4 Imana irarenganya—Vyoba ari vyo?
Ivyo ushobora kuba warumvise: “Imana ni yo iganza iyi si, kandi ikintu cose gishika, kiba kubera ko yabigomvye. Kubera yuko isi yuzuyemwo ugukumirana, akarenganyo n’agahahazo, Imana ni yo ikwiye kubibazwa.”
Ivyo Bibiliya yigisha: Imana si yo ituma mw’isi haba akarenganyo. Mu kudondora Yehova, Bibiliya ivuga iti: “Igikorwa ciwe ntikigira akanenge, kuko inzira ziwe zose ari ubutungane.”—Gusubira mu vyagezwe 32:4.
Imana iha bose ititangiriye itama, harimwo n’abasa n’abatabikwiriye. Nk’akarorero, “[i]tuma izuba rirasira ababi n’abeza, [i]gatuma n’imvura igwira abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Matayo 5:45) Abantu bo mu moko yose no mu mico kama yose ibafata mu buryo butarimwo akarenganyo, nk’uko mu Vyakozwe 10:34, 35 havyerekana hati: “Imana [nti]gira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”
Ni igiki none gituma haba akarenganyo? Abantu benshi bahitamwo gukora mu buryo buranga akarenganyo, ntibakurikize akarorero Imana itanga mu gukoresha ubutungane. (Gusubira mu vyagezwe 32:5) N’ikindi kandi, Bibiliya irerekana yuko Imana ireka wa mwansi wayo Shetani akaganza isi.a (1 Yohani 5:19) Ariko rero, Imana ntizobandanya kwihanganira ubwo butegetsi burangwa akarenganyo. Vuba izobukuraho. Iramaze gushiraho uburyo bwo “[gusambura] ibikorwa vya Shetani.”—1 Yohani 3:8.
Ingene kumenya ukuri bigufasha: Amaraporo asa n’ayadahera avuga ibijanye n’ibiturire, agahahazo n’akarenganyo yoshobora gutuma uzazanirwa. Kumenya ikintu giteza izo ngorane biragufasha gutahura igituma ibintu vyifashe nabi cane be n’igituma utwigoro twose abantu bagira kugira ngo batume isi irushiriza kuba ahantu heza tuguma tuba impfagusa. (Zaburi 146:3) Aho gukoresha umwanya n’inguvu mu guhindura ibintu bitazorama canke mbere bitazoshoboka, urashobora kugira icizigiro gikomeye cerekeye kazoza gishingiye ku kwizigira ivyo Imana yasezeranye.—Ivyahishuwe 21:3, 4.
Gutahura ikintu nyezina gituma haba akarenganyo birashobora canecane kudufasha igihe dushikiwe n’ibintu bigoye. Igihe turenganijwe, twoshobora gutakamba nk’uko umusavyi w’Imana Habakuki yabigize mu kuvuga ati: “Itegeko ri[ra]tituka, n’ubutungane ntibwiger[a] bushitswa.” (Habakuki 1:4) Imana ntiyahambariye Habakuki imuhora ko avuze ico kintu. Ahubwo nyabuna, yarakuye amazinda uwo musavyi wayo yuko yashinze igihe izotunganirizako ivyo bintu yongera iramufasha kuronka umunezero mu ngorane yarimwo. (Habakuki 2:2-4; 3:17, 18) Muri ubwo buryo nyene, kwizigira umuhango Imana yatanze wo gutorera umuti akarenganyo birashobora gutuma utekana ukongera ukagira amahoro yo mu mutima muri iyi si irangwamwo akarenganyo.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya ukuntu Shetani yabayeho, raba ikigabane ca 3 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 7]
Imana yoba vy’ukuri ari yo yobazwa imibabaro n’akarenganyo?
[Abo dukesha ifoto ku rup. 7]
© Sven Torfinn/Panos Pictures