‘Nuvyemere’
1 Igihe kimwe, Yezu ariko aganira n’abigishwa biwe ku vyerekeye ukwabirana, yavuze yuko ubwirebange ari ‘ingabirano’. Yaciye avuga ati: “Ūshobora kuvyemera n’avyemere.” (Mat. 19:10-12). Haciye imyaka, intumwa Paulo yaranditse ku vyerekeye inyungu ziva ku bwirebange yongera araremesha abandi gukurikira akarorero kiwe mu kuguma ari abirebange (1 Kor. 7:7, 38). Abatari bake muri iki gihe ‘baremeye’ kuguma ari abirebange, ku bw’ivyo bariko barinovora ivyiza bivamwo. Bimwe muri ivyo vyiza ni ibihe?
2 Gukora “udafise imitima ibiri”: Paulo yaratahura yuko kuba ari umwirebange vyamuha akaryo ko gukorera Yehova “adafise imitima ibiri”. No muri iki gihe, umuvukanyi w’umwirebange arashobora gusaba kuja muri rya Shure Rimenyereza Abasuku, kandi umuntu w’umwirebange usanga afise umwidegemvyo urushirije wo kwinjira mu gikorwa c’ubutsimvyi, kwiga urundi rurimi, kwimukira ahakenewe abakozi kuruta ahandi, gusukurira kuri Beteli canke agashobora kuronka akanya k’utundi duteka tudasanzwe tw’umurimo. Yoshobora kuronka umwanya uhagije n’uturyo twiyongereye two kwiyigisha bimwe bigera kure, n’utwo kuzirikana no kuyaga na Yehova biciye kw’isengesho rivuye ku mutima. Umuntu atubatse kenshi usanga afise umwanya munini kuruta wo kwitanga mu gufasha abandi. Igikorwa cose nk’ico ‘kiramufasha’.—1 Kor. 7:32-35; Ivyak. 20:35.
3 Umurimo nk’uwo umuntu arangurira Imana adafise imitima ibiri, urazana impera nyinshi. Inyuma y’imyaka 27 yari amaze muri Kenya, umuvukanyikazi umwe w’umwirebange yanditse ati: “Nari mfise abagenzi benshi cane n’ibikorwa vyinshi cane! Twarakorera hamwe ibintu [tukongera] tukagenderanira. . . . Narashoboye gukoresha uwo mwidegemvyo n’ukwo kudafatirwa vyiyongereye biva ku bwirebange, kugira ngo ngume mfise vyinshi nkora mu busuku, kandi ivyo vyaranteye umunezero mwinshi.” Yongeyeko ati: “Uko imyaka yarengana ni ko ubucuti dufitaniye na Yehova bwarushiriza gukomera.”
4 Kubukoresha mu buryo bubereye: Yezu yavuze yuko imvo yotuma umuntu atsimbataza ingabirano y’ubwirebange ikwiye kuba “kubg’ubgami bgo mw ijuru” (Mat. 19:12). Nk’uko bigenda ku ngabirano iyo ari yo yose, ubwirebange bukwiye gukoreshwa mu buryo bubereye niba dushaka ko butuzanira umunezero bukongera bukatugirira akamaro. Mu kutagisha uturyo ubwirebange butanga no mu kwiheka kuri Yehova kugira abahe ubukerebutsi n’inguvu, abantu benshi batubatse barashitse ku gutahura agaciro ko kwemera iyo ngabirano.