ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/8 rup. 14-15
  • Igituma Doruka yakundwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igituma Doruka yakundwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Kwizigira Yehova vyaratumye ngira umutekano nyakuri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Abakirisu Barakeneraniye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Nukoreshe neza ubwirebange bwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Dukore ivyiza twongere dusabikanye n’abandi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/8 rup. 14-15

Niwigishe abana bawe

Igituma Doruka yakundwa

TWESE turipfuza ko abantu badukunda. Woba nawe ari ko ubibona?​—a Bibiliya iravuga ibijanye na Doruka. Uwo mugore abantu benshi baramukunda cane.

Doruka yaba i Yopa. Ico cari igisagara kiri iruhande y’Ikiyaga Mediterane. Yeruzalemu yari nko ku bilometero 56 gusa uvuye i Yopa. Doruka yari umwe mu bigishwa ba Yezu bo mu ntango.

Wibaza ko ari kubera iki Doruka yakundwa cane?​— Urabona, Bibiliya ivuga ko yakora ivyiza vyinshi, akagabira abantu ibintu vyiza. Biboneka ko yakorera impuzu nziza abapfakazi, ni ukuvuga abagore abagabo babo bamaze gupfa. N’ikindi kandi, yarabwira abantu benshi ivyerekeye Imana y’ukuri Yehova, nk’uko na Yezu yari yarabigize.

Woba uzi ibintu bibi vyashikiye Doruka mu nyuma?​— Yararwaye cane maze arapfa. Abagenzi biwe bose barababaye. Baciye rero barungika abantu baja guhamagara intumwa Petero aho yari, nko ku bilometero 16 uvuye ng’aho. Abo bantu bamubwiye ngo aze yihuta. Petero ashitse, yaciye aduga hejuru aho Doruka yari. Abagore bose bariko bararira bamwereka impuzu Doruka yari yarabakoreye.

Petero yaciye abwira abari aho bose ngo bahave. Petero n’izindi ntumwa bari bamaze gukora ibitangaro, ariko nta n’umwe muri bo yari bwazure umuntu yapfuye. Wiyumvira ko Petero yaciye akora iki?​—

Petero yaciye apfukama iruhande y’umuvyimba, arasenga Yehova maze abwira Doruka ngo ahaguruke. Erega Doruka yaciye avyuka aricara! Petero yaciye amuha ukuboko aramufasha guhaguruka. Yaciye abwira ba bapfakazi be n’abandi ngo binjire hanyuma aramubereka. Wiyumvira ko banezerewe ukungana iki?​—

Reka turabe ivyo ushobora kwigira kuri iyi nkuru yerekeye ukuzuka kwa Doruka. Kimwe coco, irerekana ko niwafasha abandi, benshi muri bo bazogukunda. Ariko igihambaye kuruta, Imana izokwibuka yongere igukunde. Ntizokwigera yibagira ibintu vyiza ukorera abandi. Izoguha impera y’ubuzima budahera, ubeho uhimbawe mw’isi nshasha yayo igororotse.

Soma muri Bibiliya yawe

  • Ivyakozwe 9:36-43

  • Ivyahishuwe 21:3-5

a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika