Ibirimwo
INDWI YO KU WA 1-7 GITUGUTU 2018
INDWI YO KU WA 8-14 GITUGUTU 2018
8 Niwirinde guca urubanza ufatiye ku biboneka inyuma
Ikiganiro ca mbere kirarimbura ibishobora gutuma bitugora kuronka amakuru y’ukuri. Kiratubwira n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zotuma turushiriza kumenya amakuru y’ukuri. Ikiganiro ca kabiri kirihweza imice itatu abantu bakunda gufatirako mu gucira abandi urubanza bisunze ibiboneka inyuma. Vyongeye, kirarimbura ingene tworushiriza kutagira nkunzi mu kuntu dufata abandi.
13 Inkuru y’ubuzima—Nariyemeje kutareka amaboko yanje ngo aregere
INDWI YO KU WA 15-21 GITUGUTU 2018
18 Abatanga cane baragira agahimbare
INDWI YO KU WA 22-28 GITUGUTU 2018
23 Nukorane na Yehova buri musi
Yehova yaremye abantu kugira babeho neza kandi bahimbawe. Niwabona ingene ivyo ukora buri musi bigira ico biterereye mu guteza imbere imigambi ya Yehova, uzohimbarwa. Ibi biganiro birarimbura ivyiza biva ku gutanga cane mu mice itandukanye.