ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp19 no. 2 rup. 3
  • Igihe urengewe n’ingorane

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe urengewe n’ingorane
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Ivyo bijanye
  • Igihe wumva ko bigoye cane kwihangana mu buzima
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Igihe wabuze uwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Igihe hateye icago c’icaduka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Igihe ushikiwe n’ivyago
    Be maso!—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
wp19 no. 2 rup. 3
Umwigeme ariko ararira igihe ari ku kazi

Igihe urengewe n’ingorane

UBUZIMA usanga buryoshe cane igihe vyose bigenda neza. Ariko ingorane zidushikira zoshobora gutuma ubuzima buturambira.

Nk’akarorero, uwitwa Sallya wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yarabuze ivyiwe nka vyose bihitanywe n’igihuhusi. Avuga ati: “Nabona ko ntagishoboye kuvyihanganira. Naramaze imisi myinshi numva umengo noturika.”

Tuvuge iki ho igihe ubuze uwawe? Uwitwa Janice wo muri Ostraliya, avuga ati: “Igihe nabura abahungu banje babiri, numvise umengo ndajanjaguritse, bikaba bitanyoroheye gusubirana. Naratakambiye Imana nti: ‘Numva bindengeye! Pfuma ureka nipfire bihere biheze.’”

Uwitwa Daniel wewe yarakubiswe n’inkuba igihe umugore wiwe yamuhemukira. Avuga ati: “Igihe umugore wanje yambwira ko yampemukiye, wamengo bansogose imbugita mu mutima. Naragumanye ico gisebe amezi n’amezi.”

Muri uyu Munara w’Inderetsi turarimbura igituma kubaho biri n’ico bimaze, mbere n’igihe:

  • Hateye icago c’icaduka

  • Wabuze uwawe

  • Uhemukiwe n’uwo mwubakanye

  • Urwaye indwara ikomeye

  • Urengewe n’ingorane

Reka tubanze turabe icodufasha igihe hateye icago c’icaduka.

a Muri uru rukurikirane rw’ibiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika