IKIGABANE C’UMUNANI
Woba ‘uzobandanya kubaho’ nka Yeremiya?
1, 2. Ni kubera iki kwitwararika ineza y’umuntu ku giti ciwe be n’iy’umuryango wiwe ari ikintu cumvikana?
YOSUWA amaze guhimiriza Abisirayeli guhitamwo uwo bokoreye, yavuze ati: “Ariko jewe n’urugo rwanje, tuzokorera Yehova.” (Yos. 24:15) Yosuwa yari yiyemeje kuba intahemuka ku Mana, kandi yari yizigiye ko n’umuryango wiwe na wo nyene utohemutse. Haciye igihe kitari gito, i Yeruzalemu himirije kurandurwa, Yeremiya yarabwiye Umwami Zedekiya ivyomushikiye aramutse yishikanye ku Banyababiloni, ati: “Wewe n’urugo rwawe muzobandanya kubaho ata kabuza.” (Yer. 38:17) Ihitamwo ribi uwo mwami yagize ryarakwegeye akarambaraye abagore biwe, abahungu biwe, na we nyene adasigaye inyuma. Yariboneye ingene abahungu biwe bicwa, hanyuma arahumishwa amaso maze atwarwa i Babiloni ari inyagano.—Yer. 38:18-23; 39:6, 7.
2 Imvugo ngo “Jewe n’urugo rwanje” hamwe n’iyi ngo “Wewe n’urugo rwawe,” zompi zerekezwa canecane ku muntu umwumwe. Ariko kandi zirerekezwa no ku muryango w’uwo muntu nyene. Ivyo birumvikana. Umuntu akuze wese ari n’ico abazwa n’Imana. N’ikindi kandi, Abisirayeli nka bose barubaka izabo kandi bakavyara. Abakirisu na bo nyene babona ko kwubaka no kwibaruka ibibondo ari ikintu gihambaye. Ivyo turavyibonera dufatiye ku vyo dusoma muri Bibiliya be no ku vyo twiga mu makoraniro ya gikiristu ku bijanye n’umubano w’ababiranye, ukurera abana, be n’ukwubaha abagize umuryango.—1 Kor. 7:36-39; 1 Tim. 5:8.
ITEGEKO RIDASANZWE
3, 4. Ni itandukaniro irihe ryari hagati y’ukuntu ivya Yeremiya vyari vyifashe be n’ukuntu ivy’abandi benshi vyari vyifashe, kandi yavyungukiyeko gute?
3 Yeremiya ari mu bantu ‘babandanije kubaho,’ ni ukuvuga barokotse igihe i Yeruzalemu hasangangurwa, naho ukuntu ivyiwe vyari vyifashe kwari gutandukanye n’uko ivya benshi muri abo bantu vyari vyifashe. (Yer. 21:9; 40:1-4) Imana yari yamutegetse kutubaka urwiwe no kutavyara, be no kutagira uruhara mu yindi mice minaka yaranga ubuzima bwa misi yose bw’Abayuda ico gihe.—Soma Yeremiya 16:1-4.
4 Mu mico kama y’Abayuda bo mu gihe ca Yeremiya, vyari bimenyerewe ko Umuyuda yubaka urwiwe kandi akavyara. Abagabo benshi b’Abayuda ivyo barabigira kugira ngo itongo ba sekuruza babo bari barahawe muri ico gihugu rigume ryegukira umuryango wabo.a (Gus. 7:14) None Yeremiya we yabuzwa n’iki? Kubera icago cari kiraririye gushika, Imana yaramubujije kwifatanya n’Abayuda mu biringo vy’umubabaro canke vy’umunezero bari basanzwe bagirira hamwe. Yategerezwa kudahoza Abayuda bagandaye canke ngo asangirire hamwe na bo ibifungurwa inyuma y’amaziko, kibure ngo agire uruhara mu birori vy’ubugeni bwabo. Mwene ivyo birori biteye umunezero vyari bigiye kurangira buhere. (Yer. 7:33; 16:5-9) Iyo ngendo ya Yeremiya yotumye abandi barushiriza kwemera ubutumwa yashikiriza, ikongera ikerekana mu buryo bukomeye ko urubanza rwari rwimirije rwobaye ruhambaye cane. Amaherezo, nya cago carashitse. Woba woshobora kwiyumvira ukuntu abari basigaye barya abantu nka bo be n’ababona ingene ibiziga vy’ababo bisangukira i musozi bigacika intabire, bose biyumva? (Soma Yeremiya 14:16; Int. 2:20.) Kubera Yeremiya atari yubatse, nta n’umwe yateye akagongwe. Mu mezi 18 i Yeruzalemu hamaze hasugerejwe be n’ubwicanyi bwakurikiye bwahoneje imiryango, Yeremiya ntiyabuze umugore wiwe canke abana biwe.
5. Ubuyobozi buboneka muri Yeremiya 16:5-9 bugira ico bukoze gute ku bakirisu?
5 Twoba twovuga none ko ibivugwa muri Yeremiya 16:5-9 na twebwe bituraba? Habe namba. Abakirisu bahimirizwa “guhoza abari mu makuba y’ubwoko bwose” no ‘kunezeranwa n’abanezerewe.’ (2 Kor. 1:4; Rom. 12:15) Yezu yaritavye ubugeni yongera aragira ico aterereye kugira ngo nya bugeni burangwemwo umunezero. Yamara rero, ntidukwiye gufata minenegwe ibiraririye gushikira ivy’iyi si mbi. Abakirisu boshobora mbere gushikirwa n’ibintu bitoroshe kandi bakabaho mu bukene. Yezu yarashimitse ku vy’uko dukwiye kuba abiteguriye gushitsa ivyo dusabwa vyose kugira ngo twihanganire ibidushikira twongere tugume turi abizigirwa, nk’uko ba bavukanyi bacu bahunga Yudaya mu kinjana ca mbere babigize. Ku bw’ivyo, guhitamwo kwubaka urwawe canke kutubaka kibure ugahitamwo kuvyara canke kutavyara, ni ikintu co kuzirikanako ata gufyina.—Soma Matayo 24:17, 18.
6. Ni bande bashobora kwungukira ku kuzirikana ku buyobozi Imana yahaye Yeremiya?
6 Ni igiki dushobora kwigira kw’itegeko Imana yahaye Yeremiya ryo kutubaka urwiwe canke ngo avyare? Muri iki gihe, hari abakirisu b’intahemuka usanga batubatse, abandi na bo ugasanga barubatse ariko ata bana bafise. Ni ibiki wokwigira ku vyashikiye Yeremiya? Vyongeye, ni kubera iki mbere n’abakirisu bubatse kandi bafise abana bakwiye kuzirikana kuri ukwo kuntu Yeremiya yari abayeho?
7. Kuba Yeremiya yabwirizwa kutaba sebibondo bikwiye kutwigisha iki muri iki gihe?
7 Reka tubanze turimbure ibijanye n’uko Yeremiya yabwirizwa kutaba sebibondo. Yezu ntiyigeze ategeka abayoboke biwe kutavyara. Naho ari ukwo, biri n’ico bivuze kubona yaravuze yuko muri ya makuba yashikira Yeruzalemu mu 66-70 G.C., hobaye ‘hagowe’ abagore bibungenze be n’abonsa. Ico cobaye ari igihe canecane kigoye kuri bo kubera ukwo kuntu ivyabo vyobaye vyifashe. (Mat. 24:19) Na twebwe muri iki gihe twimirije gushikirwa n’amakuba akomeye kuruta. Ico ni ikintu abakirisu bubatse izabo boba bahanganye n’ugufata ingingo ku bijanye n’uko bovyara canke batovyara, bakwiye kuzirikanako ata gufyina. Wewe none ntubona ko ubu birushiriza kuba urugamba kwihanganira ibi bihe bigoye turimwo? Vyongeye, abubatse baremera icese ko birushiriza kuba urugamba kurera abana ‘bazobandanya kubaho,’ ni ukuvuga bazorokoka umuhero w’ivy’iyi si. Naho abubakanye ari bo bihitiramwo nimba bazokwibaruka canke batazokwibaruka, birabereye ko bazirikana ku kuntu ivya Yeremiya vyari vyifashe. Bite ho none ku bijanye n’itegeko Imana yamuhaye ryo kudashinga urwiwe?
Ni ikintu ikihe kitari kimenyerewe Yeremiya yategetswe, kandi ivyo bikwiye gutuma turimbura ibiki?
NUGIRE ICO WIGIYE KU KUBA YEREMIYA ATARI YUBATSE URWIWE
8. Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko atari ngombwa ko umuntu aba yubatse urwiwe kugira ngo ahimbare Imana?
8 Kuba Imana yarabwiye Yeremiya ngo ntiyubake urwiwe, ntibisobanura yuko ari itegeko abasavyi bayo bose bobwirijwe gukurikiza. Nta kibi kiri mu kwubaka urwawe. Yehova yaratanguje umubano w’ababiranye kugira ngo abantu buzure isi no kugira ngo uwo mubano utume abubatse bashira akanyota kandi banezerwe bimwe bigera kure. (Imig. 5:18) Ariko ntiwumve, mu gihe ca Yeremiya si bose bari bubatse izabo. Igihe Yeremiya yari umuhanuzi, birashoboka ko mu basavyi b’Imana hari harimwo inkone.b Vyongeye, nta gukeka ko hari hariho n’abapfakazi be n’abapfakare. Ku bw’ivyo rero, Yeremiya si we musavyi w’Imana wenyene w’ukuri atari afise uwo bubakanye. Mu vy’ukuri, hariho imvo yatuma Yeremiya atubaka urwiwe, nk’uko nyene no muri iki gihe hariho izituma abakirisu bamwebamwe batabigira.
9. Ni impanuro yahumetswe iyihe ijanye n’ivyo kwubaka dukwiye kurimbura ata gufyina?
9 Abakirisu barashinga izabo, yamara si bose. Urazi yuko Yezu atubatse urwiwe, kandi ko yavuze yuko hari abigishwa biwe bohawe ingabirano yo ‘kwemera’ n’umuzirikanyi wabo wose be n’umutima wabo wose kubaho batubatse. Aboshoboye kubaho batubatse yabaremesheje kubigira. (Soma Matayo 19:11, 12.) Ni co gituma vyoba bibere dukeje uwuhitamwo kuguma atubatse kugira ngo arushirize gukora vyinshi mu murimo w’Imana, aho kumutwengera mw’ijigo. Ni ivy’ukuri ko hariho abakirisu usanga bamara igihe kitari gito batarubaka izabo babitumwe n’ukuntu ivyabo biba vyifashe. Nk’akarorero, bashobora kuba batararonka umukirisu bikwiranye bokwubakana, kandi bakaba biyemeje kuguma bumiye ku ngingo ngenderwako y’Imana isaba kwubaka “mu Mukama gusa.” (1 Kor. 7:39) Ariko kandi, abasavyi b’Imana bamwebamwe usanga ari abapfakazi abandi na bo ari abapfakare, ivyo bigatuma baja mu gitigiri c’abatubatse izabo.c Ntibakwiye kwigera bibagira ko Imana (be na Yezu) yamye nantaryo yitaho mwene abo bantu usanga batubatse izabo.—Yer. 22:3; soma 1 Abakorinto 7:8, 9.
10, 11. (a) Ni igiki cafashije Yeremiya kuguma atubatse urwiwe? (b) Ivyabonywe vyo mu bihe vya none vyerekana gute ko abaguma batubatse bashobora kugira ubuzima buhimbaye?
10 Kubera ko Yeremiya yiheka ku Mana, yarashoboye kuguma atubatse. Uti gute? Niwibuke ko Yeremiya yahimbarwa n’ijambo rya Yehova. Iryo jambo ni ryo ryamukomeza rikongera rikamuremesha mu myaka mirongo yamaze yituniye ku busuku Imana yari yaramushinze. N’ikindi kandi, yariyubaye cane, aririnda gucudika n’abantu bomutyekeje kubera ko atari yubatse. Yashima ‘kwicara ukwiwe’ aho kwicarana n’abantu bafise mwene izo ngeso mbi.—Soma Yeremiya 15:17.
11 Abavukanyi na bashiki bacu batari bake batubatse, baba bakiri bato canke bitereye mu myaka, barakurikiza akarorero keza ka Yeremiya. Ivyabonywe birerekana yuko bidufasha cane igihe dufise vyinshi dukora mu murimo w’Imana, ni ukuvuga igihe tugira uruhara bimwe bishitse mu bikorwa ngirakamaro vyo mu vy’impwemu. Nk’akarorero, mushiki wacu umwe asukurira mw’ishengero rikoresha ururimi rw’igishinwa yigana ati: “Gukora ubutsimvyi bituma ubuzima bwanje bugira intumbero. Bwa mwirebange, mfise vyinshi nkora mu buzima, ivyo bikaba bimfasha kwirinda kugira irungu. Ku mpera y’umusi umwumwe wose numva nshize akanyota kubera mbona yuko ubusuku ndangura bufasha abantu vy’ukuri. Ivyo biratuma ngira umunezero mwinshi.” Mushiki wacu w’umutsimvyi afise imyaka 38 na we avuga ati: “Nibaza ko akabanga ko kuronka agahimbare ari ukuba uwushoboye kunezererwa ivyiza biri mu kuntu ivyawe biba vyifashe kwose.” Hari uwundi mushiki wacu atubatse wo mu Buraya bwo mu bumanuko avuga atarya umunwa ati: “Ubuzima bwanje bwoshobora kuba butagenze nk’uko nari narabitegekanije, ariko ndahimbawe kandi nzobandanya guhimbarwa.”
12, 13. (a) Dukwiye kubona gute tutibesha ibijanye n’ukwubaka be n’ukutubaka? (b) Ukuntu Paulo yari abayeho be n’impanuro yatanze bihishura iki ku bijanye n’ukuguma umuntu atubatse urwiwe?
12 Yeremiya yoba yabona ko ubuzima bwiwe butagenze nk’uko yari avyiteze kuva akiri muto? Kumbure. Yamara ashobora kuba yaratahuye neza yuko, baba abari bubatse izabo canke abari baribarutse ibibondo, na bo nyene ivyabo bitariko bigenda nk’uko bari bavyiteze. Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi wo muri Esupanye arashigikira ico ciyumviro, ati: “Ndazi abantu bahimbawe mu mubano wabo be n’abandi badahimbawe. Ivyo biranjijura ko kuba nzokwubaka canke ntazokwubaka urwanje atari vyo bizotuma ngira umunezero.” Dufatiye ku karorero ka Yeremiya be n’ak’abandi ibihumbi n’ibihumbi, biragaragara ko uwuguma atubatse urwiwe ashobora kubaho ata co ahajije kandi ahimbawe. N’intumwa Paulo arashigikira ico ciyumviro kuko yanditse ati: “Mbwira abatubatse n’abapfakazi: ni vyiza ko bigumira nk’uko ndi.” (1 Kor. 7:8) Paulo ashobora kuba yari umupfakare. Uko biri kwose, ntiyari yubatse igihe yakora atiziganya mu murimo w’ubumisiyonari. (1 Kor. 9:5) Si ivyumvikana none dushitse ku ciyumviro c’uko ukuba ico gihe atari yubatse urwiwe vyamufashije cane? Vyatumye ‘aguma akorera Umukama ata kimusamaza,’ gutyo ararangura ibintu vyinshi vyiza.—1 Kor. 7:35.
13 Paulo ahumekewe n’Imana, yongeyeko ati: “Abubaka bazogira amakuba mu mubiri wabo.” Imana yaratumye Paulo yandika uku kuri kwimbitse, ati: “Nimba umuntu yiyemeje mu mutima wiwe kugumya ubusugi bwiwe . . . azoba agize neza. N’uwutanze rero ubusugi bwiwe mu kwubaka aba agize neza, mugabo uwutabutanze mu kwubaka azoba agize neza kuruta.” (1 Kor. 7:28, 37, 38) Yeremiya ntiyigeze asoma ayo majambo, mugabo ivyo yaranguye mu myaka mirongo yamaze akorera Imana biremeza neza ko kutubaka bitabuza umuntu kubaho ahimbawe mu murimo w’Imana. Nkako, birashobora kugira ikintu kinini cane biterereye mu gutuma umuntu agira ubuzima buri n’ico buvuze bushingiye ku gusenga kw’ukuri. Naho Umwami Zedekiya yari yubatse, ntiyumviye impanuro Yeremiya yari yamuhaye maze ngo ‘abandanye kubaho,’ ni ukuvuga ngo arokoke, magingo uwo muhanuzi we atari yubatse yakurikiranye ingendo yatumye arokoka.
Ni igiki ushobora kwigira ku karorero ka Yeremiya, uwamaze imyaka n’iyindi atubatse?
NURUHURIRE ABANDI NA WE UHEZE URUHURIRWE
14. Ni igiki ubucuti Paulo yari afitaniye n’umuryango wa Akwila bushira ahabona?
14 Nk’uko twamaze kubibona, abagabo n’abagore batari bake bo mu gihe ca Yeremiya barashinga izabo kandi bari bafise abana. Ni na ko vyari bimeze mu gihe ca Paulo. Ico tutoharira coco ni uko abakirisu benshi bari bubatse izabo batashobora kurangurira ubusuku bwabo mu mahanga nk’uko Paulo yabigira, yamara bari bafise vyinshi bakora mu karere iwabo, muri ivyo hakaba harimwo kuremesha abo basangiye ukwizera batari bubatse izabo. Niwibuke ko igihe Paulo yashika i Korinto, Akwila na Pirisila bamwakiriye mu nzu yabo bongera barakorana na we mu mwuga bari basanzwe bakora. Ariko ubucuti bwabo ntibwari bushingiye kuri ivyo gusa. Nta gukeka ko ubucuti Paulo yari afitaniye n’umuryango wa Akwila bwaruhura. Niwihe ishusho bariko barafungurira hamwe ibifungurwa biryoshe, wongere uzirikane ku bindi biringo birangwa igishika bamara bari kumwe. Yeremiya yoba na we nyene yarungukiye ku bucuti busa n’ubwo? Naho kuba atari yubatse urwiwe vyatumye yoroherwa cane no kurangura umurimo w’Imana, ntidukwiye kwiyumvira yuko yikumira. Ashobora kuba yari afitaniye ubugenzi burangwa igishika yari afitaniye n’imiryango y’abasavyi b’Imana b’intahemuka, nk’uwa Baruki, uwa Ebedi-meleki be n’iy’abandi.—Rom. 16:3; soma Ivyakozwe 18:1-3.
15. Imiryango ya gikirisu ishobora gute gusahiriza abakirisu batubatse?
15 Muri iki gihe, abakirisu batubatse izabo na bo nyene barungukira ku bucuti burangwa igishika bumeze nk’ubwo Paulo yari afitaniye n’umuryango wa Akwila. Niba wubatse, woba wibuka n’abatubatse boshima ko mubagira abagenzi? Mushiki wacu umwe yaraseruye akari ku mutima muri ubu buryo, ati: “Narahevye isi kandi sindota ndayisubiramwo. Naho biri uko numva ngikeneye kwitwararikwa no kugaragarizwa urukundo. Nsenga nsaba ko, twebwe abakirisu batubatse izabo, Yehova yoguma aturonsa ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu be n’indemesho. Na twe turi abantu, kandi twese ntitwipfuza kwubaka izacu vyanse bikunze. Ariko hari ukuntu dusa n’abibagirwa. Mu vy’ukuri, turashobora kwama twitura Yehova, ariko igihe dukeneye kwifatanya n’abantu nkatwe, ntidukwiye none kuyaga n’abo dusangiye umuryango wacu w’abavukanyi?” Abavukanyi be na bashiki bacu ibihumbi n’ibihumbi barashobora kwemeza ata buryarya babigiranye ko ari ukwo biri. Barungukira kuri mwene ubwo bucuti bagiranira n’abari mw’ishengero ryabo. Ntibifatanya gusa n’abo basangiye ukwizera banganya imyaka. Kubera ko ari abantu bashikirana n’abandi, usanga bagiranirana ubugenzi n’abakirisu batandukanye bo mu miryango igize ishengero bakukira, baba abakuze canke abakiri bato.
16. Ni ibintu ibihe bisanzwe wokorera abakirisu batubatse bo mw’ishengero urimwo kugira ngo ubaruhure?
16 Ugerageje kugira ivyo utunganije, urashobora kubera abatubatse izabo isôko ry’indemesho mu kuza rimwe na rimwe urabatumira mu mirimo itandukanye igirwa mu muryango wawe, nko muri wa mugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango. Gusangirira hamwe ibifungurwa n’umuvukanyi canke mushiki wacu atubatse, ushobora gusanga bimugiriye akamaro cane kuruta ivyo bifungurwa biryoshe. Woba woshobora gusaba mwene abo bantu usanga batubatse izabo ngo mujane mu busuku? Bite ho ku bijanye no gutumira umukirisu atubatse ngo yifatanye n’umuryango wawe mu bikorwa bimwebimwe bijanye no kubungabunga Ingoro y’Ubwami canke rimwe na rimwe mukajana kugura ibintu? Hari imiryango imwimwe ihora itumira umupfakazi canke umupfakare kibure umutsimvyi atarubaka urwiwe ngo bajane kw’ihwaniro canke gusama akayaga. Mwene ukwo kwifatanya n’abandi, kuratuma bose bumva baruhuriwe.
17-19. (a) Kubera iki abana bakwiye kugaragaza urukundo n’ukubona ibintu ku burimbane igihe batunganya ibijanye no kwitaho abavyeyi babo bitereye mu myaka canke bafise amagara make? (b) Ni icigwa ikihe dushobora gukura ku vyo Yezu yagize mu kwitwararika nyina wiwe?
17 Turakwiye kandi kutirengagiza abavukanyi be na bashiki bacu batarubaka izabo mu bijanye no kubungabunga abavyeyi bageze mu zabukuru. Mu gihe ca Yezu, Abayuda bamwebamwe bakomakomeye barazibukira n’uruyeri n’akantu ivyo kwitaho abavyeyi babo. Bivugisha yuko bategerezwa kubanza gushitsa amategeko yo mu vy’idini, ayo bo ubwabo bishingiye, imbere y’uko bashitsa ivyo Imana ibasaba ku bijanye n’abavyeyi babo. (Mrk. 7:9-13) Ivyo ntibikwiye kuba mu miryango y’abakirisu.—1 Tim. 5:3-8.
18 Bite hoho igihe abavyeyi bageze mu zabukuru bafise abana benshi b’abakirisu? Igihe muri abo bana hoba harimwo uwutarubaka urwiwe, ni we none ategerezwa guca azezwa ibanga ryo kwitwararika abo bavyeyi? Mushiki wacu umwe wo mu Buyapani avuga ati: “Ndipfuza kwubaka urwanje, ariko ntibikunda kubera yuko mfise ibanga ryo kwitwararika abavyeyi banje. Ndizigira ntakeka ko Yehova abona ukuntu kwitwararika abavyeyi bitesha umutwe be n’uko atahura umubabaro wo mu mutima abatubatse izabo bagira.” None uwo mushiki wacu yoba yari asanzwe afise basazawe na benewabo bubatse izabo maze bakaba ari bo bafashe iyo ingingo, batabanje no kumugisha inama, y’uko ari we ategerezwa kwitwararika abavyeyi babo? Nimba ari ukwo vyoba biri, birahambaye kwibuka ko na Yeremiya yari afise benewabo, ariko bakaba baramurenganije.—Soma Yeremiya 12:6.
19 Yehova aratahura abatubatse izabo kandi arumvira impuhwe abariko baraca mu bihe bigoye. (Zab. 103:11-14) Yamara rero, abavyeyi bageze mu zabukuru canke bafise amagara make ni abavyeyi b’abana bose, baba abubatse canke abatarubaka. Ni ivy’ukuri yuko bamwebamwe mu bana boshobora kuba bubatse izabo kandi bafise n’abana. Ariko, ivyo ntibica bigabanya ubucuti bari bafitaniye n’abavyeyi babo, canke ngo bice biba urwitwazo rwo kudashitsa ibanga basabwa n’Ivyanditswe ryo kugira ico bafashije igihe bikenewe. Turibuka ko n’igihe Yezu yagira acikane ari ku giti co kubabarizwako atibagiye ibanga yari ajejwe, akaba ari co gituma yagize ico akoze kugira ngo nyina wiwe agume yitwararikwa. (Yoh. 19:25-27) Bibiliya ntitanga urutonde kandondwa rw’amategeko yerekeye ico umwana wese ajejwe mu bijanye no kwitwararika abavyeyi bageze mu zabukuru canke bafise amagara make; eka mbere ntivuga ko abana batarubaka izabo ari bo canecane baca begwa n’iryo banga. Ku bijanye n’ico kibazo c’inkoramutima, abo vyega bose barakwiye kurimburira hamwe bitonze utuntu twose tubega kandi ivyo bikagirwa mu buryo butegereka, bafise ku muzirikanyi akarorero Yezu yasize mu bijanye no kwitwararika nyina wiwe.
20. Wewe ubona gute ibijanye no kwifatanya n’abakirisu batubatse bo mw’ishengero urimwo?
20 Yeremiya ahumekewe n’Imana yaravuze yuko abasavyi ba Yehova bogiraniye ubugenzi, be n’uko hagati yabo horanzwe ubucuti bwa kivukanyi. (Yer. 31:34) Ku bwa ngingo, turafitaniye ubugenzi nk’ubwo budasanzwe mw’ishengero rya gikirisu, aho hakaba harimwo n’ubwo dufitaniye n’abavukanyi be na bashiki bacu batubatse izabo. Nta gukeka ko twese twipfuza kuremeshanya n’abo bakirisu batubatse izabo, kandi tukaba twipfuza kubona ‘babandanije kubaho,’ ni ukuvuga barokotse.
Ni ibindi bintu ibihe wokora kugira ngo, yaba wewe canke abavukanyi bacu kibure bashiki bacu batubatse, mwese muruhurirwe?
a Nta jambo ryosobanurwa ngo “umuntu yagumye atubatse urwiwe” riboneka mu Vyanditswe vy’igiheburayo vyo mu ntango.
b Yesaya yarabwiye inkone zashahuwe zo mu gihe ciwe ivyozishikiye, zino zikaba zagira uruhara ruto mu bijanye n’ugusenga kw’Abisirayeli. Yavuze yuko izo nkone zigamburuka zohawe “ikintu ciza kuruta abahungu n’abakobwa,” zikaronka “izina gushika igihe kitagira urugero” mu nzu y’Imana.—Yes. 56:4, 5.
c Hari abandi boshobora kuba bibana kubera ko abo bari bubakanye, kumbure bakaba batizera, batandukanye na bo canke bahukanye na bo mu buryo bwemewe n’amategeko.