ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/1 rup. 17-21
  • Nukoreshe neza ubwirebange bwawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukoreshe neza ubwirebange bwawe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingabirano idasanzwe
  • Kuba umwirebange mu gihe c’ubuto
  • Kuba umwirebange mu myaka yo hanyuma
  • Kuba umwirebange ubuzima bwose
  • Nukoreshe neza ukuntu ivyawe vyifashe
  • ‘Nuvyemere’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ukuntu wonezerererwa ingabirano y’ubwirebange
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ubwirebange—Urugi Ruja ku Gukora Ata Mitima Ibiri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Impanuro nziza zijanye n’ubwirebange be n’umubano w’ababiranye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/1 rup. 17-21

Nukoreshe neza ubwirebange bwawe

“Uwushoboye kuvyemera navyemere.”​—MAT. 19:12.

1, 2. (a) Yezu, Paulo be n’abandi babona gute ubwirebange? (b) Ni ibiki vyotuma bamwebamwe batabona yuko ubwirebange ari ingabirano?

NTA woharira ko umubano w’ababiranye ari imwe mu ngabirano zifise agaciro kuruta izindi zose Imana yahaye abantu. (Imig. 19:14) Yamara, abakirisu benshi b’abirebange na bo nyene usanga bafise ubuzima buhimbaye kandi bumara akanyota. Uwitwa Harold, uno akaba ari umuvukanyi w’imyaka 95 atigeze yubaka urwiwe, avuga ati: “Naho ndyoherwa no kuba kumwe n’abandi hamwe no kubagaragariza ubwakiranyi, igihe ndi jenyene sinigera ngira irungu. Nibaza yuko vyoshobora vy’ukuri kuvugwa ko mfise ingabirano y’ubwirebange.”

2 Kukaba nkako, Yezu Kristu hamwe n’intumwa Paulo bompi baravuze yuko ubwirebange, cokimwe n’umubano w’ababiranye, ari ingabirano iva ku Mana. (Soma Matayo 19:11, 12; 1 Abakorinto 7:7.) Ariko rero tuvugishije ukuri, hari abo usanga ari abirebange bitavuye ku gushaka kwabo. Rimwe na rimwe ukuntu ibintu biba vyifashe biratuma bitoroha ko umuntu aronka uwo bubakana abereye. Canke igihe bamwebamwe bamaze imyaka bubatse izabo, basanga basigaye ari bonyene batari bavyiteze biturutse ku kwahukana canke ku kubura uwo bari bubakanye. Ni mu buryo ubuhe none ubwirebange bushobora kuba ingabirano? Kandi abakirisu b’abirebange bashobora gute gukoresha neza ubwirebange bwabo?

Ingabirano idasanzwe

3. Ni ivyiza ibihe abakirisu b’abirebange akenshi bironkera?

3 Umuntu w’umwirebange akenshi usanga afise umwanya be n’umwidegemvyo vyiyongereye kuruta umuntu yubatse. (1 Kor. 7:32-35) Ivyo ni ivyiza bidasanzwe vyoshobora gutuma yagura ubusuku bwiwe, akaguka mu rukundo akunda abandi, akongera akarushiriza kwiyegereza Yehova. Ni co gituma abakirisu batari bake bahavuye batahura ivyiza biva ku bwirebange maze barafata ingingo yo ‘kubwemera,’ n’imiburiburi mu kiringo kinaka. Abandi na bo boshobora kuba batari barategekanije ivyo kuba abirebange, mugabo igihe ivyabo vyahinduka, barabizirikanyeko babijanishije n’isengesho maze barabona yuko na bo nyene bashobora kuvyiyemeza mu mutima babifashijwemwo na Yehova. Gutyo, baremeye ukwo kuntu ivyabo vyari vyahindutse maze baremera ubwirebange.​—1 Kor. 7:37, 38.

