ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 15/10 rup. 28-29
  • Kwegera Imana vyambereye vyiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwegera Imana vyambereye vyiza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Ivyigwa wa Mwigisha wacu ahambaye yanyigishije mu buzima
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Yehova ‘yaragoroye iminyuro yanje’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Nararonse umunezero naho mfise ubumuga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 15/10 rup. 28-29
Sarah Maiga kuri ka gapikipiki kiwe k’amapine atatu, ariko arabwira inkuru nziza umugore umwe n’agakobwa

Kwegera Imana vyambereye vyiza

IGIHE nari mfise imyaka icenda, sinasubiye gukura. Twaba muri Côte d’Ivoire, hakaba haciye imyaka 34 kandi n’ubu ndacareha n’imetero imwe gusa. Igihe abavyeyi banje babona ko ntazorenga aho, baciye bandemesha gukora cane kugira singume niyumvira ukuntu mboneka. Naciye nshira imbere y’inzu akantu ko gucururizamwo ivyamwa, kakaba kaguma gasukuye, ibintu na vyo biri ku rutonde. Ivyo vyatuma ndonka abakiriya benshi.

Ariko ntiwumve, gukora cane ntivyahinduye uko ivyanje vyose vyari vyifashe. Nagumye ndi igikuri, kandi ibintu vyose vyarambera urugamba, mbere n’ibintu bisanzwe nk’uburebure bw’ikontwari. Wamenga ibintu vyose vyari bigenewe abantu bareha nanje kabiri. Narababazwa n’uko ivyanje vyifashe, mugabo vyarahindutse igihe nari mfise imyaka 14.

Umusi umwe, abakenyezi babiri b’Ivyabona vya Yehova baranshoreye ivyamwa, baca batangura kunyigisha Bibiliya. Sinatevye gutahura ko kumenya Yehova n’umugambi wiwe bihambaye kuruta ubumuga nari mfise. Ivyo vyaramfashije cane. Zaburi 73:28 ni co canditswe nakunze cane. Igice ca mbere c’uwo murongo kigira giti: “Kwegera Imana bimbera vyiza.”

Bukwi na bukwi umuryango wacu warimukiye muri Burkina Faso, ivyanje bica birunyuka. Muri Côte d’Ivoire, ababanyi bari bamenyereye kumbona iruhande ya ka kantu nadandarizamwo ivyamwa. Mugabo aho twari twimukiye, nari mushasha kandi benshi bambona nk’igitangaro. Barampanga amaso cane. Ivyo vyaratumye mara amayinga ntava mu nzu. Mu nyuma, naributse ukuntu kwiyegereza Yehova vyambereye vyiza. Narandikiye ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova, bica bindungikira umuntu abereye yitwa Nani, akaba yari umumisiyonari yagendera ku gapikipiki.

1. Sarah ari kumwe na mushiki wacu umwe; 2. Sarah ariko aragira umwerekano kw’ikoraniro ry’ishengero

Amabarabara y’umusenyi yo mu karere twabamwo yama anyerera, mu rushana na ho akuzura ivyondo. Nani yaragwa hasi kenshi ari kuri ka gapikipiki kiwe, ariko ntiyatanye n’akabando. Mu nyuma yaransavye ko yonjana ku makoraniro. Ivyo vyansaba kwubahuka nkava mu nzu maze nkihanganira amaso y’abantu. Vyongeye, kumpeka kuri ako gapikipiki vyaca bituma ibilo vyongerekana kandi kari gasanzwe kagoye gutumbereza. Yamara naremeye nisunze igice ca kabiri ca wa murongo nikundira, kigira giti: “Nashize ubuhungiro bwanje mu Mukama Segaba Yehova.”

Vyarashika twe na Nani tukagwa mu vyondo, ariko kazima twaba twigiriye ku makoraniro. Ese ukuntu mu Ngoro y’Ubwami bose bamwenyurira n’urukundo, bakaba bari batandukanye rwose na ba bantu bo hanze baguma bampanze amaso! Haciye amezi icenda, narabatijwe.

Igice kigira gatatu ca ca canditswe nikundira kigira giti: “Kugira menyeshe ibikorwa vyawe vyose.” Nari nzi yuko kuja mu busuku vyombereye urugamba rukomeye kuruta ibindi vyose. Ndacibuka igihe natangura kuja kwamamaza inzu ku nzu. Abana n’abakuze bose barampanga amaso, bakankurikira bakongera bakigana ukuntu ngenda. Ivyo vyarambabaza vy’ukuri, ariko narabandanije kwibuka ko bakeneye Iparadizo cokimwe nanje; nca rero ndumira kw’ibanga.

Kugira birushirize kunyorohera, naraguze bene rya kinga banyongesha amaboko ry’amapine atatu. Uwo twaba turi kumwe mu busuku yaransunika tugeze ahaduga, agaca asimbira kw’ikinga tugeze ahashunguruka. Mu ntango ubusuku ntihari aho gutuma umwana, ariko bwahavuye butuma ngira umunezero mwinshi ku buryo mu 1998 nabaye umutsimvyi asanzwe.

Narigisha abantu benshi Bibiliya, kandi bane muri bo barabatijwe. Vyongeye, umwe muri bene wacu tuvukana yaremeye ukuri! Kwumva ukuntu abandi bateye imbere akenshi vyarandemesha cane, bikaba vyashika igihe nyene naba ndabikeneye. Igihe kimwe ndwaye malariya, nararonse ikete rivuye muri Côte d’Ivoire. Muri Burkina Faso, nari naratanguye kwigisha Bibiliya umunyeshure wo muri kaminuza duhagaze imbere y’umuryango, nkaba nari namusigiye umuvukanyi umwe. Uwo munyeshure yahavuye yimukira muri Côte d’Ivoire. Ese ukuntu nahimbawe no kumenya yuko yari asigaye ari umwamamaji atarabatizwa!

Sarah Maiga ariko arakora amasabuni

None nironsa gute ivyo nkeneye? Hari ishirahamwe rimwe rifasha abagendana ubumuga ryemeye kunyigisha gushona. Umwigisha umwe yabonye ukuntu nari umunyamwete, yavuze ati: “Dukwiye kukwigisha gukora amasabuni.” Barabinyigishije vy’ukuri. Ubu ndakorera i muhira amasabuni yo kumesa n’ayo kwoga. Abantu barakunda amasabuni yanje kandi barahimiriza n’abandi ngo bayagure. Ndazibashira nkoresheje agapikipiki k’amapine atatu.

Ikibabaje, mu 2004 ububabare buterwa n’uruti rwanje rw’umugongo rwononekaye bwarongerekanye ku buryo nabonye ko vyoba vyiza mpagaritse ubutsimvyi. Ariko rero, ndacagira uruhara cane mu busuku.

Abantu bavuga yuko bamenyera ku kamwemwe mfise gatuma n’abandi bamwenyura. Ndi n’imvo yumvikana yo kunezerwa kuko Kwegera Imana vyambereye vyiza.​—Nk’uko vyavuzwe na Sarah Maiga.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika