5 Imana iremera uburyo bwose bwo kuyisenga bivuye ku mutima—Vyoba ari vyo?
Ivyo ushobora kuba warumvise: “Nka kurya nyene inzira nyinshi n’amabarabara menshi bishikana ahantu hamwe, ni na ko hari inzira nyinshi zishikana ku Mana. Umuntu wese ategerezwa kwironderera inzira imushikana ku Mana.”
Ivyo Bibiliya yigisha: Dutegerezwa gusenga tubikuye ku mutima, tukirinda uburyarya n’ubwiyorobetsi. Yezu yarabwiye indongozi z’idini zo mu gihe ciwe igituma Imana yari yarazihevye ati: “Yesaya ntiyihenze igihe yavuga mu buhanuzi ibiberekeye, mwa biyorobetsi, nk’uko vyanditswe ngo: ‘Aba bantu bantera iteka n’iminwa yabo, mugabo imitima yabo yigijwe kure yanje cane.’” (Mariko 7:6) Ariko rero, gusenga tubikuye ku mutima vyonyene ntibituma Imana yemera ugusenga kwacu.
Yezu yaratomoye ico kintu mu gushira ahabona ingorane nyamukuru yari mu gusenga kwagirwa n’izo ndongozi z’amadini hamwe n’abayoboke bazo. Yaberekejeko aya majambo Imana yavuze agira ati: “Bansengera ubusa, kuko inyigisho bigisha ari amabwirizwa y’abantu.” (Mariko 7:7) Basengera Imana “ubusa,” ivyo bikaba bishaka kuvuga yuko ugusenga kwabo ata co kwari kumaze, kubera ko bashira imigenzo yabo y’ivy’idini imbere y’ivyo Imana isaba.
Aho gushigikira iciyumviro c’uko hariho uburyo bwinshi bwo kwiyegereza Imana bwemewe, Bibiliya yigisha yuko hariho bumwe gusa. Muri Matayo 7:13, 14 havuga hati: “Mwinjirane mw’irembo ryaga; kubera ko inzira nini kandi yagutse ijana mu mahonero, kandi benshi ni bo binjirana muri yo; mugabo irembo ryaga be n’inzira ipfunganye ni vyo bijana mu buzima, kandi bake ni bo bayitora.”
Ingene kumenya ukuri bigufasha: Iyumvire ukuntu wokwumva umerewe hamwe woba waramaze amezi n’ayandi wimenyereza kugira ngo wiruke mw’isiganwa rirerire ryitwa marato maze ukaba uwa mbere muri iryo siganwa, mugabo ugaca urikurwamwo kubera ko warenze rimwe mu mategeko arigenga utabizi. Woshobora kubona yuko utwigoro twose wagize twabaye impfagusa. Ikintu nk’ico coba coshobora gushika mu bijanye n’ugusenga Imana kwacu?
Mu kugereranya ugusenga kwacu n’umuntu ahiganwa mu vyo kwinonora imitsi, intumwa Paulo yanditse ati: “Mbere n’uwuhiganwa mu nkino ntiyambikwa urugori kiretse yahiganywe akurikije amategeko.” (2 Timoteyo 2:5) Imana idutonesha igihe tuyisenga “[du]kurikije amategeko,” ni ukuvuga mu buryo yemera. Ntidushobora kwihitiramwo inzira idushikana ku Mana nka kurya nyene umwirutsi adashobora kwiruka aca iyo ashatse maze ngo yitege yuko baza gutangaza ko yatahukanye intsinzi.
Kugira ngo ugusenga kwacu guhimbare Imana gukwiye kuba kutarimwo ibinyoma ku biyerekeye. Yezu yavuze ati: “Abasenga b’ukuri bazosenga Data mu mpwemu no mu kuri.” (Yohani 4:23) Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya ni ryo ritumenyesha inzira y’ukuri ishikana ku Mana.—Yohani 17:17.a
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’ugusenga Imana yemera, raba ikigabane ca 15 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 8]
Amadini yose yoba yigisha abantu gusenga Imana mu buryo yemera?