ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 15/1 rup. 3-6
  • Baritanze babikunze muri Afrika yo mu Burengero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Baritanze babikunze muri Afrika yo mu Burengero
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • KUGIRA UBUZIMA BURUSHIRIJE KUBA BWIZA MURI AFRIKA
  • KUBONA INTAMBAMYI NO KUZITSINDA
  • INGENE WOKWITEGURA
  • ISÔKO RY’UMUNEZERO NYAKURI
  • Nararonse ‘ivyo umutima wanje ugomba’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Baritanze babikunze
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Baritanze babikunze—Muri Oseyaniya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Nariyemeje kutareka amaboko yanje ngo aregere
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 15/1 rup. 3-6
Ivyabona vya Yehova bariko barayaga n’umuntu mu busuku

Baritanze babikunze muri Afrika yo mu Burengero

PASCAL yakuriye mu kibano gikenye co muri Côte d’Ivoire, akaba yaripfuza cane kugira ubuzima bwiza kuruta. Kubera ko yakunda gukina urukino rwo gukubitana ingumu, yibajije ati: ‘Ni hehe noshobora kuronka akaryo ko kuba rurangiranwa mu vy’inkino maze ngacika umutunzi?’ Igihe yari afise imyaka nka 25, yashitse ku ciyumviro c’uko yoja i Buraya. Mugabo kubera ko ata vyangombwa yari afise, yobwirijwe kujayo mu buryo butemewe n’amategeko.

Mu 1998, igihe Pascal yari afise imyaka 27, yaratanguye urwo rugendo. Yarajabutse urubibe aja muri Gana, aca muri Togo maze ajabuka Bénin, amaherezo ashika mu gisagara ca Birni Nkonni muri Nijeri. Ico gihe igice c’urwo rugendo carimwo akaga gakomeye cagira gitangure. Kugira ngo aje mu buraruko, yabwirizwa kwurira mu gikamyo kiriko kiragenda maze akajabuka ubugaragwa bwa Sahara. Ashitse ku kiyaga Mediterane, yociye yurira ubwato akaja i Buraya. Ukwo ni ko yari yabiteguye, mugabo hari ibintu bibiri vyashitse muri Nijeri vyatumye atabandanya.

Ubwa mbere, amahera yaramuheranye. Ubwa kabiri, yarahuye n’umutsimvyi yitwa Noé, uno akaba yaciye atangura kumwigisha Bibiliya. Ivyo yize vyaramukoze ku mutima cane maze arahindura ukuntu yahora abona ubuzima. Imigambi y’ivy’umubiri yari afise yasubiriwe n’imigambi y’ivy’impwemu. Muri Kigarama 1999, Pascal yarabatijwe. Mu kwerekana ko akengurukira Yehova, mu 2001 yaratanguye gukora ubutsimvyi muri Nijeri, muri ca gisagara nyene yari yarigiyemwo ukuri. None abona gute umurimo arangura? Avuga ati: “Mfise ubuzima burushirije kuba bwiza!”

KUGIRA UBUZIMA BURUSHIRIJE KUBA BWIZA MURI AFRIKA

Anne-Rakel ariko aramamaza mu rurimi rw’ibimenyetso muri Togo

Anne-Rakel

Cokimwe na Pascal, abantu benshi basanze gukurikirana imigambi y’ivy’impwemu ari vyo bituma barushiriza kugira umunezero mu buzima. Kugira ngo bamwebamwe bashike kuri iyo migambi, baravuye i Buraya bimukira muri Afrika gukorera mu turere aho usanga abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi. Nkako, Ivyabona nka 65 baturuka i Buraya, bafise imyaka iri hagati ya 17 na 70, barimukiye mu bihugu vyo muri Afrika yo mu Burengero vya Bénin, Burkina Faso, Nijeri na Togo,a ari “abakorera aho bikenewe kuruta” nk’uko bakunze kubita. Ni igiki catumye bagira ukwo kwimuka gukomeye, kandi vyabagendeye gute?

Anne-Rakel aturuka muri Danemarke yigana ati: “Abavyeyi banje barabaye abamisiyonari muri Senegale. Bama bavugana akamwemwe ibijanye n’ubuzima bw’ubumisiyonari ku buryo nanje nipfuje kugira ubuzima nk’ubwo.” Igihe Anne-Rakel yari arengeje gatoyi imyaka 20, yarimukiye muri Togo aho asukurira ari mw’ishengero rikoresha ururimi rw’ibimenyetso, hakaba haciye imyaka nka 15. None ukwimuka kwiwe kwaremesheje gute abandi? Avuga ati: “Mu nyuma, murumunanje na musazanje baransanze muri Togo.”

Albert-Fayette na Aurele bariko barerekana ingene inyigisho ya Bibiliya igirwa muri Bénin

Albert-Fayette na Aurele

Aurele, akaba ari umuvukanyi yubatse w’imyaka 70 aturuka mu Bufaransa, avuga ati: “Mu myaka itanu iheze, igihe nakukuruka, nabwirijwe kugira ihitamwo: kwiberaho ntekaniwe mu Bufaransa maze nkarindira ko Iparadizo iza canke kugira ivyo nkoze kugira ngo nagure ubusuku bwanje.” Yahisemwo ico ca nyuma. Haraciye imyaka nk’itatu we n’umukenyezi wiwe Albert-Fayette bimukiye muri Bénin. Aurele avuga ati: “Kwitanga kugira ngo dukorere Yehova ng’aha ni co kintu ciza kuruta ibindi vyose tumaze gukora.” Yongerako amwenyura ati: “Nk’uko vyahavuye bigenda, ibice bimwebimwe vy’icibare cacu kiri ku nkengera y’ikiyaga biranyibutsa Iparadizo.”

Clodomir n’umugore wiwe Lysiane barimukiye muri Bénin bavuye mu Bufaransa, hakaba haciye imyaka 16. Mu ntango, barakumbuye cane umuryango n’abagenzi bo mu Bufaransa, kandi baratinya ko batazoshobora kumenyera ubwo buzima bushasha. Ariko rero, ubwoba bwabo ntibwari bufise ishingiro. Barironkeye umunezero mwinshi. Clodomir avuga ati: “Muri iyo myaka 16, tugereranije, twaratewe agateka ko gufasha umuntu umwe buri mwaka kwakira ukuri.”

Clodomir na Lysiane bariko barifatanya mu buryo bubereye n’abagenzi b’abakirisu

Lysiane na Clodomir bari kumwe na bamwebamwe mu bo bafashije kwiga ukuri

Johanna na Sébastien bari mu busuku muri Bénin

Johanna na Sébastien

Sébastien na Johanna, bano bakaba ari abubakanye baturuka mu Bufaransa, barimukiye muri Bénin mu 2010. Sébastien avuga ati: “Hariho ibintu vyinshi vyo gukora mw’ishengero. Gukorera ng’aha ni cokimwe no gukurikirana ivyigwa vya gitewokarasi vyinshi cane mu gihe gito.” None abantu bavyakira gute mu busuku? Johanna avuga ati: “Abantu baranyotewe ukuri. N’igihe tutaba turiko turamamaza, abantu baraduhagarika mw’ibarabara bakatubaza ibibazo bishingiye kuri Bibiliya bakongera bakadusaba ibinyamakuru.” None ukwo kwimuka kwagize ico gukoze gute ku mubano wabo? Sébastien avuga ati: “Kwarakomeje umubano wacu. Birampimbara kumara umusi wose mu busuku ndi kumwe n’umukenyezi wanje.”

Eric n’umukenyezi wiwe Katy ni abatsimvyi mu buraruko bwa Bénin, ahaba abantu bari kure na kure. Mu myaka nka cumi iheze, igihe baba mu Bufaransa, baratanguye gusoma ibiganiro bivuga ivyerekeye gukorera aho bikenewe kuruta no kuyaga n’abasuku b’igihe cose. Ivyo vyatumye bagira icipfuzo co kwimukira mu mahanga, bakaba babigize mu 2005. Iyongerekana biboneye riratangaje. Eric avuga ati: “Mu myaka ibiri iheze, umugwi wacu wo mu gisagara ca Tanguiéta warimwo abamamaji 9, ubu tukaba dufise 30. Ku w’iyinga, abantu bari hagati ya 50 na 80 baritaba ikoraniro. Ese ukuntu kwibonera iryo yongerekana bidutera umunezero ntangere!”

Katy na Eric bariko baramamaza muri Bénin

Katy na Eric

KUBONA INTAMBAMYI NO KUZITSINDA

Benjamin ariko aramwenyura

Benjamin

Ni ingorane izihe bamwebamwe mu “bakorera aho bikenewe kuruta” bagize? Benjamin, akaba afise imyaka 33, ni musaza wa Anne-Rakel. Mu 2000 muri Danemarke, yarahuye n’umumisiyonari yakorera muri Togo. Benjamin yigana ivyo yibuka ati: “Igihe nabwira uwo mumisiyonari yuko nipfuza gukora ubutsimvyi, yavuze ati: ‘Urazi, woshobora gukorera ubutsimvyi muri Togo.’” Benjamin yarabizirikanyeko. Avuga ati: “Nta n’imyaka 20 nari mfise ico gihe, mugabo bashikanje babiri bari basanzwe bakorera muri Togo. Ivyo vyatumye birushiriza kunyorohera kujayo.” Yaciye yimuka. Ariko rero, hariho intambamyi. Benjamin asigura ati: “Nta jambo na rimwe ry’igifaransa nari nzi. Amezi atandatu ya mbere yari agoye kuko ntashobora kuyaga n’abandi vy’ukuri.” Ariko rero, yahavuye atera imbere. Ubu Benjamin akorera kuri Beteli yo muri Bénin, akaba atanga ibitabu akongera agafasha mu rwego rujejwe orodinateri.

Marie-Agnès na Michel bari mu busuku bw’inzu ku nzu muri Bénin

Marie-Agnès na Michel

Eric na Katy, bamwe twamaze kuvuga, imbere y’uko bimukira muri Bénin bakorera mu cibare gikoresha ururimi runyamahanga mu Bufaransa. None Afrika yo mu Burengero yari itandukaniye he n’ico cibare? Katy avuga ati: “Ntivyari vyoroshe kuronka ahantu habereye ho kuba. Twaramaze amezi tuba mu nzu itagiramwo umuyagankuba n’amazi.” Eric yongerako ati: “Imiziki yaravuga cane mu babanyi gushika ijoro ryitereye. Ubwirizwa kwihanganira ibintu nk’ivyo kandi ukagira umutima ukunze wo guhuza n’ukuntu ibintu vyifashe.” Bompi biyemerera bati: “Umunezero uva ku gukorera mu cibare gisa n’ikitarigera gikorerwamwo uraruta kure n’iyo ingorane iyo ari yose umuntu agira.”

Michel na Marie-Agnès, bakaba ari abubakanye baturuka mu Bufaransa bari mu gushikana imyaka 60, barimukiye muri Bénin hakaba haciye imyaka nk’itanu. Mu ntango, baragize amaganya. Michel avuga ati: “Abantu bamwebamwe bagereranije ukwimuka kwacu n’umuntu agendera ku mugozi unangiriye hejuru mu kirere ariko asunika inkorofani, tukaba twari twicaye muri yo! Vyari kuba ibiteye ubwoba iyo umuntu ataba azi yuko Yehova ari we yariko asunika iyo nkorofani kuri uwo mugozi. Twarimutse rero ku bwa Yehova kandi turi kumwe na we.”

INGENE WOKWITEGURA

“Abakorera aho bikenewe kuruta ahandi” bazi utuntu n’utundi, barashimika ku kamaro ko kwitegura mu gukora ibi bintu: Nutegekanye ibintu hakiri kare. Niwige guhuza n’uko ibintu vyifashe. Ntusesagure amahera. Niwiheke kuri Yehova.​—Luka 14:​28-30.

Sébastien, umwe twamaze kuvuga, yigana ati: “Imbere y’uko twe na Johanna twimuka, twamaze imyaka ibiri tuziganya amahera mu kugabanya ayo twahora dukoresha mu kwisamaza no mu kwirinda kugura ibintu bidakenewe.” Kugira ngo babandanye gukorera mu mahanga, buri mwaka baramara amezi makeyi bakora akazi i Buraya, amahera baronse akabafasha kumara ayandi mezi asigaye muri uwo mwaka bakora ubutsimvyi muri Bénin.

Marie-Thérèse

Marie-Thérèse

Marie-Thérèse ni umwe muri bashiki bacu batarubaka izabo bashika 20 baturuka mu mahanga, “bakorera aho bikenewe kuruta ahandi” muri Afrika yo mu Burengero. Yari umushoferi w’amabisi mu Bufaransa; ariko rero mu 2006, yarafashe ikonji ry’umwaka wose aja gukora ubutsimvyi muri Nijeri. Ntiyatevye gutahura ko ubwo buzima ari bwo vy’ukuri yipfuza kugira. Marie-Thérèse avuga ati: “Maze kugaruka mu Bufaransa, narabwiye umukoresha wanje icipfuzo nari mfise c’uko yompindurira urutonde rw’akazi, kandi yaremeye kuruhindura. Ubu, kuva muri Rusama gushika muri Myandagaro, ndakora ndi umushoferi w’amabisi mu Bufaransa, maze kuva muri Nyakanga gushika muri Ndamukiza ngakora ubutsimvyi muri Nijeri.”

Saphira ari kw’isoko muri Bénin

Saphira

“[Aba]banza kurondera Ubwami” barizigira ko Yehova azobaronsa ‘ibindi bintu vyose bakenera.’ (Mat. 6:33) Tubitangire akarorero: Rimbura ivyashikiye Saphira, mushiki wacu atarubaka urwiwe aturuka mu Bufaransa ari mu gushikana imyaka 30, akaba ari umutsimvyi muri Bénin. Mu 2011 yarasubiye mu Bufaransa guca amahera ahagije kugira ngo azoshobore kwironsa ivyo akeneye mu wundi mwaka (ukaba wari uwugira gatandatu) muri Afrika. Saphira yigana ati: “Hari ku wa gatanu, ukaba wari umusi akazi nakora kari kurangirirako, mugabo nari ngikeneye gukora iyindi misi cumi kugira ngo ndonke amahera ahagije nokoresheje mu mwaka ukurikira. Nari nsigaje kumara amayinga abiri gusa mu Bufaransa. Narasenze Yehova, ndamusigurira uko ivyanje vyifashe. Haciye igihe gito, hari ishirahamwe rironderera abantu akazi ryanterefonye rimbaza nimba noshobora gusubirira umuntu indwi zibiri.” Ku wa mbere Saphira yaragiye aho yari gukorera kugira ngo amenyerezwe n’uwo mukozi yari gusubirira. Yigana ati: “Ese ukuntu natangaye nsanze uwo mukozi ari umuvukanyikazi yari akeneye ikonji ry’imisi cumi kugira ngo yitabe Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi! Umukoresha wiwe yari yamwimye ikonji kiretse habonetse uwomusubirira. Yari yaringinze Yehova ngo amufashe, nk’uko nanje nari narabigize.”

ISÔKO RY’UMUNEZERO NYAKURI

Bene wacu na bashiki bacu bamwebamwe bavuye ahandi baramaze imyaka myinshi bakorera muri Afrika yo mu Burengero kandi bahagize iwabo. Abandi barashoboye kuhamara imyaka mikeyi maze barasubira mu gihugu cabo c’amavukiro. Mugabo no muri iki gihe, abo bantu bahoze “bakorera aho bikenewe kuruta ahandi,” baracungukira ku myaka bamaze bakorera mu mahanga. Bariboneye ko gukorera Yehova ari vyo bituma umuntu anezerwa vy’ukuri mu buzima.

a Ishami ryo muri Bénin ni ryo rihagarikira igikorwa muri ivyo bihugu bine vyose bivugwamwo igifaransa.

Kumenyereza abandi

Pascal ariko aramenyereza umuvukanyi

Pascal, umutsimvyi akaba n’umukurambere aturuka mu Bufaransa, aramaze imyaka irenga 12 akorera muri Bénin. Avuga ati: “Kwibonera bene wacu na bashiki bacu batera imbere mu vy’impwemu ni umuhezagiro.” None yafashije gute bamwebamwe gutera imbere?

Avuga ati: “Ndamenyereza umuntu wese nisunze ukuntu ivyiwe vyifashe. Mu busuku bwo mu ndimiro, ndigira kuri bene wacu bo ng’aho ukuntu nokwegera abantu maze nkabaramutsa. Ni ibiki bamwebamwe banyigiyeko? Kugira utwo banditse. Amabarabara menshi usanga ata mazina afise, amazu na yo ugasanga atagirako inomero. Abamamaji bamwebamwe wasanga batagira utwo banditse, ivyo bikaba vyatuma badashobora gusubira kugendera abantu bose bayaze. Naraberetse ukuntu mbere no kwandika utuntu dusanzwe bitwibutsa umuntu yashimishijwe be n’aho aba; biratuvyurira kandi umutima wo gusubira kumugendera.

“Abantu b’ino bariga neza mu gutega yompi. Baramenya neza indimi zitari nke naho ata gitabu baba bafise, mugabo gusoma birashobora kubagora. Narakunda gusoma n’ijwi ryumvikana ndi kumwe n’abavukanyi bakiri bato nka bangahe. Uko barushiriza gutera imbere, ni ko barushiriza gukunda gusoma. Mu nyuma naraberetse ukuntu bogira ubushakashatsi. Barateye imbere ningoga na ningoga maze bidatevye baraba abakozi b’ishengero.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika