ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/3 rup. 20-23
  • Ntukigere uheba abo musangiye ukwemera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntukigere uheba abo musangiye ukwemera
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo tubwirizwa kugirira abo dusangiye ukwemera
  • Gucika intege biturutse ku maganya yo mu buzima
  • Niwisuzume utibesha
  • ‘Nutume inzira yawe iroranirwa’—Wobigenza gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Tugume ‘twubaka bagenzi bacu’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Woba ushobora gufasha mw’ishengero urimwo?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Niwiyegereze umuryango wawe wo mu vy’impwemu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/3 rup. 20-23

Ntukigere uheba abo musangiye ukwemera

JAROSŁAW n’umukenyezi wiwe Beataa bigana bati: “Twamaze imyaka icumi twaratwawe n’ibisayangana vy’urudandaza, tukaba twari dutunze cane. Naho twari twarakuriye mu kuri, twari twaragiye akayombekere kandi twabona yuko ata nkomezi zo mu buryo bw’impwemu dufise zari kudufasha kugaruka.”

Uwundi muvukanyi yitwa Marek avuga ivyo yibuka ati: “Kubera yuko muri Polonye ibintu vyaguma bihindagurika mu kibano no mu vya politike, naza ndava mu kazi. Naravunitse umutima. Naratinya gutanguza urudandazwa rwanje bwite kubera yuko ata buhanga nari ndabifisemwo. Nahavuye nipfuza gutanguza urudandaza, niyumvira ko ivyo vyomfashije kurushiriza kwitwararika ivyo umuryango wanje ukeneye mu vy’umubiri bitarinze kugira ikintu kibi bikoze kuri kamere yanje y’ivy’impwemu. Mu nyuma, nasanze nari nihenze cane.”

Mw’isi aho usanga ubuzima burushiriza kugora, ubushomeri na bwo bukarushiriza kwongerekana, abantu bamwebamwe barihebura bigatuma bafata ingingo zitaranga ubukerebutsi. Abavukanyi batari bake barafashe ingingo yo kwemera gukora umwanya wiyongereye, gufadikanya ubuzi bubiri, canke gutanguza urudandaza rwabo bwite naho nyene ata buhanga baba babifisemwo. Biyumvira yuko kuronka amahera yiyongereye bizofasha umuryango kandi ntihagire icononekara mu vy’impwemu. Yamara, ibintu bishika giturumbuka be n’ivy’ubutunzi biguma bihindagurika birashobora guhungabanya mbere n’imigambi umuntu aba yafashe abitumwe n’imvo nziza. Ivyo vyatumye bamwebamwe bagwa mu mutego wo kugira umwina maze barareka ivyo kwiruka inyuma y’amaronko biranyoha ivy’impwemu.​—Umus. 9:11, 12.

Abavukanyi na bashiki bacu bamwebamwe baratwawe rwose n’ibikorwa vyo mw’isi ku buryo bataba bakironka umwanya wo kwiyigisha, kuja ku makoraniro canke mu busuku. Biragaragara yuko mwene ukwo gufata ibintu minenerwe gutuma kamere yabo y’ivy’impwemu be n’ubucuti bafitaniye na Yehova vyononekara. Boshobora kandi guheba ubundi bucuti buhambaye, ni ukuvuga ubwo bafitaniye n‘incuti zabo mu kwizera.’ (Gal. 6:10) Hari abiyonkora buhorobuhoro ku muryango w’abakirisu. Nurimbure ata gufyina ico kintu.

Ivyo tubwirizwa kugirira abo dusangiye ukwemera

Kubera ko turi abavukanyi, turafise uturyo twinshi two kugaragariza abandi impuhwe. (Rom. 13:8) Mw’ishengero urimwo, birashoboka ko umaze kubona ‘abarushwa batabaza.’ (Yobu 29:12) Bamwebamwe boshobora kuba badafise ibintu vya nkenerwa. Intumwa Yohani yaratwibukije ibijanye n’akaryo ivyo bituma turonka. Yavuze ati: “Uwo wese afise uburyo bwo kwibeshaho bwo muri iyi si akabona mwene wabo ari mu mukeno yamara akamwugarirako impuhwe ziwe z’ikibabarwe, mbega urukundo rw’Imana ruguma muri we gute?”​—1 Yoh. 3:17.

Woshobora kuba waragize ico ukoze igihe ikintu nk’ico cari gikenewe maze ukaba waragaragarije abandi agatima ko gutanga utitangiriye itama. Ariko rero, kwitwararika umuryango wacu w’abavukanyi ntibigarukira gusa ku kubafasha mu buryo bw’umubiri. Hari aboshobora gutabaza kubera yuko bafise irungu canke bacitse intege. Boshobora kubona ko ata co bamaze, bakaba barwaye indwara ikomeye canke bakaba barabuze uwo bakunda. Uburyo bumwe dushobora kubaremesha ni mu kubatega yompi no mu kubayagisha, gutyo tukagerageza gutahura ivyo bakeneye mu vy’inyiyumvo no mu vy’impwemu. (1 Tes. 5:14) Ivyo akenshi biratuma turushiriza kugiranira n’abavukanyi bacu ubucuti buranga urukundo.

Abungere bo mu buryo bw’impwemu boshobora canecane kuba ari bo bashoboye gutega yompi abandi babigiranye impuhwe, kubatahura no kubaha impanuro ziranga urukundo zishingiye ku Vyanditswe. (Ivyak. 20:28) Muri ubwo buryo, abacungezi barigana intumwa Paulo, uwari afitiye “ikibabarwe” bene wabo na bashikiwe bo mu buryo bw’impwemu.​—1 Tes. 2:7, 8.

Ariko none igihe umukirisu azimiye akava mu mukuku, bica bigenda gute ku bijanye n’ivyo abwirizwa kugirira abo basangiye ukwemera? Mbere n’abacungezi ntibatewe urucanco rutuma badakwegakwegwa n’agatima ko kwiruka inyuma y’amaronko. Vyogenda gute none hamwe umukirisu yotwarwa n’agatima nk’ako?

Gucika intege biturutse ku maganya yo mu buzima

Nk’uko duhejeje kubibona, kwita ku rutare kugira ngo turonse umuryango wacu ibintu vy’umubiri vy’ishimikiro ukeneye akenshi biratuma tugira amaganya kandi birashobora gutuma tutaba tukibona neza ingingo ngenderwako zijanye n’ivy’impwemu. (Mat. 13:22) Marek, umwe twavuga mu ntango, asigura ati: “Igihe urudandaza rwanje rwahomba, naciye mfata ingingo yo kurondera akazi kondonsa umushahara mwinshi mu mahanga. Naragiye marayo amezi atatu gusa, nsubirayo marayo ayandi atatu, mbandanya gutyogutyo, nkaza ndagaruka i muhira nkahamara igihe gito. Ivyo vyatumye umukenyezi wanje tutari dusangiye ukwemera atuntura.”

Ubuzima bwo mu muryango si co kintu conyene cabangamiwe. Marek abandanya ati: “Uretse ko namara amasaha menshi ndiko ndakorera mu bushuhe bukaze, naguma ndi kumwe n’abantu b’amanyama barondera kurya imitsi abandi. Bakora nk’abantu bo mu tugwi tw’inkozi z’ikibi. Numva nihebuye kandi ndengewe. Kubera ko ata mwanya mbere naronka wo kwibungabunga, naratanguye kwibaza nimba nari nshoboye gukorera abandi.”

Inkurikizi zibabaje zashikiye Marek kubera ingingo yari yafashe zirakwiye gutuma dufata akanya tukazirikana. Naho nyene bisa n’uko kwimukira mu mahanga vyotorera umuti ingorane zijanye n’amahera, ubwo none ntivyoteza izindi ngorane? Nk’akarorero, vyogendera gute umuryango wacu mu vy’impwemu no mu vy’inyiyumvo? Ubwo mwene ukwo kwimuka ntikwotuma ubucuti dufitaniye n’abagize ishengero buhagarara? Ntikwotuma none dutakaza agateka dufise ko gukorera abo dusangiye ukwemera?​—1 Tim. 3:2-5.

Ariko rero nk’uko ushobora kuba ubizi, kugira ngo umuntu atwarwe n’akazi si ngombwa ngo abe akorera mu gihugu kitari iciwe. Rimbura ibijanye na Jarosław be na Beata. Jarosław avuga ati: “Vyose vyatanguye tubona ko ata ngorane n’imwe bizoteza. Igihe twari tukiri abageni twaruguruye akazu ko kudandarizamwo imikate n’isosiso kari ahantu heza. Kubera ko twunguka cane vyatumye twagura urudandaza rwacu. Mugabo twari dufise umwanya muto, akaba ari co gituma twasiba amakoraniro ya gikirisu. Budakeye na kabiri, narahagaritse ubutsimvyi no kuba umukozi w’ishengero. Kubera ko twaryohewe cane n’inyungu twariko turaronka, twaruguruye imangazini nini maze duca dutangura gukorana n’umuntu tudasangiye ukwemera. Bidatevye nari nsigaye nja mu mahanga gushira umukono ku masezerano y’ivy’akazi aciye amadolari amamiliyoni n’amamiliyoni. Kubera naboneka gake i muhira, vyatumye ubucuti nari mfitaniye n’umukenyezi wanje be n’umukobwa wanje bwononekara. Amaherezo, urwo rudandaza rwariko ruratera imbere rwatumye dusinzira mu buryo bw’impwemu. Kubera ko tutari tucifatanya n’ishengero, ntitwiyumvira mbere n’ivyerekeye abavukanyi bacu.”

Ni icigwa ikihe none twohigira? Icipfuzo co kugira ico twokwita agaparadizo kacu bwite kirashobora kubera umutego umukirisu munaka, ivyo bigatuma yumva ko yikwiye, agatakaza mbere n’“impuzu ziwe zo hejuru,” ni ukuvuga akaranga kiwe ko kuba umukirisu. (Ivyah. 16:15) Ivyo vyoshobora gutuma tutaba tucifatanya n’abavukanyi bacu, abo twari dushoboye gufasha.

Niwisuzume utibesha

Twoshobora kugira agatima ko kwiyumvira duti: ‘Ivyo ntivyonshikira.’ Yamara, vyoba vyiza twese turimbuye ata gufyina ivyo umuntu akeneye mu buzima vy’ukuri uko bingana. Paulo yanditse ati: “[N]ta co twazanye mw’isi, kandi nta na kimwe dushobora kuyikuramwo. Iyo rero dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.” (1 Tim. 6:7, 8) Ariko ntiwumve, uburyo bwo kubaho usanga butandukanye bivanye n’igihugu. Ivyo abantu boshobora kubona ko ari ukubaho mu buryo busanzwe mu gihugu giteye imbere vyoshobora kubonwa ko ari ukubaho mu buryo buhanitse mu bindi bihugu vyinshi.

Uburyo bwo kubaho bwaba bumeze gute aho tubaye, nurimbure aya majambo Paulo yavuze ubukurikira: “Abiyemeje kuba abatunzi bagwa mu kigeragezo no mu mutego no mu vyipfuzo vyinshi vy’ubupfu kandi bibagirira nabi, bidwibiza abantu mu gatikizo no mu mahonero.” (1 Tim. 6:9) Umutego unyegezwa ico bashaka ko ucakira. Uba ugenewe guhwikira ico kintu. Dushobora gute none kwirinda kugwa mu mutego w’‘ivyipfuzo bigira nabi’?

Gushinga ibikwiye kuja imbere y’ibindi birashobora gutuma turondera umwanya wiyongereye wo kwitwararika ivy’Ubwami, harimwo no kwiyigisha. Mwene ukwo kwiyigisha tubijanisha n’isengesho kurashobora gufasha umukirisu munaka kuba “uwubishoboye neza, afise ibikenewe vyose” kugira ngo afashe abandi.​—2 Tim. 2:15; 3:17.

Mu kiringo c’imyaka mikeya, abakurambere banyarukundo barakoze uko bashoboye kwose kugira ngo bakomeze Jarosław bongere bamuremeshe. Yaravyuriwe umutima wo kugira amahinduka akomeye. Avuga ati: “Mu kiyago kimwe cari gihambaye cane, abo bakurambere barasubiyemwo ka karorero ko mu Vyanditswe k’umusore w’umutunzi yashaka kubaho ibihe bidahera mugabo akaba atari yiteguriye guheba ivyo yari atunze. Babigiranye ubugenge baciye bambaza nimba ayo makuru yoshobora gukora ku binyerekeye. Ivyo vyaratumye nca mbona ico nkwiye gukora!”​—Imig. 11:28; Mrk. 10:17-22.

Jarosław yarasuzumye atibesha ukuntu ivyiwe vyifashe maze arafata ingingo yo kureka kuja mu vy’urudandaza rukomeye. Mu myaka ibiri, we n’umuryango wiwe barasubiye gukomera mu vy’impwemu. Ubu asukurira abavukanyi biwe ari umukurambere. Jarosław avuga ati: “Igihe abavukanyi batwawe cane n’urudandaza ku buryo bafata minenerwe kamere yabo y’ivy’impwemu, ndakoresha ivyanshikiye kugira ngo ndabereke ukuntu bitaranga ubukerebutsi kuboherwa ku ngǒgo hamwe n’abatemera kandi bitajana. Ntivyoroshe kunanira ibintu bikwegakwega no kwirinda ingeso ziranga ubugunge.”​—2 Kor. 6:14.

Marek na we nyene yarahakuye icigwa abanje kwibonerako. Naho akazi k’umushahara munini yakorera mu mahanga kafashije umuryango wiwe mu vy’amahera, ubucuti yari afitaniye n’Imana be n’ubwo yari afitaniye n’abavukanyi biwe bwarahasinzikariye. Mu nyuma, yarasubiye gusuzuma ivyo yari akwiye gushira imbere y’ibindi. Avuga ati: “Uko imyaka yagiye irahaca, ivyanje vyari bisigaye vyifashe nk’ivya Baruki wo mu bihe vya kera ‘uwaguma yironderera ibintu bihambaye.’ Amaherezo, narasutse imbere ya Yehova ivyari mu mutima wanje, ndamubwira amaganya yanje, kandi ubu ndiyumvamwo ko nasubiriye kugira uburimbane mu vy’impwemu.” (Yer. 45:1-5) Ubu Marek ariko ararondera gukwiza ibisabwa kugira ngo ashingwe “igikorwa ciza” co kuba umucungezi mw’ishengero.​—1 Tim. 3:1.

Marek aragabisha aboba bariko bariyumvira ivyo kuja mu mahanga kurondera akazi kobaronsa umushahara munini ati: “Igihe uri mu mahanga, biroroshe cane ko ugwa mu mitego y’iyi si mbi. Ukuba utazi ururimi rw’aho hantu birakubuza kuyaga n’abandi. Woshobora gutahana amahera, mugabo uba kandi ufise ibikomere vyo mu buryo bw’impwemu bishobora gukira haciye igihe kirekire.”

Kuguma dufise uburimbane hagati y’akazi dukora be n’ivyo tubwirizwa kugirira abavukanyi bacu bizodufasha guhimbara Yehova. Vyongeye, turashobora kubera abandi akarorero koshobora kubavyurira umutima wo gufata ingingo iranga ubukerebutsi. Abacitse intege baba bakeneye gushigikirwa, kugaragarizwa impuhwe be n’akarorero keza k’abavukanyi babo. Abakurambere b’ishengero be n’abandi bahumuye barashobora gufasha abo basangiye ukwemera kuguma bafise uburimbane maze bakirinda gutwarwa n’amaganya yo mu buzima.​—Heb. 13:7.

Egome, ntituze twigere duheba abo dusangiye ukwemera mu gutwarwa cane n’akazi dukora. (Flp. 1:10) Ahubwo nyabuna, nimuze tube “[aba]tunzi ku Mana” uko dushira ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu.​—Luka 12:21.

[Akajambo k’epfo]

a Bamwebamwe si ko bitwa kubera ko bitashimwe yuko bamenyekana.

[Amafoto ku rup. 21]

Akazi ukora koba kakubuza kwitaba amakoraniro?

[Amafoto ku rup. 23]

Woba uha agaciro uturyo ufise two gufasha abavukanyi bawe bo mu buryo bw’impwemu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika