w’Imana, yanditse ati: “Uwo [Yezu] yamenywe n’Imana kera, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, ariko yerekanywe kw iherezo ry’ibihe kubganyu” (1 Petero 1:20). None, Yehova yoba yarashinze kuva mu ntango yuko Adamu na Eva bocumuye, gutyo hagakenerwa gutangwa inkuka y’incungu biciye kuri Yezu Kirisitu? Habe namba. Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “itanguriro” risobanura urudome ku rundi “uguterera hasi urubuto”. Hoba harabayeho “uguterera hasi urubuto”, ni ukuvuga ukwibaruka, imbere y’uko Adamu na Eva bacumura? Oya, ntikwabayeho. Adamu na Eva bibarutse ibibondo inyuma y’aho bagambarariye (Itanguriro 4:1). Ku bw’ivyo, ivy’uko hobonetse “urubuto”, Yehova yabishinze inyuma y’aho Adamu na Eva bagambarariye, ariko hakaba hari imbere y’uko bibaruka ibibondo. Urupfu rwa Yezu n’izuka ryiwe vyaratumye haba ya ndinganizo iranga urukundo y’incungu izotuma icaha abantu barazwe be n’utwigoro twose Shetani agira bihinduka ubusa.—Matayo 20:28; Abaheburayo 2:14; 1 Yohana 3:8.
11. Ni ikintu ikihe Yehova yashinze ko cobaye, mw’iranguka ry’umugambi wiwe?
11 Hari ikindi kintu Imana yashinze imbere y’igihe ko cobaye, mw’iranguka ry’umugambi wayo. Ico kintu cerekanwa n’amajambo Paulo yandikiye Abanyefeso, kikaba ari ic’uko Imana “[izo]koraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi”. Mu nyuma Paulo, mu kwerekeza ku “biri mw ijuru”, ni ukuvuga abacaguriwe kuba abaraganwa na Kirisitu, yaciye asigura ati: “[“Twatowe”, UB] kera nk’ukw Iyo yabigabiye, ikora vyose nk’ukw imigabo yo mu mutima wayo iri” (Abanyefeso 1:10, 11). Yehova yarashinze ko igitigiri ntarengwa c’abantu, bogize ikindi gice ca rwa rubuto rwa wa mugore wiwe, kandi ko bofadikanije na Kirisitu gutanga ivyiza biva ku ncungu (Abaroma 8:28-30). Intumwa Petero avuga ko abo bantu ari “ihanga ryera” (1 Petero 2:9). Intumwa Yohani yaratewe agateka ko kumenya biciye ku vyo yeretswe yuko igitigiri c’abo bantu bobaye abaraganwa na Kirisitu ari 144.000 (Ivyahishuriwe 7:4-8; 14:1, 3). Barasukura ku bw’“uguhesha icubahiro ubgiza bg’[Imana]” bunze ubumwe na Kirisitu we Mwami.—Abanyefeso 1:12-14.
12. Ni igiki kitwemeza ko bamwe 144.000 batandikiwe kuba muri uwo mugwi umwumwe ukwiwe?
12 Kuba harashinzwe ko hobonetse abo bantu 144.000 ntibisobanura yuko bandikiwe umwumwe ukwiwe kuzosukurira Imana badahemuka ku bwo guhesha icubahiro ubwiza bwayo. Nkako, impanuro dusanga mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu zandikiwe ahanini kuyobora no gukomeza abasizwe kugira ngo bagume ari intadohoka bongere bagume ari ababereye umuhamagaro wabo wo kuja mw’ijuru (Ab’i Filipi 2:12; 2 Ab’i Tesalonike 1:5, 11; 2 Petero 1:10, 11). Yehova asanzwe azi ko hazoboneka abantu 144.000 berekanye ko babereye kumusukurira ku bw’iranguka ry’umugambi wiwe. Abahamagawe berekana ko ari ababereye mu kuntu umwumwe wese muri bo ahitamwo kubaho, iyo ikaba ari ingingo ategerezwa kwifatira ku giti ciwe.—Matayo 24:13.
Ivyo Yehova amenya imbere y’igihe
13, 14. Uburyo Yehova akoresha ubushobozi afise bwo kumenya ibintu imbere y’igihe abuhuza n’iki, kandi kubera iki?
13 Ko Yehova ari Imana y’ubuhanuzi kandi y’umugambi, ubushobozi bwiwe bwo kumenya ibintu imbere y’igihe abukoresha gute? Ica mbere coco, turazi tudakeka ko inzira zose z’Imana ari iz’ukuri, ko zigororotse kandi ko ziranga urukundo. Igihe intumwa Paulo yandikira abakirisu b’Abaheburayo bo mu kinjana ca mbere mu gihe cacu, yaremeje ko indahiro y’Imana be n’umuhango wayo ari ibintu “bibiri bidahinduka, ivyo Imana itabasha kubesheramwo” (Abaheburayo 6:17, 18). Mw’ikete Paulo yandikiye umwigishwa Tito, yarongeye guserura ico ciyumviro nyene mu kwandika ko Imana “itazi kubesha”.—Tito 1:2.
14 N’ikindi kandi, naho Yehova afise ububasha butagira aho bugarukira, ntiyigera akora ivyo kugabitanya. Musa yadondoye Yehova ko ari “Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, iroranya, kandi y’Inyakuri” (Gusubira mu vyagezwe 32:4). Ibintu vyose Yehova akora abihuza na kamere ziwe z’agahore. Ibikorwa vyiwe biragaragaza ukuntu kamere nyamukuru ziwe, ari zo urukundo, ubukerebutsi, ubutungane be n’ububasha, zikorana neza mu buryo butagira agahaze.
15, 16. Ni amahitamwo ayahe Yehova yashiriyeho Adamu muri rya tongo ry’i Edeni?
15 Raba ubu na ho ukuntu ivyo vyose bifitaniye isano n’ivyabaye muri rya tongo ry’i Edeni. Yehova, bwa Muvyeyi munyarukundo, yarahaye ibiremwa-bantu ivyo bari bakeneye vyose. Yarahaye Adamu ubushobozi bwo kwiyumvira no kuzirikana ku kintu kinaka hanyuma akagira iciyumviro ashitseko. Adamu ntiyari ameze nk’ibikoko, vyovyo ahanini bigenza itima; we yari afise ubushobozi bwo kwihitiramwo. Rero, inyuma y’aho Imana ihereje kurema Adamu, yaritegereje iri ku ntebe yayo yo mw’ijuru isanga “ivyo yaremye vyose, . . . vyari vyiza cane”.—Itanguriro 1:26-31; 2 Petero 2:12.
16 Igihe Yehova yahitamwo gutegeka Adamu kutarya ku “giti kimenyekanisha iciza n’ikibi”, yaramuhaye inyobozo zikwiye ku buryo yoshoboye kwihitiramwo ico yokoze. Yemereye Adamu kurya ku “giti cose co mur’iryo tongo” uretse kimwe gusa, yongera aramugabisha ku bijanye n’inkurikizi zohabaye aramutse ariye ku vyamwa vyo ku giti yamubujije (Itanguriro 2:16, 17). Yarasiguriye Adamu ingaruka z’ivyo yokoze. None Adamu yokoze iki?
17. Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko Yehova adakoresha ku kantu ako ari ko kose ubushobozi bwiwe bwo kumenya ibintu imbere y’igihe?
17 Biboneka yuko Yehova yahisemwo kutarondera kubona imbere y’igihe ivyo Adamu na Eva bokoze, naho nyene afise ubushobozi bwo kumenya ikintu cose imbere y’igihe. Rero, ikibazo kiri aha si ic’uko Yehova yoba ashoboye canke adashoboye kubona imbere y’igihe ibizoba, ahubwo ni ic’uko ahitamwo canke ntahitemwo kubigira. N’ikindi kandi, turashobora kwiyumvira yuko Yehova, we Mana y’urukundo, atari gushobora gushinga n’ibigirankana kandi abigiranye umutima mubi yuko ubwo bugarariji buba, kandi tuzi n’inkurikizi zose zibabaje bwoteye (Matayo 7:11; 1 Yohana 4:8). Uca ubona rero ko Yehova adakoresha ku kantu ako ari ko kose ubushobozi bwiwe bwo kumenya ibintu imbere y’igihe.
18. Kuba Yehova adakoresha ku kantu ako ari ko kose ubushobozi bwiwe bwo kumenya ibintu imbere y’igihe, ni kubera iki bidasobanura na gato yuko hari ico ahajije?
18 Kuba Yehova adakoresha ku kantu ako ari ko kose ubushobozi bwiwe bwo kumenya ibintu imbere y’igihe, vyoba none bisobanura yuko hari ukuntu yoba ari n’ico ahajije? Haba n’intete! Musa yadondoye Yehova ko ari “Igitandara”, maze aca yongerako yuko “igikorwa ciwe [ari] agahore”. Si we yokwegekwako ingaruka z’icaha abantu bakoze. Ingaruka zibabaje zidushikira twese muri iki gihe zikomoka ku kintu kitagororotse Adamu yakoze igihe yagambarara. Intumwa Paulo yarerekanye mu buryo butomoye yuko “icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe, urupfu [ruzanwa] n’icaha, [gutyo] urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha”.—Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5; Abaroma 5:12; Yeremiya 10:23.
19. Ni ibibazo ibihe vyishurwa mu kiganiro gikurikira?
19 Mu vyo tumaze kurimbura, twabonye yuko Yehova atigera akora ivyo kugabitanya (Zaburi 33:5). Ahubwo riho, ubushobozi afise, kamere ziwe be n’ingingo mfatirwako ziwe birahuza n’umugambi wiwe (Abaroma 8:28). Yehova, we Mana y’ubuhanuzi, ‘ahera kw’itanguriro akavuga ivy’iherezo, agahera no mu bihe vya kera akavuga ibitaraba’ (Yesaya 46:9, 10). Twabonye kandi ko adakoresha ku kantu ako ari ko kose ubushobozi bwiwe bwo kumenya ibintu imbere y’igihe. None ivyo bigira ico bikoze gute kuri twebwe? Dushobora gute kwiyemeza neza yuko ingingo dufata zihuza n’umugambi w’Imana uranga urukundo? Kandi ni imihezagiro iyihe tuzoronka nitwabigira? Ikiganiro gikurikira kirishura ivyo bibazo.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 1998, ku rupapuro rwa 30-31.
Woshobora kubisigura?
• Ni uburorero ubuhe bwo mu gihe ca kera bwerekana ko “ijambo” ry’Imana ritabura kwama ‘risozera’ ico ryavuze?
• Ni ibintu ibihe Yehova yashinze imbere y’igihe ku bijanye n’“umugambi w’ibihe bidahera” wiwe?
• Yehova akoresha gute ubushobozi bwiwe bwo kumenya ibintu imbere y’igihe?
[Ifoto ku rup. 22]
Yehoshafati yarizigira Yehova
[Ifoto ku rup. 23]
Imana yaravuze imbere y’igihe ivyerekeye urupfu rwa Yezu n’izuka ryiwe
[Ifoto ku rup. 24]
Yehova yoba yarashinze imbere y’igihe ivyo Adamu na Eva bokoze?