ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/3 rup. 3-6
  • Izuka rya Yezu ryoba ryarabaye koko?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Izuka rya Yezu ryoba ryarabaye koko?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IYO KRISTU ATAJA KUBA YARAZUWE, VYOGIZE INKURIKIZI IZIHE?
  • IVYEMEZA KO YAZUTSE
  • Icizigiro c’izuka ni ntakekeranywa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Icizigiro c’Izuka Kirafise Ububasha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • ‘Abapfuye Bazozurwa’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Izuka rya Yezu ritumariye iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/3 rup. 3-6

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO: IZUKA RYA YEZU RIKUMARIYE IKI?

Izuka rya Yezu ryoba ryarabaye koko?

UMUHINGA mu vya kahise w’Umugiriki yitwa Herodote, ubu hakaba haheze imyaka 2.500 abayeho, yaravuze inkuru yerekeye Abanyamisiri bo mu gihe ciwe. Yanditse ati: “Ku nzimano y’abagabo b’abatunzi, barangije kwihereza imfungurwa zo ku mugoroba, hari umugabo yaterura igishusho c’umuntu kibajwe kiri mw’isandugu, gisize irangi kandi kimeze neza na neza nk’umuntu yapfuye, kikaba cari gifise uburebure bw’itambwe rimwe ry’ukuboko uciriye mu nkokora canke abiri. Yaca agenda arazunguruka acereka umwe wese mu bari ng’aho, agaca avuga ati: ‘Nunywe, uryoherwe, ariko urabe n’iki kintu; kuko niwamara gupfa uzosigara umeze nka co.’”

Abanyamisiri si bo bonyene babona gutyo ubuzima n’urupfu. Muri kino gihe, abantu benshi barisunga imvugo ngo “Niwirire, winywere, wiryohererwe.” Bibaza bati: ‘Nimba ata bundi buzima bubaho inyuma y’urupfu, kubera iki tutoryimara tukibishoboye? Kwigora ngo dukore ibigororotse vyotumarira iki?’ Nimba vyose biherana n’urupfu, vyoba rero bibereye ko abantu babaho baryimara. Intumwa Paulo yaravuze ikintu gisa n’ico. Yaradondoye inyifato y’abantu batemera izuka, mu kuvuga ati: “Nimba abapfuye batazurwa, ‘twirire twinywere, kuko ejo tuzopfa.’”—1 Abakorinto 15:32.

Ariko ntiwumve, Paulo ubwiwe ntiyemera yuko abapfuye boheze mu kuzimu. Yari yarajijutse yuko abapfuye bosubiye kubaho, bafise icizigiro co kutazosubira gupfa. Ukwo kujijuka kwari gushingiye ku kintu cabaye gihambaye cane yabona ko ari ntaseswa, ico na co kikaba ari izukaa rya Kristu Yezu. Nkako, iryo zuka ni co kintu nyamukuru cakomeza ukwizera kw’abigishwa ba Yezu bo mu ntango.

None izuka rya Yezu ritumariye iki? Mbega hoho twemezwa n’iki ko ryabaye vy’ukuri? Reka turabe ukuntu Paulo yaciye irya n’ino ivyo bibazo igihe yandikira ikete abakirisu b’i Korinto.

IYO KRISTU ATAJA KUBA YARAZUWE, VYOGIZE INKURIKIZI IZIHE?

Abakirisu bamwebamwe b’i Korinto ha kera ntibatomokerwa neza n’ivyerekeye izuka, abandi na bo ntibemera yuko umuntu ashobora kuzuka. Mw’ikete iyo ntumwa yandikiye abakirisu bo muri ico gisagara, yaradondoye inkurikizi vyogize iyaba izuka ritabaho koko. Yanditse ati: “Nimba vy’ukuri ata zuka ry’abapfuye ririho, na Kristu rero ntiyazuwe. Mugabo nimba Kristu atazuwe, igikorwa cacu c’ukwamamaza ni ic’ubusa vy’ukuri, n’ukwizera kwacu ni ukw’ubusa. Vyongeye, duca tuba ivyabona vy’Imana vy’ikinyoma . . . Ukwizera kwanyu nta co kumaze; muracari mu bicumuro vyanyu. . . . Vyongeye, abasinziriye mu rupfu bunze ubumwe na Kristu boba bagiye akagirire.”—1 Abakorinto 15:13-18.

“Yiyeretse bene wacu barenga amajana atanu icarimwe . . . Mu nyuma yariyeretse Yakobo, maze yiyereka intumwa zose; mugabo inyuma ya bose, nanje yaranyiyeretse.”—1 Abakorinto 15:6-8

Urabona ko Paulo yatanguje iciyumviro kigoye guhaririza, ari co c’iki: Nimba ata zuka ry’abapfuye ririho, na Kristu rero, uwari yarapfuye, ntiyazutse ngo asubire kuba muzima. Iyo Kristu ataja kuba yarazuwe, vyogize inkurikizi izihe? Ico gihe rero, kwamamaza inkuru nziza nta co vyobaye bimaze; cobaye ari ikinyoma kitagira izina. Nakare, izuka rya Kristu cari ikintu nyamukuru ukwizera kw’abakirisu kwari gushingiyeko, kikaba gifitaniye isano rya hafi cane n’inyigisho nyamukuru zo muri Bibiliya zerekeye ukugaba n’ukuganza kw’Imana, izina ryayo, Ubwami bwayo n’ubukiriro bwacu. Iyo hataza kuba harabaye izuka, ubutumwa Paulo n’abandi bigishwa bamamaza bwobaye ari amajambo ata co amaze, atagira akamaro.

Hariho n’izindi nkurikizi ivyo vyogize. Iyo Kristu ataja kuba yarazuwe mu bapfuye, ukwizera kw’abakirisu kwobaye ata co kumaze, ari ubusa, gushingiye ku kinyoma. Vyongeye, Paulo n’abandi bobaye baravuze ikinyoma, atari gusa ku vyerekeye izuka rya Yezu, mugabo no ku vyerekeye uwo bavuga ko yamuzuye, ari we Yehova Imana. Ikigeretse kuri ivyo, kuvuga ko Kristu “yapfuye ku bw’ibicumuro vyacu” na vyo nyene vyobaye ari ikinyoma; nakare, nimba uwo Mukiza ubwiwe atari yarakuwe mu rupfu, none yoshoboye gute gukiza abandi? (1 Abakorinto 15:3) Ivyo vyosobanuye yuko abakirisu bari barapfuye, bamwe muri bo bakaba bapfuye rumaratiri, bagiye akagirire bafise icizigiro kitari co c’uko bozutse.

Paulo yashitse rero kuri iki ciyumviro: “Nimba muri ubu buzima honyene ari ho twizigiye Kristu, turateye ikigongwe kuruta abandi bose.” (1 Abakorinto 15:19) Cokimwe n’abandi bakirisu, Paulo yaremeye kugira ivyo ahevye, arahamwa, arashikirwa n’amakuba, arahakwa no kwicwa kubera ko yemera izuka be n’ibintu vyose vyorangutse biciye kuri ryo. Iyaba izuka ritabaho, yari kuba yaruhiye ubusa!

IVYEMEZA KO YAZUTSE

Paulo ntiyemera yuko ivyo abakirisu bizera vyari ikinyoma. Yari azi ko Yezu yari yarazuwe mu bapfuye, akaba ari co gituma yahaye Abakorinto ibimenyamenya vy’ico kintu muri make, mu kuvuga “yuko Kristu yapfuye ku bw’ibicumuro vyacu nk’uko Ivyanditswe bivuga; kandi yuko yahambwe, egome, yuko yazuwe ku musi ugira gatatu nk’uko Ivyanditswe bivuga; be n’uko yiyeretse Kefa, hanyuma bamwe cumi na babiri.”b Paulo yongerako ati: “Inyuma y’ivyo yiyeretse bene wacu barenga amajana atanu icarimwe, benshi muri bo bakaba bakiriho n’ubu, mugabo bamwe barasinziriye mu rupfu. Mu nyuma yariyeretse Yakobo, maze yiyereka intumwa zose; mugabo inyuma ya bose, nanje yaranyiyeretse.”—1 Abakorinto 15:3-8.

Paulo yabanje kuvugana ubujijutsi yuko Kristu yapfuye ku bw’ibicumuro vyacu, arahambwa hanyuma arazurwa. Ni ibiki none vyatuma ajijuka gutyo? Kimwe coco ni uko hari hariho abantu benshi biboneye Yezu aho amariye kuzuka. Amaze kuzuka yariyeretse abantu umwumwe ukwiwe (ushizemwo na Paulo), yiyereka n’imigwi mitoyi y’abantu, mbere yiyereka n’isinzi ry’abantu 500, benshi muri bo bakaba batashotse bemera inkuru yavuga yuko Yezu yari yazutse! (Luka 24:1-11) Benshi mu bamwiboneye bari bakiriho mu gihe ca Paulo, akaba ari co gituma uwushaka wese yari gushobora kubabaza bakabimubwira. (1 Abakorinto 15:6) Biroroshe ko umuntu ahakana intahe ishinzwe n’umuntu umwe canke babiri, mugabo nta wohakana intahe ishinzwe n’abantu 500 canke barenga bavyiboneye.

Urabona kandi yuko Paulo yavuze kabiri kose yuko ugupfa, uguhambwa n’ukuzuka kwa Yezu vyabaye “nk’uko Ivyanditswe bivuga.” Ivyo bintu vyaremeje yuko ivyari vyaravuzwe mu Vyanditswe vy’igiheburayo ku vyerekeye Mesiya vyari vyarangutse, gutyo biba vyerekanye yuko vy’ukuri Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe.

Naho izuka rya Yezu rishingirwa intahe n’abamwiboneye be n’Ivyanditswe, hariho abagumye bakekeranya ku bijanye n’uko yazutse kandi n’ubu baracariho. Hari abavuga yuko abigishwa biwe baje kwiba ikiziga ciwe baca bavuga ngo baramubonye amaze kuzuka. Ariko rero, abigishwa ntibari bafise inguvu canke ububasha vyo kunesha abasoda b’Abaroma bari bacunze ubwinjiriro bw’imva ya Yezu. Abandi bavuga yuko abo bantu babonye Yezu amaze kuzuka atari we babonye koko, ahubwo ko ari ivyo barose. Icerekana ko batarose ni uko igihe Yezu yazuka yabonekeye abantu benshi mu bihe bitandukanye.

Hari abandi bavuga yuko ivy’izuka rya Yezu ari irementanya ryateguwe n’abigishwa biwe. None kubigenza gutyo vyobunguye iki? Iyumvire: Gushingira intahe iryo zuka vyatuma abo bigishwa batyekezwa, bagirirwa nabi, no kwicwa bakicwa. Wumva none bari kwishira mu kaga gutyo mu gushigikira ikinyoma cambaye ubusa? Vyongeye, iyo ntahe batanguye kuyishinga i Yeruzalemu, mu maso nyene y’ababarwanya, bano bakaba bari guca baboneraho akaryo ko kubacira urubanza.

Icizigiro c’izuka ni co kintu nyene catuma abigishwa bagira umutima rugabo wo gushingira intahe Umukama wabo naho baba bari mu ruhamo rukaze. Izuka ryahavuye riba kimwe mu bintu nyamukuru bigize ukwizera kwa gikirisu. Ni ivy’ukuri yuko abakirisu bo mu ntango bemera ko ubuzima bwabo buja mu kaga kugira ngo bashingire intahe umwigisha wabo w’inkerebutsi yagandaguwe. Ariko ahanini babigira kugira ngo bamenyekanishe izuka rya Yezu kuko ryerekana ko yari Kristu, Umwana w’Imana, umunyabubasha abaho koko yabashigikira kandi akabayobora. Izuka rya Yezu ryasigura yuko na bo nyene bopfuye bakazuka. Mu vy’ukuri, iyo Yezu aja kuba atazuwe, n’ubukirisu ntibwobayeho. Iyo Yezu ataja kuba yarazuwe, hari aho tutari kwigera twumva n’ivyiwe.

None izuka rya Kristu ritumariye iki muri iki gihe?

a Muri Bibiliya, insobanuro y’inkomoko y’ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “izuka” ni “gusubira guhagarara.” Ririmwo iciyumviro c’uko umuntu asubira kuba muzima, afise kamere yahorana n’ivyamuranga vyose, ushizemwo n’ivyo yapfuye yibuka.

b Imvugo “bamwe cumi na babiri” ni ubundi buryo bwo kuvuga “intumwa,” naho inyuma y’urupfu rwa Yuda Isikariyoti bamaze igihe ari 11 gusa. Igihe kimwe, Yezu yabiyeretse ari intumwa zitarenga 10 kuko Toma atari ho yari.—Yohani 20:24.

IBIBAZO BIKUNZE KUBAZWA

Ni bande bazozuka?

Bibiliya ivuga iti: “Hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Ivyakozwe 24:15) Muri abo bagororotsi hazoba harimwo abagabo n’abagore b’abizigirwa nka Nowa, Aburahamu na Sara. Mu batagororotse hazoba harimwo ababayeho batisunga amategeko y’Imana kubera ko bataronse akaryo ko kuyiga no kuyakurikiza.

Bazozukira kuba he?

Hari abazozukira kuba mw’ijuru ari ibiremwa vy’impwemu bidapfa, kugira ngo bafadikanye na Kristu kuganza isi ari abami n’abaherezi. (Ivyahishuwe 5:9, 10) Ariko benshi bazozukira kuba kw’isi, bibereho ibihe bidahera mw’isi y’iparadizo.—Luka 23:39-43.

Izuka rizoba ryari?

Ni muri kazoza, inkozi z’ikibi nizamara gukurwa kw’isi. Bibiliya ivuga yuko abantu benshi cane bazozuka mu kiringo ca ya ngoma ya Yezu y’imyaka igihumbi, aho isi izohindurwa ikaba Iparadizo.—Ivyahishuwe 20:6.

Imigenzo igirwa kuri Pasika hoba hari ico ipfana n’izuka??

Mu mihingo myinshi y’isi, abantu bahimbaza izuka rya Kristu mu gukurikiza imigenzo ata co ipfana n’izuka ryiwe ahubwo yakomotse mu madini ya gipagani. None ivyo hari ico bitwaye? Cane nyene. Ijambo ry’Imana ridutegeka kwitandukanya n’idini ry’ikinyoma kandi rikadusaba “[gu]senga Data mu mpwemu no mu kuri.”—Yohani 4:23; 2 Abakorinto 6:17.

Nimba Yezu ari Imana nk’uko vyigishwa mu madini amwamwe, ni nde none yazuye Yezu?

Yezu si Imana, ahubwo ni Umwana w’Imana, iyitwa Yehova. Yehova ni we yazuye Yezu mu bapfuye. (Abaroma 10:9) Umuhinga umwe mu vya Bibiliya avuga ati: “Nta muntu yoshobora kwizura, niyo yoba Kristu.”c

c Ushaka kumenya inyishu ziyongereye z’ivyo bibazo, raba ikigabane ca 7 n’ica 8 vy’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova, canke uje kuri www.pr418.com.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika