ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/12 rup. 26-29
  • Kurondera amakosa vyanshikanye ku kuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kurondera amakosa vyanshikanye ku kuri
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu yoboneka ku ca kane c’idolari
  • Ndondera amakosa
  • Tugira ubuzima bumara akanyota kandi buri n’ico buvuze
  • Wokwitega iki ku buzima bwo mu mahanga?
    Be maso!—2013
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/12 rup. 26-29

Kurondera amakosa vyanshikanye ku kuri

Nk’uko vyavuzwe NA R. Stuart Marshall

Nya mupatiri w’umujezwite yavuze ati: “Ntituyaga n’Ivyabona vya Yehova. Bakoresha Bibiliya.” Iyo nyishu yiwe yarantangaje, kuko nari ndamusavye gufasha umukenyezi wanje mu kumwereka ko ibintu bimwebimwe Ivyabona vya Yehova bigisha bivuguruzanya. Naciye mfata ingingo yo kwigana Bibiliya n’Ivyabona kugira nzoshobore kubimwiyerekera.

UKWO ni ko natanguye kurondera kubeshuza inyigisho z’Ivyabona vya Yehova nkoresheje ubumenyi nari mfise mu bijanye n’ukuzirikana mu buryo bwumvikana be no mu vya tewolojiya, ico gihe nkaba nari mfise imyaka 43. Kuva mu mashure y’intango gushira muri kaminuza, nize mu mashure ya gatolika. Naho nari mfise urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza mu gisata c’ivy’ubutunzi mu 1969, nkaba kandi nari narize ivyigwa vya filozofiya na tewolojiya uwuri muri ico gisata yategerezwa kwiga, mu vyigwa vyose nize muri gatolika, nta na kimwe carimwo ivyo kwiga Bibiliya.

Ndangije kaminuza, naciye nubakana na Patricia McGinn, uno akaba yari umugatolika nkanje. Twempi twaciye twiyongeza turonka urupapuro rw’umutsindo bita doctorat kuri kaminuza y’i Stanford. Mu 1977, umwana wacu w’umuhungu yitwa Stuart yaravutse, maze amaherezo twimukira i Sacramento, muri Kaliforoniya, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mu myaka 23 yakurikiye, narakoreye leta ya Kaliforoniya mu biro bijejwe guha ivyiyumviro inama nshingamateka na nkenguzamateka, nkaba nasuzuma ingaruka zo mu vy’ubutunzi zishobora kuva ku mategeko atorwa yerekeye amahera iyo leta ikoresha mu gisata c’ivy’indero. Narakora cane kandi nari mfise ubuzima bwiza. Narahimbarwa no kuba nari se w’umwana wacu uko yagenda arakura. Umukenyezi wanje mukundwa yaranshigikira bimwe bidasanzwe, nanje nkamushigikira.

Inyishu yoboneka ku ca kane c’idolari

Igihe umuhungu wacu yari amaze imyaka ibiri, Patricia yararonse Bibiliya ayihawe n’Ivyabona vya Yehova, baca baratangura kuyimwigisha. Haheze imyaka itatu yarabatijwe. Nabona ko Ivyabona vya Yehova batabona kure mu bijanye n’imisi mikuru be n’uguterwa amaraso, yamara narabona ko ivyo bavuga ku vyiyumviro bimwebimwe bijijura. Umusi umwe, mu 1987, nagiye nsanga ndiko ndavuga ku mugaragaro ico ndabiyumvirako, ico gihe nkaba nari nahamagawe n’abagize komite ziraba ivy’indero, iy’inama nshingamateka be n’iy’inama nkenguzamateka, kugira ndabasigurire kimwe mu vyiyumviro nari narashikirije inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Kaminuza y’i Kaliforoniya yashaka amahera ngo ihiganwe n’ayandi maleta kugira itsindire umugambi wotwaye imiliyaridi zitandatu z’amadolari watanzwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Uwo mugambi wari ujanye no kwubaka inyubakwa nini bimwe bidasanzwe y’ibikoresho vyo kugira ubushakashatsi mu vya siyansi. Nari nashikirije iciyumviro c’uko ayo mafaranga atotangwa, mvuga ko ata kintu kinini uwo mugambi wozaniye ubutunzi bw’iyo leta. Iyo kaminuza yaciye irondera abahinga babiri mu vya fizike batsindiye ka gashimwe kitiriwe Nobel ngo babe ari bo basigura ivy’uwo mugambi imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka. Umwe wese muri bo yaravuga ubumenyi bwobonetse biciye kuri uwo mugambi. Umwe yavuze ko wotumye haboneka inyishu z’ibibazo bijanye n’inkomoko y’ibiriho vyose. Uwundi na we avuga ko wotumye ukuntu ubuzima bwatanguye kuri uyu mubumbe wacu birushiriza gutahurika.

Uwari ahagarikiye iyo komite yaciye ambaza ati:

“Wibaza ko imiliyaridi zitandatu z’amadolari ari amahera menshi cane kugira umuntu aronke inyishu z’ivyo bibazo?”

Namwishuye nti: “Simpakana ko ivyo bibazo bihambaye, yamara Ivyabona vya Yehova baraza i muhira iwanje ku wa gatandatu mu gitondo, bakambaza nimba noshima kwakira ikinyamakuru cishura ivyo bibazo nyene ntanze intererano y’ica kane c’idolari. Sinzi neza nimba inyishu batanga ku ca kane c’idolari itoba ari nziza kuruta inyishu tworonka biciye kuri uwo mugambi w’imiliyaridi zitandatu z’amadolari.”

Abari ng’aho bose bareguwe n’agatwengo, harimwo na ba bahinga batsindiye ka gashimwe kitiriwe Nobel. Naho inama nshingamateka be na nkenguzamateka zemeye ko ayo mahera yotangwa kugira uwo mugambi ubandanye, nta n’umwe yabeshuje iciyumviro canje.

Uko igihe cagenda kirahaca, naratanguye kubona ko bikenewe ko nitwararika ibintu vyariko biraba mu rugo. Haciye imyaka itandatu tuganira na Patricia kuri Bibiliya be no ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova, narumvise mvunitse umutima igihe yipfuza kwongereza umwanya yamara mu busuku. Ivyo vyomusavye ko agabanya ibikorwa yakora kuri kaminuza. Narababajwe n’ukuntu umuntu asanzwe azi ubwenge yoshobora kwishingira umugambi nk’uwo, kandi vyasa n’uko ata kintu na kimwe nari gushobora kuvuga canke gukora cotuma ahindura ivyiyumviro vyiwe.

Naragerageje kuronderera imfashanyo ku muhinga yoba afise ubumenyi bwinshi mu vya Bibiliya kundusha, uwo nibaza ko yoshobora kwerekana bitagoranye ukuntu ivyo Ivyabona vya Yehova bigisha bidahuye n’ibiri muri Bibiliya. Aramutse yerekanye imwe gusa mu nyigisho zabo itari yo, vyotumye izindi zose zisigaye ziba iziteye amakenga. Ico ni co giharuro nari nagize kugira ngo njijure umukenyezi wanje, uwari asanzwe yumva igiharuro. Narabonanye n’umupatiri w’umujezwite wo mw’idini twe na Patricia twahoramwo. Uwo mubonano wacu warangijwe na ya majambo ari mu ntango y’iki kiganiro. Igihe uwo mupatiri yanka kuvugana n’umukenyezi wanje, naciye mbona yuko naho nyene vyontwara igihe kirekire, ko ari jewe nari nkwiye kurondera amahinyu hanyuma nkayereka Patricia.