4. Ni kubera iki abakirisu b’abirebange bashobora kwiyumvamwo yuko ata co bahajije mu murimo w’Imana?

4 Abakirisu b’abirebange barazi yuko atari ngombwa ngo babanze kwubaka izabo kugira ngo Yehova canke ishirahamwe ryiwe babemere kibure babashime. Umwumwe wese muri twebwe Imana iramukunda. (Mat. 10:29-31) Nta muntu n’umwe canke ikintu na kimwe gishobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana. (Rom. 8:38, 39) Twaba twubatse canke tutubatse, turafise imvo yumvikana yo kwiyumvamwo yuko ata co duhajije mu murimo w’Imana.

5. Umuntu akeneye gukora iki kugira ngo yungukire ku bwirebange mu buryo bushitse?

5 Ariko rero, nka kurya nyene bimeze ku ngabirano zimwezimwe nk’ukuba umuhanga mu vy’umuziki canke mu vy’ukwinonora imitsi, umuntu ategerezwa gutsimbataza ingabirano y’ubwirebange kugira ngo ayungukireko mu buryo bushitse. None abakirisu b’abirebange bo muri iki gihe, baba abavukanyi canke bashiki bacu, abato canke abitereye mu myaka, abihitiyemwo kuba abirebange canke ababaye abirebange bitumwe n’ukuntu ibintu vyifashe, bashobora gute gukoresha neza ukwo kuntu ivyabo vyifashe mu buzima? Nimuze turimbure uburorero bumwebumwe buremesha bwo mw’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango maze turabe ico twohigira.

Kuba umwirebange mu gihe c’ubuto

6, 7. (a) Abakobwa b’amasugi ba Filipo batewe agateka akahe mu murimo w’Imana? (b) Ni mu buryo butandukanye ubuhe Timoteyo yakoresheje neza imyaka yiwe y’ubwirebange, kandi ni gute yahezagiwe kubera yagize umutima ukunze wo gukorera Imana mu buto bwiwe?

6 Wa mwamamaji w’injili Filipo yari afise abakobwa bane b’amasugi bari bafitiye umwete igikorwa co kwamamaza injili nka se wabo. (Ivyak. 21:8, 9) Kuvuga ubuhanuzi yari imwe mu ngabirano zatanzwe ku gitangaro zava ku mpwemu nyeranda, abo bakobwa bakaba barakoresha iyo ngabirano mu gushitsa ibivugwa muri Yoweli 2:28, 29.

7 Timoteyo yari umusore yakoresheje neza ubwirebange bwiwe. Guhera mu buhinja nyina wiwe Ewunise na inakuru Loyisi baramwigishije “ivyanditswe vyeranda.” (2 Tim. 1:5; 3:14, 15) Mugabo bashobora kuba baracitse abakirisu igihe Paulo yaja i Lusitira ari bwo bwa mbere, kino kikaba ari co gisagara babamwo, ico gihe hakaba hari nko mu 47 G.C. Haciye imyaka ibiri, igihe Paulo yajayo ubugira kabiri, Timoteyo ashobora kuba yari mu gushikana imyaka 20 canke ayirengeje gatoya. Naho yasa n’uko akiri muto mu myaka no mu kuri, “yavugwa neza” n’abakurambere bakirisu b’i Lusitira be n’abo mu gisagara kibanyi ca Ikoniyo. (Ivyak. 16:1, 2) Ni co gituma Paulo yasavye Timoteyo ngo yifatanye na we mu ngendo yaza aragira. (1 Tim. 1:18; 4:14) Ntidushobora kwemeza ko Timoteyo atigeze yubaka urwiwe. Mugabo turazi yuko uwo musore yemeye n’umutima ukunze ico kintu Paulo yari amusavye, kandi imyaka myinshi inyuma y’aho, yararyohewe no gukora igikorwa c’ubumisiyonari n’ubucungezi ari umwirebange.​—Flp. 2:20-22.

8. Ni igiki catumye Yohani Mariko ashobora gukurikirana imigambi y’ivy’impwemu, kandi ivyo vyatumye aronka imihezagiro iyihe?

8 Igihe Yohani Mariko yari akiri muto, na we nyene yarakoresheje neza imyaka yiwe y’ubwirebange. We na nyina Mariya hamwe na muvyarawe Barunaba bari mu bantu ba mbere bari bagize ishengero ry’i Yeruzalemu. Umuryango wa Mariko ushobora kandi kuba wari ubayeho neza, kubera ko bari bafise inzu yabo bwite muri ico gisagara bakagira n’umusuku. (Ivyak. 12:12, 13) Ariko rero, naho ibintu vyari vyifashe neza gutyo, uwo musore Mariko ntiyarenza urugero mu vyo kwinezereza canke ngo abe umuntu yikunda; eka kandi ntiyari yiteguriye kwubaka urwiwe ngo yironkere ibibondo maze yibereho atekaniwe mu muryango. Ukuba yari yarifatanije n’intumwa bishobora kuba vyaratumye agira icipfuzo co gukora umurimo w’ubumisiyonari. Ku bw’ivyo, abigiranye umushasharo yaciye yiyunga kuri Paulo na Barunaba mu rugendo rwa mbere rw’ubumisiyonari bagize maze ababera umusuku. (Ivyak. 13:5) Haciye igihe, yarafashe urugendo ari kumwe na Barunaba, mu nyuma na ho, akaba avugwa ariko arakorana na Petero i Babiloni. (Ivyak. 15:39; 1 Pet. 5:13) Ntituzi ikiringo Mariko yamaze ari umwirebange. Mugabo yaravugwa neza yuko yari umuntu afise umutima ukunze wo gusukurira abandi no gukora vyinshi mu murimo w’Imana.

9, 10. Ni uturyo utuhe abakirisu bakiri bato b’abirebange bafise two kwongereza ubusuku bwabo? Tanga akarorero.

9 Muri iki gihe, abakiri bato benshi bo mw’ishengero na bo nyene barakoresha babikunze imyaka yabo y’ubwirebange mu kwongereza uruhara bagira mu murimo w’Imana. Cokimwe na Mariko be na Timoteyo, baratahura yuko kuba ari abirebange bituma “[ba]guma [ba]korera Umukama ata kibasamaza.” (1 Kor. 7:35) Ico ni ikintu bahungukira koko. Hariho uturyo umuyoro two gukoresha neza ubwirebange, utwo na two tukaba ari ugukora ubutsimvyi, gukorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi, kwiga ururimi runyamahanga, gufasha mu bwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami canke mu bwubatsi bw’ibiro vy’amashami, kwitaba rya Shure rimenyereza abasuku, no gukorera kuri Beteli. Nimba ukiri muto kandi ukaba utarubaka urwawe, woba uriko urakoresha neza uturyo ufise?

10 Umuvukanyi umwe yitwa Mark yaratanguye gukora ubutsimvyi igihe yari mu gushikana imyaka 20, aritaba rya Shure rimenyereza abasuku, akaba kandi yarashinzwe ibikorwa bitandukanye hirya no hino kw’isi. Asubije amaso inyuma akibuka imyaka 25 amaze mu murimo w’igihe cose, avuga ati: “Naragerageje kuremesha abantu bose bo mw’ishengero, tukajana mu busuku, nkabagendera cungere, nkabatumira i muhira kugira ngo dusangire akajumbu, eka mbere ngatunganya imitororokano yo kwiruhura ifise intumbero yo kubakomeza mu buryo bw’impwemu. Ivyo vyose vyatumye ngira umunezero mwinshi.” Nk’uko ivyo Mark yavuze bivyerekana, ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose gituma umuntu agira umunezero ni ugutanga, kandi kubaho umuntu afise vyinshi akora mu murimo mweranda biratuma aronka uturyo twinshi two kugira ico ahaye abandi. (Ivyak. 20:35) Waba ushimishwa n’ibiki, ufise ubuhanga ubuhe, canke warashikiwe n’ibiki mu buzima, hariho ibintu vyinshi abakiri bato bashobora gukora mu gikorwa c’Umukama.​—1 Kor. 15:58.

11. Ni ivyiza ibihe umuntu yironkera iyo atihutiye kwubaka urwiwe?

11 Naho abakiri bato benshi bipfuza kuzohava bubaka izabo, hariho imvo zumvikana zotuma umuntu atihutira kwubaka urwiwe. Paulo aremesha urwaruka kurindira n’imiburiburi gushika barenganye “ishurika ry’ubuto,” ico kikaba ari igihe inambu z’umubiri ziba zikomeye cane. (1 Kor. 7:36) Bisaba umwanya kugira ngo wimenye wongere umenye utuntu n’utundi mu buzima tuzogufasha guhitamwo uwo mwubakana abereye. Kugira indagano y’ukwabirana ni ingingo atari iyo gufata minenerwe, ikwiye kugumaho igihe cose ababiranye bakiriho.​—Umus. 5:2-5.

Kuba umwirebange mu myaka yo hanyuma

12. (a) Wa mupfakazi Ana yavyifashemwo gute igihe ivyiwe vyahinduka? (b) Ni agateka akahe yatewe?

12 Ana, umwe avugwa mu Njili ya Luka, ashobora kuba yaratuntuye cane igihe umugabo wiwe yapfa giturumbuka bamaze imyaka indwi gusa bubakanye. Ntituzi yuko boba bari bafise abana canke ko Ana yoba yarigeze kwiyumvira ivyo gusubira kwubaka urwiwe. Mugabo Bibiliya ivuga yuko igihe Ana yari afise imyaka 84 yari akiri umupfakazi. Dufatiye ku vyo Bibiliya ivuga, turashobora gushika ku ciyumviro c’uko igihe ivya Ana vyahinduka yakoresheje ako karyo kugira ngo arushirize kwiyegereza Yehova. “[Ntiy]igera ahara mu rusengero, akora igikorwa ceranda ijoro n’umurango yisonzesha yongera atakamba.” (Luka 2:36, 37) Ibintu vy’impwemu ni vyo rero yashira imbere y’ibindi mu buzima bwiwe. Ivyo vyasavye ko agira umwiyemezo n’akigoro bikomeye, mugabo yarahezagiwe cane. Yaratewe agateka ko kubona Yezu akiri akayoya yongera arabwira abandi ivyerekeye ukubohorwa kwari kugiye kuboneka biciye kuri Mesiya.​—Luka 2:38.

13. (a) Ni igiki cerekana ko Doruka yagira uruhara n’umwete mw’ishengero? (b) Doruka yahezagiwe gute kubera ukumera neza n’ubuntu vyiwe?

13 Umugore umwe yitwa Doruka, ari we Tabita, yaba i Yopa, kino kikaba cari igisagara ca kera carimwo ikivuko, cari giherereye mu Buraruko bushira Uburengero bwa Yeruzalemu. Kubera ko Bibiliya itavuga ko yari afise umugabo, ico gihe ashobora kuba atari yubatse. Doruka “yari agwije ibikorwa vyiza, agafasha cane aboro.” Biboneka yuko yahingura impuzu nyinshi zo guha abapfakazi b’aboro be n’abandi, ivyo bikaba vyatumye bamukunda cane. Ni co gituma igihe yafatwa bukumbi agaca apfa, ishengero ryose ryatumyeko Petero ngo bamwinginge azure uwo mushiki wabo bikundira. Kubera ko inkuru yerekeye izuka ryiwe yakwiragiye i Yopa hose, abantu benshi baracitse abemera. (Ivyak. 9:36-42) Biciye ku buntu bwiwe budasanzwe, Doruka ubwiwe ashobora kuba yari yaragize uruhara mu vyo gufasha bamwebamwe muri bo.

14. Ni igiki gituma abakirisu b’abirebange barushiriza kwiyegereza Yehova?

14 Nk’ukwo kwa Ana na Doruka, muri iki gihe abantu benshi mw’ishengero basanga ari abirebange mu myaka yo hanyuma. Bamwebamwe boshobora kuba bataronse abo bubakana babereye. Abandi na bo usanga bahukana canke bagapfakara. Kubera ko abakirisu b’abirebange batagira uwo bubakanye bokwitura, akenshi usanga biga kurushiriza kwiheka kuri Yehova. (Imig. 16:3) Uwitwa Silvia, akaba ari mushiki wacu w’umwirebange amaze imyaka irenga 38 akorera kuri Beteli, abona yuko ivyo ari umuhezagiro. Yiyemerera ati: “Birashika nkarambirwa no kuba ari jewe nama ndemesha abandi. Ndibaza nti: ‘Ni nde azondemesha ga yemwe?’” Mugabo aca yongerako ati: “Kuba nizigira yuko Yehova azi ivyo nkeneye kuruta uko ndabizi biramfasha kurushiriza kumwiyegereza. Kandi nama ndonka indemesho, rimwe na rimwe zikava ahantu ntaba niteze na gato.” Igihe cose turushirije kwiyegereza Yehova, yama agira ico akoze mu buryo buranga ikibabarwe kandi buhumuriza kuruta ubundi bwose.

15. Abakirisu batubatse boshobora gute ‘kwaguka’ mu rukundo bakunda abandi?

15 Ubwirebange buratuma umuntu aronka akaryo kadasanzwe ko ‘kwaguka’ mu rukundo. (Soma 2 Abakorinto 6:11-13.) Uwitwa Jolene, uno akaba ari mushiki wacu w’umwirebange amaze imyaka 34 ari mu murimo w’igihe cose, avuga ati: “Naragerageje kugiranira n’abandi ubugenzi burangwa igishika, atari abo tungana gusa, mugabo abantu b’uburyo bwose. Ubwirebange ni akaryo keza gafasha umuntu kugira ico ahaye Yehova, umuryango wiwe, abavukanyi biwe na bashikiwe hamwe n’ababanyi biwe. Uko ndushiriza kwiterera mu myaka ni ko ndushiriza guhimbarirwa ubwirebange bwanje.” Abageze mu zabukuru, abafise amagara make, abavyeyi bireranye abana, urwaruka, be n’abandi mw’ishengero nta gukeka ko bakenguruka kubona abirebange babashigikira ata bwikunzi. Nkako, igihe cose tugaragarije abandi urukundo, duca twumva tumerewe neza. Woba na wewe ushobora ‘kwaguka’ mu rukundo ukunda abandi?

Kuba umwirebange ubuzima bwose

16. (a) Ni kubera iki Yezu yagumye ari umwirebange ubuzima bwiwe bwose? (b) Paulo yakoresheje neza gute ubwirebange bwiwe?

16 Yezu ntiyubatse urwiwe; yabwirizwa kwitegurira ubusuku yari yarashinzwe no kuburangura. Yaragira ingendo nyinshi, agakora kuva hakiri kare mu gitondo gushika ryitereye, amaherezo aratanga ubuzima bwiwe kw’inkuka. Kuba yari umwirebange vyaramufashije kurangura ico gikorwa. Intumwa Paulo yaragenze ibilometero ibihumbi n’ibihumbi yongera arahura n’ingorane zikomeye mu busuku. (2 Kor. 11:23-27) Naho ashobora kuba yari yarigeze kwubaka urwiwe, yahisemwo kuguma ari umwirebange aho amariye gushingwa igikorwa co kuba intumwa. (1 Kor. 7:7; 9:5) Yezu na Paulo bararemesheje abandi ngo bigane akarorero kabo igihe bishoboka, bakabigira ku bwo gushigikira ubusuku. Yamara rero, nta n’umwe muri bo yashinze ko umuntu ategerezwa kuba umwirebange kugira ngo abe umusuku.​—1 Tim. 4:1-3.

17. Bamwebamwe muri iki gihe biganye gute akarorero ka Yezu na Paulo, kandi ni kubera iki twokwemera tudakeka ko Yehova aha agaciro abantu bemera kugira ivyo bahevye gutyo?

17 No muri iki gihe hari abihitiyemwo kuguma ari abirebange kugira ngo bashobore kurangura neza ubusuku bwabo. Harold, umwe twavuga mu ntango, amaze imyaka irenga 56 mu murimo wo kuri Beteli. Avuga ati: “Igihe nari maze imyaka icumi kuri Beteli, nari narabonye abubakanye benshi bava kuri Beteli kubera indwara canke kubera ko vyaba bikenewe ko babungabunga umuvyeyi wabo ageze mu zabukuru. Abavyeyi banje bompi bari barapfuye. Mugabo narakunda Beteli cane ku buryo ntipfuza gushira mu kaga ako gateka mu kwubaka urwanje.” Muri ubwo buryo nyene, haciye imyaka myinshi umutsimvyi umwe abumazemwo igihe kirekire yitwa Margaret avuze ati: “Harabonetse uturyo twinshi mu buzima bwanje two kwubaka urwanje, ariko sinigeze ndabigira. Ahubwo nyabuna narashoboye gukoresha umwidegemvyo wiyongereye umuntu aronka kubera ari umwirebange mu kuguma mfise vyinshi nkora mu busuku, kandi ivyo vyatumye ngira umunezero mwinshi.” Mu vy’ukuri, Yehova ntazokwigera yibagira umuntu wese yemera kugira ivyo ahevye gutyo mu buryo butaranga ubwikunzi kugira ateze imbere ugusenga kw’ukuri.​—Soma Yesaya 56:4, 5.

Nukoreshe neza ukuntu ivyawe vyifashe

18. Abandi bashobora gute kuremesha no gushigikira abakirisu b’abirebange?

18 Abakirisu bose batubatse, abariko barakora ivyo bashoboye vyose kugira ngo bakorere Yehova, barabereye ko tubakeza tukongera tukabaremesha tubikuye ku mutima. Turabakunda umwumwe wese ukwiwe kandi turakenguruka kuba bagira ikintu kinini baterereye ishengero. Ntibazokwigera bagira irungu nitwababera vy’ukuri “bene wabo na [bashiki babo] na ba nyina n’abana” bo mu buryo bw’impwemu.​—Soma Mariko 10:28-30.

19. Wokora iki kugira ngo ukoreshe neza ubwirebange bwawe?

19 Waba uri umwirebange kubera ko wavyihiteyemwo canke bitumwe gusa n’ukuntu ibintu vyifashe, ese ubwo burorero bwo mu Vyanditswe be n’ubwo muri iki gihe bwogukura amazinda yuko ushobora kugira agahimbare mu buzima ukongera ukagira ico wimariye. Ingabirano zimwezimwe abantu baronka usanga baba baziteganye igishika, izindi na zo ugasanga bazironka batari baziteze na gato. Zimwe usanga baca bazikenguruka, izindi na zo ugasanga bagiye kuziha agaciro ari uko haciye igihe. Ahanini rero bivana n’ukuntu tubona ibintu. Wokora iki none kugira ngo ukoreshe neza ubwirebange bwawe? Nurushirize kwiyegereza Yehova, ugire vyinshi ukora mu murimo w’Imana wongere waguke mu rukundo ukunda abandi. Cokimwe n’umubano w’ababiranye, ubwirebange burashobora kuvamwo ivyiza igihe tububona nk’uko Yehova abubona kandi tugakoresha neza iyo ngabirano.

Woba uvyibuka?

• Ni mu buryo butandukanye ubuhe ubwirebange bushobora kuba ingabirano?

• Ubwirebange bushobora gute kuba umuhezagiro mu gihe c’ubuto?

• Ni uturyo utuhe abakirisu b’abirebange bafise two kurushiriza kwiyegereza Yehova no kwaguka mu rukundo?

[Amafoto ku rup. 18]

Woba uriko urakoresha neza uturyo ufise mu murimo w’Imana?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika