‘Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova’
Ni abirebange ariko baranezerewe mu murimo barangurira Yehova
“BENSHI cane muri twebwe turahimbawe rwose naho tutubatse”. Ivyo vyavuzwe n’umwigeme umwe w’umukirisu wo muri Esupanye. Uti ni igiki kimutera umunezero? Yishura ati: “Turahimbarwa n’uko ata bintu vyinshi bidutesha umutwe, ivyo bikaba bituma turyimara mu gukorera Imana yacu Yehova”.
Mwene izo nyiyumvo zirahuye n’ivyo Ijambo ry’Imana rivuga ku biraba ubwirebange. Igihe intumwa Paulo yavuga ibijanye n’umubano w’ababiranye, yatanze iyi mpanuro yahumetswe iranga ubukerebutsi igira iti: “Abatararongorana, bo n’abapfakazi, ndababgira yukw iciza kuri bo ar’uko bogumya kumera nkanje”. Paulo ubwiwe ntiyari yubatse. Ariko none, ni iyihe mvo yatumye ahayagiza ubwirebange? Yavuze yuko umuntu yubatse aba abangikanije, mugabo uwutubatse wewe akaba “yitwaririka ivy’Umwami” (1 Ab’i Korinto 7:8, 32-34). Gukorera Yehova ni yo mvo nyamukuru ituma umwirebange agira agahimbare akongera akagira umunezero.
Kuba umwirebange bitumwe n’intumbero nziza kuruta izindi
Amajambo Paulo yavuze yosa n’ayatumvikana ku bantu bo mu bibano bishira imbere ivyo kurongora no kugira umuryango. Ariko rero, Yezu Kirisitu, uwutari yubatse mugabo akaba yari ahimbawe kandi anezerewe, yaravuze intumbero nziza kuruta izindi abakirisu b’abirebange baba bafise. Yavuze ati: “Har’inkone zīkona ubgazo kubg’ubgami bgo mw ijuru. Ūshobora kuvyemera n’avyemere”.—Matayo 19:12.
Nk’uko ayo majambo abivuga, benshi basanze ubwirebange bubaronsa akaryo ko gukorera Imana badafise imitima ibiri nka kumwe kw’abubatse (1 Ab’i Korinto 7:35). Abakirisu ibihumbi bariko barasenga Yehova bahimbawe naho batagira umugabo canke umugore, kandi baranezerwa no gufasha abandi babigiranye umwetea.
Abakirisu benshi batubatse barazi ko umunezero utiharijwe n’abubatse bonyene, be n’uko atari abirebange bose babura umunezero. Muri iyo migwi yompi, hariho abo usanga bafise umunezero mugabo rimwe na rimwe bakagira umubabaro. Kanatsinda, Bibiliya iravuga idakikiriza yuko ukwabirana gutera “amagorwa mu mubiri”.—1 Ab’i Korinto 7:28.
Kuba umwirebange kubera impamvu zinaka
Hariho benshi baba abirebange atari bo babishatse, ariko bitumwe n’impamvu zinaka. Boshobora kuba bipfuza igishika, ubugenzi be n’urukundo vyo mu mubano w’ababiranye. Ariko rero kuri bamwebamwe, ingorane z’ubutunzi be n’izindi mpamvu, birashobora gutuma batubaka muri iki gihe. Abakirisu bamwebamwe, benshi muri bo bakaba ari abavukanyikazi bacu bakundwa, bagumye ari abirebange kubera yuko biyemeje kugamburuka rya tegeko Bibiliya itanga ryo kwubaka “mu Mukama gusa” (1 Abakorenti 7:39, UB). Babigiranye ukudahemuka, barondera uwo bokwubakana mu basavyi ba Yehova gusa biyeguye bakabatizwa.
Birashika bamwebamwe muri bo bakumva bishwe n’irungu. Umukirisu umwe w’umwirebange aho amariye kwiyemerera yuko ahora yumva amerewe gutyo, yaciye avuga ati: “Turazi itegeko Yehova yatanze, tukaba tutoshima kumubabaza mu buryo na bumwe. Twoshobora kwipfuza kugira umugenzi, mugabo naho abantu bo mw’isi bagerageza ukungana iki kuturonderera uwo twokwubakana, tuguma dushikamye. Ntitunashaka kuba turi kumwe n’abagabo canke abagore batizera”. Abakirisu mwene abo barakwiye gukezwa kubera bashira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga, bakongera bakumira ku ngingo mfatirwako ziri hejuru zigenga inyifato runtu, kugira ngo banezereze Yehova naho nyene bagira intuntu mu mutima.
Imana irabafata mu mugongo itiziganya
Yehova ntahemukira aberekana ko ari intahemuka kuri we mu kutubakana n’abantu batamusenga. Umwami Dawidi afatiye ku vyo yari yariboneye, ivyo yarabishingiye intahe mu kuvuga ati: ‘Ku ntahemuka Yehova azokwiyerekana ari intahemuka’ (Zaburi 18:25, NW). Vyongeye, Imana isezeranira abayigamburukira badahemuka iti: “Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta” (Abaheburayo 13:5). Turashobora kwigana Yehova mu gukeza cane abakirisu b’abirebange bo mu myaka yose baguma bumiye kw’Ijambo ry’Imana. Turashobora kandi gusaba Yehova ngo abakomeze kugira ngo batsinde ingorane zibashikira.—Abacamanza 11:30-40.
Abakirisu benshi b’abirebange basanga yuko kugira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co kwigisha Bibiliya bituma ubuzima bwabo bubamara akanyota. Nk’akarorero, uwitwa Patricia ni umwigeme atarubaka urwiwe ageze mu myaka 35, akaba ari umutsimvyi canke umwamamaji w’inkuru nziza w’igihe cose. Avuga ati: “Naho ubwirebange butabuzemwo ingorane, bwarampaye akaryo ko kuba umutsimvyi asanzwe. Kubera yuko ndi umwirebange, biranyorohera cane guhindura ukuntu nkoresha umwanya wanje, bigatuma ndonka umwanya wiyongereye wo kwiyigisha. Narize kandi kurushiriza kwiheka kuri Yehova, na canecane mu bihe bigoye”.
Ayo majambo arahuye n’umuhango udusubiriza umutima mu nda utangwa na Bibiliya ugira uti: “Ukorere Uhoraho urugendo rwawe rwose, abe ari we wishimira, na we azobishitsa” (Zaburi 37:5). Emwe, abasavyi ba Yehova b’intahemuka bose, abubatse n’abatubatse, barashobora guhumurizwa no kuremeshwa n’aya majambo yahumetswe n’Imana agira ati: ‘Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova’.—Zaburi 121:2.
[Akajambo k’epfo]
a Raba Calendrier des Témoins de Jéhovah 2005, juillet-août
[Iciyumviro ku rup. 9]
“Ūtagira umugore yitwaririka ivy’Umwami wacu, uko yonezereza Umwami”.—1 AB’I KORINTO 7:32
[Uruzitiro ku rup. 8]
INGENE WOKWUNGUKIRA KU BWIREBANGE
Yezu, uwutigeze arongora, yavuze ati: “Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe”.—Yohana 4:34.
Abakobwa bane ba Filipo, abatari bubatse, bagumye bafise vyinshi bakora mu gikorwa co ‘kuvugishwa n’Imana’.—Ivyakozwe n’intumwa 21:8, 9.
Abavukanyikazi bakirisu b’abirebange batangaza ubutumwa bw’Ubwami, bari muri za ‘ngabo nyinshi z’abagore bakwiza inkuru nziza’.—Zaburi 68:11.