Ndondera amakosa

Uko nigana Bibiliya n’Ivyabona, ikintu cankora ku mutima kuruta ibindi ni ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Narasomye mu buhanuzi bwa Yesaya amakuru avuga ido n’ido ivyerekeye ugutemba kwa Babiloni, ayanditswe hagisigaye imyaka hafi 200 imbere yuko ibivugwa muri yo biranguka. Ayo makuru yarerekana ata kwihenda yuko uwitwa Kuro ari we yokwigaruriye Babiloni, akavuga kandi uburyo bwokoreshejwe mu gukevya Uruzi Efurate kugira hafatwe. (Yesaya 44:27–45:4) Imyaka itari mike imbere y’aho, nari narize ivyerekeye ukwo gutemba kwa Babiloni mu cigwa c’amayeri ya gisirikare. Narize kandi ko umuhanuzi Daniyeli yari yaravuze, imyaka irenga 200 imbere y’igihe, ibintu vy’ido n’ido vyerekeye umwami akomeye w’Ubugiriki, uwo vyari vyaravuzwe ko amaze gupfa, ubwami bwiwe bwogabuwemwo ubwami bune budakomeye nk’ubwa mbere. (Daniyeli 8:21, 22) Naributse ko ivyo bintu vyerekeye Alegizandere Mukuru navyize mu cigwa ca kahise ka kera. Maze kwigirira ubushakashatsi mu bitabu, jewe ubwanje nariboneye yuko ivyo bitabu vyo muri Bibiliya mu vy’ukuri vyanditswe imbere yuko ivyo vyari vyaravuze biranguka.

Uko narushiriza kwigana n’Ivyabona ni ko narushiriza kujijuka yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana, ico kikaba ari ikintu ntigeze menya mu myaka n’iyindi namaze niga ivya tewolojiya muri gatolika. None ubwo bumenyi nari kubukoresha iki? Naciye mfata ingingo yo kwegurira ubuzima bwanje Yehova maze mba Icabona ciwe. (Yesaya 43:10) Nabatijwe mu 1991, haheze imyaka ibiri gusa tuyaze na wa mupatiri. Umuhungu wacu yabatijwe mu mwaka wakurikiye.

Kubera ko twaciye tubona ibintu mu bundi buryo, twarahinduye imigambi umuryango wacu wari ufise. Ikintu ca mbere nakoze maze kubatizwa cabaye gushinga umugambi ujanye n’uko mu myaka itanu umukenyezi wanje yohagarika ibijanye no kwigisha kuri kaminuza, ico gihe akaba yobaye afise imyaka 50. Yipfuza kuba umutsimvyi, ico gihe bikaba vyasaba ko amara amasaha 1.000 ku mwaka, ni ukuvuga nk’amasaha 83 ku kwezi afasha abandi kwiga ukuri kwo muri Bibiliya. Gushika mu 1994, yari amaze kugabanya bimwe bihagije ivyo yakora ku buryo yatanguye ubutsimvyi. Imigambi nishingiye ubwa mbere yari iyo kuryohora ubusuku bwanje, gufasha ivyo naba nshoboye mw’ishengero, be no kwitanga ngakoresha ubumenyi bwanje mu bijanye n’ukuntu amahera akoreshwa mu kwubaka Ingoro z’Ubwami muri ako karere.

Igihe kimwe, nararonse akaryo ko kuganira n’umuntu kuri Bibiliya ndi ku kazi. Naramenye ko umukozi mushasha umwe wo muri vya biro bijejwe guha ivyiyumviro inama nshingamateka na nkenguzamateka akorera mu rwego rw’ivy’amahera, ari Icabona yahororokewe. Amakenga yari afise ku vyerekeye Bibiliya yari yatumye ukwizera kwiwe kugoyagoya. Narahimbawe no kumufasha mu vy’impwemu. Yarasubiye muri leta yavukiyemwo, maze aratangura gukora ubutsimvyi.

Mu 1995, naritavye ikoraniro ridasanzwe ry’abagize komite y’inama nshingamateka na nkenguzamateka baraba ivy’indero, bariko bihweza ibijanye n’umugambi w’ubushakashatsi washigikiwe mu vy’amahera na Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Uwari ahagarikiye iyo komite yarabajije intumwa ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku bijanye n’aho wa mugambi wo kwubaka inyubakwa nini bimwe bidasanzwe y’ibikoresho vyo kugira ubushakashatsi mu vya siyansi wari ugeze. Mu kwishura, iyo ntumwa yavuze yuko uwo mugambi wahavuye uhabwa leta ya Texas, mugabo ko utigeze uranguka kubera imvo zitatu. Ubwa mbere, imbere yuko uwo mugambi utangura, amahera wari gutwara yarongerekanye ava ku miliyaridi zitandatu z’amadolari aja ku miliyaridi icenda. Ubwa kabiri, intwaro ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika yashatse ko amahera yagenewe uwo mugambi akoreshwa mu bindi, na canecane mu ntambara yo muri Iraki yabaye mu 1991. Ubwa gatatu, basanze Ivyabona vya Yehova bashobora kubaronsa inyishu z’ibibazo vyerekeye ubuzima ku ca kane c’idolari! Vyabonetse ko vya bintu nari naravuze vyazungurutse amaherezo bikaba vyari bigarutse aho vyahereye.

Igihe abari ng’aho bose begurwa n’agatwengo, hari abo muri iyo komite baciye bandaba. Nabwiye abari aho bose ivyahindutse, nti: “Ubu hoho murashobora kuronka inyishu z’ivyo bibazo ku buntu musomye vya binyamakuru.”

Tugira ubuzima bumara akanyota kandi buri n’ico buvuze

Umukenyezi wanje amaze gukukuruka, twaciye dushinga umugambi unyerekeye w’imyaka itanu. Ndabigiranye ukwiyubara, nararondera mu yandi mashirahamwe amakuru yerekeye ugukora amasaha makeyi, kuko ico gihe nipfuza kwongereza umwanya namara ndiko ndigisha abandi ukuri kwo muri Bibiliya. Ntanavyiteze, vya biro nakoramwo vyaransavye nimba noshima ko bangabaniriza ibikorwa. Ku bw’ivyo, mu 1998, nanje naciye mba umutsimvyi.

Igihe kimwe mu gitondo, twe n’umukenyezi wanje turiko turitegura ngo tuje mu busuku, nararonse telefone ivuye ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika biri i Brooklyn muri New York. Kubera ko bari barabajije abavukanyi n’abavukanyikazi bafise ubuhanga bunaka boshima kwitanga, nyene gutelefona yarambajije nimba noshima kuja gufasha mu gikorwa cagomba gukorwa i Brooklyn. Naravyemeye ata guhigimanga. Ivyo vyatumye dukorera ku cicaro gikuru mu kiringo c’amezi 18. Nahavuye nsaba gukukuruka hakiri kare muri ka kazi nakorera leta ya Kaliforoniya kugira ndangize ico gikorwa. Mu nyuma, twaritanze tubikunze tuja gukorera i Fairfield muri Kaliforoniya ahariko harubakwa Ingoro y’amateraniro y’Ivyabona vya Yehova. Twaragurishije inzu yacu yari i Sacramento duca twimukira mu nyubakwa ntoyi yabamwo abantu benshi i Palo Alto. Ugukukuruka hakiri kare vyatumye ndonka iyindi mihezagiro. Kuva ico gihe, twarafashije mu bikorwa bitari bike vyariko birakorwa ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Nijeriya, muri Afirika y’Epfo, muri Kanada, mu Bwongereza no mu Budagi.

Cokimwe n’Ivyabona badufashije, twe n’umukenyezi wanje ubu turafise umunezero wo gufasha abandi kumenya ukuri kwo muri Bibiliya. Mu vy’ukuri, ndumva ko inyigisho iva kuri Yehova imara akanyota kuruta kure n’iyo inyigisho zose naronse mu mashure ahanitse. Ntaho isa isana n’izindi nyigisho izo ari zose zitangwa kw’isi uravye ukuntu ibiri muri yo bingana be n’ukuntu vyigishwa mu buryo bwumvikana. Yehova yarigishije Ivyabona vyiwe ukuntu bokwigisha ukuri kwo muri Bibiliya mu buryo bukora ku muzirikanyi no ku mutima. Ivyo ni vyo bimvyurira umutima wo kubandanya niga. Twe n’umukenyezi wanje turakenguruka ubuzima dufise ubu be n’ukuba dufise agateka ko gukoresha ivyo twize mu gusukurira Segaba w’ibiriho vyose, ari we Yehova Imana.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 27]

Uko nigana Bibiliya n’Ivyabona, ikintu cankora ku mutima kuruta ibindi ni ubuhanuzi bwo muri Bibiliya

[Ifoto ku rup. 27]

Twe na Patricia ku musi w’ubugeni bwacu

[Ifoto ku rup. 29]

Turahimbarwa no gufasha abandi kumenya ukuri kwo muri Bibiliya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika