Ibirimwo
15 Ruheshi 2015
© 2015 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
INTEGURO Y’UKWIGA
27 MUKAKARO 2015–2 MYANDAGARO 2015
URUPAPURO 3 • INDIRIMBO: 14, 109
3-9 MYANDAGARO 2015
URUPAPURO 8 • INDIRIMBO: 84, 99
10-16 MYANDAGARO 2015
URUPAPURO 13 • INDIRIMBO: 83, 57
17-23 MYANDAGARO 2015
Tubeho duhuza na rya sengesho ry’akarorero—Igice ca 1
URUPAPURO 20 • INDIRIMBO: 138 Wewe uri Yehova (ururirimbo rushasha), 89
24-30 MYANDAGARO 2015
Tubeho duhuza na rya sengesho ry’akarorero—Igice ca 2
URUPAPURO 25 • INDIRIMBO: 22, 68
IBIGANIRO VY’UKWIGA
▪ Kristu ni ububasha bw’Imana
▪ Yarakunda abantu
Ibi biganiro vyerekeye ibitangaro vya Yezu, biratwigisha ibintu ngirakamaro ku bijanye n’ingene twoba abantu batanga cane kandi bashigikira abandi. Birahishura imice ikora ku mutima ya kamere za Yezu. Ivyo biganiro biravuga ibijanye n’igihe cimirije aho tuzokwibonera ibitangaro bidasanzwe bizoba kw’isi yose.
▪ Turashobora kuguma tutanduye
Kubera ko tuba mw’isi yononekaye mu vy’inyifato runtu, kuguma tutanduye birashobora kutubera urugamba. Iki kiganiro kirerekana ukuntu ubucuti dufitaniye na Yehova, impanuro zo mw’Ijambo ryiwe be n’imfashanyo duhabwa n’abakirisu bahumuye bishobora kudufasha kunanira ivyipfuzo bihumanye, tugashigikira ingingo ngenderwako za Yehova ziri hejuru.
▪ Tubeho duhuza na rya sengesho ry’akarorero—Igice ca 1
▪ Tubeho duhuza na rya sengesho ry’akarorero—Igice ca 2
Naho tudasubiramwo rya sengesho ry’akarorero igihe cose dusenga, turarisangamwo ivyigwa bihambaye cane. Ibi biganiro birerekana ukuntu dushobora kubaho duhuza n’iryo sengesho.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
KU GIPFUKISHO: Ivyabona b’abizigirwa barakoresha ubwato kugira baje kubwira inkuru nziza abantu baba mu tuzinga twa Bocas del Toro hafi y’inkengera yo mu buraruko bushira uburengero bwa Panama. Bamwebamwe bababwira inkuru nziza mu rurimi rwitwa ngabere
PANAMA
ABANYAGIHUGU
3.931.000
ABAMAMAJI
16.217
ABATSIMVYI BASANZWE
2.534
Mu mashengero 309 yo muri Panama hari abatsimvyi badasanzwe barenga 180. Abamamaji hafi 1.100 bari mu mashengero 35 n’imigwi 15 bikoresha ururimi rwitwa ngabere. Abamamaji hafi 600 bari mu mashengero 16 n’imigwi 6 bikoresha ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Panama